ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ssb ururirimbo 174
  • Be maso, mushikame, mube abagabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Be maso, mushikame, mube abagabo
  • Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ivyo bijanye
  • Tube maso, dushikame, dukomere
    Turirimbire Yehova
  • Guma uri maso, ushikame, ukomere
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • ‘Inkota ni iya Yehova na Gideyoni!’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yari afise umutima rugabo kandi akiyubara
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Ririmbira Yehova amashemezo
Ssb ururirimbo 174

Ururirimbo rwa 174

Be maso, mushikame, mube abagabo

(1Ab’i Korinto 16:13)

1. Tube maso, dushikame

Mu ntambara y’iciza

Turinde tub’abagabo

Intsinz’iri mu kuza.

Twe na Kristu we Gideyoni

Dukikuj’Abamidiyani.

Vuba tugiye kwih’akamo,

Abansi tugatuza.

2. Tube maso no mu bwenge,

Twame tugamburuka.

Dukorer’aho twashizwe

Ivyo Yez’ategeka.

Nk’uko yamye avyerekana

Abantu botona ku Mana.

Dukore rero nk’igitero,

Twame tudahemuka.

3. Tube maso, twihangane;

Yehova turindire.

Niw’akontorora vyose

Vuba agir’atere.

Nka Gideyoni na ba bantu

Batsind’ar’amajan’atatu:

Tuzobarirwa nihagera

Yehova yamamare.

4. Tube maso, twung’ubumwe,

Twigishe buri musi.

Dukurikiz’urutonde

Rwa gitewokarasi.

Nimuze twih’akamo nyako:

’Nkota ya Ya, Gideyo’ koko.

Ba maso, shikama, komera

Ntiwiger’uta hasi!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika