Ikigabane ca Cumi n’Indwi
Nukurikize Ukuyobokera Imana i Muhira
1. Ugukurikiza ubuyobozi bwo mw’Ijambo ry’Imana vyakoze iki ku mibano y’ababiranye?
YEHOVA ni we yatanguje umubano w’ababiranye, kandi Ijambo ryiwe riratanga ubuyobozi bwiza kuruta bwofasha ingo. Bivuye ku gukurikiza ubwo buyobozi, abantu benshi barubatse ziraguma. Birashimishije kubona hari abari bahoze babana batandikishije umubano wabo vyatumye baja kuwandikisha mu mategeko. Abandi na bo barahagaritse ivyo kugiriranira imibonano mpuzabitsina n’uwundi muntu batubakanye. Abagabo basinda bahora baturubika abagore babo n’abana babo, barize kugaragaza ubugwaneza n’ikibabarwe.
2. Mu buzima bwo mu ngo z’Abakirisu harimwo ibiki?
2 Ubuzima bwo mu ngo z’Abakirisu burimwo ibintu vyinshi, nk’ukuntu tubona ivy’ukuramba kw’umubano w’ababiranye, ivyo dukora kugira ngo dushitse amabanga tujejwe mu rugo, be n’ukuntu dufata abo mu rugo. (Abanyefeso 5:33–6:4) Naho twoba tuzi ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima bwo mu rugo, gukurikiza impanuro za Bibiliya vyovyo ni ibindi bindi. Nta n’umwe muri twebwe yoshima kumera nk’abo Yezu yakubise intahe mu gahanga kubera baca iruhande amabwirizwa y’Imana. Biyumvira bihenda yuko ukwiyahagura mu vy’idini kwonyene guhagije. (Matayo 15:4-9) Ntidushaka kugira ibisa n’ukuyobokera Imana mugabo tutabikurikiza i muhira iwacu. Ahubwo, dushaka kugaragaza ukuyobokera Imana kw’ukuri, ari na kwo “kuvamw’inyungu nyinshi koko.”—1 Timoteyo 5:4; 6:6; 2 Timoteyo 3:5.
Mbega Umubano w’Ababiranye Uzomara Igihe Kingana Iki?
3. (a) Ni ibiki biriko birashika mu mibano y’ababiranye myinshi, mugabo dukwiye kwiyemeza kugira iki? (b) Ukoresheje Bibiliya yawe, niwishure ibibazo bitondetswe muri iyo ngingo.
3 Imibano y’ababiranye itera irushiriza kugoyagoya. Mu bamaze imyaka itari mike bubakanye, hariho abafashe ingingo yo kwahukana hanyuma bakubakana n’abandi bantu. Vyongeye, bisigaye mbere bitakiri ibitangaje kwumva abaherutse kwubakana batandukana bamaranye igihe gitoyi gusa bubakanye. Ata kuraba ivyo abandi bagira, dukwiye kurondera guhimbara Yehova. Reka rero turimbure ibibazo be n’ivyanditswe bikurikira, turabe ico Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye ukuramba kw’umubano w’ababiranye.
Igihe umugabo n’umugore babiranye, bakwiye kwitega kugumana igihe kingana iki? (Mariko 10:6-9; Abaroma 7:2, 3)
Ishimikiro ryonyene ryemerwa n’Imana ry’ukwahukana hanyuma umuntu agashobora gusubira kwubakana n’uwundi ni irihe? (Matayo 5:31, 32; 19:3-9)
Yehova abona gute ukwahukana kutarekuwe n’Ijambo ryiwe? (Malaki 2:13-16)
Bibiliya yoba ishigikira ugutandukana kw’abubakanye bwa buryo bwo gutunganya ingorane bagiriraniye? (1 Ab’i Korinto 7:10-13)
Ni ryari ugutandukana kwoshobora kwemerwa? (Zaburi 11:5; Luka 4:8; 1 Timoteyo 5:8)
