Ikigabane ca 18
“Umuhero w’Isi” Uri hafi!
1. Abigishwa ba Kirisitu bari kw isi bomenye bate ko yamaze gutangura kuganza mw ijuru?
IGIHE YEZU KIRISITU yīrukana Shetani n’abamarayika bayo agatangura kuganza mu bwami, vyerekanye ko Shetani n’iyi si irōngōye bisigaje igihe gito. (Ivyahishuriwe Yohani 12:7-12) Abigishwa ba Kirisitu bari kw isi bomenye bate ko ivyo vyabaye mw ijuru kandi bitaboneka mu maso yabo? Bomenye bate ko Kirisitu yamaze gufata inganji mu Bwami, kandi ko “umuhero w’isi” wegereje? Bobimenye mu kurereka ko “ikimenyetso” Yezu yatanze kiriko kiraranguka.
2. Ni ikibazo ikihe abigishwa ba Kirisitu bāmubajije?
2 Igihe Yezu yari yicaye ku musozi wa Elayono yimirije urupfu rwiwe, bane mu ntumwa ziwe bāramwegereye, bamubaza “ikimenyetso.” Ikibazo cabo tugisoma uku: “Tubwire, ivyo bizobaho ryari, kandi ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ico umuhero w’isi?” (Matayo 24:3) Izi mvugo ngo “ukuza kwawe” hamwe n’“umuhero w’isi” zishaka kuvuga iki?
3. (a) Izi mvugo ngo “ukuza kwawe” n’“umuhero w’isi” zishaka kuvuga iki? (b) Ca kibazo abigishwa ba Yezu bamubaza cahinduwe neza gute?
3 Ijambo ry’ikigiriki bahinduye ngo “ukuza” ni parousia, risobanurwa ngo “ukubaho.” Ni ukuvuga rero ko “ikimenyetso” kibonetse, twociye tumenya ko Kirisitu ariho; ko yamaze gufata inganji mu Bwami n’aho ataboneka. Uwo “muhero w’isi” na wo, si umuhero w’iyi si duhagazeko, ahubwo ni umuhero w’ivy’iyi si mbi iganjwe na Shetani. (2 Ab’i Korinto 4:4, NW) Ca kibazo c’intumwa rero cari gikwiye guhindurwa gutya: “Tubwire, ivyo bizobaho ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukubaho kwawe, hamwe n’iherezo ry’ivy’iyi si?” — Matayo 24:3, Traduction du monde nouveau.
4. (a) “Ikimenyetso” Yezu yatanze kigizwe n’ibiki? (b) “Ico kimenyetso” gishobora kugereranywa gute n’igikumu?
4 Yezu ntiyavuze ko “ico kimenyetso” ari ikintu kimwe gusa cobaye, ariko yavuze ko hobaye ibintu vyinshi. Abanditsi bandi ba Bibiliya ndetse Matayo, bāradondaguye ibindi bintu vyokwerekanye “imisi y’iherezo.” Ivyo bintu vyose bavuze vyorangutse mu gihe abanditsi ba Bibiliya bita “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5; 2 Petero 3:3, 4) Ivyo vyobaye, vyogereranywa n’uturongo tudashobora gusa n’utw’uwundi, tuboneka igihe umuntu ateye igikumu. “Imisi y’iherezo” na yo, ifise ibimenyetso vyayo yisangije, bisa na twa “turongo tw’igikumu,” kubera ko bitigeze biba mu kindi gihe ico ari co cose.
5, 6. Wihweje ibimenyetso 11 vyerekana “imisi ya nyuma” kuri izi mpapuro zikurikira, wotahura iki ku vyerekeye “iherezo ry’ivy’iyi si?
5 Muri iki gitabu ku kigabane ca 16, Twabonye ko Bibiliya yerekana neza ko Kirisitu yagarutse, atangura kuganza mu bansi biwe mu mwaka wa 1914. Ubu na ho ni witonde utohoze ibintu bitandukanye, bigize “ikimenyetso” cerekana ukubaho kwa Kirisitu, kandi bikaba ikindi kimenyamenya c’uko ivy’iyi si mbi itwarwa na Shetani vyashikiriye “imisi” yavyo “ya nyuma.” Uko ubandanya wihweza ivyo bintu vyavuzwe usanga kuri izi mpapuro zine zikurikira, ni ko uza kubona ukuntu vyagiye birarāngūka kuva mu 1914.
“IHANGA RIZOTERA IRINDI HANGA, N’UBWAMI BUZOTERA UBUNDI BWAMI.” — Matayo 24:7.
Nta gukeka, uramaze kubona ko ico “kimenyetso” carangūtse kuva mu 1914! Muri uwo mwaka ni ho indwano ya mbere y’isi yose yatangura. Mu vyabaye vyose ntihari bwabe indwano iteye ubwoba nk’iyo. Yari indwano nyakuri. Yaruta indwano nkuru nkuru zose zabaye mu myaka 2 400 imbere yo mu 1914. Hāshize imyaka 21 gusa iyo ntambara irangiye, haca havyuka iya kabiri y’isi yose. Iyo na yo yari ikaze kurusha iya mbere ibihetangabo kane.
Intambara ziteye ubwoba n’ubu ziracariho. Kuva aho intambara ya kabiri y’isi yose ihereye mu 1945, abantu imiliyoni 25 baramaze kugwa mu ndwano 150 zādutse hirya no hino. Igihe kimwe hari ahantu higeze guharūrwa intambara nka 12 ku musi. Ntidusige inyuma iyindi ntambara y’isi yose isa n’iyihanamiye abantu. Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zifise ibirwanisho bishobora gutikiza abagabo, abagore hamwe n’abana, incuro 12!
“HAZOBA AMAPFA.” — Matayo 24:7.
Intambara ya mbere y’isi yose yakurikiwe n’ikigoyi gikomeye kuruta ibindi vyose vyigeze gutera. Mu bushinwa bwo mu buraruko honyene, abantu 15 000 baricwa n’inzara uko bukeye uko bwije. Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, ni ho amapfa yatera nyagutera; ica kane c’isi yose kirashikīrwa! Kandi kuva ico gihe, ivyokurya vyagumye bikehera abantu benshi.
Ikinyamakuru citwa New York Times co mu 1967 cavuze ibi bikurikira: “Mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, uko imisegonda 8,6 ishize hapfa umuntu, kubera indwara ziterwa n’ukurya ivyokurya bitabereye.” Bapfuye bakiriko — n’ubu imiliyoni zishika nka 50 zicwa n’inzara uko umwaka utashe! Gushika mu 1980, ica kane c’ababa kw isi yose (1 000 000 000: umuliyaridi w’abantu), cāri gishonje kubera ko batashobora kuronka ivyokurya bihagije. No mu bihugu nyene birimwo agahimbo, benshi usanga ari abatindi batagira ico babigura.
“INDWARA Z’IVYADUKA ZIZOTERA, ZIVA HAMWE ZIJA AHANDI.” — Luka 21:11, NW.
Indwano ya mbere y’isi yose yapfuye guhera, inyonko y’icaduka ica yica abantu benshi kurusha ikindi kiza cose cigeze gutera kuva abantu babayeho. Ico kiza camize abantu bashika imiliyoni 21! Ariko n’ubu indwara zisanzwe n’iz’ivyaduka ziguma zīha inganda. Uko umwaka utashe, abantu imiliyoni zidaharūrwa bīcwa n’indwara y’umutima hamwe n’imwe bita kanseri. Indwara zandurwa mu guhurahura na zo, zandagara nk’umuriro w’ici. N’izindi ziteye ubwoba nyene nka marariya, birariziyozi n’indwara yica amaso; zitera ziva mu gihugu zija mu kindi; cane cane muri Aziya, Afirika no muri Amerika yo mu bumanuko.
“VYA NYAMUGIGIMA BIZOKURAKURANWA HIRYA NO HINO.” — Matayo 24:7, NW.
Kuva mu 1914 gushika ubu, haramaze kuba vya nyamugigima binini binini vyinshi kurusha ivyabaye mu kindi gihe ico ari co cose kingana n’ico, vyashoboye kwandikwa. Ni ukuvuga ko mu myaka 1 000; kuva mu mwaka wa 856 B.C. gushika mu 1914, habaye vya nyamugigima binini binini 24 gusa, vyahitanye abantu bashika 1 973 000. Ariko mu myaka 63, kuva mu 1915 gushika mu 1978, abantu bashika 1 600 000 bishwe na vya nyamugigima bikaze 43.
“UBUGARARIJI BUZOGWIRA.” — Matayo 24:12, NW.
Inkuru zidushikīra zivuye mu mihingo yose yo kw isi, ni iz’ibibi bikorwa hamwe n’iz’ubugarariji. Ibibi bikorwa n’abantu b’inkazi nko kwica, kwubıra abagore no kwiba, bisigaye bigirwa izuba riva. Muri Reta Zunze Ubumwe honyene, hama hakorwa ikibi gikomeye nka kimwe ku musegonda wose. Mu mihingo imwe imwe, nta muntu n’umwe agenda umutima uri mu nda n’aho hoba ku murango. Ricokeye ho, baca binjira mu nzu bakwugara bakagumya, kubera ko batinya gusohoka.
“ABANTU BAZOGWISHWA IGIHUMURA N’UBWOBA.” — Luka 21:26.
Ubwoba cane cane busa n’uko ari bwo butunguye umutima abantu bariho ubu. Nta misi myinshi yaheze amabombe ya mbere ruhonyanganda arashwe, Harold C. Urey, umuhinga mu vya atomiki aca avuga ati: “Kuva ubu tuzoryana ubwoba, tuzoburarana kandi tuzobupfana.” Abantu benshi ivyo vyarabashikiye. Ntibaterwa ubwoba n’intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda bīcura gusa, batinya kandi n’ubugarariji, umwanda wonona isi, indwara, amahera ata agaciro hamwe n’ibindi vyinshi bigeramiye umutekano n’ubuzima bwabo nyene.
‘KUTUMVIRA ABAVYEYI.’ — 2 Timoteyo 3:2.
Muri iki gihe, kutagira iryo abavyeyi baryogora ku bana babo birakunda gushika. Ubu abana ntawe bacibanga. Ni co gituma ibibi bigirwa n’abakiri bato, bimaze gutera isi yose nk’ikiza. Mu bihugu bimwe bimwe, ibibi bikomeye bigirwa, nka vyose bikorwa n’abana b’imyaka 10 gushika kw icumi n’indwi. Kwica, kubundira abagore, kwubira abantu, kwiba, kumena inzugi n’ubusuma bw’imiduga — ivyo vyose abana barabigira. Nta gihe na kimwe kuva abantu batanguye kubaho, kugarariza abavyeyi vyari bwigere bigirwa na benshi nk’iki gihe.
“INKUNZI Z’AMAHERA.” — 2 Timoteyo 3:2.
Ubu aho uroye hose, uhasanga abantu b’umwina. Benshi bakoresha uburyo bwose bubashobokeye kugira ngo baronke amahera. Barashobora kwiba; no kwica nyene ntibabigera umutwe. Mu bisanzwe, inkunzi z’amahera zama zihingura zigatako zikagurisha ibidandazwa bizwi ko bishobora gutera indwara canke kwica abantu. Abantu bavuga ko amahera ari yo ‘mana yabo,’ hāba mu migenzo, canke bakavyatura icese.
“ABAKUNDA IBIBAHIMBARA BAKABIRUTISHA IMANA.” — 2 Timoteyo 3:4.
Abantu benshi ubu, ico bababaye ni ugukora ibibahimbara canke ibihimbara ababo; ntibitaho gukora ibishimisha Imana. Cane cane benshi bakunda ivyo Imana yanka; nk’ubusambanyi, kurenga ibigo, kuborerwa, n’ibindi bo bita ngo ni ukwinezereza. N’ivy’ukwinezereza nyene nyakuri ata nabi birimwo, usanga na vyo babihurumbira bikababuza kwigora n’akanya na gato ngo bige ivyerekeye Imana hanyuma bayikorere.
“BAFISE ISHUSHO Y’UKWUBAHA IMANA ARIKO BAHAKANA UBUSHOBOZI BWAKWO.” — 2 Timoteyo 3:5.
Abatwara hamwe na banyarucari, barashobora kwerekana ko basa n’abubaha Imana. Barashobora kuja gusenga mu masengero, canke bagatanga imfashanyo yo gushigikira ivyo idini ikora. Abatwara barashobora kurahira bashize iminwe kuri Bibiliya, imbere y’uko bafata ubutegetsi. Ariko kenshi usanga ari “ishusho y’ukwubaha Imana” gusa. Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, gusenga Imana vy’ukuri nta bushobozi bifise koko mu buzima bw’abantu nka bose muri iki gihe. Ivyo bagira ntibabitumwa n’ubushobozi nyakuri bwosha gukora iciza.
“ABONONA ISI.” — Ivyahishuriwe Yohani 11:18, NW.
Impemu duhema, amazi tunywa n’isi imera ivyo turya, vyama bisukwamwo umwanda. Biramaze gukomera gushika aho uyu muhinga atanga iyi mburi: “Nibaza yuko abaguma bata umwanda kuri iyi si ni batisubirako, hari n’aho izoteba igahinduka ahantu ata muntu ashobora kuhaba.”
6 Ibi uhejeje kwihweza ntibigaragaza ko “ikimenyetso” Kirisitu yatanze, hamwe n’ivyo abigishwa biwe bavuze biriko birarāngūka ubu? N’aho hariho ibindi bimenyetso vyinshi, ibi vyatondekanijwe ngaha birahagije kutwereka ko turi mu gihe Bibiliya yise “imisi ya nyuma.”
7. (a) Ni igiki gituma amajambo ya Bibiliya avuga ivya kazoza, yerekeye ukubaho kwa Yezu hamwe n’“imisi y’iherezo” aba rurangiranwa? (b) Ni ibiki abakuru b’isi bāvuga imbere yo mu 1914?
7 Mugabo hari abovuga bati: ‘indwano, ikigoyi, indwara z’ivyaduka na vya nyamugigima vyamye bishika kuva mu ntango y’abantu; ntivyogora rero kumenyesha ko bizosubira gushika.’ Iyumvīre: Bibiliya ntiyavuze ko vyoshitse gusa, ariko yerekanye ko vyoshitse kw isi yose. Bitayeko, yavuze ko ivyo vyose vyoshikiye uruvyaro rwariho mu 1914. Abakuru bahambaye bāvuga iki imbere yo mu 1914? Bāvuga ko ata gihe na kimwe akaryo ko gusasagaza amahoro mu bantu kigeze kaboneka nko muri ico gihe. Ariko umudurumbanyo uteye ubwoba wavuzwe na Bibiliya, ushika ku gihe cashinzwe, mu 1914! Nkako, abakuru b’iyi si ubu bavuga ko umwaka wa 1914 wahinduye ukubaho kw’abantu.
8. (a) Ni uruvyaro uruhe Yezu yavuga rwobonye umuhero w’ivy’iyi si mbi? (b) Ni igiki none tutokeka?
8 Yezu amaze kumenyesha ibintu vyinshi vyarangutse kuva mu 1914, arabandanya ati: “Uru ruvyaro ntiruzoshira, ivyo vyose (gushiramwo n’umuhero w’ivy’iyi si) bitabaye.” (NW) (Matayo 24:34, 14) Ni uruvyaro uruhe Yezu yashaka kuvuga? Yashaka kuvuga abantu bāriho mu 1914. Amasigarira y’urwo ruvyaro ubu arashaje, ariko ntikizobuza ko bamwe muri bo babona umuhero w’ivy’iyi si mbi. Ico tutokeka rero ngiki: ubu igihe c’uko inkozi z’ibibi zihwikirwa n’umuhero, zikajana n’ububi bwazo ku musi wa Haru–Magedoni kiregereje.
[Ifoto ku rup. 149]
Yezu yaramenyesheje abigishwa biwe icobaye ikimenyetso cerekana ukubaho kwiwe kutaboneka amaze gufata inganji y’ubwami
[Ifoto ku rup. 154]
1914 — HARU–MAGEDONI
Bamwe mu ruvyaro rwariho mu 1914, bazobona umuhero w’iyi si mbi; bateko barokoke