Akarorero wokwigana—Asafu
Asafu ntiyorohewe. Aravye irya n’ino, abona abantu bahonyanga amategeko y’Imana ukamenga nta ngaruka zibashikira! Ivyo bituma yibaza nimba akwiye kwigora arondera guhimbara Imana. Avuga ati: “Ni ukuri, natyororeye ubusa umutima wanje, kandi nkarabira ubusa ibiganza vyanje mu gutungana.” Ariko amaze kubizirikanako cane, arahindura ivyiyumviro. Aratahura ko umunezero abanyakibi bafise ari uw’igihe gito gusa. None aca ashika ku ciyumviro ikihe? Aririmbira Yehova ati: “Nta kandi gahimbare mfise kw’isi atari wewe.”—Zaburi 73:3, 13, 16, 25, 27.
Kumbure bihora bishika ukibaza nimba ukwiye kubaho wisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Ariko numere nka Asafu, nturabe ibiboneka inyuma gusa. Raba ukuntu abirengagije amategeko ya Yehova bamerewe. Boba vy’ukuri bafise amahoro? Boba barubuye akabanga ko kuronka agahimbare abasavyi b’Imana b’abizigirwa batazi? Umaze kubizirikanako neza, nta nkeka ko uzovuga nka Asafu, uti: “Kwegera Imana bimbera vyiza.”—Zaburi 73:28.