4. Ni kuki imibano imwimwe y’ababiranye iramba?
4 Imibano y’ababiranye imwimwe iraroranirwa, ikaramba. Ni ukubera iki? Kurindira gushika mwempi mubaye abahumuye ni kimwe mu bintu bifasha, mugabo kuronka uwo mwubakana ashimishwa n’ibigushimisha kandi ashobora kukubwiza ukuri, na co nyene ni ikintu gihambaye. Mugabo igihambaye kuruta, ni ukuronka uwo mwubakana akunda Yehova kandi akubaha Ijambo ryiwe nka ryo fatiro ryo gutunganya ingorane. (Zaburi 119:97, 104; 2 Timoteyo 3:16, 17) Mwene uwo muntu ntazogira agatima ko kwibwira yuko iyo ibintu bitagenze neza, bazokwama nantaryo batandukana canke bahukana. Ntazofatira ku dukosa tw’uwo bubakanye ngo yinyushe amabanga amwega. Ahubwo, azohangana na nya ngorane hanyuma azitorere umuti uzitunganya.
5. (a) Ukudahemuka kuri Yehova kurangura uruhara uruhe mu mubano w’ababiranye? (b) No mu gihe umuntu arwanywa, ni ivyiza ibihe bishobora kuva ku kuguma ku ngingo mfatirwako za Yehova?
5 Shetani atera amahane avuga ngo mu gihe ducumukuye duca duheba inzira za Yehova. (Yobu 2:4, 5; Imigani 27:11) Mugabo abenshi cane mu Vyabona vya Yehova bacumukuye kubera bubakanye n’umuntu abarwanya, ntibaciye bava ku ndagano bagize z’umubano. Barabandanya kuba intahemuka kuri Yehova no ku mabwirizwa yiwe. (Matayo 5:37) Bamwe mu bakomeye kw’ibanga baragize umunezero wo kubona abo bubakanye babiyungako mu gukorera Yehova, n’inyuma y’imyaka n’iyindi bari bamaze babarwanya! (1 Petero 3:1, 2) Nayo ku Bakirisu bubakanye n’abantu baterekana akantu na gatoyi k’uguhinduka, canke abo usanga abo bubakanye barabataye kubera ko bakorera Yehova, abo na bo nyene barazi yuko bazohezagirwa ku bw’ukuntu batanga ikimenyamenya c’uko bayobokera Imana i muhira.—Zaburi 55:22; 145:16.
Igihe Umwe Wese Arangura Uruhara Ajejwe
6. Kugira ngo umubano w’ababiranye uroranirwe, ni indinganizo iyihe itegerezwa kwubahirizwa?
6 Birumvikana, kugira ngo umubano w’ababiranye uroranirwe ntibisaba gusa kugumana. Ikintu c’ishimikiro gikenewe kuri umwe wese mu bubakanye ni ukwubahiriza indinganizo Yehova yashizeho y’ubukuru. Ivyo birafasha kugira ngo habeho urutonde rwiza, bikanatuma umuntu yumva ko atekaniwe mu rugo. Mu 1 Ab’i Korinto 11:3, dusoma duti: ‘Umutwe w’umugabo wese ni Kirisitu, kandi umutwe w’umugore ni umugabo, kandi umutwe wa Kirisitu ni Imana.’
7. Ubukuru mu rugo bukwiye gukoreshwa gute?
7 Woba wabonye ico uwo murongo wabanje kuvuga? Egome, umugabo wese afise uwumubereye Umutwe, ari we Kirisitu, akaba ari na we umugabo ayobokera. Ivyo bisobanura yuko umugabo akwiye gukoresha ubukuru bwiwe mu buryo bugaragaza kamere za Yezu. Kirisitu arayobokera Yehova, agakunda ishengero bimwe bigera kure, vyongeye akaryitwararika. (1 Timoteyo 3:15) Eka mbere ‘yaranaryiguze.’ Yezu si umunyabwibone canke uwutubahiriza abandi, ahubwo ni “umugwaneza, [y]iyoroheje mu mutima.” Abemera kuyoborwa na we “[bara]ronka uburuhukiro bg’imitima ya[bo].” Igihe umugabo afata abo mu rugo rwiwe muri ubwo buryo, aba yerekanye yuko ariko arayobokera Kirisitu. Umukirisu w’umukenyezi akwiye rero kubona ko gusenyera ku mugozi umwe n’umugabo wiwe be no kuyobokera ubukuru bwiwe ari ngirakamaro, kandi ko biruhura.—Abanyefeso 5:25-33; Matayo 11:28, 29; Imigani 31:10, 28.
8. (a) Ni kuki mu ngo zimwezimwe vyoshobora gusa n’uko gukora ibintu mu buryo buranga Abakirisu bitavamwo ivyo umuntu yipfuza? (b) Dukwiye gukora iki mu gihe duhanganye n’ingorane mwene izo?
8 Ariko rero, ingorane zizovyuka. Ushobora gusanga hari ukuntu akababaro ko kuyoborwa n’abandi kari karamaze kunyengetera rwose imbere y’uko hagira abo mu rugo batangura gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ugusaba ibintu n’ubugwaneza be n’ukwigenza mu buryo buranga urukundo bishobora kuba bisa n’ibitagira ico bivamwo. Turazi yuko Bibiliya ivuga ko twokwiyambura “[u]kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana.” (Abanyefeso 4:31) Mugabo igihe bamwe basa n’aho ata kindi kintu na kimwe batahura, hakwiye gukorwa iki? Urumva, Yezu ntiyiganye abahigira abandi canke abatukana, mugabo yihetse kuri Se. (1 Petero 2:22, 23) Igihe rero hari ibintu bigoye bivyutse i muhira, nutange ikimenyamenya c’uko uyobokera Imana mu gusenga Yehova ngo abafashe, aho guhitamwo inzira z’iyi si.—Imigani 3:5-7.
9. Aho gutora amahinyu, abanega benshi b’Abakirisu bize kugira iki?
9 Ibintu ntivyama bihinduka ningoga, mugabo impanuro za Bibiliya zirakora vy’ukuri igihe umuntu azikurikije yihanganye kandi ashirutse ubute. Abanega benshi basanze umubano w’abo n’abo bubakanye warushirije kumera neza igihe batahura ukuntu Kirisitu afata ishengero. Iryo shengero ntirigizwe n’abantu batunganye. Yamara, Yezu ararikunda, akariha akarorero keza, vyongeye agakoresha Ivyanditswe mu kurifasha gutunganya aho bitagenda neza. Yaratanze ubuzima bwiwe ku bw’ishengero. (1 Petero 2:21) Akarorero yatanze kararemesheje abanega benshi b’Abakirisu kuganza neza no gufasha mu rukundo kugira ngo ibintu bimere neza mu rugo. Ivyo biravamwo ivyiza vyinshi kuruta ugutora amahinyu be n’ukwanka kuyaga.
10. (a) Ni mu buryo ubuhe umunega canke umukenyezi yohava atuma ubuzima bugora abandi mu rugo, ashake abe uwuvuga ko ari Umukirisu? (b) Ni igiki coshobora gukorwa kugira ngo ibintu bimere neza?
10 Vyogenda gute mu gihe umunega atitaho ivyo abo mu rugo rwiwe bakenera mu vy’akanyengetera, canke akaba atibwiriza kuremesha ikiganiro c’umuryango gishingiye kuri Bibiliya, canke ibindi bikorwa? Canke vyogenda gute mu gihe umukenyezi adasenyera ku mugozi umwe n’umunega kandi akerekana ko atayoboka nk’uko Imana ibishaka? Bamwe birabagendera neza iyo baganiririye hamwe ingorane mu rugo, mu buryo burangwa n’icubahiro. (Itanguriro 21:10-12; Imigani 15:22) Mugabo no mu gihe bitabaye nk’uko nyene twari tuvyizigiye, umwe wese muri twebwe arashobora guterera agacumu k’ubumwe kugira ngo birushirize kugenda neza i muhira, mu kwama ivyamwa vy’impwemu y’Imana mu buzima bwacu, tukerekana ko twubahiriza abandi bo mu rugo. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ibintu bizotera imbere, atari mu kurindira ko uwundi aba ari we agira ico akoze, ariko mu kurangura uruhara rutwega, gutyo tukerekana yuko dukurikiza ukuyobokera Imana.—Ab’i Kolosayi 3:18-21.
Aho Twokura Inyishu
11, 12. Yehova yaturonkeje ibiki kugira adufashe gutuma ubuzima bwo mu rugo buroranirwa?
11 Hariho amasôko menshi abantu birukira barondera impanuro ku ngorane bafise mu rugo. Mugabo turazi yuko Ijambo ry’Imana ririmwo impanuro nziza kuruta izindi zose, kandi turakenguruka kubona yuko Imana idufasha kuzikurikiza biciye mw’ishirahamwe ryayo riboneka. Mwoba mwungukira bimwe bishitse kuri iyo mfashanyo?—Zaburi 119:129, 130; Mika 4:2.
12 Turetse ukwitaba amakoraniro y’ishengero, mwoba mwarategekanije umwanya wo kugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango ubudahorereza? Ababa mu ngo zibigira gutyo barashobora gukora bagana ukwunga ubumwe mu gusenga kwabo. Ubuzima bwabo bwo mu rugo usanga buryoha igihe bakurikiza Ijambo ry’Imana mu kuntu ivyabo bwite biba vyifashe.—Gusubira mu Vyagezwe 11:18-21.
13. (a) Nimba dufise ibibazo ku bijanye n’ubuzima bwo mu rugo, ni hehe kenshi dushobora gukura imfashanyo ikenewe? (b) Ni ibiki bikwiye kugaragarira mu ngingo zose dufata?
13 Mushobora kuba mufise ibibazo bijanye n’umubano wo mu rugo. Nk’akarorero, twovuga iki ku vyerekeye ukuvyara ku rugero? Mbega ugukorora inda vyoba vyokwigera biba ivyumvikana? Mu gihe umwana yerekana yuko anezwe buhoro ivy’impwemu, ni ku rugero rungana iki yosabwa kugira uruhara mu gusenga kw’abo mu rugo? Ibibazo vyinshi mwene ivyo vyaraganiriweko mu bisohokayandikiro vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Niwige gukoresha ibitabu bifasha kwiga Bibiliya, nka bimwe vy’ironderero (Index), kugira ngo uronke inyishu. Nimba udafise ibisohokayandikiro bivugwa muri ico gitabu c’ironderero, raba mu bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami. Hari n’aho woba ushobora kubishikira kuri orodinateri yawe. Urashobora kandi kuganira ibibazo ufise n’abagabo be n’abagore bahumuye b’Abakirisu. Mugabo ntiwame nantaryo witeze inyishu za ego canke oya ku kibazo cose. Kenshi ni wewe utegerezwa gufata ingingo ku ruhande rwawe, canke uri kumwe n’uwo mwubakanye. Nuce rero ufata ingingo zerekana yuko ukurikiza ukuyobokera Imana, atari gusa iyo uri imbere y’abantu, ariko kandi n’iyo uri i muhira.—Abaroma 14:19; Abanyefeso 5:10.
Ikiganiro c’Isubiramwo
• Ukudahemuka kuri Yehova kurangura uruhara uruhe mu vy’ukuguma turi abizerwa ku bo twubakanye?
• Igihe turemerewe kubera ingorane zo mu rugo, ni igiki kizodufasha gukora ibihimbara Imana?
• No mu gihe hoba hariho ivyo abandi badashitsa mu rugo, dushobora gukora iki kugira ngo ibintu bimere neza?
[Ifoto ku rup. 155]
Uburyo umugabo akoresha ubukuru bwiwe bikwiye kugaragaza kamere za Yezu
[Ifoto ku rup. 157]
Kugira inyigisho ya Bibilya idahorereza muri kumwe n’abo mu rugo birabafasha kwunga ubumwe