ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 17 rup. 142-147
  • Kugaruka kwa Kirisitu—Aboneka mu Buryo Ubuhe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugaruka kwa Kirisitu—Aboneka mu Buryo Ubuhe?
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA ADASHOBORA KUGARUKA ARI UMUNTU
  • UMUBIRI W’INYAMA NTUSHOBORA KUJANWA MW IJURU
  • UBURYO IJISHO RYOSE RIMWIBONERA
  • KIRISITU AZOGARUKA KW ISI?
  • Yezu yoba yazukanye umubiri w’inyama canke w’impwemu?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 17 rup. 142-147

Ikigabane ca 17

Kugaruka kwa Kirisitu—Aboneka mu Buryo Ubuhe?

1. (a) Ni umuhango uwuhe Yezu yatanze? (b) Ni kuki dukeneye ko Kirisitu agaruka?

“NDIKO NDAGARUKA.” (Yohani 14:3, NW) Yezu Kirisitu yahaye intumwa ziwe uwo muhango igihe yari kumwe na zo mw ijoro, yīmirije gupfa. Ngira ngo urabona nawe ko amahoro, amagara n’ubuzima abantu bazokesha kugaruka kwa Yezu ari ku ngoma, ubu bikenewe cane kurusha ikindi gihe ico ari co cose. None Kirisitu agaruka ate? Ni nde amubona, kandi amubona ate?

2. (a) Kirisitu agarutse, abigishwa biwe bāsīzwe hamwe na za ntumwa ziwe bajanwa he? (b) Babayo bafise imibiri imeze ite?

2 Kirisitu ntagaruka kuba kw isi. Ahubwo bamwe bafadikanya na we kuganza, bajanwa mw ijuru kubana na we. Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Ndiko ndagaruka, hanyuma nze ndabākīrire iwanje, kugira ngo aho ndi namwe abe ari ho muba.” (Yohani 14:3, NW) Igihe Kirisitu agaruka rero, bamwe bajanwa mw ijuru baronka imibiri y’impwemu, bagaca bamubona na we afise umubiri w’impwemu wakāka. (1 Ab’i Korinto 15:44) Abandi bantu basigaye bataja mw ijuru, baramubona igihe agaruka?

IGITUMA ADASHOBORA KUGARUKA ARI UMUNTU

3. Bibiliya yerekana ite ko abantu batazokwigera basubira kubona Kirisitu?

3 Muri iryo joro nyene, Yezu abandanya kubwira intumwa ziwe ati: “Hasigaye igihe gito, isi ntibe ikimbona.” (Yohani 14:19, NW) Iyo si ni abantu. Aha Yezu yerekanye neza ko inyuma y’urupfu rwiwe, abantu baba kw isi batosubiye kumubona. Intumwa Paulo yanditse iti: “N’aho twoba twari tuzi Kirisitu afise umubiri, mu vy’ukuri ubu ho ntitukimumenya gutyo.” — 2 Ab’i Korinto 5:16, NW.

4. Ni igiki cerekana ko Kirisitu agaruka ari umuntu w’impwemu afise ubushobozi?

4 Abantu benshi bazi ko Yezu azogaruka n’umubiri wiwe w’umuntu, wa wundi nyene bica, hanyuma abantu bose baba kw isi bamubone. Bibiliya yo, ivuga ko azoza yakāka, azananye n’abamarayika bose, yicare “ku ntebe yiwe y’ubwami yakāka. (Matayo 25:31, NW) Iyo aba Yezu yoje ari umuntu akicara ku ntebe y’ubwami iri ngaha kw isi, yociye aba musi y’abamarayika. Ariko aza arusha abo bana b’Imana b’impwemu ubushobozi n’icubahiro; ni co gituma ataboneka nk’uko na bo nyene bataboneka. — Ab’i Filipi 2:8-11.

5. Ni kuki Kirisitu atoshoboye kugaruka afise umubiri w’umuntu?

5 Ariko hari igihe Yezu yicishije bugufi aba umuntu, kugira ngo ubugingo bwiwe abutange bube incungu yacu; haheze imyaka irenga 1 900 ivyo bibaye. Raba ingene ivyo Yezu yabisiguye igihe kimwe: “Umukate nzotanga ni umubiri wanje, kugira ngo abari mw isi baronke ubugingo.” (Yohani 6:51, NW) Yezu rero, umutumba wiwe w’inyama yawutanzeko inkuka kubera abantu. Akamaro k’iyo nkuka komaze igihe kingana iki? Intumwa Paulo yishura iti: “Twejejwe n’uko Kirisitu Yezu yatanze umubiri wiwe rimwe rizima.” (Abaheburayo 10:10, NW) Kirisitu amaze gutanga umubiri wiwe kubera ubuzima bw’abari kw isi, ntiyari kwigera awutwara kandi ngo asubire kuba umuntu. Iyo ni yo mpamvu ngenderwako ituma atazokwigera asubira kugira umubiri w’umuntu, umwe yatangako inkuka rimwe rizima.

UMUBIRI W’INYAMA NTUSHOBORA KUJANWA MW IJURU

6. Ni kuki abantu benshi bazi ko Kirisitu yaduganye umutumba wiwe w’inyama mw ijuru?

6 Abantu benshi bazi ko Yezu yaduganye umubiri wiwe w’inyama mw ijuru. Ico bashimikiyeko, ni uko igihe yazuka mu bapfuye, umubiri wiwe utasigaye mu mva. (Mariko 16:5-7) Bitayeko, inyuma y’urupfu rwiwe, yarabonekeye abigishwa biwe afise umubiri w’inyama, kugira ngo abereke ko ari muzima. Hari n’igihe mbere yabwira Toma ngo akore mu ntoboro iri mu rubavu rwiwe, kugira ngo yemere ko ari ivy’ukuri yazutse. (Yohani 20:24-27) Ivyo ntivyerekana ko Kirisitu yazukanye wa mubiri nyene yari afise igihe yicwa?

7. Ni igiki cemeza ko Kirisitu yagiye mw ijuru ari umuntu w’impwemu?

7 Haba namba! Bibiliya iratomora iti: “Kirisitu yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, . . . yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzi-ma mu buryo bw’impwemu.” (1 Petero 3:18) Abantu bafise imitumba y’inyama n’amaraso ntibashobora kuba mw ijuru. Ku vyerekeye abazozukira kuba mw ijuru, Bibiliya ivuga iti: “Habibwa umubiri w’inyama, hakazurwa umubiri w’impwemu. . . . Inyama n’amaraso ntibishobora kuragwa ubwami bw’Imana.” (1 Ab’i Korinto 15:44-50) Abantu b’impwemu bafise imibiri y’impwemu ni bo bashobora kuba mw ijuru.

8. Umubiri w’inyama wa Kirisitu wagiye he?

8 Umubiri wa Yezu w’inyama wagiye he none? Abigishwa biwe ntibāsanze imva igaragara? Egome, kubera ko Imana yari yawukuyeyo. Ni kuki Imana yagize ityo? Kugira ngo ivyanditswe muri Bibiliya biranguke. (Zaburi 16:10; Ivyakozwe n’intumwa 2:31) Yehova yabonye bikwiye ko yimura umubiri wa Yezu, nk‘uko yari yagize uwa Musa. (Gusubira mu vyagezwe 34:5, 6) Bitayeko, iyo umubiri wa Yezu uguma mu mva, abigishwa biwe ntibari gutahura ko yamaze kuzurwa mu bapfuye, kubera ko ico gihe batari bwategere neza ivy’ukwizera.

9. Ni kuki vyashobotse ko Toma akora mu ntoboro y’umubiri Yezu yihaye amaze kuzuka?

9 Kubera ko intumwa Toma yashoboye gukora mu ntoboro iri mu rubavu rwiwe, ivyo ntivyerekana ko yazukanye wa mubiri bahamangiramwo imisumari? Oya, yīha umubiri w’umuntu nk’uko abamarayika bāgira kera. Kugira ngo yemeze Toma ko yari We, yihaye umubiri w’ibikomere. Bābona asa n’umuntu asanzwe, ashobora kurya no kunywa nka ba bamarayika Aburahamu yigera kwākīra. — Itanguriro 18:8; Abaheburayo 13:2.

10. Ni igiki cerekana ko Yezu yīha imibiri y’ubwoko bwinshi?

10 N’aho yabonekeye Toma afise umubiri usa n’uwo bishe, yarīha n’iyindi mibiri igihe yaza arabonekera abigishwa biwe. Ni co gituma Mariya Magadalena, ubwa mbere yibajije ko Yezu ari umurimyi. Ikindi gihe, abigishwa biwe ntibaciye bamumenya. Ico gihe co, si umubiri yari yihaye watumye bamumenya, ahubwo bamumenyeye ku majambo avuze no ku vyo agize. — Yohani 20:14-16; 21:6, 7; Luka 24:30, 31.

11, 12. (a) Kirisitu yavuye kw isi ate? (b) Twokwitega ko agaruka ate none?

11 Hashize imisi 40 azutse, abonekera abigishwa biwe afise umubiri w’inyama. (Ivyakozwe n’intumwa 1:3) Hanyuma yurira mw ijuru. Hari abobaza bati: ‘ba bamarayika babiri bāriho ntibabwiye intumwa ngo uyo Yezu “azoza atyo nk’uko mumubonye aja mw ijuru”?’ (Ivyakozwe n’intumwa 1:11) Egome ni ko bāvuze. Menya ko bavuze ngo “azoza atyo,” ntibavuze ko azoza muri uyo mubiri. Yezu yagiye ate none? Ntiyagiye icese, abigishwa biwe gusa ni bo babimenye; ab’isi ntibabibonye.

12 Raba uko Bibiliya yigana ingene Yezu yasezeye abigishwa biwe aduga mw ijuru: “Aduzwa babona, igicu kimukura mu maso yabo.” (Ivyakozwe n’intumwa 1:9) Igihe rero Yezu yariko araduga mw ijuru, igicu caramuhishije kimukura mu maso y’intumwa ntiyaba akiboneka. Aca rero aduga mw ijuru n’umubiri wiwe w’impwemu. (1 Petero 3:18) Ni co gituma no mu kugaruka kwiwe atobonetse, yogarutse afise umubiri w’impwemu.

UBURYO IJISHO RYOSE RIMWIBONERA

13. Iyi mvugo ngo “ijisho ryose rizomwibonera” igihe azanana n’ibicu, dutegerezwa kuyumva dute?

13 Twotahura dute none amajambo ari mu Vyahishuriwe Yohani 1:7? Intumwa Yohani yanditse iti: “Ehe arazanana n’ibicu, n’ijisho ryose rizomwibonera; kandi abamucumise hamwe n’amoko yose yo kw isi, bazokwiyambagura kubera we.” (NW) Kubona, Bibiliya ivuga aha, si ukubona kw’aya maso y’inyama, ariko ni ugutahura canke gutegēra. Ni co gituma igihe umuntu ategeye canke atahuye ikintu, ashobora kuvuga ati ‘ndakibonye.’ Nkako, Bibiliya iravuga ivy’“amaso y’umutima.” (Abanyefeso 1:18) Iyo mvugo rero ngo “ijisho ryose rizomwibonera,” yerekana ko uwo ari we wese azotahura canke azomenya ko Kirisitu ariho.

14. (a) “Abāmucumise” bagereranya bande? (b) Ni kuki bazokwiyambagura rwose umwe umwe amaze gutahura ko Kirisitu ariho?

14 Bamwe “bācumita” Yezu ntibakiriho, ariko bagereranya abantu bahama abigishwa ba Kirisitu b’ubu, nk’uko bamwe bo mu kinjana ca mbere bāgira. (Matayo 25:40, 45) Igihe c’uko Kirisitu ahonya izo nkozi z’ikibi ntikikiri kure. Bazoba bamaze kubūrirwa. Igihe cabo co gutikizwa kigeze, “bazobona” canke bazomenya ibiriko biraba. Bazokwiyambagura kubera umubabaro mwinshi!

KIRISITU AZOGARUKA KW ISI?

15. Ni mu buryo ubuhe ijambo “kugaruka” rikunda gukoreshwa?

15 Kugaruka si ngombwa imisi yose ngo umuntu aje ahantu kanaka. Uwari yāravye arabutse, bavuga ko ‘agarukiye ku cobo.’ Uwahora atwara kera na we ngo ‘agarutse ku butegetsi.’ Ni muri ubwo buryo nyene Imana yabwiye Aburahamu iti: “Igihe gishinzwe, umwaka ugeze aho uyu ugeze, nzogaruka iwawe, [kandi Sara azovyara umuhungu.”] (Itanguriro 18:14; 21:1) Uko kugaruka kwa Yehova ntikwari ukuvyaguruka aho avyagiye, ahubwo kwari ugukubitiza agatima kuri Sara, kugira ngo amuhangurire umuhango yari yamuhaye.

16. (a) Kirisitu agaruka ate kw isi? (b) Kirisitu yagarutse ryari kandi hāciye haba iki.

16 Ni nk’uko nyene, kugaruka kwa Kirisitu si ukuvuga ko ari ukuza ngaha kw isi, ahubwo ni ukwimikwa akaba Umwami, agatangura kwitwararika ivyo kw isi. Nk’uko twabibonye mu kigabane twahejeje, Bibiliya yerekana neza ko mu mwaka wa 1914 A.D., igihe c’uko Kirisitu agaruka agatangura kuganza carashitse. Ico gihe ni ho impundu zasamirana mw ijuru ziti: “Noneho agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu, n’ububasha bwa Kirisitu wayo.” — Ivyahishuriwe Yohani 12:10.

17. Kubera ko kugaruka kwa Kirisitu kutaboneka, ni igiki yatanze cotweretse ko yamaze kugaruka?

17 Kubera ko kugaruka kwa Kirisitu kutaboneka, hariho uburyo bwo kwemeza ko kwamaze kuba? Egome buriho. Kirisitu ubwiwe yaratanze ikimenyetso coranze ko ariho n’aho ataboneka, kandi ko umuhero w’isi uri hafi. Reka dutohoze ivy’ico “kimenyetso.”

[Ifoto ku rup. 142]

Umubiri wa Kirisitu yawutanzeko inkuka. Ntiyokwigeze awusubirako ngo ace asubira kuba umuntu

[Amafoto ku rup. 144, 145]

Ni kuki Yezu amaze kuzuka Mariya Magadalena yamwitiranije n’umurimyi?

Yezu amaze kuzuka yabwiye Toma ngo akoze urutoki rwiwe ku mubiri w’inyama umeze ute?

[Ifoto ku rup. 147]

Kirisitu azogaruka nk’uko yaduze mw ijuru. Yaduze ate none?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika