ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 17 rup. 160-169
  • Nutekanirwe Uri mu Basavyi b’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutekanirwe Uri mu Basavyi b’Imana
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “UMUSHUMBA W’UMWIZERWA KANDI W’INCABWENGE”
  • “IBIFUNGURWA KU GIHE KIBEREYE”
  • ‘NIMWAMBARE URUKUNDO’
  • AHANTU H’UMUTEKANO
  • NIWUMVE KO UTEKANIWE URI KUMWE N’ABASAVYI BA YEHOVA
  • “Mwibuke ababaja imbere”
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ishengero niryubakwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ishirahamwe ry’Imana Riboneka
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Yehova Arongora Gute Ishirahamwe Ryiwe?
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 17 rup. 160-169

Ikigabane ca 17

Nutekanirwe Uri mu Basavyi b’Imana

1, 2. Ni mu buryo ki uko ivy’abantu vyifashe bimeze nk’ivy’abantu bo mu karere kayogejwe n’igihuhusi?

IYUMVIRE yuko hari igihuhusi gikaze cayogeje akarere mubamwo. Inzu yanyu yasambutse, ivyo mwari mutunze vyose na vyo vyononekaye. Ibifungurwa birakenye. Bisa n’uko kabaye. Maze haje imfashanyo utari witeze zo gutabara imbabare. Ibifungurwa n’ivyambarwa biratanzwe ari umukimba. Mwubakiwe inzu nshasha. Nta nkeka wokengurukira uwatumye izo mfashanyo zose ziboneka.

2 Hariho ibintu bisa n’ivyo biriko biraba muri iki gihe. Nk’ukwo kw’ico gihuhusi, ubugarariji bwa Adamu na Eva bwarakoreye umuryango w’abantu ikibi kibishe. Iparadizo yari uburaro bw’abantu yaratakaye. Kuva ico gihe, intwaro z’abantu zarananiwe gukingira abantu intambara, ubugizi bwa nabi, n’akarenganyo. Idini yarasize abantu benshi cane mu kigoyi c’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. Ariko rero mu buryo bw’impwemu, Yehova Imana ariko aratanga ibifungurwa, ivyambarwa n’ubwugamo. Ivyo ariko abikora gute?

“UMUSHUMBA W’UMWIZERWA KANDI W’INCABWENGE”

3. Yehova atanga gute ibintu vyo kugaburira abantu, kandi vyerekanwa n’uturorero utuhe?

3 Imfashanyo zo gutabara imbabare kenshi zitangwa biciye ku muhora w’ishirahamwe, kandi na Yehova araronsa abasavyi biwe ibifungurwa vy’umutima muri ubwo buryo nyene. Nk’akarorero, Abisirayeli baramaze imyaka nk’1.500 bagize “ikoraniro ry’Uhoraho.” Muri bo hariho abakora nk’umuhora Imana yakoresha mu kwigisha Ivyagezwe vyayo. (1 Ngoma 28:8; 2 Ngoma 17:7-9) Mu kinjana ca mbere G.C., Yehova yarazanye ishirahamwe ry’Abakirisu. Amashengero yarashinzwe, hanyuma agakora ahagarikiwe n’inama nyobozi igizwe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye. (Ivyakozwe 15:22-31) No muri iki gihe nyene, Yehova akorana n’ihanga ryiwe abicishije ku mugwi ugizwe nk’ishirahamwe. Ivyo tubimenya dute?

4. “Umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yagaragaye ko ari nde mu bihe vya none, kandi ibintu Imana igabura vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa gute?

4 Yezu yavuze yuko igihe yobaye ari ho ari mu bubasha bw’Ubwami, yosanze “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ariko agaburira abayoboke biwe “ibifungurwa ku gihe kibereye.” (Matayo 24:45-47, NW) Igihe Yezu yimikwa ngo abe Umwami wo mw’ijuru mu 1914, ni nde yagaragaye ko ari uwo “mushumba”? Ntibashobora kuba bari indongozi z’amadini y’Abitwa Abakirisu. Benshi muri izo ndongozi bariko bagaburira ubusho bwabo amaporopagande ashigikira intwaro z’ibihugu vyabo vyari mu Ntambara ya Mbere y’Isi Yose. Ariko imfungurwa zibereye zo mu buryo bw’impwemu kandi ziziye ku gihe zariko ziratangwa n’umugwi w’Abakirisu b’ukuri bari barasizwe impwemu yera y’Imana, bakaba bari umuce w’abo Yezu yise “[u]busho buto.” (Luka 12:32) Abo Bakirisu basizwe baramamaje Ubwami bw’Imana aho kwamamaza intwaro z’abantu. Ico vyavuyemwo ni uko “izindi ntama” amamiliyoni bafise umutima ugororotse bamaze imyaka n’iyindi biyunze kuri uwo “mushumba” yasizwe mu kukurikiza idini y’ukuri. (Yohana 10:16) Imana ikoresheje uwo “mushumba w’umwizerwa” hamwe n’Imana Nyobozi yiwe ya kino gihe, irayobora abasavyi bayo bagize ishirahamwe kugira ngo baronse imfungurwa, ivyambarwa n’ubwugamo vyo mu buryo bw’impwemu abo bose bipfuza kubironka.

“IBIFUNGURWA KU GIHE KIBEREYE”

5. Isi imerewe gute mu vy’impwemu muri iki gihe, mugabo Yehova ariko akora iki kuri ivyo?

5 Yezu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” (Matayo 4:4) Mugabo ikibabaje ni uko abantu benshi cane batariko batega yompi amajambo y’Imana. Nk’uko vyari vyaravuzwe na Amosi umuhanuzi yatumwe na Yehova, hariho ‘inzara itari iy’ivyokurya n’inyota itari iy’amazi, ariko yo kwumva amajambo ya Yehova.’ (Amosi 8:11) N’abantu nyene bakunda ivy’idini cane baricwa n’inzara yo mu buryo bw’impwemu. Ariko rero, ico Imana igomba ni uko ‘abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri.’ (1 Timoteyo 2:3, 4) Kubera ico, Imana iriko iratanga imfungurwa umukimba z’umutima. Ariko ushobora kuzironkera hehe?

6. Yehova yagaburiye abasavyi biwe mu vy’impwemu gute mu bihe vya kera?

6 Muri kahise hose, Yehova nantaryo yamye aha abasavyi biwe imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu akazibahera mu mugwi. (Yesaya 65:13) Nk’akarorero, abaherezi b’Abisirayeli barakoranya abagabo, abagore, n’abana, kugira ngo baherwe hamwe inyigisho mu Vyagezwe vy’Imana. (Gusubira mu Vyagezwe 31:9, 12) Barongowe n’inama nyobozi, Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baratunganije amashengero kandi baragira amakoraniro kugira ngo bose bigishwe kandi baremeshwe. (Abaroma 16:5; Filemoni 1, 2) Ivyabona vya Yehova bakurikiza ako karorero. Uratumiwe n’igishika cinshi ngo witabe amakoraniro yabo yose.

7. Ukwitaba amakoraniro y’Abakirisu tudahorereza bijanye gute n’ubumenyi be n’ukwizera?

7 Birumvikana ko ushobora kuba wari umaze kumenya vyinshi mu kwiyigisha Bibiliya kwawe. Kumbure ntihabuze uwagufashije. (Ivyakozwe 8:30-35) Mugabo ukwizera kwawe kwoshobora kugereranywa n’igiterwa gikaba hanyuma kikuma iyo kitagiye kirabungabungwa mu buryo bubereye. Utegerezwa rero kugaburirwa imfungurwa zibereye zo mu buryo bw’impwemu. (1 Timoteyo 4:6) Amakoraniro y’Abakirisu aratanga ubudahengeshanya inyigisho zigenewe kukugaburira mu vy’impwemu no kugufasha kuguma ukura mu kwizera uko wongerereza ubumenyi bwerekeye Imana.—Ab’i Kolosayi 1:9, 10.

8. Ni kuki turemeshwa kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova?

8 Amakoraniro arashitsa iyindi ntumbero ihambaye. Paulo yanditse ati: “Nidushigikirane ngo dukeburane mu rukundo no mu bikorwa vyiza, tudaheba amakoraniro yacu.” (Abahebreyi 10:24, 25, UB) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gukebura” rishobora kandi gusigura “gukarisha.” Umugani umwe wa Bibiliya uvuga uti: “Ukw icuma gikarisha ikindi, ni k’umuntu akarisha mugenzi we.” (Imigani 27:17) Twese turakeneye kwama ‘dukarishwa.’ Imikazo ya misi yose iva muri iyi si irashobora gupfusha ukwizera kwacu. Igihe twitavye amakoraniro y’Abakirisu, turaremeshanya. (Abaroma 1:11, 12) Abagize ishengero bakurikira iyi nkeburo y’intumwa Paulo yo ‘kuguma bahumurizanya, bakomezanya,’ kandi mwene ivyo bintu birakarisha ukwizera kwacu. (1 Ab’i Tesalonike 5:11) Ukuba turi ku makoraniro y’Abakirisu tudahorereza birerekana kandi yuko dukunda Imana, kandi biraturonsa uturyo two kuyishemeza.—Zaburi 35:18.

‘NIMWAMBARE URUKUNDO’

9. Yehova yatanze akarorero gute mu vy’ukugaragaza urukundo?

9 Paulo yanditse ati: “Mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana.” (Ab’i Kolosayi 3:14) Ico cambarwa Yehova yarakiduhanye ubugwaneza. Mu buryo ubuhe? Abakirisu barashobora kugaragaza urukundo kubera ko ari kimwe mu vyamwa vy’impwemu yera biva kuri Yehova. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Yehova ubwiwe yaragaragaje urukundo ruhambaye kuruta zose mu kurungika Umwana wiwe w’ikinege kugira ngo dushobore kuronka ubuzima budahera. (Yohana 3:16) Ubwo buryo kaminuza bwo kugaragaza urukundo bwaraduhaye akarorero mu vy’uguserura iyo kamere. Intumwa Yohani yanditse iti: “Kw Imana yadukunze irtyo, natwe dukwiye gukundana.”—1 Yohana 4:11.

10. Dushobora kwungukira gute ku ‘muryango wose w’abavukanyi’?

10 Ugiye uritaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami bizokuronsa akaryo keza ntangere ko kugaragaza urukundo. Uzohahurira n’abantu batandukanye cane. Nta nkeka uzokwumva benshi muri bo bagukwegereye buno nyene. Mugabo ntiwumve, kamere ziratandukanye no mu bakorera Yehova nyene. Kumbure kera waca gusa wirinda abantu badakunda ivyo ukunda canke mudahuje ingeso. Mugabo Abakirisu babwirizwa ‘kugirira urukundo umuryango wose w’abavukanyi.’ (1 Petero 2:17, NW) Niwishingire rero intumbero yo kumenyana n’abari ku Ngoro y’Ubwami, eka n’abantu mwoba mutandukanye ku myaka, kuri kamere, ku bwoko, canke ku mashure mwize. Kumbure uzosanga umwe wese afise kamere yinaka nziza cane akomeyemwo rwose.

11. Ni kuki udakwiye guhagarikwa umutima n’ugutandukana kwa kamere biri mu basavyi ba Yehova?

11 Ugutandukana kwa kamere mw’ishengero si ngombwa ngo kuguhagarike umutima. Ehe akarorero: iyumvire yuko hari imiduga injojo iriko igendera iruhande yawe mw’ibarabara. Yose ntinyaruka kimwe, kandi yose ntimeze kumwe. Imwe yaragenze ibirometero vyinshi, mugabo iyindi ni ho igitangura cokimwe nawe. Ariko rero, naho itandukanye gutyo, yose iriko ica muri iryo barabara. Ivyo birasa n’abantu bagize ishengero. Bose ntibajanirana mu gutsimbataza kamere z’Abakirisitu. Vyongeye, bose ntibameze kimwe ku mubiri no mu mutima. Bamwe bamaze imyaka n’iyindi basenga Yehova; abandi ni ho bagitangura. Yamara, bose bariko bagendera mu nzira ijana mu buzima budahera, “[ba]hūje umutima n’inama.” (1 Ab’i Korinto 1:10) Ku bw’ico rero, nurabe kamere nzizanziza abari mw’ishengero bafise aho kuraba kamere mbimbi. Ugize gutyo wewe bizokweza umutima, kuko uzobona yuko Imana iri muri abo bantu vy’ukuri. Kandi nta mazinda yuko aho ari ho ushima kuba.—1 Ab’i Korinto 14:25.

12, 13. (a) Hagize umuntu wo mw’ishengero agucumurako, ushobora kugira iki? (b) Ni kuki kutabika inzika ari ikintu gihambaye?

12 Kubera ko abantu bose ari abanyagasembwa, hari aho rimwe na rimwe umuntu wo mw’ishengero yovuga canke akagira ikintu kikubabaza. (Abaroma 3:23) Umwigishwa Yakobo yaravugishije ukuri mu kwandika ati: “Twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu atunganye.” (Yakobo 3:2) None uzovyifatamwo gute nihagira uwugucumurako? Umugani umwe wa Bibiliya uvuga uti: “[“Ukuba uwuciye mu jisho,” NW] kw’umuntu kumutera guteba kuraka, kand’icubahiro ciwe n’ukwirengagiza ico yacumuweko.” (Imigani 19:11) Kuba uwuciye mu jisho bisigura gutahura ikintu atari mu kukibona inyuma gusa, ugutegera ibintu vyatumye nya muntu avuga canke akora mu buryo kanaka. Benshi muri twebwe turakoresha uguca mu jisho kwinshi mu kubabarira amakosa yacu bwite. Ni kuki none tutogukoresha mu gutahura no gupfuka udusembwa tw’abandi?—Matayo 7:1-5; Ab’i Kolosayi 3:13.

13 Ntukigere wibagira yuko dutegerezwa guharira abandi nimba dushaka ko ubwacu Yehova aduharira. (Matayo 6:9, 12, 14, 15) Nimba turiko tugendera mu kuri, tuzofata abandi mu buryo buranga urukundo. (1 Yohana 1:6, 7; 3:14-16; 4:20, 21) Mu gihe wogiranira akagorane n’umuntu wo mw’ishengero rero, nurwanye ukubika inzika. Mu gihe wambaye urukundo, uzokwihata kugira ngo utunganye ako kagorane, kandi ntuzogonanwa gusaba imbabazi nimba hari uwo wacumuyeko.—Matayo 5:23, 24; 18:15-17.

14. Ni kamere izihe dukwiye kwambara?

14 Mu vyambarwa vyacu vyo mu buryo bw’impwemu hakwiye kujamwo izindi kamere zijanye cane n’urukundo. Paulo yanditse ati: “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana.” Utwo tugeso twiza, tubumbatiwe n’urukundo, turi mu bigize wa “muntu musha.” (Ab’i Kolosayi 3:10, 12) None wewe uzogira akigoro ko kwambara muri ubwo buryo? Na canecane mu gihe wambaye urukundo rwa kivukanyi ni ho uzojako ikimenyetso kiranga abigishwa ba Yezu, kuko yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.”—Yohana 13:35.

AHANTU H’UMUTEKANO

15. Ni mu buryo ki ishengero rimeze nk’ubwugamo?

15 Ishengero kandi rirakubera ubwugamo, ubuhungiro bugukingira bukakubera ahantu ushobora kwumva ko utekaniwe. Uzorisangamwo abantu b’umutima uzira ubugunge, bihata kugira ngo bakore ivyiza mu nyonga z’Imana. Benshi muri bo bariyambuye imigenzo mibi n’udutima tubi nk’ivyo kumbure woba uriko uragerageza gutsinda. (Tito 3:3) Barashobora kugufasha, kuko tubwirwa ‘kwakirana imitwaro.’ (Ab’i Galatiya 6:2) Mu bisanzwe, gukurikirana ingendo ijana mu buzima budahera amaherezo usanga ari ibanga rikuraba wewe ubwawe. (Ab’i Galatiya 6:5; Ab’i Filipi 2:12) Yamara, Yehova yatanze ishengero ry’Abakirisu ngo ribe uburyo bwiza igitangaza bwo gufasha no gufata mu mugongo. Naho ingorane zawe zoba ziruhije gute, urafise ahantu wokwikora h’agaciro, ni ukuvuga ishengero ryuzuye urukundo rizokuba hampande mu bihe vyose ugowe canke uri n’ico ubuze.—Gereranya na Luka 10:29-37; Ivyakozwe 20:35.

16. Abakurambere b’ishengero basahiriza gute?

16 Mu bazogufata mu mugongo harimwo “abantu b’ingabirano,” (NW) bakaba ari abakurambere b’ishengero bagenywe, ari bo bacungezi, baragira ubusho babikunze kandi babishashaye. (Abanyefeso 4:8, 11, 12; Ivyakozwe 20:28; 1 Petero 5:2, 3) Ku biberekeye, Yesaya yamenyesheje ati: “Uw’ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.”—Yesaya 32:2.

17. (a) Ni imfashanyo iyihe Yezu yashaka canecane gutanga? (b) Imana yasezeraniye abasavyi bayo kubaronsa iki?

17 Igihe Yezu yari kw’isi, ubucungezi buranga urukundo bw’indongozi z’amadini bwari bubuze bimwe bibabaje. Uko abantu bari bamerewe kwaramukoze ku mutima bimwe bikomeye, aca ashaka canecane kubafasha mu buryo bw’impwemu. Yezu yabagiriye impuhwe kubera ko “bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Matayo 9:36) Ese ukuntu ivyo bidondora neza ingene abantu benshi bamerewe muri iki gihe, abo usanga bihanganiye ingorane z’agacavutu batagira umuntu n’umwe bozitura ngo abafashe yongere abahumurize mu buryo bw’impwemu! Ariko abasavyi ba Yehova bari n’ikibasahiriza mu vy’impwemu, kuko yasezeranye ati: “Nzoshira abungere kuri zo, baziragire: ntizizoba zikigira ubwoba ukundi, canke ngo zihagarike imitima, kandi ntihazotākara n’imwe muri zo.”—Yeremiya 23:4.

18. Ni kuki dukwiye kwegera umukurambere nimba dukeneye imfashanyo yo mu vy’impwemu?

18 Nuheze umenye abakurambere bagenywe mw’ishengero. Barazi utuntu n’utundi cane mu vy’ugukurikiza ubumenyi bwerekeye Imana, kuko bashikije ibisabwa abacungezi vyerekanwa muri Bibiliya. (1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9) Ntugonanwe kwegera umwe muri bo nimba ukeneye gufashwa mu vy’impwemu kugira ngo utsinde akamenyero canke akageso kanyuranye n’ivyo Imana isaba. Uzosanga abakurambere bakurikiza iyi nkeburo y’intumwa Paulo igira iti: “Muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose.”—1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8; 5:14.

NIWUMVE KO UTEKANIWE URI KUMWE N’ABASAVYI BA YEHOVA

19. Ni imihezagiro iyihe Yehova yahaye abaronderera umutekano mw’ishirahamwe ryiwe?

19 Naho ubu tuba mu bintu vy’agasembwa, Yehova araduha imfungurwa, ivyambarwa n’ubwugamo vyo mu buryo bw’impwemu. Yamara rero, dutegerezwa kurindira isi nshasha Imana yasezeranye kugira ngo turonke ivyiza vy’iparadizo yo kw’isi. Mugabo abari mw’ishirahamwe rya Yehova ubu barifitiye umutekano wo mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Ku biberekeye, Ezekiyeli yatanze ubu buhanuzi: “[Ba]zokwibera amahoro, ata ki[ba]teye ubgoba.”—Ezekiyeli 34:28; Zaburi 4:8.

20. Yehova azodushumbusha gute ku kintu cose twemera tugaheba ku bw’ukumusenga?

20 Ese ukuntu dushobora gukenguruka kuba Yehova aturonsa ibintu vyo mu buryo bw’impwemu biranga urukundo biciye kw’Ijambo ryiwe n’ishirahamwe ryiwe! Niwiyegereze abasavyi b’Imana. Ntusuhe utinya ivyo abagenzi canke incuti bohava bakwiyumvirako kubera ko uriko wakira ubumenyi bwerekeye Imana. Hari aho bamwe batobishima kubera ko uriko wifatanya n’Ivyabona vya Yehova wongera witaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Mugabo Imana izogushumbusha rwose ku kintu cose wemera ugaheba ku bw’ukuyisenga. (Malaki 3:10) Vyongeye, Yezu yavuze ati: “Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’abana, cank’itongo, kubganje no kubg’ubutumwa bgiza, atazobishumbushwa ijana mur’iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabga ubu[zima] budashira.” (Mariko 10:29, 30) Egome, ivyo wahevye canke wihanganira vyaba ibiki, urashobora kuronka abagenzi bahimbaye hamwe n’umutekano wo mu buryo bw’impwemu uri mu basavyi b’Imana.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

“Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ni nde?

Ni ibiki Yehova yaturonkeje kugira ngo atugaburire mu buryo bw’impwemu?

Abo mw’ishengero ry’Abakirisu bashobora kudufasha gute?

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 165]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika