ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 16 rup. 150-159
  • Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI KUKI TWOKWIYEGEREZA IMANA
  • IBISABWA KUGIRA NGO TWIYEGEREZE IMANA
  • UTURYO TWO KUGANIRA N’IMANA
  • AMASENGESHO YEHOVA YUMVA
  • SHISHIKARA GUSENGA
  • TURAYAGIRA YEHOVA AKARI KU MUTIMA NA WE AKATWISHURA
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Uburyo bwo Kuronka Imfashanyo mu Gusenga
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • “Ivyo mugomba bimenyeshwe Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 16 rup. 150-159

Ikigabane ca 16

Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana

1. Ni ibintu ibihe usanga bisa mu madini menshi?

MUKERARUGENDO umwe yari yagendeye igihugu co mu Buseruko yaratangaye abonye ibirori bigirwa mu rusengero rw’Ababuda. Naho ibishushanyo bitari ivya Mariya canke Kirisitu, vyinshi muri ivyo birori vyasa n’ivyo mw’isengero ryo mu gihugu iwabo. Nk’akarorero, yabonye bakoresha amashapure bakaririmba n’ibisabisho. Hariho n’abandi bagiye baragereranya gutyo. Haba mu Buseruko canke mu Burengero, uburyo abijukira gusenga bagerageza kwiyegereza Imana canke ivyo bakoresha mu gusenga kwabo, usanga bisa cane.

2. Isengesho ryasobanuwe gute, kandi abantu benshi basenga kubera iki?

2 Abantu benshi bagerageza kwiyegereza Imana mu kuyisenga. Isengesho ryadondowe ko ari ‘ukuganira umuntu agirana n’ikintu ceranda, kikaba ari Imana, ivyitwa imana, akarere kanaka k’ubuhirwe burushirije, canke ububasha burengeye itahura.’ (The New Encyclopædia Britannica) Ariko rero igihe bamwe baba bariko biyegereza Imana mw’isengesho, biyumvira gusa ico bashobora kuhakura. Nk’akarorero, hari umugabo igihe kimwe yabajije umwe mu Vyabona vya Yehova ati: “Mbega unsabiye, ingorane mfise mu muryango, ku kazi, be n’iz’amagara yanje, zizohera?” Biboneka yuko uwo mugabo yiyumvira ko zohera, mugabo abantu benshi barasenga ariko bakabona ingorane zabo zibandanya. Twoshobora rero kwibaza duti: ‘Ni kuki none dukwiye kwiyegereza Imana?’

NI KUKI TWOKWIYEGEREZA IMANA

3. Amasengesho yacu akwiye guturwa nde, kandi ni kubera iki?

3 Isengesho si amajambo bapfa kudondagura nk’umugenzo, eka mbere si uburyo gusa umuntu akoresha ngo aronke ikintu. Impamvu nyamukuru ituma umuntu yokwiyegereza Imana ni ukugira ngo agiranire na yo ubucuti bwa hafi. Amasengesho yacu akwiye rero guturwa Yehova Imana. Dawidi umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose.” (Zaburi 145:18) Yehova aradutumira ngo tugiranire na we ubucuti burangwa amahoro. (Yesaya 1:18) Abitaba ubwo butumire baremeranya n’umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Ariko jeho kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe.” Kubera iki? Kubera yuko abiyegereza Yehova Imana bazogira ubuhirwe nyakuri n’amahoro y’umuzirikanyi.—Zaburi 73:28.

4, 5. (a) Ni kuki gusenga Imana bihambaye? (b) Ni ubucuti nyabaki dushobora gutsimbataza n’Imana biciye mw’isengesho?

4 Ni kuki twosenga Imana tuyisaba imfashanyo nimba ‘izi ivyo dukeneye imbere y’uko tubiyisaba’? (Matayo 6:8; Zaburi 139:4) Isengesho ryerekana yuko twizeye Imana n’uko tuyibona nka yo Soko ry’ “ugutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose.” (Yakobo 1:17; Abaheburayo 11:6) Yehova arahimbarwa n’amasengesho yacu. (Imigani 15:8) Aranezerwa no kwumva amajambo yacu aserura akaturimwo y’ugukenguruka n’ugushemeza, nka kurya nyene umuvyeyi anezerwa yumvise ikibondo ciwe kivuga amajambo y’ugukura ubwatsi akivuye ku mutima. (Zaburi 119:108) Ahari ubucuti bwiza bw’umuvyeyi n’umwana, haraba ukubwirana akari ku mutima kurangwa igishika. Umwana akundwa arashaka kuganirira se. Ni na kwo bimeze ku bucuti dufitaniye n’Imana. Nimba vy’ukuri dushima ivyo turiko turiga kuri Yehova be n’urukundo yatugaragarije, tuzogira icipfuzo gikomeye co kumuserurira akari ku mutima mw’isengesho.—1 Yohana 4:16-18.

5 Igihe twiyegereza Imana Musumbavyose, dukwiye kubigirana icubahiro, naho bidakenewe ko twitwararika birenze urugero amajambo nyakuri twokoresha. (Abaheburayo 4:16) Nantaryo turashobora gushikira Yehova. Kandi ese ukuntu ari agateka kuba dushobora ‘gusuka ivyo mu mitima yacu’ imbere y’Imana mw’isengesho! (Zaburi 62:8) Ugukengurukira Yehova biratuma tugiranira na we ubucuti burangwa igishika, nka bumwe wa mugabo w’umwizigirwa Aburahamu yari afitaniye na we nk’umukunzi w’Imana. (Yakobo 2:23) Ariko igihe dusenga Umukama Segaba w’ijuru n’isi, dutegerezwa kwisunga ivyo asaba kugira ngo umuntu amwiyegereze.

IBISABWA KUGIRA NGO TWIYEGEREZE IMANA

6, 7. Naho Imana idasaba amahera kugira ngo yumvirize amasengesho yacu, ni ibiki idusaba igihe dusenga?

6 Amahera yoba akenewe kugira ngo twegere Imana? Abantu benshi baraha amahera abakuru b’idini ngo babasengere. Bamwe mbere bemera yuko amasengesho yabo yumvirwa hakurikijwe urugero rw’amashikanwa batanga. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ntirivuga yuko hasabwa ishikanwa ry’amahera kugira ngo twegere Yehova mw’isengesho. Ivyo adutunganiriza vyo mu buryo bw’impwemu hamwe n’imihezagiro atanga biva ku kugiranira na we ubucuti mw’isengesho, umuntu arabironka ataco arishe.—Yesaya 55:1, 2.

7 None hasabwa iki? Inyifato nziza y’umutima ni ikintu kimwe ntahara. (2 Ngoma 6:29, 30; Imigani 15:11) Mu mutima wacu dutegerezwa kwizera yuko Yehova Imana ari ‘uwumva ivyo asabwa’ kandi “[a]gaha impēra aba[mu]rondera.” (Zaburi 65:2; Abaheburayo 11:6) Dutegerezwa kandi kugira umutima wicishije bugufi. (2 Abami 22:19; Zaburi 51:17) Muri kimwe mu bigereranirizo Yezu Kirisitu yatanze, yarerekanye yuko igihe umutozakori yicisha bugufi yegera Imana afise umutima wiyoroheje ari we yabonetse ko ari umugororotsi kuruta Umufarisayo w’umunyabwishime. (Luka 18:10-14) Uko twiyegereza Imana mw’isengesho, nitwibuke yuko “umuntu wese w’ubgibone mu mutima [ar]’igisesema k’Uhoraho.”—Imigani 16:5.

8. Nimba twipfuza ko Imana yishura amasengesho yacu, ni ibiki dutegerezwa kwihumanura?

8 Nimba twipfuza ko Imana yishura amasengesho yacu, dutegerezwa kwihumanura imigenzo iranga icaha. Igihe umwigishwa Yakobo yaremesha abandi kwiyegereza Imana, yongeyeko ati: “Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.” (Yakobo 4:8) N’inkozi z’ikibi zirashobora kugiranira na Yehova ubucuti burangwa amahoro mu gihe bigaye kandi bakareka inzira y’ubuzima bahoramwo. (Imigani 28:13) Ntidushobora kwumvirwa na Yehova mu gihe dupfa gusa kwibwira ko twahumanuye inzira yacu. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ari ku vyo basenga, arikw igitsure c’Uhoraho kiri ku bakora ibibi.”—1 Petero 3:12.

