ICIGWA CA 37
Gushira Ahabona Ingingo Nkurunkuru
UTI mbega ingingo nkurunkuru z’insiguro ni izihe? Izo si imice ipfa kuba ishimishije umuntu avuga yirenganira. Ni ivyiyumviro bihambaye bishikirizwa vyitondewe, bidahara kugira ngo ushike ku ntumbero yawe.
Urupfunguruzo rutuma ushira ahabona ingingo nkurunkuru ni ugutondeka amayagwa yawe mu bukerebutsi. Kugirira insiguro ubushakashatsi kenshi birazana amakuru menshi kuruta ayashobora gukoreshwa. Ushobora gute kumenya ayo wokoresha?
Ubwa mbere, numenye abakwumviriza. Boba ahanini batazi ivy’ico kibazo, canke boba bazi ivyaco mu buryo bushemeye? Benshi muri bo boba bemeranya n’ico Bibiliya ikivugako, canke hoba harimwo abasa n’abakekeranya? Ni ingorane zikomeye izihe bahangana na zo mu buzima bwa misi yose igihe bihatira gukurikiza ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ico kibazo? Ubugira kabiri, raba neza yuko uzi neza intumbero yawe ku bibazo utegekanya gufatirako mu gushikiriza insiguro ku bakwumviriza. Ukoresheje izo ngingo ngenderwako zibiri, niwihweze nya mayagwa hanyuma usigarane gusa ayabereye koko.
Nimba wahawe urucacagu rw’ishimikiro be n’umutwe hamwe n’ingingo nkurunkuru, ukwiye kubigumako. Ariko rero, agaciro k’ivyo ushikiriza kazoduga cane ugumije mu muzirikanyi ivyo bintu duhejeje kuvuga igihe uriko urasigura ingingo nkuru imwimwe yose. Igihe ata rucacagu rwatanzwe, ni we witoraniriza ingingo nkurunkuru.
Ingingo nkurunkuru zimaze kukwinjira neza mu muzirikanyi kandi ukaba watondetse ido n’ido ryazo munsi yazo, bizokworohera gutanga nya nsiguro. N’abakwumviriza bisa n’uko bazoyungukirako rwose kuruta.
Uburyo Bunyuranye bwo Gutondeka Amayagwa Yawe. Hari uburyo bunyuranye bushobora gukurikizwa mu gutondeka amayagwa agize insiguro yawe. Uko uyaca irya n’ino, ni ko uzosangamwo ayatari make ashobora kuba kirumara bivanye n’intumbero ufise.
Uburyo bukora henshi ni ukuyagabura wisunze udutwe. (Ingingo nkuru yose irakenerwa kubera ko ifasha gutuma abakwumviriza batahura nya kiganiro, canke igafasha kugira ushikire intumbero y’insiguro yawe.) Ubundi buryo ni ubwo gukurikiranya ibintu wisunze igihe vyabereyeko. (Nk’akarorero, ibintu vyabaye imbere y’Umwuzure bishobora gukurikirwa n’ivyabaye imbere y’uko Yeruzalemu hasenyagurwa mu 70 G.C., bino na vyo bigashobora gukurikirwa n’ivyabaye muri iki gihe cacu.) Uburyo bugira gatatu ni imvo n’ingaruka. (Ivyo bishobora gushikirizwa mu buryo bumwe muri ubwo bubiri duhejeje kuvuga. Nk’akarorero, ushobora gutangurira ku kintu giherutse kuba kikaba nya ngaruka, hanyuma ugaca werekana imvo yagiteye.) Uburyo bugira kane ni ubwerekeye ibihushane. (Ushobora guhushanya iciza n’ikibi, ikintu cizigiza n’igica intege.) Rimwe na rimwe insiguro ishikirizwa mu buryo burenze bumwe.
Igihe Sitefano bamurega bamubeshera imbere ya Sentare Nkuru y’Abayuda, yarashikirije ijambo rikomeye rikurikiza igihe ibintu vyabereyeko. Uko ubisoma mu Vyakozwe 7:2-53, urabona yuko irobanurwa ry’ivyiyumviro nyamukuru ryagizwe hari ico rirondera gushikako. Sitefano yabanje gutomora yuko yariko yerekeza ku nkuru abamwumviriza batoshoboye guhakana. Yaciye yerekana neza yuko naho Yozefu yanswe na benewabo, Imana yamukoresheje kugira ngo ibarokore. Maze mu nyuma yerekanye yuko Abayuda bagararije Musa, uwo Imana yariko irakoresha. Yasozereye ashimika ku vy’uko agatima nka karya kagaragajwe n’Abayuda ba kera ari ko kagaragajwe n’abishe Yezu Kirisitu.
Ntushiremwo Ingingo Nkurunkuru Umurengera. Mu guca irya n’ino umutwe-shimikiro uwo ari wo wose, haba hariho ingingo ntahara nkeyi gusa. Kenshi na kenshi, usanga zitarenga zitanu. Ivyo ni ukwo bimeze, waba uzovuga iminuta 5, 10, 30 canke irenga. Ntugerageze gushira ahabona ingingo umurengera. Ubiravye, abakwumviriza bashobora gusa gufata ivyiyumviro bitandukanye bikeyi vyo mu nsiguro imwe. Kandi uko insiguro iba ndende, ni ko ingingo nyamukuru zitegerezwa kuba izikomeye kandi zigasobanurwa mu buryo bushika ku nyota.
Ingingo nkurunkuru ukoresha uko zingana kwose, uritwararika kuzisigura imwimwe yose mu buryo buhagije. Nuhe abumviriza umwanya uhagije wo kwihweza ingingo nkuru imwimwe yose ku buryo yiyandika neza mu mizirikanyi yabo.
Insiguro yawe ikwiye kubabera iyoroshe kwumva. Ivyo ntivyama bivana n’ukuntu amayagwa ashikirizwa angana. Mu gihe ivyiyumviro vyawe vyashizwe mu migwi mu buryo butomoye munsi y’udutwe dukurudukuru dukeyi hanyuma tuno ukadushikiriza kamwekamwe kose ukwako, iyo nsiguro izokworoha gukurikira, kandi bizogora kuyibagira.
Nushire Ahabona Ingingo Nkurunkuru. Nimba amayagwa yawe atondetse neza, ntibizogora gushimika ku co ingingo nkurunkuru zishaka kwigisha biciye mu kuntu ushikiriza insiguro yawe.
Uburyo nyamukuru bwo gushira ahabona ingingo nkuru ni ugushikiriza ivyemeza, ivyanditswe hamwe n’ayandi mayagwa mu buryo ivyo vyerekeza abantu canecane ku ciyumviro gikuru kandi bikagishimikako. Ingingo ntonto zose zikwiye gutomora, kwemeza canke gukomeza nya ngingo nkuru. Ntiwongeremwo ivyiyumviro bitajanye na nya mayagwa kubera gusa ko bishimishije. Uko ushikiriza ingingo ntonto, niwerekane neza aho zisaniye n’ingingo nkuru ziza zirazishigikira. Ntureke ngo abumviriza bavyimenyere. Iryo sano rishobora kwerekanwa mu gusubiramwo amajambo y’ishimikiro aserura iciyumviro gikuru, canke mu kuza uracishamwo ugasubiramwo ya ngingo nkuru ubwayo.
Abashikirizansiguro bamwebamwe barerekana ingingo nkurunkuru mu kuziha inomero. Naho ubwo ari uburyo bumwe bwo gushira ahabona ingingo nkurunkuru, ntibukwiye gusubirira ukurobanura amayagwa ubwayo witonze no kuyashikiriza mu buryo bwumvikana.
Ingingo nkuru ushaka gushikiriza ushobora gusa guhitamwo kuyivuga buno nyene imbere y’uko ushikiriza iciyumviro kiyishigikira. Ivyo bizofasha abumviriza kwumva agaciro k’ibikurikira, kandi bizonashimika kuri iyo ngingo nkuru. Woshobora gushimika cane kuri iyo ngingo mu kuyivuga mu ncamake uhejeje kuyisigura bimwe bishitse.
Mu Busuku bwo mu Ndimiro. Ingingo ngenderwako duhejeje kuganirako ntiziraba gusa insiguro z’icese, ahubwo kandi ziraraba n’ibiyago ugirana n’abantu mu busuku bwo mu ndimiro. Igihe utegura, ntiwibagire kuzirikana ingorane ihambaye iyo ari yo yose abantu bo muri ako karere bafise mu muzirikanyi. Nutore umutwe-shimikiro utanga akaryo ko kwerekana ukuntu icizigiro Bibiliya itanga kizoyitorera umuti. Nutoranye kumbure ingingo nkurunkuru zibiri uzokoresha mu guca irya n’ino nya mutwe. Nuhitemwo ivyanditswe uzokoresha mu gushigikira izo ngingo. Nuce utegekanya ukuntu uzotangura ikiganiro cawe. Mwene uwo mwiteguro uratuma ikiyago coroha, ari na vyo bisabwa. Uranagufasha kuvuga ikintu uwo muganira azokwibuka.