ICIGWA CA 27
Gushikiriza Insiguro Ataho Uyisoma
USHOBORA kuba wakoze ugatama kugira ngo ushikirize insiguro yawe. Ushobora kuba ufise amayagwa yigisha koko. Insiguro yawe ishobora kuba yumvikana. Hari aho woba ushoboye kuyishikiriza worohewe. Mugabo mu gihe ubwenge bw’abakwumviriza butari hamwe, bumviriza uduceduce gusa tw’ivyo uvuga, kubera ko imizirikanyi yabo iza irangarira mu bindi, mbega insiguro ushikiriza iraheza ikabashika ku nyota gute? Nimba bibagora kugumiza imizirikanyi yabo kuri iyo nsiguro, ubwo vyoshoboka ko ushikira imitima yabo?
Ni igiki coshobora kuba ari umuzi w’iyo ngorane? Hari ibintu binyuranye bishobora kuyitera. Kenshi na kenshi, usanga ari ukudashobora gushikiriza iyo nsiguro ataho uyisoma. Mu yandi majambo, umushikirizansiguro aba aza araraba kenshi ku two yanditse, canke uburyo ayishikiriza bukaba ari ubukurikije amategeko kurenza urugero. Ariko rero, izo ngorane ziba zifitaniye isano neza na neza n’uburyo insiguro iteguwe.
Iyo ubanje kwandika insiguro yawe mu majambo yose hanyuma ugaca ugerageza kuyihindura mu rucacagu, bisa n’uko uzosanga bigoye gushikiriza iyo nsiguro ataho uyisoma. Kubera iki? Kubera ko wahisemwo amajambo adahusha uteganya gukoresha. Naho nyene wokoresha urucacagu mu gushikiriza iyo nsiguro, uzoba uriko uragerageza gukoresha amajambo wakoresheje mu nteguro ya mbere. Iyo ikintu canditswe, imvugo usanga irushiriza gukurikiza amategeko birenze urugero bigatuma inyubako y’iryungane igora kuruta imvugo ya misi yose. Ivyo bizogaragarira ku buryo uyishikiriza.
Aho kwandika insiguro yawe ido n’ido, gerageza ibikurikira: (1) Tora umutwe-shimikiro hamwe n’imice nyamukuru y’ikiganiro ugiye gukoresha mu kwubakira kuri nya mutwe-shimikiro. Ku nsiguro ngufi, ingingo nkurunkuru zibiri zishobora kuba zihagije. Insiguro ndende ishobora kugira ingingo nkurunkuru zine canke zitanu. (2) Munsi y’ingingo nkurunkuru yose, niwandike ivyanditswe nyamukuru uteganya gukoresha mu gushikiriza nya ngingo; nushire ahabona kandi ibigereranirizo vyawe hamwe n’ivyiyumviro nyamukuru. (3) Niwiyumvire ingene uza gutangura nya nsiguro. Woshobora no kwandika iryungane rimwe canke abiri. Nutegekanye kandi insozero yawe.
Kwitegurira gushikiriza insiguro ni ikintu gihambaye cane. Mugabo ntusubiremwo nya nsiguro ijambo ku rindi urondera kuyifata ku mutwe. Mu vyo kuvuga ataho ubisoma, kwitegurira gushikiriza insiguro ntibikwiye gushimika ku majambo, ahubwo bikwiye gushimika ku vyiyumviro biserurwa. Bino vyiyumviro bikwiye gusubirwamwo gushika bigiye birakurikirana ata ngorane mu muzirikanyi wawe. Nimba insiguro yawe yubatse mu buryo bwumvikana kandi butegekanijwe neza, ivyo ntibikwiye kugora, kandi igihe uyishikiriza ivyiyumviro bikwiye kuza birizana ata ngorane.
Rimbura Ivyiza Bivamwo. Akarusho gahambaye kuruta k’ugushikiriza insiguro ataho uyisoma ni uko uzovuga nk’uko bikurimwo, ari na ho abantu benshi kuruta bakurikira neza bitabagoye. Insiguro ushikiriza izorushiriza kuba iyirimwo igishika, maze ivyo bitume irushiriza kuba iyishimishije ku bakwumviriza.
Ubwo buryo bwo kuvuga butuma urabana bimwe bihagije n’abakwumviriza, ari na vyo biryohora ugushikirana kwawe na bo. Kubera ko utiheka ku vyo uba wanditse kugira ngo ubone kwubaka iryungane ryose, abakwumviriza bazorushiriza kwumva yuko uzi neza ikiganiro uriko urashikiriza, be n’uko wemera koko ivyo uriko uravuga. Gutyo, ubwo buryo bwo gushikiriza insiguro burorohera umuntu mu vyo gushikiriza inkuru abigiranye igishika, nk’uwuyaga, kandi mu buryo bukora ku mutima.
Gushikiriza insiguro ataho uyisoma biratuma kandi umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe. Amayagwa ntaba yashinzwe ku buryo ata kantu ushobora kuyahindurako. Dufate yuko hakiri kare kuri uyo musi uja gutangako nya nsiguro hasohotse amakuru ahambaye ajanye neza na neza n’ikiganiro uja gushikiriza. Mbega ntivyorushiriza kuba ibibereye ko uyacishamwo? Canke kumbure igihe uriko uravuga, ukabona mu bakwumviriza harimwo abana benshi bari mu myaka y’abiga mw’ishure. Ese ingene vyoba vyiza ubogoye ibigereranirizo vyawe n’ukuntu werekana uko amayagwa yoshirwa mu ngiro, kugira ngo ubafashe gutegera ukuntu ayo mayagwa ari n’ico yokora ku buzima bwabo!
Akandi karusho k’ugushikiriza insiguro ataho uyisoma ni uko bikangura umuzirikanyi wawe bwite. Igihe abakwumviriza ari abantu bakenguruka, bakira ivyo ubabwira, wewe ubwawe urakerebuka, ugahagarara ku vyiyumviro, canke ugafata umwanya wo gusubiramwo ingingo zimwezimwe kugira ngo uzishimikeko. Mu gihe ubonye yuko ugushimishwa kw’abumviriza kuriko kuradorongera, urashobora gutera intambwe zo gutsinda iyo ngorane ha gupfa kubwira abantu imizirikanyi yabo yigiriye ahandi.
Niwirinde Kugwa mu Mitego. Ukwiye kumenya yuko kuvuga ataho ubisoma bifise kandi imitego wohava ugwamwo. Umwe ni impengamiro yo kurenza umwanya. Ushizemwo ibindi vyiyumviro vyinshi kurenza urugero mu gihe ushikiriza insiguro, umwanya ushobora kukubera ingorane. Ivyo urashobora kuvyirinda ugiye urandika ku rucacagu rwawe umwanya uhawe igihimba cose c’insiguro. Ca rero uguma kuri urwo rutonde rw’umwanya.
Iyindi ngeramizi, canecane ku bashikirizansiguro babimenyereye, ni ukwiyizigira birenze. Kubera ko baba bamenyereye kuvugira imbere y’abantu, bamwe bashobora gusanga bitagoye guterera ivyiyumviro hamwe hanyuma bagakwiza umwanya washinzwe. Mugabo ukwicisha bugufi hamwe n’ugukenguruka ukuba turiko turagira uruhara muri porogarama yo kwigisha, iyo Yehova ubwiwe abereye Umucishabwenge Ahambaye, bikwiye kutuvyurira ingiro yo gutegura igihimba cose neza dushizeko n’ugusengana ubwira.—Yes. 30:20; Rom. 12:6-8.
Kumbure ikintu kiraza ishinga cane abashikirizansiguro benshi batamenyereye gushikiriza insiguro ataho basoma, ni uko bohava bibagira ivyo bashaka kuvuga. Ntureke ngo ico ciyumviro gitume utinya ngo ureke gutera iyi ntambwe yo mu vyo kuvuga neza. Niwitegure neza, hanyuma uhange amaso Yehova agufashishe impwemu yera yiwe.—Yoh. 14:26.
Abandi bashikirizansiguro barareka umwitwarariko mwinshi w’amajambo baza gukoresha ugatuma batinya. Ego niko, insiguro ushikiriza ataho usoma yoshobora kuba idatanganywe amajambo yatowe neza hamwe n’indimburo idahusha nk’imwe yo mu nsiguro isomwa, mugabo ukuvuga nk’uwuyaga bizogushumbusha. Abantu birarushiriza kuborohera kwakira ivyiyumviro bishikirijwe mu majambo batahura bitabagoye no mu mungane adahinguye. Witeguye neza, ukwubaka imvugo neza bizoza birizana, atari kubera ko wabifashe ku mutwe, mugabo kubera ko wasubiyemwo ivyiyumviro mu buryo buhagije. Kandi nimba ukoresha imvugo nziza mu kiyago ca misi yose, izokwizana igihe uzoba uri ku mukiruruko.
Utwo Wanditse Wokoresha. Ugiye uramenyereza, mu nyuma urashobora gusanga ugabanije urucacagu rwawe rugasigarana utujambo dukeyi ku ngingo imwimwe yose y’insiguro yawe. Utwo tujambo, hamwe n’ukuza urandikako ivyanditswe uteganya gukoresha, vyoshobora vyose gutondekwa ku gakaratasi canke ku gapapuro gatoyi uza uraterezako akajisho bitagoranye. Ku bw’ubusuku bwo mu ndimiro, kenshi uzofata ku mutwe urucacagu rworoheje. Nimba wagize ubushakashatsi ku kibazo kinaka co kuganirako ugarutse kuraba nya muntu, ushobora kuba ufise utwandiko dukeyi ku gakaratasi gatoyi gasobetse hagati y’impapuro za Bibiliya yawe. Canke na ho ushobora gusa gukoresha udutwe dukuwe muri “Sujets de conversation bibliques” canke amayagwa akurwa mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures, canke mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya, akaba ari yo wishimikiza igihe muganira.
Ariko rero, nimba washinzwe gushikiriza ibigabu nka bingahe vy’ikoraniro mu ndwi nkeyi hamwe no gushikiriza kumbure insiguro z’icese, hari aho wosanga ukeneye kwandika utuntu tutari duke. Tw’iki? Two kwiyibutsa amayagwa imbere yo gushikiriza kimwekimwe cose muri nya bigabu. Naho biri ukwo, wihetse bimwe birenze urugero ku tuntu wanditse kugira ngo uronke amajambo yose uvuga igihe uriko urashikiriza insiguro yawe, hanyuma ukaza uraturabako nko ku ryungane ryose uvuga, uzotakaza ivyiza woronse biranga ugushikiriza insiguro ataho uyisoma. Mu gihe wanditse utuntu twinshi, nudushireko utumenyetso kugira ngo ushobore kuza uradukubitizako akajisho bitakugoye urondera gusa kubona amajambo makeyi hamwe n’ivyanditswe bikeyi washize ahabona, ari na vyo bigize urucacagu rwawe.
Naho nyene insiguro ishikirizwa n’uwubimenyereye ahanini akwiye canecane kuyishikiriza adasoma, harashobora kandi kubaho uturusho mu gihe yinjijemwo ubundi buryo bwo gushikiriza insiguro. Mu ntangamarara no mu nsozero ari na ho ukurabana n’abakwumviriza ukwiye kukugira igihe uvuga ibintu bikomakomeye kandi bivugitse neza, amungane makeyi wafashe ku mutwe ashobora kuba kirumara. Ahakoreshwa ivyabaye, ibitigiri, amajambo asubirwamwo canke ivyanditswe, gusoma birabereye kandi birashobora gukoreshwa bikavamwo ikintu kiboneka.
Igihe Abandi Badusavye Gusobanura. Rimwe na rimwe hari igihe dusabwa gusobanura ivyo twemera tutaronse akaryo ko kwitegura imbere y’igihe. Ivyo bishobora gushika igihe duhuye n’umuntu mu busuku bwo mu ndimiro akavuga amajambo y’ukwanka ivyo tumubwira. Ibintu nk’ivyo bishobora kuvyuka igihe turi kumwe n’incuti, igihe turi ku kazi canke kw’ishure. Abakuru bo mu ntwaro bashobora na bo nyene kudusaba kubasobanurira ivyo twemera hamwe n’ukuntu tubayeho. Ivyanditswe bihimiriza biti: “Muhore mwitegu[ri]ye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya.”—1 Pet. 3:15.
Raba ingene Petero na Yohani bishuye Sentare Nkuru y’Abayuda, nk’uko vyanditswe mu Vyakozwe 4:19, 20. Mu mungane atarenze abiri, baravuze bimwe bitomoye aho bahagaze. Ivyo babigize mu buryo bwari bubereye ababumviriza, baradoma urutoke ku vy’uko ikibazo caraba intumwa caraba kandi n’iyo sentare. Mu nyuma, ibirego vy’ikinyoma vyararezwe Sitefano, hanyuma ajanwa imbere y’iyo sentare nyene. Soma inyishu yatanze atari yavyiteguriye, mu Vyakozwe 7:2-53. None amayagwa yiwe yayatondetse gute? Yashikirije ivyabaye mu rutonde vyakurikiranyemwo. Ageze aho bibereye, yatanguye gushimika ku gatima k’ubugarariji kagizwe n’ihanga rya Isirayeli. Mu gusozera, yarerekanye yuko iyo Sentare yari yagaragaje agatima nk’ako nyene, mu kwicisha Umwana w’Imana.
Igihe usabwe gusigura ivyo wizera utavyiteguriye, ni igiki gishobora kugufasha kugira ngo ivyo usigura bigire ico bishitseko? Niwigane Nehemiya, uwasenze mu gacerere imbere y’uko yishura ikibazo cari kibajijwe n’Umwami Aritazeruzi. (Neh. 2:4) Mu nyuma, nuce wiyumvira urucacagu rw’ivyo uja kuvuga. Intambwe nkurunkuru zishobora gutondekwa muri ubu buryo: (1) Nutoranye ingingo imwe canke zibiri zikwiye kuja muri iyo nsiguro (ushobora guhitamwo gukoresha ingingo dusanga mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures). (2) Nutoremwo ivyanditswe ukoresha mu gushigikira izo ngingo. (3) Nuteganye ingene utangura insobanuro ushikiriza ubigiranye ubugenge, kugira ngo nyene kubibaza ashobore kuvyumviriza n’umutima ukunze. Nuce rero utangura kuvuga.
Igihe udafise umutima mu nda, woba uzokwibuka ico wokora? Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ntimuze muhagarikire imitima ico muvuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ako kanya. Kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari [im]pwemu [y]a So [i]vugira muri mwebge.” (Mat. 10:19, 20) Ivyo ntibisobanura yuko uzohabwa “ijambo ry’ubgenge” ku gitangaro, nka rimwe ryahabwa Abakirisu bo mu kinjana ca mbere. (1 Kor. 12:8) Mugabo mu gihe wama wungukira ku nyigisho Yehova aha abasavyi biwe mw’ishengero rya gikirisu, impwemu yera izokwibutsa amakuru ukeneye igihe bisabwe.—Yes. 50:4.
Nta mazinda, gushikiriza insiguro ataho uyisoma birashobora gushika ku kintu kiboneka. Uvyimenyereje ubudahengeshanya igihe utegura ibigabu mw’ishengero, kwishura utavyiteguriye rero igihe bikenewe ntibizogorana, kubera yuko uburyo nk’ubwo nyene bwo gushira ibintu ahabona bukora. Ntutinye. Kwiga kuvuga ataho ubisoma bizogufasha gutuma ubusuku bwawe bwo mu ndimiro burushiriza kugira ico bushitseko. Niwaronka na ho agateka ko gushikiriza insiguro mw’ishengero, bisa n’uko uzotuma abakwumviriza bagukurikira, kandi ukabakora ku mitima.