Ururirimbo rwa 173
Urukundo ni rwo mugozi wunga ubumwe
1. Ub’urukundo rwa benshi
Rwaratimvye cane.
Mugabo rumwe rwa mbere
Muze turwamane.
Twigane Data, twereke
Bose yukw’Imana
Urwo yo yakunz’abantu
Ata kwo rungana.
2. Urukundo twokomeza
S’uruheyiheyi.
Urwo twogirir’abandi
Ntirube rukeyi.
Dukunde abavukanyi
Urwo ku mutima.
Dukund’ab’Iman’ikunda,
Ni co tutobima.
3. Kw’iyi si vub’izovaho
Dufatane mu nda.
Nya mugozi dutubike
Kumwe kw’umukanda.
Tugiriran’igishika
Ico ntikibure.
Kizoduhuza gushika
’Gikorwa gihere.
4. Gucudika n’Umuremyi
Bizotuma natwe
Dukunda nk’uko twikunda
Barya bantu nkatwe.
Dukomeze nya rukundo
Tutiyorobeka.
Bwa mugozi wung’ubumwe
Ni ko ruboneka.