Nimutume Ubuzima Bwanyu Butunganirwa!
“Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, . . . Ic’azokora cose kizomubera ko [“kizotunganirwa,” “NW”].”—ZABURI 1:1, 3.
1. (a) Abakiri bato benshi bo mw’isi babona gute ivy’ugutunganirwa? (b) Bibiliya idondora gute umuntu atunganiwe?
GUTUNGANIRWA. Iryo jambo risobanura iki kuri wewe? Umusore umwe yavuze ati: “Intumbero mfise ihambaye kuruta izindi ni ukuba umudandaza atunganirwa.” Umwigeme umwe w’umuyabaga yagize ati: “Icipfuzo nyamukuru mfise ni ico kugira urugo rurangwa agahimbare.” Mugabo uwundi mwigeme we avuga ati: “Icipfuzo canje ni ico kugira inzu nziza, umuduga mwiza . . . Ndibabaye.” Ingorane ni uko yaba amahera, rwaba urugo, canke mbere n’umwuga utungisha ata na kimwe kiri ku rugero rwo gutunganirwa nyakuri. Muri Zaburi 1:1-3 tuhasoma ibi: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi . . . Ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, . . . Ic’azokora cose kizomubera ko [“kizotunganirwa,” NW].”
2. Ugutunganirwa nyakuri tugusanga he, kandi uburyo rudende bwo kugushikira ni ubuhe?
2 Aha Bibiliya isezerana ikintu ata muntu n’umwe ashobora gutanga—ugutunganirwa nyakuri! Mugabo ntiriko iravuga ivy’ukwunguka amahera. Bibiliya ubwayo ibura iti: “Gukunda amahera [ni] imizi y’ibibi vyose.” (1 Timoteyo 6:10) Ugutunganirwa nyakuri tugusanga mu guhimbara Imana—harimwo no gukurikira ivyagezwe vya Yehova. Ivyo gusa ni vyo bishobora kumara umuntu akanyota koko kandi bikamuzanira n’ubuhirwe nyakuri! Kumbure iciyumviro co kuba munsi y’amategeko ya Yehova no kwama tubwirwa ico dukora gisa n’ikidashimishije. Yamara Yezu yavuze ati: “Hahirwa abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3, NW) Waba ubizi canke utabizi, waremanywe ugukenera ivy’impwemu—tutibagiye n’inkenero ishinze imizi muri wewe yo kumenya Imana no gutahura imigambi yayo. Ni co gituma ushobora kugira ubuhirwe nyakuri igihe gusa ushikije ivyo bintu ukeneye ukongera ugakurikira ‘ivyagezwe vya Yehova.’
Igituma Dukeneye Ivyagezwe vy’Imana
3. Ni kuki dukwiye guhimbarwa no kureka Yehova ‘akayobora intambuko zacu’?
3 Umuhanuzi Yeremiya yanditse ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Ivyo ni ko bimeze ku bantu bose, abato n’abakuze. Ntitubuze gusa ubwenge, ukumenya utuntu n’utundi n’ubumenyi vyo kuyobora intambuko zacu bwite; mu vy’ukuri nta burenganzira bwo kubigira dufise. Mu Vyahishuriwe 4:11, Bibiliya ivuga iti: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.” Kubera ko Yehova ari we Muremyi wacu, ni we ‘sōko ry’ubuzima.’ (Zaburi 36:9) Ko ari we soko ry’ubuzima, arazi kurusha uwundi wese ukuntu twokoresha ubuzima bwacu. Ni co gituma yashinze amategeko, atari kugira ngo atunyage umunezero, mugabo kugira ngo adufashe mu bitugirira ikimazi. (Yesaya 48:17) Wiyobagije ivyagezwe vy’Imana, bigushikana ku ngorane.
4. Ni kuki abakiri bato benshi cane bonona ubuzima bwabo?
4 Nk’akarorero, woba umaze kwibaza igituma abakiri bato benshi cane bonona ubuzima bwabo biciye ku biyayura umutwe, ku bushurashuzi no ku yandi marorerwa? Muri Zaburi 36:1, 2 hasigura hati: “Ubugarariji bg’umunyakibi buvugira mu mutima wiwe: nta gutinya Imana kuri mu maso yiwe. Kuko yihema ubgiwe, k’ukugabitanya kwiwe kutazomenyekana ngo kwankwe.” Kubera yuko abakiri bato benshi ata “gutinya Imana” kwiza bafise, baribesha mu kwemera yuko inyifato yotera akaga ata ngaruka mbi ikwega. Ariko amaherezo bategerezwa guhangana n’iyi ngingo idahinduka igira iti: “Ic’umuntu abiba cose [n]i co azokwimbura. Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ūbiba [mu m]pwemu azokwimbura [mu m]pwemu ubu[zima] budashira.”—Ab’i Galatiya 6:7, 8.
‘Guharura Imisi’
5, 6. (a) Ni kuki urwaruka rukwiye ‘guharura imisi yarwo,’ kandi kubigira bisobanura iki? (b) ‘Kwibuka Umuremyi wacu Ahambaye’ bisobanura iki?
5 Ushobora gute gutuma ubuzima bwawe butunganirwa maze ‘ukimbura ubuzima budahera’? Musa yanditse ati: “Imisi y’imyaka yacu [ni] imyaka mirongwirindwi, canke naho, kubg’intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, . . . ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.” (Zaburi 90:10) Ushobora kuba wiyumvira gake ivyerekeye urupfu, canke ukaba utarigera unavyiyumvira. Nkako, abakiri bato benshi bifata nkaho ari agakomeye. Mugabo Musa adushira imbere y’ukuri kubabaje kw’uko ubuzima ari bugufi. Nta n’ikitwemeza yuko tuzobaho gushika ku myaka 70 canke 80. “Ibihe n’ibiza ku muntu bi[gapfa kumu]zako” birashobora kwirahira n’abakiri bato kandi bafise amagara meza. (Umusiguzi 9:11) None uzokoresha gute ubuzima bw’agaciro ufise ubu? Musa yasenze ati: “Utwigishe guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.”—Zaburi 90:12.
6 Guharura imisi yawe bisobanura iki? Ntibisobanura yuko ukwiye guta umutwe urondera kumenya ikiringo uzobaho uko kingana. Musa yariko arasaba yuko Yehova yokwigisha abasavyi biwe ukuntu bokoresha imisi basigaje mu buryo bumutera iteka. Woba uharura imisi y’ubuzima bwawe—umusi wose ukawubona nk’ubutunzi bw’agaciro bwokoreshwa mu gushemeza Imana? Bibiliya iha urwaruka iyi ndemesho: “Kūra amaganya mu mutima wawe, kand’ushire ikibi kure y’umubiri wawe: kuk’ubuto n’ubusore ar’ubusa. Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe.” (Umusiguzi 11:10–12:1) Kwibuka Umuremyi wacu ntibisobanura gusa kutibagira ko ariho. Igihe ya nkozi y’ikibi yatakambira Yezu ngo “uz’unyibuke . . . ah’uzozira mu bgami bgawe,” ntiyashaka gusa ko Yezu yibuka izina ryiwe. Yashaka ko Yezu agira ico akoze, ko yomuzura! (Luka 23:42; gereranya n’Itanguriro 40:14, 23; Yobu 14:13.) Mu buryo busa n’ubwo, kwibuka Yehova bisaba kugira ico ukoze, ugakora ibimuhimbara. Umuntu yoba ashobora kuvuga yuko uriko wibuka Yehova?
Kwirinda Kunohokera Inkozi z’Ikibi
7. Ni kuki abakiri bato benshi bahitamwo kwibagira Umuremyi wabo? Tanga akarorero.
7 Abakiri bato bamwebamwe bahitamwo kwibagira Yehova kubera yuko biyumvira ko kuba Icabona bibazitira birenze. Hari umuvukanyi wo muri Esupanye yibuka ukuntu yiyumva ari umuyabaga ati: “Narakwegerwa n’isi kubera yuko ukuri kwasa n’ukugoye kandi ari amananiza. Vyasobanura kwicara, kwiga, kuja ku makoraniro, kwambara ikaruvati, kandi ivyo vyari ibintu ntakunda kugira.” Rimwe na rimwe woba wumva ko hari ikintu kiriko kiragucika kubera yuko ukorera Imana? Kumbure biraza kugutangaza niwamenya yuko umwe mu banditsi ba Bibiliya yagize izo nyiyumvo nyene. Turagusavye ngo uzingurure Bibiliya hanyuma usome Zaburi ya 73.
8. Ni kuki Asafu ‘yanohokera abībone’?
8 Reka twihweze iyo zaburi ido n’ido. Umurongo wa 2 n’uwa 3 ivuga iti: “Ariko jeho, ibirenge vyanje kāri gato bigatirimuka, intambuko zanje zari zishigaje gatoya zikanyerera. Kuko nagirira ishari [“nanohokera,” NW] abībone, aho nabona abanyakibi baguwe neza.” Nk’uko amajambo y’intangamarara avyerekana, iyi zaburi yanditswe na Asafu. Yari umucuraranzi w’Umulewi kandi akaba yabayeho mu gihe c’Umwami Dawidi. (1 Ngoma 25:1, 2; 2 Ngoma 29:30) Naho yari afise agateka keza ko gukorera mu Ngoro y’Imana, ‘yaranohokeye’ abantu bigamba ubukozi bw’ikibi bwabo. Ibintu vyasa n’ibibagendera neza; bikagaragara ko bafise amahoro n’umutekano. Kukaba nkako, ugutunganirwa basa n’abafise ‘kwaruta ivyo umutima wokwipfuza.’ (Umurongo wa 5 n’7) Barashobora kuvuga ivyo bashitseko “bīshize hejuru,” ni ukuvuga mu buryo bw’ubwibone. (Umurongo w’8) “Bashize akanwa kabo mw ijuru, ururimi rwabo ruyerera mw isi yose,” ntihagire uwo bubaha—haba mw’ijuru canke kw’isi.—Umurongo w’9.
9. Abakiri bato bamwebamwe b’Abakirisu bo muri iki gihe boshika ku kwiyumvira nka Asafu gute?
9 Kumbure umuntu arashobora kuvuga ko n’urunganwe rwawe kw’ishure ariko rwifata. Ushobora kubumva bigamba ata soni ibikorwa vyabo vy’ubuhumbu, ibiteramo bagize bitagiramwo ukwigerera, be n’ukwivobeka kwabo mu kaborerwe no mu biyayura umutwe. Igihe ugereranije ubuzima bwabo bita ngo ni ubw’ukwinezereza n’inzira yaga utegerezwa kugenderamwo uri Umukirisu, woshobora rimwe na rimwe kwumva ‘unohokeye abibone.’ (Matayo 7:13, 14) Asafu ubwiwe yarashitse ku ciyumviro nyamukuru aho yitangaza ati: “N’ukuri nogereje ubusa umutima wanje, ukudacumura nagukarabiyemw’ubusa. Kuko natewe n’ivyago umusi ukīra.” (Umurongo wa 13 na 14) Ni vyo, yatanguye kugirira amazinda agaciro ko gukorera Imana no kubaho mu bugororotsi.
10, 11. (a) Ni igiki catumye Asafu ahindura agatima? (b) Abanyakibi bari “ahanyerera” gute? Tanga akarorero.
10 Iciza ni uko Asafu atagumye muri uwo mwiheburo igihe kirekire. Ntiyatevye gutahura yuko ayo mahoro abanyakibi basa n’ayo bafise ata kindi yari atari uruhendo—kandi akaba ay’igihe gito gusa! Yitangaje ati: “N’ukuri ubashira ahanyerera; ubakororera mu mahonero. Erega bārahonnye mu kanya gato! Ubgoba bg’uburyo bginshi burabamaze.” (Umurongo wa 18 na 19) Benshi mu runganwe rwawe na bo bari “ahanyerera.” Bitebe bitebuke ingendo yabo y’ukutubaha Imana izobakurikirana, kumbure bibaviremwo igitwarire, indwara ifatira mu bihimba vy’irondoka, eka mbere n’umunyororo canke urupfu! Yamara ikibi kirushirije ni uko biyonkora ku Mana.—Yakobo 4:4.
11 Hari umwigeme w’Icabona wo muri Esupanye yiboneye ubwiwe ukuntu ivyo ari ivy’ukuri. Akiri muto, yari afise ubuzima burimwo tubiri, akifatanya cane n’umugwi w’urwaruka rutibanga Imana. Hashize igihe gito, yarakunze umwe muri bo—uwari yariziziwe n’ibiyayura umutwe. Naho we ubwiwe yirinda gufata ku biyayura umutwe, yarabimugurira. Yiyemerera ati: “Naranamufasha mu kwinjiza urushinge [mu mitsi].” Igishimishije ni uko uwo muvukanyikazi yisubiyeko maze agasubira kugira amagara meza mu vy’impwemu. Mugabo, ese ingene haciye igihe kanaka yaguye mu gahundwe aho amenyeye yuko uwo musore yafata ibiyayura umutwe bakwegana yishwe na SIDA. Ni vyo, nk’uko wa mwanditsi wa Zaburi yabivuze, abantu batibanga Imana bari “ahanyerera.” Bamwe kumbure bashobora gupfa giturumbuka bivuye ku vy’uko bigenza nabi mu buzima. Abandi badahinduye inzira zabo, ubu bwa vuba bagiye kwihurira n’igihe “Umwami Yesu azohishurwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe, hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.”—2 Ab’i Tesalonike 1:7, 8.
12. Umuyapani umwe akiri muto yashitse gute ku kubona ubupfu bwo kunohokera inkozi z’ikibi?
12 Ese ukuntu rero ari ubupfu kunohokera “abatāmenye Imana”! Vy’ukuri, abazi Yehova bakongera bakagira icizigiro co kubaho ibihe bidahera ni bo dukwiye kunohokera. Hari umuvukanyi w’umusore wo mu Buyapani ivyo yahavuye abitegera. Akiri muto, na we nyene “yishakira umwidegemvyo mwinshi.” Asigura ati: “Nibaza ko hari ikintu kiriko kirancika. Ni ho natahura ukuntu ubuzima bwanje bwomera igihe noba ntari mu kuri. Narashobora kwibona mbaho imyaka 70 canke 80 maze nkaca nsandaba. Mugabo Yehova aremeza ko icizigiro c’ubuzima budahera gishoboka! Gutahura ivyo vyaramfashije gukenguruka ico vy’ukuri nari mfise.” Naho vyoba ari ukwo, kuguma uri umwizigirwa igihe ukikijwe n’abantu badakurikira ivyagezwe vy’Imana si icoroshe. Ni ibintu bimwebimwe ibihe ushobora gukora kugira ngo urwanye iyo mikazo?
Nube Maso ku bo Mwifatanya!
13, 14. Ni kuki ari ngirakamaro ko umuntu ahitamwo neza abo vyifatanya?
13 Reka twongere turabe indondoro y’umuntu atunganirwa yanditswe muri Zaburi 1:1-3, ahagira hati: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, aticarana n’abacokoranyi. Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’umutima [“asoma n’ijwi ritoyi,” NW] ku murango no mw ijoro. Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko [“kizotunganirwa,” NW].”
14 Urabona ubwa mbere yuko abo mwifatanya bafise uruhara runini. Mu Migani 13:20 havuga hati: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” Ivyo ntibisobanura gukanyarara, kutagira igishika, canke kwinyusha urwaruka rutari Ivyabona vya Yehova. Bibiliya iduhimiriza gukunda abantu nkatwe no “[kwuzura] n’abantu bose.” (Abaroma 12:18; Matayo 22:39) Ariko rero, nka hamwe wokwifatanya cane n’abadakurikira ingingo ngenderwako za Bibiliya, ushobora gusanga uriko ‘ugendera mu nama’ zabo.
Ivyiza vyo Gusoma Bibiliya
15. Urwaruka rushobora gute gutsimbataza icipfuzo co gusoma Bibiliya?
15 Umwanditsi wa Zaburi yavuze kandi yuko umuntu atunganirwa anezerezwa no gusoma ivyagezwe vy’Imana “[“n’ijwi ritoyi,” NW] ku murango no mw ijoro.” (Zaburi 1:1, 2) Ego niko, Bibiliya ntiyoroshe gusoma, kandi muri yo harimwo “bimwebimwe bigoye itahura.” (2 Petero 3:16) Mugabo ugusoma Bibiliya si ngombwa ngo kube ukurambira. Birashoboka ko umuntu “[aronderana] igishika amata nyakuri” y’Ijambo ry’Imana. (1 Petero 2:2, UB) Gerageza kuza urasoma na dukeyi umusi ku wundi. Nimba hari ingingo udatahura, nugire ubushakashatsi. Hanyuma, nuzirikane ku vyo usomye. (Zaburi 77:11, 12) Nimba ufise ingorane zo kuvyitunira, gerageza gusoma “n’ijwi ritoyi” ryumvikana. Hashize igihe, nta nkeka ko ugukunda gusoma Bibiliya kwawe kuzokwongerekana. Hari umuvukanyikazi akiri muto wo muri Brezile yibuka ibi: “Yehova nantaryo yasa n’uwundi kure. Ariko ubu haraciye amezi nk’angahe ndyohoye ukwiyigisha n’ugusoma Bibiliya kwanje. Ubu numva yuko ubucuti mfitaniye na Yehova bukomeye gusumba. Kuri jewe Yehova ntakiri umugani.”
16. Dushobora gute kurushiriza kwungukira ku makoraniro y’ishengero?
16 Kwitaba amakoraniro y’ishengero na vyo nyene ni ngirakamaro mu gukura kwawe kw’impwemu. Nimba “[w]iyubar[a] uburyo [w]umva,” urashobora kuronka indemesho nyinshi. (Luka 8:18) Woba rimwe na rimwe wumva ko amakoraniro adashimishije cane? Niwibaze uti: ‘Jewe nkora iki kugira ngo amakoraniro abe ayashimishije? Noba ntega yompi? Noba ntegura? Noba nishura?’ Nakare Bibiliya itubwira ngo “twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, . . . duhanūrane [“turemeshanye,” NW].” (Abaheburayo 10:24, 25) Kugira ngo ivyo ubishikeko, utegerezwa kuyagiramwo uruhara! Birumvikana, kugira ngo ugire uruhara utegerezwa kwiga imbere y’igihe. Hari umuvukanyikazi akiri muto yemera ati: “Biroroshe kugira uruhara mu makoraniro igihe utegura.”
Dukurikiye Inzira y’Imana Bituma Dutunganirwa
17. Ni mu buryo ki umusomyi wa Bibiliya w’umunyabwira “[ameze] nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi”?
17 Wa mwanditsi wa Zaburi aca adondora ko umuntu atunganirwa “[ameze] nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi.” Iyo migezi y’amazi ishobora kuba yerekeza ku miserege yakoreshwa mu kuvomera ibiti mu mirima y’ivyamwa. (Yesaya 44:4) Gusoma Bibiliya umusi ku wundi bisa no gufatanywa n’isoko nk’iryo ridakama ry’ingaburo n’induhuro. (Yeremiya 17:8) Ku musi ku musi uzoronka ingoga ukeneye kugira ngo ushobore kwihanganira ibigeragezo n’imbangamyi. Kubera yuko uzoba waramenye ico Yehova yiyumvira, uzogira ubukerebutsi ukeneye kugira ngo ufate ingingo ziranga ubwenge.
18. Ni igiki gishobora gutuma uwukiri muto atunganirwa mu gukorera Yehova?
18 Rimwe na rimwe, gukorera Yehova bishobora gusa n’ibigoye. Mugabo ntiwigere wumva ko ari amananiza ku buryo utobishikako. (Gusubira mu Vyagezwe 30:11) Bibiliya igusezeranira yuko hashize igihe ‘ikintu cose uzokora kizotunganirwa,’ bugingo intumbero nyamukuru yawe izoba ari iyo guhimbara Yehova no kunezereza umutima wiwe! (Imigani 27:11) Niwibuke kandi yuko udategerezwa kwirwanako wenyene. Urashigikiwe na Yehova be na Yezu Kirisitu. (Matayo 28:20; Abaheburayo 13:5) Barazi imikazo uhangana na yo, kandi ntibazokwigera baguta. (Zaburi 55:22) Vyongeye, uranafashwe mu mugongo n’ “umuryango wose w’abavukanyi” (NW) be n’abavyeyi bawe nimba ari abatinya Imana. (1 Petero 2:17) Ukwo gufatwa mu mugongo kwuhiriwe n’umwiyemezo wawe be n’akigoro ugira, urashobora kwinovora ubuzima butunganiwe, atari muri iki gihe gusa, ariko no mu bihe bihoraho!
Ibibazo vy’Isubiramwo
◻ Ugutunganirwa nyakuri ni iki?
◻ Ni kuki dukeneye ko Yehova ayobora intambwe zacu?
◻ Urwaruka rushobora gute ‘guharura imisi yarwo’?
◻ Ni kuki ari ubupfu kunohokera inkozi z’ikibi?
◻ Gusoma Bibiliya imisi yose n’ukwitaba amakoraniro ubudahorereza bishobora gute gufasha urwaruka gutunganirwa mu buzima?
[Ifoto ku rup. 28]
Kubera yuko abakiri bato benshi batagira “ugutinya Imana” kwiza, barisuka mu ngendo yonona
[Ifoto ku rup. 30]
Kenshi urwaruka ruribagira yuko ivyo rukora bizogira ingaruka
[Ifoto ku rup. 31]
Tsimbataza ugukunda gusoma Bibiliya
[Ifoto ku rup. 31]
Uzorushiriza kunezererwa amakoraniro uramutse uyagizemwo uruhara