Ikigabane ca 5
Bibiliya Iva ku Mana Koko?
1. Ni kuki ari ivyumvikana kwiyumvīra ko Imana yoduhishuriye kamere yayo?
YEHOVA IMANA yaraduhishuriye kamere yiwe? Yaratumenyesheje ivyo yakoze n’imigambi yimirije kurāngūra? Umuvyeyi akunda abana biwe, arabamenyesha ibintu vyinshi. Nk’uko twamaze kubibona, Yehova ni Imana yuzuye urukundo koko.
2. (a) Mu kutwimenyesha Yehova akoresha uburyo ubuhe burashe? (b) Ni ibibazo ibihe umuntu aca yibaza?
2 Yehova yoshoboye ate kwigisha abantu bo mu mihingo yose yo kw isi kandi mu bihe vyose? Uburyo burashe, ni ubwo kubandikishiriza igitabu gishobora gusomwa na bose. Bibiliya none ni co gitabu nk’ico kiva ku Mana? Twobimenyeshwa n’iki?
BIBILIYA NI IGITABU NTANGERE
3. Ni impanvu iyihe ituma Bibiliya itogereranywa n’ibindi bitabu?
3 Bibiliya ni yaba iva ku Mana, itegerezwa gutandukana n’ibindi bitabu. Uko ni ko iri none? Egome, kandi kubera impamvu nyinshi. Iya mbere, Bibiliya ni iya kera cane. Si ivyumvikana ko itegerezwa kuba iya kera kubera ko yāndikiwe abantu bose? Hashize imyaka 3 500 kuva itanguye kwandikwa mu rurimi rw’igiheburayo; hashize kandi iyindi irenga 2 200 kuva itanguye guhindurwa mu zindi ndimi. Ubu abantu nka bose kw isi, barashobora gusoma Bibiliya mu rurimi kavukire.
4. Gereranya ubwinshi bwa Bibiliya n’ubw’ibindi bitabu.
4 Iyindi mpamvu, mu bwinshi nta kindi gitabu kiyegera. Iyo igitabu canditswe incuro ibihumbi bike gusa, gica citwa “rurangiranwa.” Ariko Bibiliya yo, uko umwaka utashe yandikwa ibihetangabo ibihumbi n’ibihumbi. Gushika ubu, izamaze kwandikwa ni imiliyoni ibihumbi n’ibihumbi! Nta hantu na hamwe kw isi, n’aho hoba hiherereye bimeze gute, udashobora gusanga Bibiliya. Igitabu kiva ku Mana si uko comera none?
5. Abansi ba Bibiliya bāgerageje bate kuyizimanganya?
5 Icerekana rwose ko Bibiliya ikwiye hose, ni uko abansi bāgerageje kuyidorongeza. Si ivyumvikana ko igitabu c’Imana gitegerezwa guhamwa n’abakozi ba wa Murwanizi? Ivyo vyarabaye. Guturira Bibiliya vyarigeze kumera nk’impararo. Uwo bāfata ariko arayisoma na we yacirwa urwo gupfa.
6. (a) Ni ibibazo ibihe bihambaye Bibiliya itorera inyishu? (b) Abanditsi ba Bibiliya bavuga ko ivyo Bānditse babikuye he?
6 Si ivyumvikana ko igitabu kiva ku Mana gitegerezwa gutorera inyishu ibibazo bikuru bikuru dushobora kwibaza? ‘Ubuzima bwakomotse he?’ ‘Ni kuki turi ngaha kw isi?’ ‘Amaherezo y’abantu ni ayahe?’ Ivyo ni bimwe bimwe mu bibazo Bibiliya yishura. Irerekana neza ko ivyanditswe muri yo vyose vyavuye ku Mana. Umwanditsi wayo umwe yavuze ngo: “Impwemu ya Yehova ni yo yamvugishije, kandi ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.” (2 Samweli 23:2, NW) Uwundi na we yanditse ngo: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Ko Bibiliya yivugira yo nyene ko yavuye ku Mana, ntiwoba werekanye ko uri incabwenge uyitondeye ukayitohoza kugira ngo ubone ko ari ivy’ukuri?
BIBILIYA YANDITSWE ITE?
7. (a) Bibiliya yanditswe na nde? (b) Ni kuki none twovuga ko ari Ijambo ry’Imana?
7 ‘Bishoboka bite ko Bibiliya iva ku Mana kandi yanditswe n’abantu?’ Hari aho wobaza ico kibazo. Ego ni ko, abantu bashika nka 40 ni bo bayanditse, kiretse ya mabwirizwa cumi yandikwa n’Imana yo nyene ku bisate vy’amabuye, ikoresheje impwemu yayo yera. (Kuvayo 31:18) Ico ntigituma na gato ivyo bānditse bitaba Ijambo ry’Imana. Raba ico Bibiliya ibivugako: “Abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe n’impwemu yera.” (2 Petero 1:21) Nk’uko Imana yakoresheje ubushobozi bw’impwemu yera mu kurema ijuru; isi n’ibiriho vyose, ni ko yayikoresheje no mu kurōngōra abanditse Bibiliya.
8, 9. Ni uburorero ubuhe bushobora kutwumvisha ingene Imana yandikishije Bibiliya?
8 Ivyo bigaragaza rero ko Bibiliya ikomoka ku Mana Yehova gusa. Yakoresheje abantu mu kuyandika nk’uko abakuru b’akazi bakoresha abakarani mu kwandika ikete. Ivyo uwo mukarani yandika ni ivyiyumviro vy’uwo mukoresha wiwe. Iryo kete rero si iry’iwe ni iry’uwo mukuru w’akazi. Na Bibiliya rero ni iy’Imana si iy’abayanditse.
9 Imana ko ari yo yaremye ubwonko ntivyoyigora namba kwinjiza ivyiyumviro mu bwenge bw’abasavyi bayo, kugira ngo ibamenyeshe ivyo bandika. Muri iki gihe turimwo urashobora kuba wibereye mu nzu, ukwumviriza amakuru ya kure ufunguye iradiyo canke iteleviziyo yawe. Ijwi n’ibishushanyo biza bivuye kure, bikurikije amategeko agenga iyi si, yashinzwe n’Imana. Bica rero vyoroha gutegera uburyo Yehova yari yibereye kure mw ijuru, akarōngōra abantu mu kwandika amakuru yashaka ko abana b’abantu bamenya.
10. (a) Bibiliya igizwe n’ibitabu bingahe; kandi vyanditswe mu gihe kingana iki? (b) Ni inyigisho iyihe nkuru Bibiliya ishira imbere?
10 Ubwo buryo bwavyaye igitabu c’agatangaza. Na none Bibiliya igizwe n’udutabu 66. Ijambo ry’ikigiriki biblia ari ryo mu kirundi bahinduye ngo “Bibiliya,” risobanurwa ngo “ibitabu bito bito.” Ivyo bitabu canke amakete, vyanditswe mu myaka 1 600, ni ukuvuga kuva mu 1513 Yezu ataravuka, gushika mu 98 Yezu amaze kuvuka. Ivyo bitabu vyose binama rimwe, kubera ko bikomoka kuri umwe. Inyigisho nkuru bishira imbere ngiyi: Imana Yehova izogarukira abantu ikoresheje ubwami bwayo. Igitabu gitangura citwa Itanguriro, cigāna ingene iparadizo yadorongeye kubera ko abantu bāgābiye Imana; ica nyuma na co citwa Ivyahishuriwe Yohani, kidondora ingene intwaro y’Imana izohindura isi igasubira kuba iparadizo. — Itanguriro 3:19, 23; Ivyahishuriwe Yohani 12:10; 21:3, 4.
11. (a) Bibiliya yanditswe mu rurimi uruhe? (b) Ni ibice ibihe bibiri bikuru vya Bibiliya; kandi ni igiki cerekana ko binama rimwe?
11 Mu bisanzwe, ibitabu 39 vya mbere vyanditswe mu giheburayo, kiretse uduce tumwe tumwe twanditswe mu giharameya. Ibindi 27 biheruka na vyo vyanditswe mu kigiriki, ururimi rwavugwa na benshi mu gihe ca Yezu n’abigishwa biwe. Ivyo bice bibiri bikuru vya Bibiliya, bikwiye kwitwa “Ivyanditswe vy’igiheburayo,” “Ivyanditswe vy’ikigiriki.” Icemeza ko binama rimwe, ni uko Ivyanditswe vy’ikigiriki bisubira mu vyanditswe vy’igiheburayo incuro zishika nka 365, kandi bigakoresha Ivyanditswe vy’igiheburayo incuro zishika nka 375.
GUKWIZA BIBILIYA MU BANTU BOSE
12. Ni kuki Yehova yategetse ko Bibiliya yimurwa?
12 Vya bitabu vyāndikwa ubwa mbere iyo biba ari vyo vyariho gusa, Ijambo ry’Imana ryoshoboye gute gusomwa n’abantu bose? Ni co gituma Yehova yategetse ko ivyanditswe muri ico gitabu ca mbere, bija birimurwa. (Gusubira mu vyagezwe 17:18) Akarorero nka Ezira, yari “umuhanga mu kwimura Ivyagezwe vya Musa, vyari vyatanzwe na Yehova Imana y’Abisirayeli.” (Ezira 7:6, NW) Bisubiriye, Ivyanditswe vy’ikigiriki na vyo nyene vyarimuwe incuro ibihumbi n’ibihumbi.
13. (a) Ni igiki cari gikenewe kugira ngo abantu benshi bashobore gusoma Bibiliya? (b) Bātanguye guhindura Bibiliya ryari?
13 Urazi gusoma igiheburayo canke ikigiriki? Ni waba utabizi, ntushobora rero gusoma ibitabu vya Bibiliya vya mbere vyanditswe n’iminwe. Bimwe bimwe biracariho n’ubu. Kugira ngo ushobore gusoma Bibiliya, itegerezwa guhindurwa mu rurimi uzi. Uko guhindura Bibiliya mu ndimu nyinshi, kwafashije abantu benshi gusoma Ijambo ry’Imana. Akarorero, abantu benshi bātanguye kuvuga ikigiriki hasigaye imyaka ishika 300 ngo Yezu avuke. Kubera ico, mu mwaka wa 280 imbere y’ivuka rya Yezu, batangura guhindura Ivyanditswe vy’igiheburayo mu kigiriki. Iyo Bibiliya baca bayitazira ngo ni “Septante.”
14. (a) Ni kuki abakuru bamwe bamwe b’idini ya gatolika barwanye ngo Bibiliya ntihindurwe mu zindi ndimi? (b) Ni igiki cerekana ko bānaniwe?
14 Haciye imisi, ikilatini gitangura kuvugwa n’abantu benshi, na yo Bibiliya ica ihindurwa mu kilatini. Munyuma, abakivuga batangura kugabanuka uko bukeye uko bwije, benshi batangura kuvuga izindi ndimi nk’icarabu, igifaransa, igisipanyoli, igiporotugali, igitaliyano, ikidagi n’icongereza. Abakuru b’idini ya gatolika bārarwanye igihe kitari gito ngo Bibiliya ntihindurwe mu rurimi ruzwi n’abantu bose; batako baja baraturirira ku biti abo bose bayifise. Ivyo bābigira kubera ko Bibiliya ihishura inyigisho zabo z’ibinyoma n’imigenzo yabo mibi. Haciye imisi barananirwa, Bibiliya ica itangura guhindurwa mu ndimi nyinshi, kandi itangura gukwizwa hose. Ubu Bibiliya ishobora gusomwa yose canke igice cayo mu ndimi zirenga 1 700.
15. Ni kuki ari vyiza gusoma Bibiliya zihinduwe vuba?
15 Uko imyaka yataha ni ko abantu baja barahindura Bibiliya mu buryo butandukanye, ariko mu rurumi rumwe. Akarorero, mu congereza conyene, hari ubwoko bwa Bibiliya burenga mirongo ibiri. Ni kuki imwe itari kuba ihagije? Ni uko ukw imyaka ihera, ni ko ururimi rutera imbere. Ugereranije Bibiliya yahinduwe kera n’izi zihindurwa muri iki gihe, wosanga imvugo yarahindutse. N’aho zose ziguma zitanga ivyiyumviro bimeze nk’ibisa, izihindurwa ubu zirumvikana neza. Dukengurukire rero abo bahindura Bibiliya muri iyi misi, kubera ko bahindura Ijambo ry’Imana mu mvugo y’ubu, yorohera abantu bose kuyitegera.
BIBILIYA NTIKIRI NK’UKO YANDITSWE UBWA MBERE?
16. Ni kuki abantu bamwe bamwe viyumvīra ko Bibiliya itakiri nk’uko yanditswe ubwa mbere?
16 Hari aho wobaza uti: ‘Twokwemezwa n’iki ko amajambo ari muri Bibiliya dufise ubu, asa n’amwe abanditsi ba Bibiliya bakura ku Mana?’ Kwimura Bibiliya bagasubīra, mu myaka amajana n’amajana, ntivyatumye amakosa ayinjiramwo? Ego ni ko, mugabo abahinduzi ba Bibiliya b’iki gihe bārayatoye batako barayakosora. Ubu amajambo arimwo ni nk’amwe Imana yashikiriza abanditsi ba Bibiliya ba mbere. Hari icobitwemeza?
17. Ni igiki kitwemeza ko Bibiliya ikiri nk’uko yanditswe ubwa mbere?
17 Hagati y’umwaka wa 1947 na 1955 hariho ibitabu vyatowe batāzira ngo ni Ibitabu vyo ku Kiyaga c’Umunyu (mer morte). Bimwe muri ivyo bitabu ni ivyo mu mwaka wa 100 gushika ku wo 200 imbere y’ivuka rya Yezu. Kimwe muri vyo cimuriwemwo ivyanditswe na Yesaya. Imbere y’uko ivyo bitorwa, igitabu ca Yesaya ca kera mu giheburayo cariho, cari ico mu mwaka wa 1 000 inyuma y’ivuka rya Yezu. Ivyo bitabu bibiri bamaze kubigereranya, basanga bitandukaniye ku tuntu ataco tuvuze, akarorero nk’indome gusa. Ni ukuvuga ko mu myaka irenga 1 000 ico gitabu cimurwa ata kintu cahindutse.
18. (a) Amakosa y’abimuye Bibiliya yakosowe gute? (b) Ni igiki codukura amazinda ku vyerekeye Ivyanditswe vy’ikigiriki?
18 Ubu hariho Ivyanditswe vy’igiheburayo, vyīmuriwe kera mu bitabu birenga 1 700. Ivyo bitabu bigereranijwe, n’udukosa duto duto abavyimuye bāgize turashobora gutorwa hanyuma tugakosorwa. Bitayeko kandi, hariho Ivyanditswe vy’ikigiriki vyīmuriwe kera cane mu bitabu ibihumbi n’ibihumbi, bimwe muri vyo bikaba ari ivyo hafi yo mu gihe ca Yezu n’intumwa ziwe. Nk’uko Umushingantahe Frederic Kenyon yabivuze, “Impamvu za nyuma zotumye tubandanya gukeka ko Ivyanditswe vyādushikiriye birimwo amakosa zirahavuye.” — The Bible and Archaeology, urupapuro rwa 288, 289.
19. (a) Tanga akarorero kerekana ingene bāgerageje kwungurira Bibiliya. (b) Ni kuki amajambo ari muri 1 Yohani 5:7 dusanga muri Bibiliya zimwe zimwe ari ayo bunguriye Bibiliya ya mbere na mbere?
19 Ivyo si ukuvuga ko ata na rimwe bigeze bagerageza kwonona Ijambo ry’Imana. Dufate akarorero nko muri 1 Yohani 5:7, muri Biblia Takatifu y’igiswahiri yahinduwe n’abagatolika, tuhasoma ibi bikurikira: “Hari batatu bashinga intahe mw ijuru: Data, Jambo na Mutima Mweranda; abo batatu bakaba bafataniye hamwe.” Ayo majambo nta na hamwe ari mu Vyanditswe vya kera vyose, yōngeweko n’umuntu yariko aragerageza gushigikira inyigisho y’ubutatu. Kubera ko vyamenyekanye ko ayo majambo atāvuye ku Mana, ntushobora kuyasanga muri Bibiliya zihindurwa ubu.
20. Ni igiki kitwemeza ko Bibiliya y’ubu ari co kimwe n’iya mbere?
20 Uwovuga ko amajambo ari muri Bibiliya z’ubu ari ayandi atari amwe Imana yashikiriza abanditsi ba Bibiliya ba kera yoba ataco azi. Imana Yehova yarabungabunze Ijambo ryayo, iririnda amakosa yokwinjijwemwo n’abaryimura, itako iririnda n’abagerageza kuryungurira. Bibiliya yo nyene ivuga ko Imana yasezeranye ko yobungabunze Ijambo ryayo ngo ntiryandure gushika muri iki gihe cacu. — Zaburi 12:6, 7; Daniyeli 12:4; 1 Petero 1:24, 25; Ivyahishuriwe Yohani 22:18, 19.
BIBILIYA IVUGISHA UKURI GUSA?
21. Ijambo ry’Imana Yezu Kirisitu yaribona ate?
21 Igihe Yezu yariko arasenga yavuze ngo: “Ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yohani 17:17) Ivyo ni ivy’ukuri? Utohoje Bibiliya usanga ivugisha ukuri gusa? Abahinga biga ivyabaye, bāratangajwe n’uko Bibiliya ibitomora. Iradondagura amazina kandi igatanga ido n’ido ry’ivyabaye bishobora kwemezwa ata mazinda. Uburorero bumwe bumwe ngubu:
22-25. Tanga uburorero bwerekana ko Bibiliya yigāna neza ivyabaye.
22 Itegereze ivyo bishushanyo vy’abantu n’izo ndome biri ku ruhome rw’urusengero rw’i Karanaki mu Misiri. Vyerekana igihe umwami Farawo Shishaki yatera umwami w’i Yudaya Rehobowamu umuhungu wa Salomo akamutsinda; hashize nk’imyaka 3 000. Ivyo Bibiliya na yo nyene iravyigana. — 1 Abami 14:25, 26.
23 Raba kandi iryo buye ry’i Mowabu. Iryanditsweko ayo majambo ubwa mbere na mbere, n’ubu ribitswe mu nyubakwa bazigamiramwo ivya kera i Paris mu Bufaransa. Iryo buye ryanditsweko ingene umwami Mesha w’i Mowabu yagararije Abisirayeli. Na Bibiliya iravyigana. — 2 Abami 1:1; 3:4-27.
24 Aho hirya mu kuryo, hari ikizunga c’i Silowamu n’urwinjiriro rw’inzira y’i Yeruzalemu ica mu musozi ireha na metero 533, ingenzi zo muri iki gihe cacu zama zicamwo. Ivyo na vyo bitērēye agacumu k’ubumwe mu kwemeza ko Bibiliya ari imvugakuri. Gute? Kubera ko isigura ko umwami Hezekiya yimbishije iyo nzira; hashize imyaka irenga 2 500, kugira ngo azigame ikizunga ciwe c’amazi ntikize cononwe n’abaje kumutera. — 2 Abami 20:20; 2 Ngoma 32:2-4, 30.
25 Mu nzu bazigamiramwo ivya kera yo mu Bwongereza (British Museum), hari ibuye ririko urutonde rw’ivyabaye ku ngoma ya Nabonide. Iryo buye ryigāna ugusenyuka kw’ingoma y’i Babiloni, ariko ntiryigera rivuga ko Belishaza yigeze kuganza i Babiloni nk’uko Bibiliya ibitwereka. (Daniyeli 5:30, 31) Hariho igihe ibitabu vyose vyavuga ko Nabonide ari we yabaye umwami wa nyuma w’i Babiloni; abansi ba Bibiliya rero baca baboneraho akaryo ko kuyinebagura ngo irabesha Belishaza ntiyigeze kubaho. Muri iyi myaka iheruka, baraye batoye igitabu gitohora ko Belishaza yari umuhungu wa Nabonide, yasangiye inganji na se i Babiloni. Nta gukeka, Bibiliya ni imvugakuri nk’uko uburorero bwinshi bubishingira intahe.
26. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko no mu vy’ubuhinga Bibiliya ari imvugakuri?
26 Ukuri kwa Bibiliya ntikugarukira ku vyabaye yigāna gusa ariko ivyo ivuga vyose ni ivy’ukuri. Igihe yigisha ivy’ubuhinga (science), na vyo nyene irabitomora bimwe bitangaje. Ngubu uburorero bubiri: Kera cane, abantu bari bazi ko isi iteretse ku kintu c’inganzamarumbu. Bibiliya ivuga ngo: “Isi iyenetsa ku busa.” (Yobu 26:7) Aho ihujije n’uko abanyabwenge mu vy’ubuhinga bābibonye. N’aho kera abantu bari bazi ko isi ibāse, Bibiliya ivuga ko Imana “ivyagiye hejuru y’ahihese h’isi.” — Yesaya 40:22, NW.
27. (a) Ni ikimenyamenya ntahinyuzwa ikihe cerekana ko Bibiliya iva ku mana? (b) Ni amajambo ayahe dusanga mu Vyanditswe vy’igiheburayo atāteye igihusho ku vyobaye ku Mwana w’Imana?
27 Ikimenyamenya gikuru c’uko Bibiliya iva ku Mana, ni uko idahusha igihe yerekana ibizoza. Nta gitabu na kimwe c’abantu gishobora kwerekana ibizoba muri kazoza. Bibiliya yo yaravyerekanye. Amajambo menyesha kazoza amwe amwe ya rurangiranwa, yerekeye kuza kw’Umwana w’Imana kw isi. Ivyanditswe vy’igiheburayo vyatomoye hasigaye imyaka amajana n’amajana, ko Uwo Samuragwa yovukiye i Betelehemu, kandi akavyarwa n’inkumi itaramenya umugabo; munyuma ko yogurishijwe amahera 30; ko azoharūranwa n’abanyabicumuro; ko ata gufa ryiwe na rimwe rizovunwa, kandi ko imyambaro yiwe bazoyipfindanirako; n’ibindi vyinshi. — Mika 5:2; Matayo 2:3-9; Yesaya 7:14; Matayo 1:22, 23; Zekariya 11:12, 13; Matayo 27:3-5; Yesaya 53:12; Luka 22:37, 52; 23:32, 33; Zaburi 34:20; Yohani 19:36; Zaburi 22:18; Matayo 27:35.
28. (a) Ni kuki twoshira amakenga ko ivyerekeye kazoza biri muri Bibiliya bitararanguka bizoranguka ata kabuza? (b) Kubandanya gutohoza Bibiliya bizokujijura rwose ku vyerekeye iki?
28 Nk’uko vyavuzwe mu kigabane ca mbere c’iki gitabu, Bibiliya yavuze kuva kera ko iyi si ishaje yimirije guhera, igasubirirwa n’iyindi nshasha irimwo ubutungane. (Matayo 24:3-14; 2 Petero 3:7, 13) Twishimire ivyo vya kazoza bitararāngūka none? Umuntu amaze kukubwira ukuri ibihetangabo ijana, hanyuma akakubwira ikintu kimwe utari bwumve, woca umwita ubwo nyene ko ari umunyabinyoma? Ubigize utyo, woba ujujuse. Na Bibiliya ni uko nyene. Nta mpamvu n’imwe yotuma twanka kwemera ivyo Imana yadusezeraniye biri muri yo. Ijambo ryayo ni iry’ukwizigirwa! (Tito 1:2) Ubandanije gutohoza Bibiliya, wojijuka rwose ko iva ku Mana.
[Ifoto ku rup. 49]
Mu kwandika Bibiliya nka yose, Imana yakoresheje abantu nk’uko abakuru b’akazi bakoresha abakarani mu kwandika ikete
[Ifoto ku rup. 50]
Abakuru b’idini bamwe bamwe bārarwanye kugira ngo Bibiliya ntikwire hose, gushika aho baturirira ku biti abāri bayifise
[Ifoto ku rup. 52, 53]
Igitabu ca Yesaya co ku Kiyaga c’Umunyu
[Amafoto ku rup. 54, 55]
Uruhome rw’urusengero rw’i Karanaki mu Misiri
Ibuye ry’i Mowabu
Urwinjiriro rw’inzira ya Hezekiya ica mu musozi; hamwe n’ikizunga c’i Silowamu
Ibuye ririko urutonde rw’ivyabaye ku ngoma ya Nabonide