ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Gitugutu rup. 32
  • Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo bijanye
  • Gushira Ahabona Ingingo Nkurunkuru
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kugira Urucacagu
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Igice ca 2: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Gitugutu rup. 32

INGENE WOKWIYIGISHA

Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru

Vyoba birashika ukibagira ivyo wari uhejeje kwiga? Twese biradushikira. None muri ico gihe wokora iki? Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru.

Igihe uriko uriyigisha, nuze urafata akanya ko kuzirikana ku vyiyumviro nyamukuru wize. Ivyo ni vyo intumwa Pawulo yaremesheje abari gusoma ikete ryiwe, igihe yabandikira ati: «Iciyumviro nyamukuru ni iki.» (Heb. 8:1) Ivyo vyobafashije gutahura ivyo yariko arabasigurira no kubona ingene bifitaniye isano.

Na wewe uhejeje kwiyigisha, woshobora gusigaza akanya nk’ak’iminota cumi kugira ngo uzirikane ku vyiyumviro nyamukuru. Nimba utavyibuka, nusubire gusoma udutwe duto canke iryungane rya mbere ryo mu ngingo, kugira uvyiyibutse. Nimba hari ikintu gishasha wize, nurabe ingene wogisigura mu majambo yawe bwite. Niwiyibutsa ivyiyumviro nyamukuru, bizotuma utavyibagira vyongere bitume ubona ingene ivyo wize vyogufasha mu buzima bwawe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika