ICIGWA CA 45
Kwigisha Ukoresheje Ibigereranirizo Canke Uturorero
IBIGERERANIRIZO be n’uturorero ni ibikoresho bikomeye mu kwigisha. Kenshi birakwegera ubwenge bikongera bikabugumya mu buryo bushika abantu ku nyota bimwe biboneka. Biravyura ubushobozi bwo kwiyumvira. Birakabura inyiyumvo maze bigashobora gushikira umuzirikanyi be n’umutima. Rimwe na rimwe, ibigereranirizo bishobora gukoreshwa kugira ngo umuntu abeshuze ivyiyumviro bitari vyo. Biranafasha umuzirikanyi kwibuka neza. Woba ubikoresha mu gihe wigisha?
Imvugo z’ikigereranyo ni ibigereranirizo mu bisanzwe bisaba amajambo makeyi; yamara zirashobora gutuma ubwenge bwiha ishusho y’ukuntu ibintu bimeze. Igihe zicaguwe neza, vyinshi mu vyo zisobanura usanga bica vyibonekeza. Mugabo umwigisha arashobora kwongereza agaciro kazo mu kuzongeramwo insobanuro ngufi. Bibiliya iruzuye uturorero ushobora kwigirako.
Nutangurire ku Ngereranyo no ku Mvugo Mberanya. Ingereranyo ni yo mvugo y’ikigereranyo yoroshe kuruta izindi. Nimba ari ho ugitangura kwiga gukoresha ibigereranirizo, ushobora gusanga wofashwa no kuba ari yo utangurirako. Ikunda gutanguzwa n’akajambo “nka” canke “nk’uko.” Igihe uriko ugereranya ibintu bibiri bitandukanye rwose, imvugo ngereranyo irashira ahabona ikintu ivyo bintu bihuriyeko. Bibiliya irimwo imvugo nyinshi cane z’ikigereranyo zikoresha ibintu vyaremwe, nk’ibiterwa, ibikoko, be n’ibisyo vyo mu kirere hamwe n’ibintu bishikira abantu. Muri Zaburi 1:3, tubwirwa yuko umuntu asoma Ijambo ry’Imana adahorereza ameze “nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi,” igiti cama kandi kituma. Umuntu w’umubisha avugwa ko ameze nk’‘intambwe’ ibundira gucakira igikoko. (Zab. 10:9) Yehova yasezeraniye Aburahamu ko urubuto rwiwe rwonganye “n’inyenyeri zo kw ijuru” canke “n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga.” (Ita. 22:17) Ku vyerekeye ubucuti Yehova yatumye bushoboka hagati yiwe n’ihanga rya Isirayeli, yavuze ati: “Nk’uk’umukanda uramata ubura bg’umuntu,” ni ko yatumye Isirayeli na Yuda biramata kuri We.—Yer. 13:11.
Imvugo mberanya na yo nyene irashira ahabona isano riri hagati y’ibintu bibiri bitandukanye rwose. Mugabo yoyo irashimika kurushiriza. Yumvikana nk’aho ikintu kimwe ari ikindi, maze igakura kamere yinaka ku kintu kimwe ikayishira kuri ico kindi. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mur’umuco w’isi.” (Mat. 5:14) Mu kudondagura ibintu bibi bishobora kugirwa n’imvugo isunitswe n’impemu, umwigisha Yakobo yanditse ati: “Ururimi n[i] umuriro.” (Yak. 3:6) Dawidi yaririmbiye Yehova ati: “[N]i wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira.” (Zab. 31:3) Imvugo mberanya icaguwe neza kenshi usanga idakeneye insobanuro ndende, canke ugasanga ntinayikeneye namba. Akamaro kayo kongerezwa n’ukuba ari ngufiya. Imvugo mberanya irashobora gufasha abakwumviriza kwibuka iciyumviro mu buryo kitoshoboye kwibukwa hakoreshejwe ukuvuga ibintu mu buryo busanzwe.
Imvugo ndenzarugero ni ugukavya, ikaba itegerezwa gukoreshanywa ukwiyubara kuko yohava itahurwa ukutari kwo. Yezu yarakoresheje iyo mvugo y’ikigereranyo kugira ngo abahe ishusho y’intibagirwa y’ibintu igihe yabaza ati: “Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu ryawe?” (Mat. 7:3, UB) Imbere y’uko ugerageza gukoresha iyi mvugo canke izindi mvugo z’ikigereranyo, niwige gukoresha neza ingereranyo be n’imvugo mberanya.
Nukoreshe Uturorero. Aho gukoresha imvugo y’ikigereranyo, ushobora guhitamwo gukoresha uturorero, twaba utw’inkuru z’ibitabaye canke ivyabaye mu buzima, kugira ngo bigufashe kwigisha. Utwo turorero dusa n’ututoroshe gukoresha, ari co gituma ukwiye kudukoresha wiyubara. Mwene utwo turorero dukwiye gukoreshwa gusa kugira ngo dushigikire ivyiyumviro bihambaye koko, kandi dutegerezwa gushikirizwa mu buryo iciyumviro kiri mu nyigisho cibukwa, ntihibukwe gusa iyo nkuru.
Naho atari uturorero twose dutegerezwa kuba ari ibintu vyashitse koko, turakwiye kugaragaza ukuntu ibintu biba vyifashe koko mu buzima canke ivyama vyashitse mu buzima. Ni co gituma igihe Yezu yariko yigisha ingene abacumuzi bari bakwiye kubonwa, iciyumviro ciwe yagitangiye akarorero mu kuvuga ivyerekeye umunezero wagizwe n’umugabo yubuye intama yiwe yari yazimiye. (Luka 15:1-7) Mu kwishura umuntu atashobora gutegera insobanuro yuzuye y’ico Ivyagezwe vyasigura mw’ibwirizwa ryo gukunda mugenzawe, Yezu yiganye inkuru yerekeye Umusamariya yafashije umugabo yari yakomeretse, inyuma y’aho umuherezi hanyuma Umulewi bananiriwe kubigira. (Luka 10:30-37) Wize kuba umuntu azi kwihweza inyifato z’abantu be n’ibintu bagira, urashobora gukoresha ubwo buryo bimwe bishika ku nyota, mu kwigisha.
Umuhanuzi Natani yariganye ibintu yikuriye mu mutwe kugira ngo bimubere uburyo bwo gukangira Umwami Dawidi. Iyo nkuru yarabaye iyishika ku nyota kubera yuko yakinze agatima Dawidi yohavuye aca agira ko kwisigura. Iyo nkuru yavuga ivyerekeye umuntu w’umutunzi yari afise intama nyinshi, ikavuga n’umuntu w’umworo yari yifitiye akagazi kamwe gusa yororanye ikibabarwe. Dawidi ubwiwe yari yarabaye umwungere, ari co gituma yashobora gutahura inyiyumvo za nyene ako kagazi. Mu buryo bubereye, Dawidi yaciye agirira ishavu uwo muntu w’umutunzi yatwaye ku nguvu nya kagazi kamwe ka wa mugabo w’umworo. Maze Natani abwira Dawidi adakikiriza ati: “Uwo muntu ni wewe nyene!” Dawidi vyaramukoze ku mutima, maze arigaya abikuye ku mutima. (2 Sam. 12:1-14) Wimenyereje, urashobora kumenya gushikiriza ibiganiro bisaba akanyengetera, ukabishikiriza mu buryo bukwegera.
Uturorero twinshi ngirakamaro ku bw’ukwigisha dushobora gukurwa mu bintu vyabaye bivugwa mu Vyanditswe. Ivyo Yezu yarabigize mu majambo make igihe yavuga ati: “Mwibuke muka Loti.” (Luka 17:32) Igihe Yezu yariko avuga ibintu bigize ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe, yabisanishije n’“imisi ya Nowa.” (Mat. 24:37-39) Mu Baheburayo ikigabane c’11, intumwa Paulo yaravuze abagabo n’abagore 16 mu mazina, bwa turorero tw’ukwizera. Uko umenya neza Bibiliya, uzoshobora gukura uturorero dukomeye mu vyo Ivyanditswe bivuga ku bintu vyashitse be no ku bantu bavugwa muri ico gitabu.—Rom. 15:4; 1 Kor. 10:11.
Rimwe na rimwe ushobora gusanga ari ngirakamaro kwongereza ugushimika ku ngingo ntanganyigisho ukoresheje ibiba nya kuba mu buzima bwa kino gihe. Ariko rero igihe ivyo ubigira, wiyubare kugira ngo ukoreshe ivyabaye gusa vyasuzumwe, no kugira ngo wirinde ivyomaramaza uwo ari we wese mu bakwumviriza bitari ngombwa, canke ivyokwegera ubwenge ku kintu kivyura ibihari kidafitaniye isano n’ikiganiro cawe. Uribuka kandi yuko nya kintu cabaye gikwiye kuba gifise ico kigenewe gushikako. Ntiwigane utuntu tw’ido n’ido tudakenewe dusa n’utwohava dukevya ivyiyumviro bikava ku ntumbero y’insiguro ushikiriza.
Coba Kizotahurika? Ikigereranirizo ukoresha ico ari co cose canke akarorero ukoresha ako ari ko kose gategerezwa gushitsa intumbero kanaka itomoye. Mbe none kazoyishitsa mu gihe uterekana ukuntu kajanye n’ikiganiro uriko wihweza?
Yezu amaze kuvuga ko abigishwa biwe ari “umuco w’isi,” yarongeyeko utujambo dukeyi ku vyerekeye uburyo itara rikoreshwa, arongera arasigura ibanga ivyo bibazanira. (Mat. 5:15, 16) Ikigereranirizo yatanze c’intama yazimiye yagikurikijeko amajambo y’umunezero uba mw’ijuru ku mucumuzi yigaye. (Luka 15:7) N’inyuma y’inkuru yiganye y’Umusamariya w’imbabazi, Yezu yarabajije abamwumviriza ikibazo kidomako maze agikurikizako impanuro nka zingahe zirashe. (Luka 10:36, 37) Ibinyuranye n’ivyo, abicishije bugufi bihagije bakabaza, Yezu yarabasobanuriye ca kigereranirizo ciwe cerekeye ubwoko butandukanye bw’ivu yongera arabasobanurira na kimwe cerekeye urwamfu rwo mu murima, ntiyabisobanurira rya shengero ry’abantu. (Mat. 13:1-30, 36-43) Hasigaye imisi itatu ngo apfe, Yezu yaratanze ikigereranirizo cerekeye abarimyi bo mu ruzabibu b’abicanyi. Ntiyerekanye abo cerekeye; eka mbere ntivyari bikenewe. “Abaherezi bakuru n’Abafarizayo bumvise iyo migani yiwe, bamenya kw ari bo avuga.” (Mat. 21:33-45) Rero ubwoko bw’ikigereranirizo, inyifato y’abakwumviriza be n’intumbero yawe, ivyo vyose birerekana nimba hakenewe insobanuro, bikanakwereka uko zoba zingana mu gihe zikenewe.
Gutsimbataza ubuhinga bwo gukoresha ibigereranirizo be n’uturorero mu buryo bushika ku nyota bifata igihe, mugabo ako kigoro si ak’impfagusa. Ibigereranirizo bicaguwe neza birakwegera ubwenge n’umutima. Ivyo biratuma ubutumwa bushikirizwa mu buryo bukomeye, na vyo bikaba bitama bishoboka iyo umuntu apfuye kuvuga ivyabaye akoresheje amajambo asanzwe.