Inkuri z’Ubwami No. 36
Ikimpumbi gishasha—Kazoza wewe kakubikiye iki?
Ikimpumbi gishasha—Hoba hagiye kuba ikiringo gishasha?
MU GICUGU co ku wa 31 Kigarama 1999, ni ho ikinjana ca 20 cahera.a Cari ikinjana cabayemwo uruhagarara rwinshi. Ariko kandi caravutsemwo ubuhinga bushasha, iterambere rikomeye cane mu vy’ubuvuzi, igwirirana ry’amakuru, hamwe n’iyongerekana ryihuta ry’ivy’ubutunzi kw’isi yose. Ikimpumbi gishasha rero cakiriwe n’abantu benshi bwa kimenyetso c’ivyizigiro n’ihinduka. Intambara, ubukene, umwanda wonona ibidukikije, be n’indwara, vyoba bigiye guhera?
Abenshi ni vyo bizigiye. Ariko ni kuki tutokwemeza yuko ikimpumbi gishasha kizozana amahinduka agufitiye akamaro—amahinduka azotuma ubuzima butagira inkomanzi kandi bukaragama kuri wewe no ku muryango wawe? Rimbura urugero runini amahanga ingorane nkeyi gusa duhangana na zo zishikako.
Umwanda
Ibihugu biteye imbere biriko “biratuma ibidukikije vyononekara kw’isi yose n’umwanda ugakwiragira hose tutibagiye isambuka ry’urutonde ibikoko bibamwo.” Hamwe ingorane ziriho ubu zobandanya, “ibidukikije bizorushiriza gusinzikara.”—“Global Environment Outlook—2000,” Umugambi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu Uraba Ibidukikije.
Indwara
“Gushika mu 2020, hitezwe ko abantu indwi ari bo bazoba bahitanwa n’indwara zitandukira kuri cumi bicwa na zo mu mihingo ikiri mu nzira y’amajambere, bakaba ari benshi tugereranije n’abadashika igice bapfa muri iki gihe.”—“The Global Burden of Disease,” Harvard University Press, 1996.
Abahinga bamwebamwe bavuga yuko “mu 2010, mu bantu [bazoba baba] mu bihugu 23 bisinzikajwe n’ikiza [ca SIDA] kuruta ibindi, abantu imiliyoni 66 kizoba cabahitanye.”— “Confronting AIDS: Evidence From the Developing World,” raporo yatanzwe n’Umugwi w’Abanyaburaya be n’Ibanki y’Isi Yose.
Ubukene
“Abantu bashika hafi 1.300.000 batunzwe n’amahera ari musi y’idolari (nk’800 y’amarundi) ku musi, abababa umuliyaridi umwe na bo ntibashoboye kwironsa utwo batamira bakeneye dusanzwe.”—“Human Development Report 1999,” Umugambi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu Uraba ivy’Iterambere.
Intambara
“Ubukazi buri mu [bihugu bitandukanye] vyo kw’isi bwoshobora gushikira urugero rutaribwigere rushikirwa. Mwene ubwo bukazi bwandurutswa n’[amacakubiri] ashingiye ku moko, ku miryango no ku madini, . . . ni bwo buzohora buzana . . . amatati azoba agwiriye kuruta ayandi yose kuva ku mwaka wa 26 gushika ku wa 50 y’iki kinjana . . . , bukazohitana abantu ibihumbi amajana ku mwaka ku mwaka.”—“New World Coming: American Security in the 21st Century,” Umugwi Ujejwe Umutekano w’Igihugu Muri Leta Zunze Ubumwe/Ikinjana ca 21.
Urwamo abantu bavuza hamwe n’akanyamuneza bafise kubera ikimpumbi gishasha birahisha rero yuko umwanda, indwara, ubukene n’intambara birushiriza kwongerekana kuruta ikindi gihe cose cabayeho. Umuzi w’izo ngorane ni umwina, ukutizigiranira, hamwe n’ubwikunzi—tukaba ari utugeso tudashobora kuzimanganywa gusa n’ubushakashatsi bwo mu vya siyansi, mu vy’ubuhinga, no mu vya politike.
Ikimpumbi kizozanira abantu umuhezagiro
Umwanditsi umwe wa kera igihe kimwe yavuze ati: “Inzira umuntu yogenderamwo [si] we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Ico umuntu abuze si ubushobozi gusa, ahubwo ntagira n’uburenganzira bwo kuganza isi. Umuremyi wacu, Yehova Imana, ni we musa afise uburenganzira akamenya n’uburyo bwo gutunganya ingorane abantu bafise.—Abaroma 11:33-36; Ivyahishuriwe 4:11.
Ariko azobigira ryari? Azobigira gute? Ikimenyamenya c’uko twegereje imperuka y’ “imisi y’iherezo” kirigaragaza cane. Turagusavye uzingurure Bibiliya yawe, hanyuma usome muri 2 Timoteyo 3:1-5. Harerekana neza utugeso turanga kamere abantu bogaragaje muri ibi “bihe bigoye.” Muri Matayo 24:3-14 no muri Luka 21:10, 11 na ho nyene haradondora “imisi y’iherezo.” Ngaho hashimikira ku bintu vyagiye biraba kuva mu 1914, nk’intambara zikwiye isi yose, indwara z’ibiza, hamwe n’ubukene bw’ibifungurwa bukwiye hose.
Vuba “imisi y’iherezo” igiye kurangira. Muri Daniyeli 2:44 havuga hati: “Imana yo mw’ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, . . . buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami [bwo kw’isi]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” Urumva ko vyari vyaravuzwe yuko Imana yoshinze Ubwami, canke intwaro, bwo kuganza isi. Dukurikije Ivyahishuriwe 20:4, iyo ntwaro izoganza imyaka igihumbi—ni ukuvuga ikimpumbi! Rimbura bikeyi gusa mu bintu bizomera neza kuruta mu kubaho kw’abantu bose, mu kiringo c’ico kimpumbi ciza cane:
Ivy’ubutunzi. “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye.”—Yesaya 65:21, 22.
Amagara. “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.” “Kand’uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.”—Yesaya 33:24; 35:5, 6.
Ibidukikije. Imana ‘izohonya abahonya isi.’—Ivyahishuriwe 11:18.
Imigenderanire y’abantu. “Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi.”—Yesaya 11:9.
Abantu amamiliyoni barizeye iyo mihango Bibiliya itanga, bakaba kandi basigaye babona kazoza bafise ukwizigira n’umutima mu nda. Ivyo bituma barushiriza gushobora gutsinda imikazo be n’ingorane vyo mu buzima. Bibiliya none ishobora gute kukubera kiyobora mu buzima bwawe?
Ubumenyi—Bujana mu buzima!
Siyansi n’ubuhinga birashobora rimwe na rimwe kuba akumiza! Mugabo, ubumenyi bw’abantu ntibwatumye ubuzima buba ubutagira inkomanzi n’ubuhimbaye ku bantu benshi. Ubumenyi rudende bushobora gushitsa ico kintu buradondowe muri Bibiliya muri Yohana 17:3, ahavuga hati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.”
Mwene ubwo bumenyi tubusanga muri Bibiliya. Naho abantu benshi bafise ivyiyumviro bigoye ku biraba ico gitabu ceranda, ni bakeyi gusa bigeze kugisuzuma ubwabo ngo birabire. Weho bite? Ego ni ko, gusoma Bibiliya bisaba akigoro katari gato. Ariko si ak’ubusa. Bibiliya ni co gitabu conyene “[ca]humetswe n’Imana, kandi [k]igira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza, mu kugororoka.”—2 Timoteyo 3:16.
None ushobora gute gutangura kwimenyereza Bibiliya? Ni kuki utokwakira imfashanyo itangwa n’Ivyabona vya Yehova? Baraha inyigisho abantu amamiliyoni mu mihana iwabo, ataco barinze kubasaba. Kugira ngo bagusahirize muri ivyo, bakoresha ibitabu bitandukanye bishingiye kuri Bibiliya, nk’agatabu kitwa Ni Ibiki Imana Idusaba? Karatanga inyishu zirashe ku bibazo vyinshi woshobora kuba ufise ku biraba Bibiliya, nk’ibi: Imana ni nde? Ni uwuhe mugambi Imana ifitiye isi? Ubwami bw’Imana ni iki? Bibiliya ishobora gute kuryohora umubano wanyu wo mu rugo?
Nimba woshima ko umwe mu Vyabona vya Yehova akugendera i muhira iwawe, turakwingize wuzuze agace kari aha musi. Bazohimbarwa no kukumenyesha ibindi ku vyerekeye ya Ngoma nziza cane y’Ikimpumbi y’Ubwami bw’Imana!
□ Ndipfuza kuronka agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
□ Ndabasavye ko twobonana kugira ngo ngirirwe inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ataco ndishe
[Akajambo kw’epfo]
a Aha dufatiye ku vyiyumviro Abanyaburaya benshi bafise ku vyerekeye ikimpumbi gishasha. Turabiye ku bitigiri, ikimpumbi gishasha kizotangura ku wa 1 Nzero 2001.