Ikigabane ca 19
Hanyuma ya Haru–Magedoni, Isi Izoca Iba Iparadizo
1. (a) Haru–Magedoni abantu benshi bayiyumvirako iki? (b) Bibiliya yo iyivugako iki?
“HARU–MAGEDONI” ni ijambo ritera ubwoba abatari bake. Abakuru b’isi bama barikoresha, igihe bashaka kuvuga ivy’indwano ya gatatu y’isi yose bīcura. Bibiliya yo, ikoresha iryo jambo ishaka kwerekana ahantu hazobera indwano itunganye y’Imana. (Ivyahishuriwe Yohani 16:14, 16) Iyo ndwano izokwugururira inzira intwaro nshasha itunganye.
2. (a) Ni bande bazotikizwa ku musi wa Haru–Magedoni? (b) Ni imigenzo iyihe none twokwirinda tukaba twerekanye ubukerebutsi?
2 Haru–Magedoni izohitana abanyakibi gusa. Aho ni ho itandukaniye n’indwano z’abantu zijaniranya umwiza n’umubi. (Zaburi 92:7) Imana Yehova ni yo izoca imanza, ni co gituma izokwica uwo wese arenga amategeko yayo n’ibigirankana. Muri iki gihe, abantu benshi babona ko gusambana, kuborerwa, kwanguha no guhenda ata nabi irimwo. Ni co gituma ku musi wa Haru–Magedoni, Imana itazokiza abo bose bāmogoreye izo ngeso, kubera ko yo ibona ko ari mbi. (1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ivyahishuriwe Yohani 21:8) Abantu bigenza gutyo, igihe bamenye amategeko y’Imana yerekeye izo ngeso bakihana bagahinduka, bibagirira akamaro.
3. (a) Umuhero w’iyi si Yezu yawugereranije n’iki? (b) Amashetani azomererwa ate? (c) Dukurikije Ivyanditswe biri kuri izi mpapuro zikurikira, mw iparadizo ngaha kw isi abantu bazobaho bamerewe bate?
3 Haru–Magedoni irangiye, iyi si mbi yose ntawuzomenya iyo yaciye. Abakorera Imana gusa ni bo bazorokoka. (1 Yohani 2:17) Ivy’iyi si Yezu yabigereranije n’ivy’igihe ca Nowa. (Matayo 24:37-39; 2 Petero 3:5-7, 13; 2:5) Haru–Magedoni irangiye, intwaro y’Imana gusa ni yo izosigara yiyagamvya kw isi. Amashetaniyose ntazoba akiriho. (Ivyahishuriwe Yohani 20:1-3) Raba kuri izi mpapuro urenganye imigisha imwe imwe Bibiliya yerekana, abubaha Imana bazokwinovora.
ABANTU BOSE MU MAHORO
“Kuko umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa . . . Umukama w’amahoro. Ukugwira kw’ubutware bwiwe n’amahoro ntibizogira iherezo.” — Yesaya 9:6, 7.
“Mu misi yiwe umugororotsi azotoha, n’amahoro azosasagara gushika ukwezi kutakiriho. Kandi ingabo ziwe zizova ku kiyaga zishikane ku kindi; zizova kuri rwa Ruzi zishikane ku mpera y’isi.” — Zaburi 72:7, 8, NW.
NTA NTAMBARA IKIVUGWA
“Ni muze mwirabire ibikorwa vya Yehova, ingene yagize ibitangaza kw isi. Intambara yayiciye gushika ku mpera y’isi.” — Zaburi 46:8, 9, NW.
UMUNTU WESE AFISE INYUBAKWA NZIZA N’AKAZI GAHIMBAYE
“Bazokwubaka amazu bayiberemwo . . Ntibazokwubaka ngo abandi binjire; ntibazorima ngo abandi babirye . . . abo nitoranirije [bazomara] igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa, [kuko ari uruvyaro rw’abatoranijwe na Yehova, hamwe n’ababakomokako.”] (NW) — Yesaya 65:21-23.
ABAGARARIJI, INKAZI N’ABABISHA NTIBAKIRIHO
“Kuko inkozi z’ibibi zizorandurwa . . . Kuko hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere uzokwitegereza ahiwe, umubure.” — Zaburi 37:9, 10.
“Ku vyerekeye inkozi z’ikibi, zizocibwa kw isi; kandi ibihemuke na vyo, bizorandurwa muri yo.” — Imigani 2:22, NW.
ISI YOSE YABAYE IPARADIZO
Yezu yavuze ati: “Uzoba uri kumwe nanje mw iparadizo.” — Luka 23:43, NW.
“Abagororotsi bazoragwa isi, baze bayibeko ibihe bidashira.” — Zaburi 37:29, NW.
UMUNTU WESE ARI MU GAHIMBO
“Yehova nyeningabo azotegurira amahanga yose amazimano; imfungurwa zirimwo amavuta, na vino y’umukaka, imfungurwa zirimwo amavuta n’umusokoro.” — Yesaya 25:6, NW.
“Kw isi yose bazoca ibigega vy’ubuheke; mu mpinga z’imisozi na ho hazoba agahimbo.” “Isi izotanga ivyimburano vyayo ata kabuza; Imana, Imana yacu izoduha umugisha.” — Zaburi 72:16; 67:6, NW.
4, 5. (a) Ni ibiki bitazorangwa mw iparadizo ngaha kw isi? (b) Ni ibiki abantu bazoshobora ubu bidashoboka?
4 Nta gukeka, uripfuza kuba mw iparadizo yo kw isi, isa na rya tongo umuntu wa mbere Adamu yaremerwamwo. (Itanguriro 2:8; Luka 23:43) Zirikana — nta ndwano, nta bugarariji, nta birandamuke bikiriho. Uzoshobora kugendagenda hose igihe cose, ku murango canke mw ijoro ataco winona. Inkozi z’ikibi, ntuzomenya n’iyo zaciye. — Zaburi 37:35-38.
5 Ivyo ni ukuvuga ko ata batwaza uburyarya canke abadandaza b’umwina, bose hamwe bahahaza abantu bazoba bakiriho. Kandi abantu ntibazosubira kuremērwa n’umutwaro w’ikori ry’ukugura ibirwanisho. Nta n’umwe azosubira gutungwa n’imfungurwa z’intica ntikize, canke kubura aho arara heza kubera ko ari umukene. Nta muntu azobura akazi, kandi ivy’amahera ata agaciro ibiciro bikaduga ntibizoba bikivugwa. Ingorane zitera amarushwa mu ngo iki gihe turimwo ntizizoba zikiriho. Umuntu wese azoronka igikorwa kimuhimbara, kandi ntakizomubuza kwinovora ibivuye mu maboko yiwe.
6. (a) Ni igikorwa ikihe abazorokoka Haru–Magedoni bazokora? (b) Imana izohezagira ite igikorwa cabo?
6 Imbere ya vyose, abazorokoka ku musi wa Haru–Magedoni bazobanza gusukura isi, bayikize umwavu uzozanwa n’isenyuka ry’ivy’iyi si ya kera. Munyuma ni ho bazoterwa iteka ryo kuyirima barōngōwe n’intwaro y’ubwami, bayigire ahantu h’akaroruhore umuntu ashobora kuba. Ese ukuntu ico gikorwa kizoba gihimbaye! Ikizogirwa cose kizoronka umugisha w’Imana. Izotuma ijuru riba ryiza ibiterwa bitotahare, amasho na yo arondoke, iteko ibikingire indwara n’ikindi kiza cose.
7. (a) Ni umuhango uwuhe Imana izohangurira abantu? (b) Ni igiki Imana yasezeranye abakirisu barindiriye?
7 Imana yuzuye urukundo izoduhangurira umuhango yatanze, uri muri Zaburi 145:16: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahaza ukwipfuza kw’ibiriho vyose.” Me! abantu bubaha Imana bazohazwa ivyiza vyose bipfuza. Ntidushobora kwigereraniriza ukuntu ubuzima buzoba buhimbaye mw iparadizo ngaha kw isi. Intumwa Petero yiganye uko Imana yateguye kuzanira abantu imigisha yandika iti: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, [birimwo ukugororoka.”] — 2 Petero 3:13; Yesaya 65:17; 66:22.
8. (a) Ni kuki tudakeneye irindi juru risha nk’iri riri mu kirere? (b) “Ijuru risha” ni ukuvuga iki?
8 Iryo “juru risha” ni iki? Si iri juru tubona mu kirere, kubera ko iryo Imana yaritunganije mu kurirema. (Zaburi 8:3; 19:1, 2) Iryo juru risha rero ni intwaro nshasha izoganza kw isi. “Ijuru” ririho ubu ni izi ntwaro z’abantu, zizotembagazwa igihe ca Haru–Magedoni. (2 Petero 3:7) Iryo “juru risha” rizozikura ni intwaro y’Imana iri mw ijuru, izorōngōrwa n’Umwami Yezu Kirisitu, hamwe n’abigishwa biwe b’intahemuka 144 000. — Ivyahishuriwe Yohani 5:9, 10; 14:1, 3.
9. (a) “Isi nsha” yo ni ukuvuga iki? (b) Isi izoyogera ni iyihe?
9 Iyo “si nsha” yo ni iki? Si iyindi si, kubera ko iyi iriho Imana yayītondeye mu kuyirema, kugira ngo ibeko abantu, kandi ikaba igomba ko yamaho ibihe bidashira. (Zaburi 104:5) Iyo “si nsha” rero ni abantu bashasha bazoba ngaha kw isi. Bibiliya ikunda gukoresha iryo jambo isi muri ubwo buryo. akarorero, ivuga ngo “isi yose (abantu) yavuga ururimi rumwe.” (Itanguriro 11:1, NW) Isi izotikira, ni abantu bifatanya n’ivy’iyi si mbi. (2 Petero 3:7) Iyo si nshasha izosubirira iyi, izoba igizwe n’abantu bīkumīye bava muri iyi si y’inkozi z’ikibi. — Yohani 17:14; 1 Yohani 2:17.
10. (a) Ni bande bariko baregeranywa ubu, kandi begeranirizwa he? (b) Dukurikije Ivyanditswe biri ku mpapuro zikurikira, ni ibiki bizorāngūrwa mw iparadizo ngaha kw isi intwaro z’abantu zidashobora?
10 Abantu b’ubwoko bwose kandi b’amahanga yose bazoba “isi nsha” bāratanguye gukoranirizwa hamwe mw ishengero ry’abakirisu. ubumwe n’amahoro bafise, bizana umunezero w’intangamarara, werekana urweze bazogira mw iparadizo ngaha kw isi, inyuma ya Haru–Magedoni. Mu vy’ukuri, intwaro y’Imana izorāngūra ivyo intwaro z’abantu zitigeze zībaza no gushira mu migambi yazo. Raba bimwe bimwe ku mpapuro zikurikira.
11. Iparadizo abantu bitunganiriza muri iki gihe yononwa n’iki?
11 Ese ukuntu iparadizo izozanwa n’ubwami izoba ihimbaye kuruta ivyo iyi si ya kera ishobora kuzanira abantu vyose! Ego ni ko, ubu muri iki gihe hari abantu bāsukuye aho baba bahagira nk’iparadizo, ariko usanga abayibamwo ari babi, bikunda canke bankana. Bitayeko, bararwara, barasaza hanyuma bagapfa. Inyuma ya Haru–Magedoni ho, kuba mw iparadizo ngaha kw isi ntikuzoba ari ukuba mu nzu nziza, canke kugira itongo risharije gusa.
URUKUNDO RUZOTUMA ABANTU BOSE BAHINDUKA ABAVANDIMWE
“Imana ntirobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose uyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.” — Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35.
“Mbona ishengero ryinshi ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose . . . Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi.” — Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 16.
ABANTU N’IBIKOKO BIBANA AMAHORO
“Ibingira rizomarana igihe n’impfizi y’umwagazi w’intama; ingwe na yo izoryamana n’umwagazi w’impene; inyana na yo n’umugunza w’intambwe n’igikōko gishishe; vyose hamwe umwana mutoyi azobiyobora.” — Yesaya 11:6, NW; Yesaya 65:25.
INDWARA N’UBUSAZA VYAHEZE
“Ni ho impumyi zizohumurwa, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ucumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.” — Yesaya 35:5, 6.
[“Kandi Imana yo nyene izobana na bo.] Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, kandi amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba bikiriho: kuko ivya mbere [vyazimanganye.”] (NW) — Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4.
ABAPFUYE BARIKO BAZURWA
“Igihe kija kuza aho abari mu mva bose [bazokwumva] ijwi ryiwe, bakazivamwo.” — Yohani 5:28, 29.
“Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu na [Hades] bigarukana abapfuye bo muri vyo.” — Ivyahishuriwe Yohani 20:13.
12, 13. (a) Amahoro azoza inyuma ya Haru–Magedoni azoba ameze ate? (b) Hari agahaze kugira ngo amahoro nk’ayo aboneke?
12 Iyumvīre nawe, abantu b’amoko yose, b’amahanga yose, bazokwiga kubana nk’abavandimwe. Bazokundana kandi nta n’umwe azoba ingunge, canke umubisha. Nta n’umwe azokwanka uwundi amuhora ubwoko, ibara ry’urukoba canke aho yavukiye. Kwiyumvīra uwundi ukutari ko ntibizoba bikiriho, abantu bose bazoba ari ababanyi n’abagenzi batagenzanya. Izoba ari iparadizo y’ivy’umutima koko. Wewe ntiwoshima kuba muri iyo paradizo urōngōwe n’“ijuru risha”?
13 Ubu abantu bāmiza mu kanwa ivy’ukubana mu bumwe n’amahoro, mbere bāranashinze n’“Ishirahamwe Mpuzamakungu,” amacakubiri aca yinjira mu bantu no mu bihugu kurusha uko vyahora. Hari agahaze none? Ego kariho: abantu bakeneye guhindura imitima. Intwaro z’iyi si ntizishobora gukora ico gitangaro, ariko inkuru iri muri Bibiliya ivuga ivy’urukundo rw’Imana iramaze guhindura abatari bake.
14. Ni ibiki vyamaze kuba muri iki gihe turimwo vyemeza ko amahoro nk’ayo azotinda agashikīrwa?
14 Abantu benshi basomye ivyerekeye isi nshasha y’ubutungane, baca bumva imitima yabo yipfuza gukunda Imana, bagahēra aho kugirira abandi ubuntu nk’uko Imana na yo imeze. (1 Yohani 4:9-11, 20) Ni ukuvuga ko baca bahindura imigenzo bari basanganywe. Abantu benshi bāhora kera ari babi kandi buzuye inzigo nk’intakare, bāroroshe baratekana. Nka kurya intama zitaganda, ni ko na bo bameze mu busho bw’abakirisu bākoranirijwemwo.
15. (a) Ni imirwi iyihe ibiri y’abakirisu iriho? (b) Ni bande bazotangura kuba “isi nsha”?
15 Mu myaka irenga 1 900, hābaye itororokanywa ry’“ubusho buto” bugizwe n’abakirisu 144 000, bazofadikanya na Kirisitu kuganza. Bake muri bo baracari kw isi; benshi baramaze kuganza hamwe na Kirisitu mw ijuru. (Luka 12:32; Ivyahishuriwe Yohani 20:6) Ku vyerekeye abandi bakirisu Yezu yavuze ati: “Mfise n’izindi ntama zitari izo muri uru rugo (urugo rurimwo ubusho buto), na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.” (Yohani 10:16) “Ishengero ryinshi” rigizwe n’izo “zindi ntama” ubu ririko riregeranywa. Ni ryo rizoba itanguriro ry’“isi nsha.” Yehova azorikingira igihe ca ya “marushwa ahambaye,” umusi ivy’iyi si mbi bizoherera, na ryo rizoba mw iparadizo ngaha kw isi. — Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 10, 13-15.
16. Ni igitangaro ikihe kizotuma kubana n’ibikōko bihimbara?
16 Inyuma ya Haru–Magedoni, hazoba ikindi gitangaro ndetse iki c’ivyerekeye kuba mw iparadizo. Intambwe, intonyotsi canke ingwe n’idubu vyica abantu ubu, bizotekereza. Ese ukuntu bizoba ari vyiza kugendagenda mu gahinga ugasanganirwa n’ingwe, ngira ngo munyuma ukakīrwa n’intare! Nta kigendagenda na kimwe kizoba kigitinya ikindi.
17, 18. (a) Ni ibiki bitera umubabaro bitazorangwa mw iparadizo ngaha kw isi? (b) Ni igiki kitwemeza ko abantu bose bazogira amagara meza?
17 N’aho amazu yoba asharije, amatongo asukuye, abantu bakundana, ibikōko vyāturuye gute; ntaco vyoba bimaze abantu bakirwara, bagisaza kandi bagipfa. Umubabaro ntiwoba urahera. Ni nde ashobora kuzanira abantu bose amagara nyakuri none? Intwaro z’abantu zarananiwe kuvura kanseri (igisebe c’intakira), indwara y’umutima n’izindi. N’aho zobishoboye, abaganga baremera ko ivyo bitobujije abantu gusaza. Twobandanije gusaza, tugatangura kubona ivyezeri, inguvu zigatangura kugabanuka, umubiri ugatangura kugira iminkanyari, amaherezo ingingo zawo zikareka gukora, urupfu rugaca rukurikira. Ese ukuntu bibabaje!
18 Mw iparadizo ngaha kw isi inyuma ya Haru–Magedoni, Imana izokora igitangaro gihambaye, gitunganye ivyo vyose; kubera ko Bibiliya itanga iki cizigiro: “Kandi uwaho ntazovuga ati ‘ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) Igihe Yezu Kirisitu yari ngaha kw isi, yarerekanye ububasha afise mu gukiza indwara z’ubwoko bwose, zātewe n’icaha twandukijwe na Adamu. (Mariko 2:1-12; Matayo 15:30, 31) Nta muntu n’umwe azoba agisaza muri iyo ntwaro y’Ubwami, n’abamaze gusaza bazosubira ibuto. Egome, ‘umubiri w’umuntu uzotonyanga itoto kurusha mu bwana bwiwe.’ (Yobu 33:25, NW) Ese ukuntu bizoba biteye akamwemwe, kuvyuka mu gitondo ugasanga watamuye kurusha uko wari umeze ejo.
19. Ni nde mwansi wa nyuma azozimanganywa, kandi azozimanganywa ate?
19 Nta muntu n’umwe akiri muto kandi yiyumvamwo amagara, ari mw iparadizo ngaha kw isi azokwipfuza urupfu. Mbega yopfa kubera iki kandi incungu yatanzwe izoshikiriza umwe umwe wese ingabire y’Imana, ari bwo “bugingo budashira bubonerwa muri Kirisitu Yezu Umwami wacu!” (Abaroma 6:23) Nk’uko Bibiliya ivuga, Kirisitu “ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose musi y’ibirenge vyiwe. Urupfu ni rwo mwansi w’imperuka azozimanganywa.” — 1 Ab’i Korinto 15:25, 26, NW; Yesaya 25:8.
20. Turetse abantu bariho ubu, abandi bazohimbarwa mw iparadizo ni abahe; kandi ivyo bizoshoboka bite?
20 N’abamaze gupfa bazoryoherwa n’ivyiza vyo mw iparadizo ngaha kw isi, kubera ko bazozuka! Muri ico gihe, aho kwumva amatangazo y’ukubika, tuzomenyeshwa inkuru y’akezamutima y’abamaze kuzurwa. Ese ukuntu bihimbaye kwakīra abavyeyi, ibibondo n’abandi bakunzi baje bava mu mva! Ivyumba vy’uburuhukiro, amatongo y’abapfuye, ntibizoba biconona ubwiza bw’isi yabaye iparadizo.
21. (a) Ni bande bazocungera ko amateka n’inyigisho z’“ijuru risha” bikurikizwa? (b) Twokwerekana dute ko dushashaye “ijuru risha” n’“isi nsha” koko?
21 Ni bande bazohagarikira ibizokorwa mw iparadizo ngaha kw isi? Amateka n’inyigisho, vyose bizova hejuru mw “ijuru risha.” Ariko kw isi, hazoba hariho abantu b’intahemuka, bāshinzwe gucungera ko ayo mateka n’izo nyigisho bikurikizwa. Kubera ko baserukira ubwami bwo mw ijuru mu buryo bīsangije, Bibiliya ibita “abaganwa.” (Yesaya 32:1, 2; Zaburi 45:16) N’ubu nyene mw ishengero ry’abakirisu, hariho abantu bātowe n’impwemu yera y’Imana ngo babe abagenduzi n’abahagarikizi b’ibikorwa vyayo. (Ivyakozwe n’intumwa 20:28) Dushobora kwizigira ko inyuma ya Haru–Magedoni, Kirisitu azoshirwa abonye abantu b’intungane bashinzwe guserukira intwaro y’Ubwami; kubera ko ico gihe, ivyo kw isi vyose bizoba biri mu minwe yiwe. Wokwerekana ute none ko iryo “juru risha” n’iyo “si nsha” vy’Imana ubishashaye? Mu gukora uko ushoboye kugira ngo ushitse ivyangombwa bishakwa ku muntu wese azoba muri iyo si nshasha y’ubutungane. — 2 Petero 3:14.