18 GIDEYONI
Yari afise umutima rugabo kandi akiyubara
UMUNTU w’umutima rugabo arakenera no kwiyubara. Umuntu afise umutima rugabo ariko ntiyiyubare arashobora kwita mu ngorane. Gideyoni yari afise umutima rugabo ariko kandi akiyubara. Yabayeho mu gihe Abisirayeli bari basubiriye guheba Yehova. Rero Yehova yaciye areka Abamidiyani barashwara igihugu, baratoteza abantu ku buryo batinya no kuja gukora mu mirima yabo. Ariko Gideyoni yari afise umutima rugabo. Yagumye akora kugira aronse abandi ivyo bafungura. Ariko yakorana ukwiyubara. Ingano yazikubitira mu ruganiro rw’umuvinyu, urushobora kuba rwari rwimvye mu kuzimu, kugira Abamidiyani ntibamubone.
Abisirayeli barigaye baca baratakambira Yehova ngo abafashe. Yaciye arungika umuhanuzi kubibutsa igituma yari yabahevye. Mu nyuma yaratumye umumarayika kugira abwire Gideyoni ko yari yamutoye ngo arokore abasavyi biwe. Gideyoni yaciye amusaba ikimenyamenya cemeza ko ivyo ari ukuri. Umumarayika yaciye akora igitangaro, atuma umuriro uva mw’ibuye uturira ikimazi Gideyoni yari yashizeko. Ivyo biheze uwo mumarayika yaciye azimangana. Muri iryo joro Yehova yaravuganye na Gideyoni, amubwira ngo asambure igicaniro ca Bayali n’inkingi nyeranda y’igiti, ace yubaka igicaniro ca Yehova hanyuma amushikanire ikimazi. Gideyoni yaragamburutse, ariko kubera ko yatinya se wiwe n’abantu bo mu gisagara, yabikoze mw’ijoro kugira ntihagire uwumubona.
Inyuma y’ivyo bikorwa biranga umutima rugabo Gideyoni yakoze, Abamidiyani baciye begeranya ingabo nyinshi bari kumwe n’Abamaleki n’Abanyabuseruko baza gutera Isirayeli. Barakubise ikiyaya ca Yezireli kirazima nka kurya kw’igitero c’inzige. Impwemu ya Yehova yaraje kuri Gideyoni, aca atuma intumwa ku miryango itari mike ya Isirayeli kugira baze kumufasha urugamba. N’ico gihe nyene Gideyoni yariyubaye. Yarasavye Yehova ngo akore ibitangaro bibiri kugira yerekane vy’ukuri ko yari kumwe na we. Yehova yarihanganiye Gideyoni arakora ivyo amusavye. Muri iryo joro Gideyoni yarashize ubwoya ku mbuga yo mu murima. Yehova yaciye atuma urume ruja kuri ubwo bwoya mugabo hasi haguma humutse. Mw’ijoro ryakurikiye, Yehova yaratumye ubwo bwoya buguma bwumye mugabo hasi huzura urume.
Abasoda ba Gideyoni bari bake ubagereranije n’abansi babo, ariko na bo nyene Yehova yamusavye kubagabanya
Ivyo bitangaro bibiri vyarakomeje cane Gideyoni. Yaciye yegeranya abasoda biwe 32.000 gusa baja kurwanya abasoda benshi cane bashika 135.000. Igihe Gideyoni n’ingabo ziwe bari kw’isoko ry’amazi rya Harodi, Yehova yamubwiye ko abo basoda biwe ari benshi cane. Yamusavye ngo abwire abasoda bose bafise ubwoba bisubirire muhira. Abashika 10.000 ni bo bonyene basigaye. Ariko Yehova yaciye amubwira ko bakiri benshi. Yamusavye ngo abarabe bariko baranywa amazi. Abanyoye amazi bose bapfukamye kandi bunamye baciye basubizwa inyuma. Abasoda basigaye bariyubara. Mu kunywa amazi barayayora n’urushi bakayanywa bariko bararaba ibiri hirya no hino. Abo basoda biyubara ni bo basigaye kugira baje ku rugamba. Gideyoni yasigaranye abasoda 300 gusa!
Naho Gideyoni yari asigaranye abasoda bakeya, yaragize umutima rugabo aritegurira urugamba. Yehova yarongeye kumuha ikimenyamenya c’uko ari kumwe na we. Yamubwiye ngo asoboke aje mw’ikambi y’abansi mw’ijoro. Gideyoni yarabikoze. Ashitseyo yarumvise umusoda yariko arigana indoto yerekana ko Abisirayeli botsinze urwo rugamba. Gideyoni yaciye arushiriza kugira ukwizera. Yaciye asubira mu ngabo ziwe arabaha ubuyobozi bw’ukuntu botsinze urwo rugamba. Yarasavye ngo bamurabireko baze barakora nk’ivyo akoze. Mw’ijoro, Gideyoni n’ingabo ziwe barakikuje ikambi y’umwansi. Bari bafise imibindi mininiminini, ibimuri, n’inzamba. Gideyoni abahaye ikimenyetso baciye bavuza inzamba baramena na ya mibindi. Bihaye akamo bati: «Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!» Urwo rwamo n’uwo muco vyatumye ba bansi biyumvira ko bakikujwe n’ingabo nyinshi zije kubatera. Baragize ubwoba barabura ico bafata n’ico bareka. Yehova yaciye atuma bicana hagati yabo. Harokotse gusa abasoda nka 15.000 baca barahunga.
Gideyoni yarabakurikiye. Yaratsinze Abamidiyani arica n’abakuru babo. Vyongeye, yarahanye abanse kumuha ibifungurwa we n’ingabo ziwe kandi bariko barwana intambara ya Yehova. Abantu baciye barondera kumugira umwami ariko aranka abigiranye ukwifata ruto. Yababwiye ati: «Yehova ni we azobaganza.» Imana yarahaye impera uwo mugabo w’umutima rugabo kandi yiyubara. Igihe cose Gideyoni yamaze ari umucamanza wa Isirayeli, nta ntambara yasubiye kuba mu gihugu, kandi Gideyoni yararamvye. Mbere intumwa Pawulo yaramushize mu rutonde rw’abagabo n’abagore bari bafise ukwizera gukomeye.—Heb. 11:32.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Gideyoni yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Kubera iki «umukate wiburungushuye» ukozwe muri sayiri wa musoda yabona mu ndoto ugereranya neza ingabo za Gideyoni? (Abac. 7:13; it «Orge» ing. 7-wcgr)
2. Kubera iki ijwi ry’inzamba 300 ryateye ubwoba Abamidiyani kandi rigatuma babura ico bafata n’ico bareka? (it «Corne, cor» ing. 3-wcgr) A
Ifoto A: Amahembe y’impfizi z’intama yarakoreshwa mu kurarika abantu no mu kubaburira
3. Gideyoni n’ingabo ziwe babwirizwa gukora iki kugira batsinde Abamidiyani? (w04 15/10 16 ing. 9-10) B
Ifoto B: Gideyoni yarakurikiye Abamidiyani gushika i Yogibeha ku bilometero nka 80 (inzira baciyemwo ntizwi)
4. Ni ibintu vy’ido n’ido ibihe bivugwa muri Bibiliya vyemeza ko iyi nkuru ari iy’ukuri? (w05 15/4 32)
Rondera ivyigwa wohakura
Gideyoni yaratumye abasavyi b’Imana baronka intsinzi. Ariko yagumye yicishije bugufi yongera aravugisha abandi mu mahoro. (Abac. 8:1-3) Ba serugo n’abakurambere bokwigana gute Gideyoni igihe hagize uwubabazwa n’ivyo bakoze?
Ni mu bihe ibihe twokenera umutima rugabo n’ukwiyubara? C
Ifoto C
Twokwigana gute umutima rugabo wa Gideyoni?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Gideyoni niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Igihe utewe agateka k’umurimo, wokwigana gute Gideyoni?
‘Ubgenge bubana n’abifata ruto’ (w00 1/8 28-30 ing. 11-15)
Nukoreshe iyi Bande dessinée yigana inkuru yo muri Bibiliya mu gufasha abana bawe kwizigira Imana.