ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 36 rup. 209-rup. 211 ing. 1
  • Kwubakira ku Mutwe-Shimikiro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwubakira ku Mutwe-Shimikiro
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kugira Urucacagu
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gushira Ahabona Ingingo Nkurunkuru
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Zigama umuzirikanyi wawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 36 rup. 209-rup. 211 ing. 1

ICIGWA CA 36

Kwubakira ku Mutwe-Shimikiro

Ni ibiki ukeneye kugira?

Niwerekeze ku mutwe-shimikiro wawe, kandi uwubakireko mu buryo bunyuranye mu nsiguro yawe yose.

Ni Kuki Bihambaye?

Birahuza ivyo ushikiriza kandi bigafasha abumviriza gutahura ivyo uvuga no kuvyibuka.

ABASHIKIRIZANSIGURO baciye uruma barazi akamaro ko gukoresha umutwe-shimikiro. Igihe bariko barategura insiguro, umutwe-shimikiro urabafasha gushira ubwenge ku muce munaka w’amayagwa no kuwiyumvirako bimwe bishika ibwina. Ivyo bituma bashikiriza amayagwa yabo mu buryo burushiriza kwungura ababumviriza, aho kugenda baraca hejuru ivyiyumviro vyinshi. Igihe iciyumviro kimwe cose mu vyiyumviro nyamukuru gifitaniye isano rya hafi n’umutwe-shimikiro kandi kigafasha kuwubakirako, abumviriza na bo nyene usanga bibafashije kwibuka ivyo vyiyumviro nyamukuru no kubitahura.

Naho nyene bishobora kuvugwa yuko umutwe-shimikiro wawe ari ikiganiro uyagako, uzosanga ubwiza bw’insiguro zawe bwiyongera niwafata ko umutwe-shimikiro wawe ari co ciyumviro ufatirako mu gushikiriza ikiganiro cawe. Ubwami, Bibiliya be n’izuka ni ibiganiro bifatiwe muri rusangi. Hariho imitwe-shimikiro inyuranye ishobora kwubakirwako dufatiye kuri ivyo biganiro. Ng’utu uturorero tumwetumwe: “Ubwami Ni Intwaro Nyakuri,” “Ubwami bw’Imana Buzohindura Isi Iparadizo,” “Bibiliya Yahumetswe n’Imana,” “Bibiliya Ni Inyobozo Kirumara ku bw’Igihe Turimwo,” “Izuka Riratanga Icizigiro ku Batuntuye,” na “Icizigiro c’Izuka Kiradufasha Kuguma Dushikamye Igihe Duhanganye n’Uruhamo.” Iyo mitwe-shimikiro yose isaba kwubakirwako mu buryo butandukanye rwose.

Mu buryo buhuye n’umutwe-shimikiro nyamukuru wa Bibiliya, iyamamaza rya Yezu Kirisitu mu kiringo c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi ryarashize ahabona uyu mutwe-shimikiro: “Ubgami bgo mw’ijuru buri hafi.” (Mat. 4:17) Uwo mutwe yawubakiyeko gute? Ubwo Bwami buravugwa incuro zirenga 110 muri za Njili zine. Mugabo Yezu ntiyapfuye gusa gukoresha iryo jambo “ubwami” arisubiramwo. Biciye ku vyo yigisha no ku bitangaro yarangura, Yezu yaratomoye yuko we, uwari ngaho, yari Umwana w’Imana, Mesiya, uwo Yehova yohaye ubwo Bwami. Yezu yaranerekanye yuko biciye kuri we abandi bariko barugururirwa inzira kugira ngo bazogire uruhara muri ubwo Bwami. Yaravuze kamere abotewe ako gateka botegerejwe kugaragaza. Biciye ku nyigisho ziwe be no ku bikorwa bikomeye yaranguye, yaratomoye ico Ubwami bw’Imana bwosiguye mu buzima bw’abantu, arongera arerekana yuko ukwirukana amashetani kwiwe akoresheje impwemu yera y’Imana cari ikimenyamenya c’uko ‘ubwami bw’Imana bwari bwashikiriye’ abamwumviriza. (Luka 11:20) Ubwo Bwami ni bwo Yezu yategetse abayoboke biwe gushingira intahe.—Mat. 10:7; 24:14.

Gukoresha Umutwe-Shimikiro Ubereye. Ntusabwa kwubakira ku mutwe-shimikiro ku rugero Bibiliya igezako, mugabo gukoresha umutwe-shimikiro ubereye na vyo nyene birahambaye.

Nimba ari wewe wirobanurira umutwe-shimikiro, nubanze urimbure intumbero y’ivyo ushikiriza. Hanyuma uko urobanura ivyiyumviro nyamukuru bizoba bigize urucacagu rwawe, raba neza yuko ivyo bishigikira koko umutwe-shimikiro wahisemwo.

Nimba umutwe-shimikiro watanzwe, nutohoze witonze ico werekana ku kuntu amayagwa yawe akwiye gushikirizwa. Hashobora kuba hakenewe akigoro kugira ngo utahure agaciro k’uwo mutwe-shimikiro be n’ico woshikako. Nimba uzokwihitiramwo amayagwa uzokoresha mu kwubakira ku mutwe-shimikiro watanzwe, nuyarobanure witonze kugira ngo umutwe-shimikiro uzogume ushimitsweko. Ku rundi ruhande, nimba amayagwa yatanzwe, uzoguma ukeneye gutohoza uburyo bwo kuyakoresha wisunze nya mutwe-shimikiro. Urakeneye kandi kurimbura igituma ayo mayagwa afitiye akamaro abakwumviriza be n’ico intumbero yawe ikwiye kuba iri mu kuyashikiriza. Ivyo bizogufasha kumenya ivyo uzoshimikako mu gushikiriza insiguro yawe.

Uburyo bwo Gushimika ku Mutwe-Shimikiro. Kugira ngo ushimike ku mutwe-shimikiro mu buryo bubereye, utegerezwa gushiraho umushinge igihe utoranya wongera utondeka amayagwa yawe. Niwakoresha gusa ayashigikira umutwe-shimikiro wawe ukongera ugakurikiza ingingo ngenderwako zikoreshwa mu gutegura urucacagu rwiza, uzosanga gushimika ku mutwe-shimikiro bica bisa n’ivyikora.

Ugusubiramwo kurashobora gufasha gushimika ku mutwe-shimikiro. Mu ruvyino, umutwe-shimikiro ni agahimba karyoshe kaza karagaruka kenshi bihagije kugira ngo karange uruvyino rwose uko rungana. Ako gahimba ntikaguma kagaruka kameze kwa kundi nyene. Rimwerimwe hakoreshwa igice kimwe canke bibiri vyako, ikindi gihe hagakoreshwa nya mutwe-shimikiro mugabo urobetse, ariko nyene kurutegura akagira ukuntu agenda arasobekanga ka gace gushika aho gashwara uruvyino rwose. Ukwo ni ko bikwiye kumera ku mutwe-shimikiro w’insiguro. Ugusubiramwo amajambo nyamukuru yo muri wo ni nka ka gace kaza karagaruka mu ruvyino. Ivyitiranwa vy’ayo majambo canke umutwe-shimikiro uvuzwe ukundi birakoreshwa mu kuwurobeka. Ikoreshwa ry’ubwo buryo rizotuma umutwe-shimikiro uba iciyumviro nyamukuru abakwumviriza bazotahana.

Izo ngingo ngenderwako ntizikora gusa ku nsiguro zitangirwa ku mukiruruko, mugabo ziranakora ku biyago vyo mu busuku bwo mu ndimiro. Ikiyago gisa na kigufi kirarushiriza kwibukwa iyo umutwe-shimikiro wibonekeza. Amacishabwenge atangwa ku nyigisho ya Bibiliya azorushiriza kugaruka mu bwenge bw’umuntu mu gihe umutwe-shimikiro washimitsweko. Akigoro ugira mu guhitamwo imitwe-shimikiro ibereye no kuyubakirako kazogufasha cane kwongerereza ubushobozi bwawe bwo kuba umushikirizansiguro n’umwigisha w’Ijambo ry’Imana ashika ku nyota.

UMUTWE-SHIMIKIRO WIBONEKEZA CANE MU KIGANIRO KININI KURUTA

Mu vyo gutahura ikoreshwa ry’umutwe-shimikiro, ni ngirakamaro ko dutohoza ingene Yehova Imana, yagiye arinjizamwo umutwe-shimikiro wibonekeza muri vya bitabu 66 bigize Bibiliya, naho yakoresheje abantu mu kuvyandika. Uwo mutwe-shimikiro ni iyemezwa ry’uburenganzira Yehova afise bwo kuganza abantu hamwe n’ishitswa ry’umugambi wiwe uranga urukundo biciye ku Bwami bwiwe.

Uwo mutwe-shimikiro utangura kumenyekanira mu bigabane vya mbere vy’igitabu c’Itanguriro, hanyuma imice yawo ikagenda irubakirwako muri Bibiliya yose. Izina ry’Imana ubwaryo rigenda rirerekanwa kenshi, incuro zirenga 7.000. Uburenganzira Yehova afise bwo kuganza bugaragarira mu nkuru y’irema. Haravugwamwo ubutware bwiwe bwahigishijwe, hamwe n’ingaruka zibabaje z’ukugambarara. Urukundo rwa Yehova rw’agaheta, ubukerebutsi bwiwe, ubutungane bwiwe, be n’ububasha bwiwe bushobora vyose birerekanwa n’ivyo yagiriye ibiremwa vyiwe. Ivyiza biva ku kugamburukira Imana be n’ivyago biva ku kugambarara birerekanwa n’uturorero tudaharurwa. Intunganyo Yehova yagize biciye kuri Yezu Kirisitu yo gukuraho icaha n’urupfu irasobanurwa ikanerekanwa. Harimwo n’inkuru z’ido n’ido zerekeye intwaro yo mw’ijuru izohonya ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha hamwe n’abantu b’ababisha banka kwemera icese uburenganzira Yehova afise bwo kuganza ibiremwa vyiwe. Biratomorwa yuko Ubwami buzononosora umugambi wa Yehova w’uko isi yoba iparadizo yuzuye abantu bakunda Imana imwe rudende y’ukuri bakongera bakayisenga, kandi bakundana.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Igihe utegura insiguro yawe, nurobanure ivyiyumviro nyamukuru be n’ivyiyumviro bibishigikira bizoterera vy’ukuri agacumu k’ubumwe mu vyo kwubakira ku mutwe-shimikiro wawe.

  • Igihe wimenyereza insiguro yawe, niwiyumvire ahantu uzoshimika n’ukuntu uzohashimika ku bw’umutwe-shimikiro wawe. Hari n’aho woshima gushira utumenyetso mu rucacagu rwawe ahari ivyiyumviro uteganya gushimikako.

  • Rimwe na rimwe mu kiringo uriko urashikiriza insiguro yawe, nusubiremwo amajambo canke ivyiyumviro vy’ishimikiro vyo mu mutwe-shimikiro wawe.

UMWIMENYEREZO: Ku bw’umurimo wo mu ndimiro, nutore umutwe-shimikiro wisunze ikiganiro kinaka co mu Munara w’Inderetsi wa vuba canke co muri Réveillez-vous! ya vuba. Niwihatire kuvyurira abantu ugushimishwa n’ico kiganiro mu ntangamarara yawe, uwubakireko wifashishije iciyumviro kimwe canke bibiri mu kiringo c’ikiyago cawe, maze ushire ahabona agaciro kaco mu nsozero yawe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika