ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 4 rup. 34-46
  • Imana Ni Nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana Ni Nde?
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI IVY’UKURI IMANA IRIHO
  • MBE IMANA IRAFISE AKARANGA?
  • IMANA IFISE KAMERE KI?
  • IMANA NI YEZU CANKE NI UBUTATU?
  • IZINA RY’IMANA
  • IMANA Y’IMIGABO
  • UBURYO BWO GUSENGA YEHOVA
  • Imana y’Ukuri Ni Nde?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Imana yitwa nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Imana Ni Nde?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 4 rup. 34-46

Ikigabane ca 4

Imana Ni Nde?

1. (a) Ni imana izihe zasenzwe n’abantu? (b) Bibiliya itandukanya ite izo mana n’Imana?

MW ISI hari imana nyinshi zisengwa. Mw idini ya Shinto, ya Buddha, mu y’abahindi no mu y’ababandwa, basenga umuvuvu w’imana. Imana nka Zeyu na Herume zasengwa mu gihe c’intumwa za Yezu. (Ivyakozwe n’intumwa 14:11, 12) Ni co gituma Bibiliya yemera ko “hariho ‘imana’ nyinshi,” kandi ikavuga ko “twebwe tiwifitiye Imana imwe, Data, uw’ibintu vyose vyakomotseko.” (1 Ab’i Korinto 8:5, 6, NW) Bokubaza bati iyo Mana ni nde, wokwishura iki?

2. Abantu biyimvīra Imana mu buryo ubuhe bunyuranye?

2 Benshi bavuga ngo ni ‘Uhoraho,’ canke hari aho bavuga ngo ‘ni impwemu iri mw ijuru.’ Hari igitabu nyizamvugo (dictionnaire), kivuga ngo “ni Usumba vyose”. Bamwe babajijwe izina ryiwe, bishura ngo ni ‘Yezu.’ Abandi na bo ntibibaza ko Imana ifise akaranga, ariko bazi ko ari ububasha bukwiye hose. Hari abandi na bo bakeka ko Imana itariho. Icotwemeza ko iriho ni igiki?

NI IVY’UKURI IMANA IRIHO

3. Kugira ngo inzu ihagarare bigenda gute?

3 Uramaze kwitegereza inyubakwa isharije ugaca wibaza uwayubatse uwo ari we? Uwokubwira ko ari yo yiyubatse wovyemera? Birumvikana ko utovyemera. Nk’uko umwanditsi wa Bibiliya yavuze, “inzu yose yubatswe n’umuntu.” Hanyuma none twanke aya majambo agerekako ngo “uwubatse ibintu vyose ni Imana”? — Abaheburayo 3:4, NW.

4. Umunyevu w’inyenyeri wabayeho ute?

4 Raba umunyevu w’inyenyeri ziri mu kirere. Zigendera ku mategeko agenga uburyo zatunganijwe, kugira ngo imwe imwe ikorere hamwe n’izindi. “Ni nde yaremye ivyo vyose?” Ico ni ikibazo cabajijwe kera cane. Inyishu ya Bibiliya ngiyi: “Asohora [inteko zazo] mu bitigiri; azihamagara zose mu mazina. (Yesaya 40:26) Bwoba ari ubujuju kuvuga ngo uwo muvuvu w’inyenyeri ni wo wishizeho, utako uritunganya bitangaje gushika aho imwe imwe itarenga amategeko ayigenga.​—Zaburi 14:1.

5. (a) Hari uburyo bw’uko ivyuma bishobora kwiyegeranya vyonyene bikigira imashini? (b) Ivyo vyerekana iki none ku vyerekeye iyi si n’ibiri mu kirere?

5 Kugira ngo uwo munyevu w’inyenyeri utunganijwe bitangaje ubeho, harakenewe Umuremyi w’umuhinga, kandi afise ubushobozi. (Zaburi 19:1, 2) Umugabo umwe afise ihinguriro bāmubajije igituma yemera Imana, yishura ko mw ihinguriro ryiwe, kugira ngo umukozi akoranye ibihimba 17 bigize imashini yo gusya inyama, akoresha imisi ibiri. Yongerako ati: “Jewe ndi umucuzi w’imbugita gusa, ariko ico nzi co, ni uko n’aho boterera ivyo bihimba 17 mu ngunguru, bakabijegeza mu myaka imiliyoni 17, ntibizokwigera vyiyegeranya ngo bibe imashini yo gusya inyama.” Ibiri mu kirere, iyi si bo n’ibiri kuri yo, biragoye gutegera kurusha imashini yo gusya inyama. Iyo mashini ni yaba ikeneye umuhinga ayihingura, ni ngombwa ngo n’iyi si ibe yarakeneye Imana ishobora vyose kugira ngo ibeho. Ni kuki none tutoyishemeza? — Ivyahishuriwe Yohani 4:11; Ivyakozwe n’intumwa 14:15-17; 17:24-26.

MBE IMANA IRAFISE AKARANGA?

6. Ikitwemeza ko Imana ifise akaranga ni igiki

6 N’aho abantu indiri bavuga ko bemera Imana, benshi ntibemera ko ifise imero. None irayifise? Ahari ubwenge, haba hari n’ukwiyumvīra. Akarorero, hari aho twovuga duti: ‘Sinshobora gufata ingingo.’ Bitayeko, tuzi ko ahari ukwiyumvīra haba hari ubwonko, na bwo bukaba buri mu mubiri ufise akaranga kawo. Ni uko nyene, Imana Mushobora Vyose ni yo ifise ubwenge buhebuje bwabeshejeho ibiremwa vyose biriho. N’aho idafise umubiri nk’uw’umuntu, ariko ifise uw’impwemu. Umuntu w’impwemu ari n’umubiri? Egome Bibiliya irabivuga: “Asangwa hariho umubiri w’inyama, hariho kandi n’uw’impwemu.” — 1 Ab’i Korinto 15:44; Yohani 4:24.

7. (a) Ni igiki kitwereka ko Imana iri n’ahantu iba? (b) Ikitwereka ko iri n’umubiri ni igiki?

7 Kubera ko Imana ifise akaranga, itegerezwa kuba ifise aho ivyagiye. Bibiliya yerekana ko ijuru ari ryo “hantu hatayegayezwa ivyagiye.” (1 Abami 8:43) Ivuga kandi ko “Kirisitu . . . yinjiye mw ijuru ubwaho, kugira ngo aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.” (Abaheburayo 9:24) Abantu bazoherwa ubuzima mw ijuru hamwe n’Imana bazoronka umubiri w’impwemu. Bazobona Imana, kandi bazosa na yo. (1 Yohani 3:2) Ivyo vyerekana kandi ko Imana ifise akaranga, kandi ko ifise n’umubiri.

8, 9. (a) Akarorero k’isōko ntanganguvu z’umuyagankuba, katwereka gate ingene ubushobozi bw’Imana bushika hose? (b) Impwemu Yera y’Imana ni igiki; kandi ishobora gukora iki?

8 Hari uwobaza ati: ‘Imana ni yaba ifise imero kandi ikaba iba mw ijuru, bishoboka bite ko ibona ibigirwa hose? Bitayeko, inkomezi zayo zokwira hose zite? (2 Ngoma 16:9) Kuvuga ko Imana ifise akaranga, ntaco bigabanya ku bukuru n’ubushobozi bwayo, bo no ku cubahiro dukwiye kuyiha. (1 Ngoma 29:11-13) Kugira ngo tuvyumve neza, dufate akarorero k’isōko ntanganguvu z’umuyagankuba.

9 Isōko ntanganguvu ritegerezwa kuba riri n’aho ryubakiwe, mu gisagara canke mu micungararo yaco, ariko umuyagankuba ritanga ushobora gukwiragizwa muri iyo ntara, ukatsa amatara canke amamashini. N’Imana iri mw ijuru, ariko impwemu yera ari yo nkomezi zayo zitaboneka, ishobora gushika hose mw ijuru no kw isi. (Yesaya 57:15; Zaburi 123:1) Iyo mpwemu yera ni yo yakoresheje mu kurema ijuru, isi n’ibiri kuri yo vyose. (Zaburi 33:6; Itanguriro 1:2; Zaburi 104:30) Kugira ngo ibireme, ntiyari ikeneye kuhibera yo nyene, ahubwo yarashobora gutuma impwemu ari yo nkomezi zayo, n’aho yaba iri kure. Ese ukuntu ari Imana itangaje! — Yeremiya 10:12; Daniyeli 4:35.

IMANA IFISE KAMERE KI?

10. Dushobora kumenya Imana mu buryo ubuhe?

10 Imana yoba ifise kamere yotuma urundo tuyifitiye rwongerekana uko tubandanya kuyitahura? ‘Vyoshoboka,’ ngira ngo uko ni ko wokwishura. ‘Ariko kubera ko dudashobora kuyibona, bishoboka bite ko tuyimenya neza?’ (Yohani 1:18) Bibiliya ivuga ngo: “Kamere yayo itaboneka ibonekera kw iremwa ry’isi, ubwenge ni bwo buyitahura kubera ivyaremwe; ego, ubushobozi bwayo bwamaho hamwe n’ubumana bwayo.” (Abaroma 1:20, NW) Ivyo Imana yaremye tuvyihweje tugatako tukabizirikana, vyodufasha gutahura uko imeze.

11. Ivyo Imana yaremye bidufasha bite kuyitahura?

11 Nk’uko twamaze kubibona, ukubitije akajisho gusa ku nyenyeri ziri mw ijuru, uca ubona neza ubukuru n’ubushobozi bw’Imana butarutwa. (Zaburi 8:3, 4; Yesaya 40:26) Hanyuma raba isi na yo: Imana yayineze mu kirere, aho ishobora kuronka umuco n’ubushuhe bukwiye biva ku zuba. Raba urukwirikirane rw’ibintu rutuma amazi aguma aboneka: imvura iragwa, igatembera mu nzuzi, inzuzi na zo zigatembera mu biyaga, izuba ryaka umwuka ukaduga hejuru, ugasubira kuba imvura kandi. (Umusiguzi 1:7) Hari urukwirikirane rw’ibintu ruri mu buryo bwinshi Imana yaremye, kugira ngo ironse abantu n’ibikōko ivyokurya, uburyamo n’ibindi vyinshi bikenewe. None ivyo bintu vy’agatangaza vyose ntaco bitwigisha ku vyerekeye kamere y’Imana? Bitwigisha ko Imana ari agahambaye mu bwenge, ko ari inyabuntu, kandi ko yitwararika ibiremwa vyayo. — Imigani 3:19, 20; Zaburi 104:13-15, 24, 25.

12. Umutumba wawe wo ntaco ukwigisha ku vyerekeye Imana?

12 Raba umutumba wawe: ntiwaremewe kubaho gusa, ariko cane cane kubaho mu gahimbare. (Zaburi 139:14) Amaso atuma tubona amabara menshi kandi meza, imfugurwa na zo twumva akanovera kazo kubera ko twahawe guhonja no kumoterwa; ivyo bigatuma gufungura bitaba umwuga turāngūra gusa, ariko biba agahimbare. Ego ni ko, ivyo tudondaguye si vyo nkenerwa cane mu buzima, ariko twabihawe n’Imana itegekanya, kandi yuzuye ubuntu n’urukundo. — Itanguriro 2:9; 1 Yohani 4:8.

13. Ivyo Imana igirira abantu vyo bitwigisha iki ku biyerekeye?

13 Twitegereje ivyo Imana igirira abantu na vyo, vyodufasha kumenya uko imeze. Ni Imana y’ubutungane ntangere kubera ko idatonesha ubwoko kanaka ngo yanke ubundi kanaka. (Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35) Bitayeko, igira imbabazi n’ubuntu. Ku vyerekeye ihanga ry’Abisirayeli yabohoye mu buja i Misiri, Bibiliya itubwira ibi bikurikira: “Yuzuye imbabazi, . . . kandi yibuka yuko ari abantu buntu.” Ico nticabujije ko Abisirayeli bagarariza kenshi bakayishavuza. Dusoma ibi bikurikira: “Bayibabariza mu karere! . . . bakaratsa Iyera y’Abisirayeli.” (Zaburi 78:38-41; 103:8, 13, 14) Mugabo igihe abayambaza bubaha ivyagezwe vyayo, birayishimisha. (Imigani 27:11) Igihe abansi babo babagiriye nabi, ngibi ivyo ibivugako: “Ubakorako, aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje.” (Zakariya 2:8) Nta gishika wiyumvamwo co gukunda Imana nk’iyo igirira igishika twebwe turi ubusa ataco tumaze, itarinze kurobanura amoko? — Yesaya 40:22; Yohani 3:16.

IMANA NI YEZU CANKE NI UBUTATU?

14. Inyigisho y’ubutatu ivuga ngo iki?

14 Iyo Mana y’akatabonetse ni nde? Bamwe bavuga ngo ni Yezu, abandi na bo ngo ni Ubutatu, n’aho iryo jambo ata na hamwe riri muri Bibiliya. Abigisha ubwo butatu bavuga ko hari batatu bafataniye muri umwe; ni ukuvuga “Imana imwe irimwo Data, Mwana na Mutima Mweranda.” Amadini menshi aravyigisha n’aho yemera ko ari “ibiyoberabahinga.” Uko ni ko Imana iri koko?

15. Bibiliya yerekana ite ko Imana na Yezu ari abantu babiri batandukanye kandi batangana?

15 Hari aho Yezu yigeze yihaya ngo ni Imana? Nta na rimwe. Ahubwo Bibiliya ivuga ko ari “Umwana w’Imana.” Mbere we nyene yivugiye ngo “Data aranduta.” (Yohani 10:34-36; 14:28) Bitayeko, yavuze ngo hari ibintu bimwe bimwe we hamwe n’abamarayika batāmenya, ariko vyāmenywa n’Imana gusa. (Mariko 13:32) Ikindi gihe yasavye Imana ati: “Ntibibe nk’uko ngomba, ariko bibe nk’uko ugomba.” (Luka 22:42) Iyo Yezu aba yari Imana ishobora vyose, ntiyari kwisenga? Yezu amaze gusandaba, Bibiliya ivuga ngo: “Uwo Yezu Imana yaramuzuye.” (Ivyakozwe n’intumwa 2:32) Ivyo vyerekana rero ko Imana Mushobora Vyose na Yezu ari babiri batandukanye. N’aho apfiriye akazurwa, yagumye arutwa na Se. — 1 Ab’i Korinto 11:3; 15:28.

16. N’aho Yezu atazīrwa ngo ni Imana, ni igiki cerekana ko atari Imana ishobora vyose?

16 ‘Ntaho Yezu yitwa Imana muri Bibiliya?’ Hari uwobaza ico kibazo. Ivyo ni vyo, ariko na Shetani nyene yitwa imana. (2 Ab’i Korinto 4:4) Muri Yohani 1:1, aho Yezu atazirwa ko ari “Jambo,” Bibiliya zimwe zimwe zihahindura uku: “Ubwa mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo yari Imana.” Raba ku murongo wa 2 havuga ngo: “Ubwa mbere na mbere Jambo yahoranye n’Imana. Abantu ni baba barabonye Yezu, umurongo wa 18 uvuga ngo: “Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe.” Hariho Bibiliya zimwe zimwe zihindura neza umurongo wa 1 nk’uko vyānditswe ubwa mbere na mbere mu kigiriki: “Jambo yari kumwe n’Imana,” kandi uwo Jambo yari nk’Imana,” canke yari “imana,” ni ukuvuga ko yari afise ubushobozi busa n’ubw’Imana. (Bible du Centenaire) Ivyo birumvikana ko Yezu atari Imana ishobora vyose. Kanatsinda yise Se. “Imana yanje;” “Imana yonyene y’ukuri.” — Yohani 20:17; 17:3.

17. Gushungururwa kw’impwemu yera ku bigishwa ba Yezu kwerekana gute ko impwemu yera atari umuntu?

17 Ku vyerekeye ‘Impwemu Yera canke Mutima Mweranda,’ umwe bita ngo ni uwa gatatu muri bwa butatu, twamaze kubona ko atari umuntu muzima, ariko ko ari inkomezi Imana ikoresha. Yohani Umubatizi yavuga ko Yezu yobatirishije impwemu yera nk’uko we nyene yabatirisha amazi. Nk’uko ayo mazi atari umuntu, ni ko n’iyo mpwemu yera nyene atari umuntu. (Matayo 3:11) Ivyo Yohani yavuze vyarāngūtse igihe impwemu yera ishungururiwe ku bigishwa ba Yezu bāri bakoraniye i Yeruzalemu, munyuma y’ugupfa n’ukuzuka kwiwe. Bibiliya ivuga ngo: “Bose buzuzwa impwemu yera.” (Ivyakozwe n’intumwa 2:4, NW) Bujujwe umuntu? Oya, bujujwe inkomezi z’Imana. Bica rero bigaragara ko ubutatu atari inyigisho iva muri Bibiliya. Yezu ataraza kw isi, imigwi y’imana zitatu zitatu yarasengwa mu bihugu nka Misiri na Babiloni.

IZINA RY’IMANA

18. (a) “Imana” ni ryo zina ry’uruharo ry’Imana Ishobora vyose? (b) Izina ryayo yisangije ni irihe?

18 Nta gukeka, abantu bose uzi bafise amazina. N’Imana nyene iri n’izina yiharije, riyitandukanya n’izindi. ‘Izina ryayo si “Imana?” hari abobaza gutyo. Oya, “Imana” ni izina ry’icubahiro gusa nka “Perezida,” “Umwami,” canke “Umucamanza.” Izina ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya incuro zishika 7 000. Akarorero, nko muri Bible de Crampon (1905), muri Zaburi 83:19 hasomwa uku: “Bamenye ko izina ryawe, ko wewe wenyene YEHOVA, usumba vyose kw isi yose.” Ahandi turisanga muri Bibiliya zitari nke, ni mu Vyahishuriwe Yohani 19:1-6, ryihishije mw ijambo “Alleluia” canke “Hallelujah,” risobanurwa ngo “shimagiza Yah,” impfunyapfunyo ya Yehovah.

19. (a) Ni kuki abantu benshi batangara igihe baserutse kw izina ry’Imana muri Bibiliya? (b) Izina ry’Imana ryanditswe he muri Bibiliya Yera y’ikirundi?

19 Abantu benshi baratangara igihe babonye ko izina ry’Imana riri muri Bibiliya, kubera ko muri Bibiliya nyinshi ryanditswe ahantu hamwe hamwe, canke ata na hamwe ryanditswe namba. Akarorero nko muri Bibiliya Yera y’ikirundi, turisanga habiri gusa: muri Yesaya 12:2; 26:4. Ahandi hose ryategerezwa kwandikwa, ryasubiriwe n’izina ry’icubahiro “Uhoraho” canke “UHORAHO” vyanditswe mu ndome nkuru nkuru, kugira ngo baritandukanye n’ijambo “uhoraho” risanzwe. Raba Kuvayo 6:2, 3; Yeremiya 16:21.

20. (a) Ni kuki izina ry’Imana ryari ryibagiranywe? (b) Uko ni ko bitegerezwa kumera?

20 Urashobora kubaza uti: ‘Ni kuki none mu gishingo caryo handitswe Uhoraho kandi atari ko vyari biri muri Bibiliya yatanguye kwandikwa?’ Mw ijambo ry’intagamarara muri Bibiliya yitwa American Standard Version, barasigura igituma bākoresheje izina ry’Imana Yehova, n’igituma ryāri rimaze igihe kirekire ridakoreshwa. Nguku uko babivuga: “Bahejeje kuvyihweza neza, abakosora iyi Bibiliya bāfatiye ingingo icarimwe, ko ubwoba bw’abayahudi bwatuma birinda kuvuga izina ry’Imana ngo ni iryera cane ntirikwiye gucishwa mu kanwa, budakwiye kuganza abahindura Bibiliya mu congereza canke mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. . . . Iryo zina ry’uruharo hamwe n’amajambo meranda yose ajanirana na ryo, vyasubijwe mu kibanza bikwiye mu Vyanditswe vyera ata mpari zihabaye.” Abo bahinduzi ba Bibiliya bābonye ko kuzimanganya izina ry’Imana bitabereye, baca bararigarukana muri Bibiliya.

21. Bibiliya ya Douay yahinduwe n’abagatolika ivuga iki ku vyerekeye izina ry’Imana?

21 Hari abahārīra ngo ijambo “Yehova” ntirikwiye gukoreshwa, ngo kubera ko atari ryo zina ry’Imana vy’ukuri. Akarorero, Bibiliya y’icongereza ya Douay yahinduwe n’abagatolika itigera ikoresha izina ry’Imana, isigura Kuvayo 6:3 muri ubu buryo: “Abahinga mu vya Bibiliya b’iki gihe bahinguye izina Yehova . . . uko iryo zina rikwiye kuvugwa nk’uko abaheburayo bārivuga kwarazimanganye kubera ko hashize igihe kirekire ridakoreshwa.”

22. (a) Izina ry’Imana ryanditswe gute mu rurimi rw’igiheburayo? (b) Ni kuki bigoye gutahura neza uko izina ry’Imana ryavugwa n’Abaheburayo kera?

22 Nk’uko iyo Bibiliya yahinduwe n’abagatolika ibivuze, mu rurimi rw’igiheburayo ari rwo ibitabu 39 vya Bibiliya bitangura vyanditswemwo, izina ry’Imana riri mu ndome zine, YHWH. Kera, igiheburayo candikwa kitagira indome zivuga nka a, e, i, o, u, zidufasha gutobora amajambo. Aho bigoreye ni uko ubu tudafise uburyo na bumwe bwo gutahura neza indome zivuga abaheburayo bāshira muri izi ndagi YHWH.

23. Izo ndagi “kwmbz” z’ijambo “kwambaza” zidufasha zite gutahura ingorane ziri mu vy’ukuvuga izina ry’Imana?

23 Kugira ngo tubitegere neza, dufate akarorero nk’ijambo “kwambaza.” Nk’igihe boba batanguye kuja bararyandika “kwmbz,” hanyuma ntiribe rikivugwa, uwuzorisanga mu gitabu hashize imyaka 1 000 azomenya kurivuga ate kandi atazi indome zivuga zākoreshwa hamwe n’izo ndagi? N’izina ry’Imana ni uko riri. Uko ryāhora rivugwa kera ntibizwi neza. N’aho abahinga bamwe mu vya Bibiliya bibaza ngo “Yahweh” ni vyo vyiza, ariko “Yehova” ryatanguye kuvugwa kuva kera cane kandi rizwi hose.

24. (a) Ni kuki bikwiye ko dukoresha izina ry’Imana n’aho twoba tutarivuga nk’uko bitegerejwe? (b) Dukurikije Ivyakozwe n’intumwa 15:14, ni kuki gukoresha izina ry’Imana bifise akamaro?

24 Ni vyiza ko izina ry’Imana turikoresha n’aho twoba tutarivuga nk’uko ryavugwa kera n’Abaheburayo? Mbona dukoresha n’ayandi mazina y’abantu ari muri Bibiliya, kandi tutayavuga nk’uko avugwa mu giheburayo. Akarorero, Yezu mu giheburayo yitwa “Yesh’ua.” Ni nk’uko nyene, izina ry’Imana ryāhishuwe muri Bibiliya, bikwiye ko turikoresha n’aho twoba turivuga ngo ni “Yahweh,” “Yehova,” canke ukundi ryoba rishobora kuvugwa n’abantu bose mu rurimi rwacu. Ikibi ni “ukwirinda” kurikoresha. Kuki? Kubera ko abatarikoresha, badashobora guharūrwa muri bamwe Imana irobanura ngo ibagire “ubwoko bw’izina ryayo.” (Ivyakozwe n’intumwa 15:14) Ntidukwiye kumenya izina ry’Imana gusa, ariko dukwiye no kurishemeza imbere y’abandi, nk’uko Yezu yabigize akiri ngaha kw isi. — Matayo 6:9; Yohani 17:6, 26.

IMANA Y’IMIGABO

25. (a) Ni ibiki vyerekeye Imana bisiga ubwenge bwacu? (b) Ni igiki catumye Imana itangura kurema?

25 Yehova ntiyigeze atangura kandi ntazokwigera apfa, n’aho ivyo bigora ubwenge bwacu kubitegera. Ni “Umwami ahoraho.” (Zaburi 90:2; 1 Timoteyo 1:17) Ataratangura kurema, Yehova yari wenyene mw ijuru. Ntiyari kugira irungu kubera ko yikwiye, ata kintu na kimwe kindi akeneye. Urukundo ni rwo rwatumye atangura kurema, kugira ngo habeho abandi bahimbawe n’ubuzima. Ibiremwa vya mbere vyari ivy’impwemu nk’uko we nyene ameze. Imbere y’uko itegurira abantu isi, Imana yari yabanje kurema isinzi ry’abana bayo b’impwemu mw ijuru. Yehova yari yagabiye ko babaho bagatako bakarāngūra amabanga yari yabashinze mu gahimbare. — Yobu 38:4, 7.

26. Ni igiki cotwemeza ko imigambi y’Imana yerekeye iyi si izoranguka ata kabuza?

26 Isi imaze gutegurwa, Yehova agerēra umugabo n’umugore Adamu na Eva mw itongo yari yasharije arigira iparadizo. Yari yagabiye ko bavyara abana bomwumviye bakamwambaza, kandi bakāgura iyo paradizo igakwira isi yose. (Itanguriro 1:27, 28) Mugabo nk’uko twabibonye, iyo migambi ntiyarāngūtse kubera ko Adamu na Eva bagambaraye. Nta kabuza izoranguka, kubera ko imigambi afashe ataho yigera iba amasigaracicaro! “Ivyo nzogomba vyose nzobishitsa,” uko ni ko avuga, kandi ngo “Narabivuze no kubishitsa nzobishitsa; narabigabiye, no kubikora nzobikora.” — Yesaya 46:10, 11.

27. (a) Ni kuki hari ico tuzobazwa ku Mana? (b) Ni ibiki tutofata minenegwe?

27 Woba ubona ko ufise umuturi muri iyo migambi y’Imana? Si igihe ukora ivyo wishakiye nk’uko Shetani; Adamu na Eva babigenjeje, ariko ni igihe witondera ivyo Imana igomba. Abo bagarariji bāri bazi ivyo Imana igomba ariko ntibavyitaho, baca baba ari bo Imana ikwiye kubaza ibibi vyose. Tweho hari ico Imana izotubaza? Ego, kubera ko ari yo sōko ry’ubuzima bwacu, kandi ikaba ari yo ibubungabunga. (Zaburi 36:9; Matayo 5:45) Ni mu rugero uruhe imigenzo yacu ihuje n’imigambi y’Imana? Ntitubifate minenegwe, kubera ko icizigiro co kubaho ibihe bidashira ari vyo gishimikiyeko.

UBURYO BWO GUSENGA YEHOVA

28. Ni ibiki abantu benshi bakoresha ngo bibafashe gusenga Imana?

28 Uburyo dusenga Yehova buri n’ico buvuze. Dutegerezwa kumusenga nk’uko abishaka, n’aho ubwo buryo bwoba butandukanye n’ubwo batwigishije. Hari bamwe bāmenyereye gukoresha ibishusho mu gusenga, bakavuga ngo ntibasenga ibishusho, ariko ngo bibafasha gusenga Imana kubera ko bashobora kubibona no kubikorako. None uko ni ko Imana ishaka ko tuyisenga?

29. Bibiliya yerekana ite ko ari bibi gusenga Imana ukoresheje ibishusho?

29 Haba n’intete! Ni co gituma Musa yabwiye Abisirayeli ngo ntaho Imana yigeze ibabonekera mw ishusho iyo ari yo yose. (Gusubira mu vyagezwe 4:15-19) Nkako, rimwe muri ya mabwirizwa cumi ngiri: “Ntukibazire igishushanyo canke igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi . . . Ntuze uvyikubite imbere, ntuze ubisabe.” (Kuvayo 20:4, 5) Yehova ni we ategerezwa gusengwa wenyene. Muri Bibiliya, ahantu habuza kwunamira ibishusho, gusenga umuntu canke ikintu ico ari co cose atari Yehova gusa ni henshi. — Yesaya 44:14-20; 46:6, 7; Zaburi 115:4-8.

30. (a) Yezu n’intumwa ziwe berekanye bate ko gukoresha ibishusho ari bibi? (b) Dukurikije Gusubira mu vyagezwe 7:25, ibishusho twobigira gute?

30 Ntaho Yezu yigeze akoresha ibishusho mu gusenga. Ahubwo yavuze ngo: “Imana ni impwemu, n’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.” (Yohani 4:24) Nta n’umwe mu bigishwa ba Yezu ba mbere yakengereye iyo mpanuro, akoresha ibishusho mu gusenga. Mbere intumwa Paulo yanditse ngo: “Tugenda turōngōwe n’ukwizera, ntiturongorwa n’ivyo tubona.” (2 Ab’i Korinto 5:7) Intumwa Yohani na yo iti: “Bana bato, mwirinde ibigirwamana.” (1 Yohani 5:21) Ni kuki utokwihweza mu nzu yawe hose ngo urabe ko iyo mpanuro uyikurikiza? — Gusubira mu vyagezwe 7:25.

31. (a) N’aho twoba tutumva neza igituma Imana yashinze itegeko kanaka, ni igiki cotuma tugamburuka? (b) Ni igiki twokwihata gukora, kandi ni ijwi irihe riduhamagara dukwiye kwumvira?

31 Gusenga Yehova Umurenyi nk’uko abitegeka bizana umunezero nyakuri. (Yeremiya 14:22) Bibiliya yerekana ko amategeko ayashinga ku neza yacu yamaho. Kubera ubwenge buke canke imisi mike tubayeho, hari aho tudashobora gutegera neza ko itegeko kanaka ari ingirakamaro canke ko hari ico rivuze. Ariko twibutse ko Imana ihebuje mu bumenyi, twogamburuka tutidodomba. (Zaburi 19:7-11) Ni muze rero dukore uko dushoboye, dutohoze ivyerekeye Yehova, hanyuma twitabe iri jwi riduhamagara riti: “Ni muze tumusenge twunamye, dupfukamire Yehova Umuremyi wacu. Kuko ari Imana yacu, natwe tukaba abantu bo mu buragiro bwiwe, intama zo mu kuboko kwiwe.” — Zaburi 95:6, 7, NW.

[Uruzitiro ku rup. 42]

Ahantu hane izina ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya Yera y’ikirundi no mu y’igiswahiri ngaha

Kutoka 6:3

3 Nami nilimtokea Ibrahimu, na Isaka, na Yakobo, kama Mungu Mwenyezi, bali kwa jina langu YEHOVA sikujulikana kwao.

Zaburi 83:18

18 Wajue ya kuwa Wewe, uitwaye jina lako YEHOVA, ndiwe peke yako Uliye juu, juu ya nchi yote.

Yesaya 12:2

2 Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.

Yesaya 26:4

4 Ni mwizigire Uhoraho ibihe vyose: kuk’UHORAHO YEHOVA ari we gitandara camah’ibihe bidashira.

[Amafoto ku rup. 34, 35]

Inzu ni yaba ifise uwayubatse, . . . isi n’ibiri mu kirere bitegerezwa kuba biri n’uwabiremye

[Ifoto ku rup. 39]

Kubera ko Yezu yasavye Imana ngo ntibibe nk’uko agomba ariko bibe nk’uko igomba, ivyo bigaragaza ko ari abantu babiri batandu kanye

[Ifoto ku rup. 40, 41]

Vyoshoboka bite ko impwemu yera iba umuntu kandi yaruzuye mu bigishwa bashika 120 mu mwanya umwe?

[Ifoto ku rup. 45]

Ni vyiza gusenga Imana dukoresheje ibishusho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika