ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/11 rup. 4-6
  • Imilenari ya Gatatu Izotangura Ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imilenari ya Gatatu Izotangura Ryari?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Yavutse Ryari?
  • Ivyizigiro Vyabo vy’Imilenari Vyoba Bitazoranguka?
  • 2000—Woba Ari Umwaka Udasanzwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ikimpumbi gishasha—Kazoza wewe kakubikiye iki?
    Ikimpumbi gishasha—Kazoza wewe kakubikiye iki?
  • Igicapo c’igice ca 3
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Igicapo c’igice ca 2
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/11 rup. 4-6

Imilenari ya Gatatu Izotangura Ryari?

WOBA umaze kwumva abantu bavuga yuko imilenari igira gatatu itazotangura mu mwaka w’2000, mugabo ko izotangura mu mwaka w’2001? Ivyo bintu bavuga, ku rugero runaka ni vyo. Dufashe yuko Yezu Kirisitu yavutse mu mwaka ubu uzwi ko wari uwa 1 B.G.C., nk’uko bamwe bahoze bavyiyumvira, kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2000 rero (atari 1999) ni ho mu vy’ukuri impera y’imilenari igira kabiri izoba ishitse, ku wa 1 Nzero 2001 na ho hakaba intango z’iyigira gatatu.a Ariko rero, muri iki gihe incabwenge nka zose ziremeranya yuko Yezu Kirisitu atavutse muri 1 B.G.C. None rero yavutse ryari?

Yezu Yavutse Ryari?

Bibiliya ntihishura neza na neza itariki Yezu yavukiyeko. Yamara ivuga yuko yavutse “ku ngoma y’umwami Herode.” (Matayo 2:1) Incabwenge nyinshi mu vya Bibiliya zemera yuko Herodi yapfuye mu mwaka wa 4 B.G.C., n’uko Yezu yari yavutse imbere y’ico gihe—kumbure nko mu mwaka wa 5 canke wa 6 B.G.C. Ivyiyumviro vyabo vyerekeye urupfu rwa Herodi babishikako bishimikije amajambo yavuzwe n’umutohozakahise w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe.b

Nk’uko Josèphe yabivuze, hasigaye igihe gito ngo Umwami Herodi apfe, harabaye ubwirakabiri bwo mw’ijoro. Incabwenge mu vya Bibiliya badoma urutoke ku bwirakabiri bwo mw’ijoro bwabaye kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 4 B.G.C., bakabufata nk’ikimenyamenya c’uko Herodi ategerezwa kuba yapfuye muri uwo mwaka. Ariko mu mwaka wa 1 B.G.C., harabayeho ubwirakabiri bwo mw’ijoro ku wa 8 Nzero be n’ubundi ku wa 27 Kigarama. Nta n’umwe ashobora kuvuga nimba Josèphe yariko avuga bumwe mu bwirakabiri bwabaye mu mwaka wa 1 B.G.C. canke ubwo mu mwaka wa 4 B.G.C. Ni co gituma tudashobora gukoresha amajambo ya Josèphe mu kudoma urutoke ku mwaka nyawo Herodi yapfiriyeko. Naho twari kuba dushoboye kuyakoresha, n’ico gihe nyene ntitwoshobora gushinga igihe Yezu yavukiyeko.

Ikimenyamenya dufise gikomeye kuruta ibindi c’itariki Yezu yavukiyeko kiri muri Bibiliya. Inkuru yahumetswe ivuga yuko mwene nyinabo na Yezu Yohana Umubatizi yatanguye umurimo wiwe w’ubuhanuzi mu mwaka ugira 15 Umwami w’abami w’Umuroma Tiberiyo Kayisari ari ku ngoma. (Luka 3:1, 2) Inkuru y’ivyabaye yo mw’isi iremeza yuko Tiberiyo yagenywe ngo abe umwami w’abami ku wa 15 Nyakanga 14 G.C., ari co gituma umwaka wiwe ugira 15 wobaye kuva amaja mu mpera zo mu 28 G.C. gushika amaja mu mpera zo mu 29 G.C. Yohani yatanguye igikenurwa ciwe muri ico gihe, kandi bigaragara yuko Yezu yatanguye igikenurwa ciwe amezi atandatu inyuma yaho. (Luka 1:24-31) Ivyo bishizwe hamwe n’ibindi bimenyamenya, vyoshira intango y’igikenurwa ca Yezu mu gatasi ko mu 29 G.C.c Bibiliya ivuga yuko Yezu yatanguye igikenurwa ciwe amaze “imyaka nka mirongwitatu avutse.” (Luka 3:23) Nimba mu gatasi ko mu 29 G.C. yari amaze imyaka 30, ategerezwa kuba yavutse mu gatasi ko mu mwaka wa 2 B.G.C. Ubu naho duharuye imyaka ibihumbi bibiri tuja imbere duhereye mu gatasi ko muri 2 B.G.C., (tukibuka yuko ata mwaka wa zero wabayeho; ari co gituma kuva muri 2 B.G.C. gushika muri 1 G.C. harimwo imyaka ibiri), dusanga imilenari ya kabiri yarangiye mu gatasi ko mu 1999, iya gatatu igaca itangura!

Ivyo vyoba biri n’ico bivuze? Nk’akarorero, mbega intango y’imilenari ya gatatu yoba intango ya ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Yezu Kirisitu ivugwa mu gitabu c’Ivyahishuriwe? Ekaye. Nta na hamwe Bibiliya yerekana isano iryo ari ryo ryose hagati y’imilenari ya gatatu na ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu.

Yezu yaraburiye abayoboke biwe ngo birinde kunuganuga ivyerekeye amatariki. Yabwiye abigishwa biwe ati: “S’ivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene.” (Ivyakozwe 1:7) Imbere yaho, Yezu yari yarahishuye yuko mbere na we ubwiwe ico gihe atari azi igihe Imana yoshikirije urubanza kuri uru runkwekwe rubi, bigacira inzira Intwaro ya Kirisitu y’Imilenari. Yavuze ati: “Uwo musi cank’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa.”—Matayo 24:36.

Vyoba vyumvikana kwitega yuko Kirisitu azogaruka haheze neza na neza imyaka 2000 kuva kw’itariki yavukiyeko ari umuntu? Eka ntivyoba vyumvikana. Yezu ategerezwa kuba yari azi itariki yavukiyeko. Kandi nta nkeka ko yari azi ukuntu yoharura imyaka 2000 uhereye kuri iyo tariki. Yamara ntiyari azi umusi n’isaha yoziriyeko. Biragaragara ko kudoma urutoke kw’igenekerezo ry’ukugaruka kwiwe kitobaye ikintu coroshe! ‘Imisi n’ibihe’ ni Se yari abifitiye ububasha—ivyerekeye urutonde rw’ibihe akaba ari we musa abimenya.

Vyongeye, Yezu ntiyategetse abayoboke biwe kumurindirira ahantu kanaka. Ntiyababwiye gutororokanira hamwe bakamurindira, mugabo yababwiye gukwiragira “gushitsa ku mpera y’isi” maze bagahindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa. Ntiyigeze ahindura iryo bwirizwa.—Ivyakozwe 1:8; Matayo 28:19, 20.

Ivyizigiro Vyabo vy’Imilenari Vyoba Bitazoranguka?

Ariko rero, hari abumira ku vyiyumviro vy’idini usanga umwaka w’2000 bawitezeko ibintu bihambaye. Bemera yuko mu mezi makeyi agiye kuza, ibihimba vy’igitabu c’Ivyahishuriwe bizoranguka ijambo ku rindi. Mu vy’ukuri, babona bariko baragira uruhara muri iryo ranguka. Nk’akarorero, badoma urutoke ku buhanuzi bwanditse mu Vyahishuriwe 11:3, 7, 8, ubuvuga ivyerekeye vya vyabona bibiri bashikiririza ubuhanuzi “mu gisagara kinini, ni co mu buryo bw’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo ya[manitswe].” Ivyo vyabona bibiri bahejeje gushinga intahe yabo, barishwe n’inyamaswa zikaze zije ziva mu gisumanyenzi.

Nk’uko bivugwa mu nkuru yashikirijwe mu kinyamakuru kimwe, The New York Times Magazine, co ku wa 27 Kigarama 1998, indongozi y’idini rimwe “yabwiye abanywanyi baryo yuko ari umwe muri vya vyabona bibiri yagenewe gutangaza isangangurwa ry’isi be n’ukuza kw’Umukama—maze agaca agandagurwa na Shetani mu mabarabara y’i Yeruzalemu.” Birumvikana rero kuba abajejwe intwaro muri Isirayeli bahagaritse umutima. Batinya yuko intagondwa zimwezimwe zohava zigerageza “kwirangurira” ubwo buhanuzi—naho ivyo vyosaba gusomborotsa amatati akoreshwamwo ibirwanisho! Ariko rero, Imana ntikeneye “imfashanyo” y’umuntu kugira ngo ishitse umugambi wayo. Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwose buzoranguka mu gihe Imana ubwayo yashinze no mu buryo bw’Imana ubwayo.

Igitabu c’Ivyahishuriwe canditswe mu “bimenyetso.” Nk’uko Ivyahishuriwe 1:1 habivuga, Yezu yashatse guhishurira “abagurano biwe” (si isi muri rusangi) ibigiye gushika. Kugira ngo abagurano ba Kirisitu ari bo bayoboke biwe batahure igitabu c’Ivyahishuriwe, bobaye bakeneye impwemu yera y’Imana, iyo Yehova aha abamushimisha. Mu gihe igitabu c’Ivyahishuriwe coba gikwiye gutahurwa ijambo ku rindi, n’abantu batagira ukwizera bogisomye bakagitahura. Muri ico gihe ntivyobaye ngombwa ko Abakirisu basenga basaba impwemu yera kugira ngo bagitahure.—Matayo 13:10-15.

Twabonye yuko dukurikije ibimenyamenya biri muri Bibiliya, imilenari ya gatatu uhereye kw’ivuka rya Yezu itangura mu gatasi ko mu 1999, n’uko ryaba iryo genekerezo canke iryo ku wa 1 Nzero 2000, eka mbere n’iryo ku wa 1 Nzero 2001 ata na rimwe muri ayo rifise insobanuro idasanzwe. Yamara hariho imilenari Abakirisu bitwararitse cane. Nimba atari imilenari igira gatatu, none ni iyihe? Ikiganiro kirangiza muri uru rukurikirane rw’ibiganiro kiraza kwishura ico kibazo.

[Uruzitiro ku rup. 5]

2000 Canke 2001?

Kugira ngo utahure igituma bamwebamwe bavuga yuko imilenari ya gatatu uhereye kw’ivuka rya Yezu izotangura ku wa 1 Nzero 2001, nurimbure aka karorero. Dufate yuko uriko urasoma igitabu c’impapuro 200. Ushitse hejuru ku rupapuro rw’200, uba uhejeje gusoma impapuro 199, ukaba usigaje gusoma urundi rupapuro rumwe. Utarashika ku mpera z’urupapuro rw’200 ntuzoba urarangiza ico gitabu. Muri ubwo buryo nyene, nk’uko benshi babibona ku wa 31 Kigarama 1999 imyaka 999 y’iyi milenari ni yo izoba irenganye, hagisigaye umwaka umwe ngo iyi milenari isozerwe. Dukurikije ubwo buryo bwo guharura, imilenari ya gatatu izotangura ku wa 1 Nzero 2001. Ariko rero, nk’uko iki kiganiro kivyerekana, ivyo ntibisobanura yuko kuri iryo genekerezo imyaka 2000 uhereye kw’igenekerezo Yezu yavukiyeko izoba irangiye neza.

[Uruzitiro ku rup. 6]

Ukuntu Uburyo bwo Guharura Amatariki bwa B.K. na A.D. Bwatsimbatajwe

Mu ntango z’ikinjana ca gatandatu G.C., Papa Yohani wa I, yaratumye umwiheberamana yitwa Denys le Petit ngo ashakashake uburyo bwo guharura bwotuma amashengero ashobora gushinga itariki yemewe ya Pasika.

Denys yaricariye ico gikorwa. Yaraharuye asubira inyuma mu vy’igihe, arengana urupfu rwa Yezu gushika ku mwaka yiyumviriye ko ari wo Yezu yavukiyeko, maze aca aharura umwaka wose aja imbere guhera kuri ico gihe. Ikiringo co guhera kw’ivuka rya Yezu Denys yacise “A.D.” (bisobanura Anno Domini—“mu mwaka w’Umukama wacu.”) Naho ico Denys yashaka gusa kwari ugutanguza uburyo bwokwizerwa bwo guharura umusi wa Pasika ku mwaka ku mwaka, yaratanguje atabizi iciyumviro co guharura imyaka uhereye kw’ivuka rya Kirisitu ukabandanya.

Naho incabwenge nyinshi zemeranya yuko Yezu atavutse mu mwaka Denys yakoresheje bwa shingiro ry’uguharura yagize, urutonde yakoresheje rwo guharura ibihe ruratuma dushobora kumenya ibihe ibintu vyabereyemwo no kubona isano bifitaniye.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba uruzitiro ruvuga ruti “2000 canke 2001?” ruri ku rupapuro rwa 5.

b Nk’uko urutonde rwo guharuriramwo ibihe rw’izo ncabwenge ruvyerekana, imilenari igira gatatu yotanguye mu 1995 canke mu 1996.

c Kugira ngo umenye n’ibindi, turagusavye urabe igitabu Étude perspicace des Écritures, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, Imbumbe ya 1, urupapuro rw’1113-1114.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika