ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • sp rup. 28-29
  • Kazoza k’Igitangaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kazoza k’Igitangaza
  • Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abapfuye Bazosubira Kubaho!
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Gufyonyora umutwe wa ya Nzoka
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ububasha Yezu afise ku madayimoni
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Abansi b’Imana Ni Bande?
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
Ibindi
Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
sp rup. 28-29

Kazoza k’Igitangaza

Shetani n’amademo yiwe ntibazobandanya kuja barahenda abantu. Yehova aramaze kubata inyuma y’ijuru. (Ivyahishuriwe Yohani 12:9) Mu gihe kigiye kuza, hari ico kandi Imana izogira Shetani n’amademo yiwe. Muri wa mubono-ndoto uturuka ku Mana, intumwa Yohani avuga ati: “Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe. Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere ni yo [Mucokoranyi, NW] irindi ni [Shetani], akiboha ngo kimare imyaka igihumbi, [akiraririza mu rusumanyenzi, ararwugara kandi arudadirira kuri co, NW] kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa aho iyo myaka igihumbi izoshirira.” (Ivyahishuriwe Yohani 20:1-3) Mu nyuma uwo Mucokoranyi n’amademo yiwe, bazorandurwa ubutakigaruka.—Ivyahishuriwe Yohani 20:10.

N’abantu babi nyene kw isi bazotikizwa.—Zaburi 37:9, 10; Luka 13:5.

Abapfuye Bazosubira Kubaho!

Shetani n’amademo yiwe bamaze kwigizwayo, Yehova azoca ahunda imigisha abantu iyo bava bakagera. Ntiwibagire ko abapfuye ata buzima bafise, ko batariho. Urupfu Yezu yarugereranije n’ugusinzira—ugusinzira rwose kutagiramwo inzozi. (Yohani 11:11-14) Yabigereranije gutyo kubera ko yari azi yuko hazoshika igihe abasinziriye itiro ry’urupfu bazokangurwa bakaba bazima. Yavuze ati: “Igihe [kigiye] kuza aho abari mu mva [z’icibutso, NW] bose . . . [bazozivamwo].”—Yohani 5:28, 29; gereranya no mu Vyakozwe n’intumwa 24:15.

Bazogirwa bazima ngaha kw isi. Hazoba inkuru z’akezamutima zivuga ivy’abasubiye kuba bazima, ah’ukwumva amatangazo ngo hariho abantu bapfuye! Ese akanyamuneza kazohaba mu kwakīra abo dukunda bazoba bavuye mu mva!

[Ifoto ku rup. 28]

Ubu bwa vuba Shetani n’amademo bazobuzwa kugira ico bakora

[Ifoto ku rup. 29]

Abapfuye bazosubira kuba bazima kw isi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika