IKIGABANE CA 34
Kuki nobaho nisunga Bibiliya?
Mwicaranye n’abandi bakobwa babiri kw’ishure muriko murivuna umusase, maze mugiye mubona umuhungu aherutse kwimukira kw’ishure iwanyu araje.
Umwe muri bo aciye akubwira ati: “Urazi, Bruce aragukunda ntiworaba. Ndabibonera ku kuntu aguma akuraba. Ntagukurako amaso!”
Uwundi na we aca akwongorera ati: “Kandi uzi n’inkuru? Nta we afise bakundana!”
Uramaze kuvyicura. Nakare, Bruce aherutse kugutumira iwabo ku musi mukuru. Ariko waranse, naho mu mutima wagumye wibaza ingene vyari kugenda iyo ujayo.
Ukiriko uriyumvira, wa mukobwa wa mbere aca avuga ati:
“Ni uko sha nsanzwe mfise uwo dukundana. Ahandiho Bruce ntiyonjanye.”
Aca akwitegereza azazaniwe, kandi ntuyobewe ivyo agira avuge.
Aca akubaza ati: “Bishoboka gute ngo ntube ufise umuhungu mukundana?”
Ico kibazo uracanka ga yemwe! Kuronka uwo mukundana ntivyokugwa nabi, mugabo bakubwiye ko ari vyiza kurindira gushika ugeze kwubaka urwawe. Iyaba atari . . .
Uwa kabiri aciye yuhirako ati: “Usanga ari rya dini ryanyu, si vyo?”
Nawe mu mutima uti: ‘Mbe yamenye gute ivyo nariko ndiyumvira?’
Aciye agusagiriza ati: “Wewe imisi yose wama ari Bibiliya, Bibiliya, Bibiliya. Kuki utocishamwo ukiryohera nk’abandi?”
VYOBA birashika bakagutwenga kubera ubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Nimba vyarashitse, ushobora kuba wariyumviriye ko abandi hari ico bakuryanye. Umwigeme yitwa Deborah ni ko yahora yibaza. Yigana ati: “Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya wamengo ziramboha. Nashaka kubaho nisanzuye nk’abandi bana twigana.”
Ico utokwibagira
Kwiga ubanje kwibonerako ntivyama ari vyiza. Mu bisanzwe, ni vyiza kwigira ku makosa y’abandi kandi birahuye n’Ivyanditswe, nk’uko umwanditsi w’amazaburi Asafu yavyiboneye. Yaramaze igihe abona ko ingingo ngenderwako z’Imana zimuboha cane. Ariko gusuzuma ubuzima bw’abantu bari barataye inzira z’Imana vyaratumye agarura akenge. Asafu yahavuye atahura ko bari “ahanyerera.”—Zaburi 73:18.
Ufatiye kuri ivyo, nuzirikane ku vyiyumviro bikurikira vyashikirijwe n’abakiri bato bigeze kureka kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya maze bakisuka mu busambanyi.
● Ni ibiki vyakwoheje kuja muri iyo nzira?
Deborah: “Kw’ishure nabona abandi bose bafise abo bakundana, kandi bagasa n’abahimbawe. Igihe twaba turi kumwe nkabona basomana bongera babumbatirana, naca numva agashari n’irungu. Akenshi naramara amasaha n’ayandi niyumvira umuhungu umwe nakunda. Ivyo vyatuma icipfuzo nari mfise co gukundana na we gikomera.”
Mike: “Narasoma nkongera nkaraba ibintu bihayagiza ivyo guhuza ibitsina. Kubera ko twaganira ibintu nk’ivyo n’abagenzi banje, naca ndushiriza kuvyipfuza. Igihe rero naba ndi kumwe n’umukobwa turi twenyene, niyumvira ko dushobora gukuyakuyana ariko ntituryamane, nkabona ko noshobora kubihagarika umwanya uwo ari wo wose.”
André: “Narakunda kuraba amashusho y’ubushegabo kuri Internet. Naratanguye kuza ndanywa inzoga nyinshi. Vyongeye, narajana ku misi mikuru n’urundi rwaruka rutigenza runtu nk’uko Bibiliya ibisaba.”
Tracy: “Nari nzi ko ubusambanyi ari bubi, mugabo sinabwanka. Sinashaka kuryamana n’umuntu imbere y’uko nubaka urwanje, ariko ivyipfuzo vyanje vyarangondoje. Naramaze igihe ijwi ryanje ryo mu mutima ryaratimvye.”
● Ubwo buzima bwoba bwaratumye uhimbarwa?
Deborah: “Mu ntango, narishima ngo mfise umwidegemvyo kandi narahimbarwa no kubona nsigaye meze nk’abagenzi banje. Ariko vyamaze akanya urume rumara. Naciye ntangura kubona ko mpumanye, nkiyagiriza, nkumva ko ata co maze. Naricujije cane kubona nariyatse ubusugi bwanje.”
André: “Naciye ndushiriza kworohera ivyipfuzo bibi. Ariko kandi nariyagiriza cane nkongera nkiyanka.”
Tracy: “Ubuhumbu bwarononye ubuto bwanje. Nagira ngo twe n’umuhungu twakundana tuzoryimara, ariko si ko vyagenze. Twaruhiye guterana intuntu n’amaganya. Naramaze amajoro n’ayandi niyuha iryosozi mu gitanda, nicuza igituma ntakoze ivyo Yehova agomba.”
Mike: “Nari nsigaye mbona ko ntakiri umuntu. Naragerageje kwiyobagiza ko ivyo nakora vyagira ingaruka ku bandi, ariko vyaranse. Vyarambabaza kubona nariko ndondera kwiryohera mu gutuntuza abandi.”
● Wohanura iki abakiri bato bibaza ko Bibiliya ibaboha?
Tracy: “Nubeho wisunga ingingo ngenderwako za Yehova wongere wifatanye n’abazisunga. Gutyo, uzorushiriza kugira agahimbare.”
Deborah: “Ivyo ukora ntibigira ingaruka kuri wewe gusa, birazigira no ku bandi. Niwirengagiza impanuro z’Imana na ho, uzokwikwegera akarambaraye.”
André: “Utarabona kure, wibaza ko abagenzi bawe baryimara. Inyifato zabo zirashobora kukwandukira. Ku bw’ivyo, nuhitemwo neza abagenzi. Niwizigire Yehova, uzoba wirinze amaganya menshi.”
Mike: “Mu bintu vy’agaciro Yehova yaguhaye harimwo iteka n’ukudahumana. Ubitakaje kubera ukutigumya uba witesheje agaciro. Nubwire ingorane ufise abavyeyi bawe canke abandi bantu bahumuye. Bishitse ugakora ikosa, nubivuge udatebaganye maze ukosore ibintu. Niwakora ivyo Yehova agomba, uzokwumva ufise amahoro nyakuri.”
Bibiliya yoba ikuboha canke iragukingira?
Yehova ni “Imana ihimbawe” kandi ashaka ko na wewe uhimbarwa. (1 Timoteyo 1:11; Umusiguzi 11:9) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziriho ku neza yawe. Woshobora kubona ko zikuboha zikakubuza umwidegemvyo. Ariko mu vy’ukuri, amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu ariho kugira agukingire.
Urashobora vy’ukuri kwizigira Bibiliya. Niwabaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri yo, uzotuma Yehova ahimbarwa ariko kandi na wewe uzohungukira.—Yesaya 48:17.
Urashobora kuba umugenzi w’Imana. Raba ingene wobishikako.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.”—Yesaya 48:17.
IMPANURO
Iyumvire ukuntu wofasha mutoyi wawe gutahura ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro. Kubwira abandi ivyo wemera ni uburyo bwiza cane bwo kubitsimbataza mu mutima wawe.
WARI UBIZI . . . ?
Mu kanya isase urashobora kuba wononye ubucuti ufitaniye na Yehova, ariko kubunagura vyoshobora gutwara imyaka n’iyindi.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Kugira ntahure ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro, nzokora ibi: ․․․․․
Ninatangura kunohokera ababayeho nk’uko isi ishaka, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Ku bijanye n’ingaruka ziva ku kurenga amategeko y’Imana, kubera iki umuntu adakwiye kwiga abanje kwibonerako?
● Ivyo Deborah, Mike, André na Tracy bavuze bikwigisha iki?
● Kubera iki vyoshika bamwebamwe bakabona ko Bibiliya ibaboha, ariko ni kuki ivyo atari vyo?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 285]
“Umubabaro umuntu agira kubera ahaniwe ikosa yakoze ntungana n’intuntu agira ariko arondera kurinyegeza.”—Donna
[Ifoto ku rup. 288]
Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ntizikubuza umunezero, ahubwo ziragukingira