9. Dukwiye kwiyegereza Yehova duciye kuri nde, kandi ni kuki?

9 Bibiliya ivuga iti: “Nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.” (Umusiguzi 7:20) Woshobora rero kubaza uti: ‘Dushobora none kwegera Yehova Imana gute?’ Bibiliya yishura iti: “Ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi.” (1 Yohana 2:1) Naho turi abanyavyaha, turashobora kwegera Imana dufise umwidegemvyo wo kuvuga biciye kuri Yezu Kirisitu, uwapfuye ngo atubere incungu. (Matayo 20:28) Ni we nzira yonyene dushobora gucamwo kugira ngo twegere Yehova Imana. (Yohana 14:6) Dutegerezwa kudakora icaha nkana twibwira ngo agaciro k’inkuka y’incungu Yezu yatanze gaca kabipfuka. (Abaheburayo 10:26) Ariko rero, mu gihe dukoze uko dushoboye kwose kugira ngo twigumye ntidukore ikibi mugabo rimwe na rimwe bigashika ko dutsitara, turashobora kwigaya kandi tugasaba Imana ngo iduharire. Igihe tuyiyegereje dufise umutima uciye bugufi, izotwumva.—Luka 11:4.

UTURYO TWO KUGANIRA N’IMANA

10. Ku vyerekeye isengesho, dushobora gute kwigana Yezu, kandi ibihe bimwebimwe dushobora gusenga twiherereye ni ibihe?

10 Yezu Kirisitu ubucuti afitaniye na Yehova yarabuha agaciro cane. Ni co gituma Yezu yafata akanya ko kuganirira Imana mw’isengesho yiherereye. (Mariko 1:35; Luka 22:40-46) Vyoba vyiza twiganye akarorero ka Yezu hanyuma tugasenga Imana ubudahengeshanya. (Abaroma 12:12) Birabereye gutangura umusi n’amajambo y’isengesho, eka n’imbere yo kuja kuryama birakwiriye ko twoshimira Yehova ku bw’imirimo twakoze uwo musi. Mu kiringo c’umusi, niwishingire kwegera Imana “ibihe vyose.” (Abanyefeso 6:18) Turashobora no gusengera mu mutima wacu tunumye, tuzi yuko Yehova ashobora kutwumva. Kuganirira Imana twiherereye biradufasha gukomeza ubucuti dufitaniye na yo, kandi gusenga Yehova ku musi ku musi biradufasha kuza turarushiriza kumwiyegereza.

11. (a) Ni kuki abo mu ngo bakwiye gusengera hamwe? (b) Bisobanura iki igihe uvuze ngo “Amen” inyuma y’isengesho?

11 Yehova kandi arumviriza amasengesho aturwa ku bw’imigwi y’abantu. (1 Abami 8:22-53) Turashobora kwiyegereza Imana uko tugize umuryango, serugo akaduserukira. Ivyo birakomeza ubumwe bw’umuryango, kandi Yehova ntaba umugani ku bana igihe bumva abavyeyi basenga Imana bicishije bugufi. Vyogenda gute hoho mu gihe umuntu aserukiye umugwi w’abantu mw’isengesho, kumbure nko kw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova? Nimba turi mu bumviriza, nidutege yompi kugira ngo mu mpera y’iryo sengesho dushobore kuvuga n’umutima wacu wose duti “Amen,” bisigura ngo “Ni bibe gutyo.”—1 Ab’i Korinto 14:16.

AMASENGESHO YEHOVA YUMVA

12. (a) Ni kuki Imana itishura amasengesho amwamwe? (b) Ni kuki tudakwiye kwishinga gusaba ibintu vy’umubiri dukeneye vyonyene igihe dusenga?

12 Hari abokwiyumvira yuko Imana itishura amasengesho yabo naho bamusenga baciye kuri Kirisitu. Ariko rero, intumwa Yohani yavuze iti: “Iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’igomba, i[ra]twumva.” (1 Yohana 5:14) Nuko rero, dukeneye gusaba duhuza n’ivyo Imana igomba. Kubera yitwararika ko tumererwa neza mu vy’impwemu, ikintu cose kijanye n’ivy’impwemu vyacu kirabereye gushirwa mw’isengesho. Dutegerezwa kurwanya inyosha mbi yo kwishinga gusaba gusa ivyo dukeneye vy’umubiri. Nk’akarorero, naho bibereye gusaba ubwenge n’agatege kugira ngo twihanganire indwara, amaganya yerekeye amagara ntakwiye kutubuza kwitwararika ibintu vyo mu buryo bw’impwemu. (Zaburi 41:1-3) Umugore umwe w’Umukirisu aho amariye kumenya yuko amagara yiwe amuhagaritse umutima birenze urugero, yarasavye Yehova kumufasha kubona indwara yiwe mu buryo bubereye. Ico vyavuyemwo ni uko ingorane ziwe z’ivy’amagara zacitse ikibazo gitoyi kuruta, aca yumva ko aronse “ubushobozi buhebuje.” (2 Ab’i Korinto 4:7) Icipfuzo ciwe co gufasha abandi mu buryo bw’impwemu carongerekanye, hanyuma aba umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose.

13. Nk’uko vyerekanwa muri Matayo 6:9-13, ibintu bimwebimwe bibereye dushobora gushira mu masengesho yacu ni ibihe?

13 Ni ibiki dushobora gushira mu masengesho yacu kugira ngo Yehova ahimbarwe no kuyumva? Yezu Kirisitu yarigishije abigishwa biwe uburyo bwo gusenga. Mw’isengesho ry’akarorero yatanze ryanditswe muri Matayo 6:9-13, yaratanze icitegererezo c’ibintu bikwiriye ko twosaba. Ni igiki dukwiye kwitwararika imbere y’ibindi mu masengesho yacu? Izina rya Yehova Imana be n’Ubwami bwiwe bitegerezwa gushirwa mu kibanza ca mbere. Gusaba ivyo dukeneye vy’umubiri birabereye. Birahambaye kandi ko dusaba guharirwa ivyaha vyacu no gukizwa inyosha mbi be na wa mubisha Shetani Umucokoranyi. Yezu ntiyashatse ko tuvuga ku mutwe iryo sengesho canke ngo tuze turariririmba kenshikenshi, turivuga ku mutwe ata n’ukwiyumvira ico risigura. (Matayo 6:7) Bwoba ari ubucuti nyabaki hamwe umwana yoza arakoresha ya majambo nyene igihe cose aganirije se?

14. Turetse ukwazamba, ni amasengesho nyabaki dukwiye gutura?

14 Turetse ukwazamba n’ugutakamba, turakwiye gutura amasengesho yo gushemeza no gukura ubwatsi. (Zaburi 34:1; 92:1; 1 Ab’i Tesalonike 5:18) Turashobora no gusabira abandi. Gusenga dusabira abo tuvukana mu vy’impwemu baruhijwe canke bahamwa birerekana ukuntu tubitwararitse, kandi Yehova arahimbarwa no kutwumva tumuserurira mwene uwo mwitwarariko. (Luka 22:32; Yohana 17:20; 1 Ab’i Tesalonike 5:25) Nkako, intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.”—Ab’i Filipi 4:6, 7.

SHISHIKARA GUSENGA

15. Dukwiye kwibuka iki nimba amasengesho yacu asa n’ayatishurwa?

15 Naho uriko uraronka ubumenyi bwerekeye Imana, woshobora kwiyumvira yuko amasengesho yawe rimwe na rimwe atishurwa. Ivyo vyoshoboka kubera ko bishobora kuba atari co gihe c’Imana co kwishurirako isengesho kanaka. (Umusiguzi 3:1-9) Yehova arashobora kureka ikintu kikabandanya mu gihe kinaka, mugabo arishura vy’ukuri amasengesho, kandi arazi igihe ciza kuruta co kubigira.—2 Ab’i Korinto 12:7-9.

16. Ni kuki dukwiye gushishikara gusenga, kandi ukugira ivyo bishobora gute kugira ico bikoze ku bucuti dufitaniye n’Imana?

16 Iyo dushishikaye gusenga birahishura ukuntu twitwararitse bivuye ku mutima ivyo turiko turabwira Imana. (Luka 18:1-8) Nk’akarorero, turashobora gusaba Yehova kudufasha gutsinda intege nke kanaka. Dushishikaye gusenga kandi tugakora ibihuye n’intakambo zacu, tuba twerekanye ko tutabigirana uburyarya. Dukwiye kuvuga dutomora kandi tukavugisha ukuri mu ntakambo zacu. Birahambaye canecane ko dusenga dushimitse igihe dushikiwe n’inyosha mbi. (Matayo 6:13) Uko tubandanya gusenga twongera tugerageza gutsinda imikazo iturimwo y’icaha, tuzobona ukuntu Yehova adufasha. Ivyo bizokwubaka ukwizera kwacu vyongere bikomeze ubucuti dufitaniye na we.—1 Ab’i Korinto 10:13; Ab’i Filipi 4:13.

17. Tuzokwungukira gute ku mutima w’ugusenga mu gukorera Imana?

17 Tugiye turashira imbere isengesho igihe turangurira Yehova Imana umurimo mweranda, tuzoheza dutahure yuko tutamukorera n’inkomezi zacu bwite. Yehova ni we adufasha kubikora. (1 Ab’i Korinto 4:7) Kwiyemerera ivyo bizodufasha kwicisha bugufi vyongere bitume ubucuti dufitaniye na we bugwira. (1 Petero 5:5, 6) Egome, turafise impamvu nziza zo gushishikara gusenga. Amasengesho yacu duturana ubwira, hamwe n’ubumenyi dufise bw’agaciro bw’ukuntu twokwiyegereza Dawe wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo, bizotuma ubuzima bwacu bubamwo agahimbare vy’ukuri.

TURAYAGIRA YEHOVA AKARI KU MUTIMA NA WE AKATWISHURA

18. Dushobora kwumviriza Imana gute?

18 Nimba dushaka ko Imana yumva amasengesho yacu, dutegerezwa kwumviriza ivyo avuga. (Zekariya 7:13) Ntakirungika ubutumwa bwiwe abicishije ku bahanuzi ahumekera, kandi nta gukeka, ntakoresha inzira z’ubupfumu. (Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12) Mugabo turashobora kwumviriza Imana mu gutohoza Ijambo ryayo, Bibiliya. (Abaroma 15:4; 2 Timoteyo 3:16, 17) Nk’uko nyene twoshobora gukenera gutsimbataza akayabagu ko kwihereza ibifungurwa vyotugirira akamaro, ni ko duhimirizwa ‘kuronderana igishika amata nyakuri [“adafunguye y’ijambo,” NW].’ (1 Petero 2:2, UB) Nutsimbataze akayabagu ko kwihereza ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu mu gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi.—1 Petero 2:2, 3; Ivyakozwe 17:11.

19. Ni inyungu iyihe dukura mu kuzirikana ku vyo dusoma muri Bibiliya?

19 Nuzirikane ku vyo usoma muri Bibiliya. (Zaburi 1:1-3; 77:11, 12) Ivyo bisobanura ko ari ukuvyiyumvira cane. Ivyo woshobora kubigereranya n’ukwuza. Ushobora “kwuza” ibifungurwa vyo mu buryo bw’impemu mu guhuza ivyo uriko urasoma n’ibintu umaze kumenya. Rimbura ukuntu ivyo usomye bigira ico bikoze ku buzima bwawe, canke uzirikane ku co bihishura kuri kamere za Yehova n’uburyo agira ibintu. Gutyo biciye ku kwiyigisha, urashobora kwihereza imfungurwa z’umutima Yehova atanga. Ivyo bizorushiriza kukwegereza Imana vyongere bigufashe gutsinda ingorane za misi yose.

20. Ukwitaba amakoraniro ya gikirisu bidufasha gute kwiyegereza Imana?

20 Urashobora kandi kwiyegereza Imana mu kwumviriza Ijambo ryayo igihe riganirirwa ku makoraniro ya gikirisu, nka kumwe nyene Abisirayeli batega yompi igihe baba bakoraniye hamwe ngo bumve Ivyagezwe vy’Imana bisomwa icese. Abigisha b’ico gihe barashira insobanuro mu gusoma kwabo Ivyagezwe, gutyo bakaba bafashije abumviriza gutahura no kuvyurirwa gushira mu ngiro ivyo bumvise. Ivyo vyatuma haba umunezero mwinshi. (Nehemiya 8:8, 12) None rero nugire akamenyero ko kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. (Abaheburayo 10:24, 25) Ivyo bizogufasha gutahura no guca ushira mu ngiro ubumenyi bwerekeye Imana mu buzima bwawe, kandi bizokuzanira ubuhirwe. Kuba mu bagize umuryango w’Abakirisu ukwiye kw’isi yose bizogufasha kuguma wiyegereje Yehova. Kandi nk’uko tuza kubibona, urashobora gutekanirwa vy’ukuri mu basavyi b’Imana.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Ni kuki ukwiye kwiyegereza Yehova?

Bimwebimwe mu bisabwa kugira ngo umuntu yiyegereze Imana ni ibihe?

Ni ibiki ushobora gushira mu masengesho yawe?

Ni kuki ukwiye gushishikara gusenga?

Ushobora gute kwumviriza Yehova muri iki gihe?

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 157]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika