ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 24 rup. 184-191
  • Umugambi wa Yehova Ushikīra Ugutunganirwa Guhambaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugambi wa Yehova Ushikīra Ugutunganirwa Guhambaye
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu ivy’Iteka Abisirayeli Batewe Vyari Vyifashe
  • Yehova Akoraniriza Hamwe Abantu Biwe
  • Ugutororokanya “Ivyo mw Isi”
  • Umugambi wa Yehova Uzororanirwa Bimwe Biteye Igomwe
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • “Imana Yadukunze Irtyo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • ‘Ngize Isezerano Namwe ry’Ivy’Ubwami’
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ukuyobora ibintu kugira umugambi w’Imana uranguke
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 24 rup. 184-191

Ikigabane ca 24

Umugambi wa Yehova Ushikīra Ugutunganirwa Guhambaye

1, 2. (a) Ni umugambi nyabaki Imana ifitiye ibiremwa vyayo bifise ubwenge? (b) Ni bande bari bagize umuryango w’abana b’Imana bahurikiye hamwe mu kuyisenga? (c) Kubera ico, ni ikibazo ikihe umuntu akwiye kuzirikana we nyene ubwiwe?

KUBONA ibiremwa vyose bifise ubwenge bihurikiye hamwe mu vy’ugusenga Imana kw’ukuri kandi bose bakagira umwidegemvyo w’agahambaye ufiswe n’abana b’Imana—uwo ni wo mugambi wa Yehova uranga ubukerebutsi n’urukundo. Ico ni co n’abakunda ivy’ugutungana bipfuza rwose.

2 Yehova yatanguye kurangūra uwo mugambi w’agakomeye aho atanguriye igikorwa c’irema. Yaremye ubwa mbere Umwana wiwe, uwabaye ‘icirore c’ubuninahazwa bwiwe n’ishusho y’akameremere kiwe.’ (Abaheburayo 1:1-3) Yari ikinege, kubera ko yiremewe n’Imana yo nyene ubwayo. Abandi bana b’Imana babayeho biciye kuri we—hatangura abamarayika mw ijuru, hasubira umuntu kw isi. (Yobu 38:7; Luka 3:38) Abo bana b’Imana bose ni bo bagize umuryango wo mw ijuru no kw isi. Yehova yari Imana yabo bose, kuko ari we musa akwiriye gusengwa. Yari Segaba w’ijuru n’isi. Kandi yari Se w’ibibondo yuzuye urukundo. Ubwo na wewe ni So, kandi woba uharūrwa mu bana biwe? Ese ingene ubwo bwoba ari ubucuti bw’igitangaza!

3. (a) Ni kuki ata n’umwe muri twebwe yavutse ari umwana w’Imana? (b) Ariko ni ibiki biranga urukundo Yehova yatunganirije uruvyaro rwa Adamu?

3 Naho vyoba bimeze uko, ntidushobora guhakana ko igihe abavyeyi bacu ba mbere bacirwa urwo gupfa kubera ugukora icaha n’ibigirankana, birukanywe muri Edeni, Imana ica irabihakana. Ntibāgumye mu muryango w’abana ba Yehova uri mw ijuru no kw isi. (Itanguriro 3:22-24; gereranya no muri Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5.) Kubera ko twese dukomoka ku mucumuzi Adamu, twavukanye agatima ko gukora ivyaha. Kubera ko turi uruvyaro rw’abavyeyi birukanywe mu bana b’Imana, ntidushobora kwirarīra ngo turi abana b’Imana kubera gusa ko tuvyarwa n’umuntu. Ariko Yehova yari azi yuko mu ruvyaro rwa Adamu hobayemwo abakunda ivy’ugutungana, urukundo ruca rutuma atunganya uburyo abantu nk’abo boshikīra umwidegemvyo uhambaye w’abana b’Imana.—Abaroma 8:20, 21.

Ukuntu ivy’Iteka Abisirayeli Batewe Vyari Vyifashe

4. (a) Ivy’uko Abisirayeli bītwa “abana” b’Imana vyari bishingiye ku ki? (b) Ivyo ntivyashaka kuvuga iki?

4 Hārashize nk’imyaka ishika 2 500 kuva Adamu aremwe, Yehova asubira gutera iteka abantu bamwe bamwe yunga ubucuti na bo, abita abana biwe. Yehova yatoranije Abisirayeli baba igisata ciwe, akurikije Isezerano yari yaragiraniye na Aburahamu. Ni co gituma yabariye Farawo wo mu Misiri ko Abisirayeli ari “umwana wiwe.” (Kuvayo 4:22, 23; Itanguriro 12:1, 2) Mu nyuma, abo Bisirayeli yabahereye Ivyagezwe vyiwe ku musozi Sinayi, ico gisata agihindura ihanga, aca abagira igikoresho mu vyerekeye umugambi wiwe. Kubera ko bari ‘icibare citoranirijwe’ na Yehova, tubafashe nk’ihanga bāvugwa ko ari “abana” b’Imana. (Gusubira mu vyagezwe 14:1, 2; Yesaya 43:1) Kubera kandi ibintu bidasanzwe Yehova yagirira abantu bamwe bamwe bo muri iryo hanga, abo bantu yabita abana biwe. (1 Ngoma 22:9, 10) Ukwo kwitwa gutyo vyari bishimikiye ku bucuti buvuye kw isezerano bagiraniye n’Imana. Ariko ivyo ntivyashaka kuvuga ko bafise wa mwidegemvyo uhambaye Adamu yari afise igihe yitwa umwana w’Imana. Bari bakiri abaja b’icaha n’urupfu.

5. Agateka Abisirayeli bari batewe n’Imana kabavuyeko gute?

5 Naho ari uko, kubera ko bītwa abana, bari bafise iteka batewe n’Imana. Bari bajejwe kandi ibanga ry’ukwubaha Se wabo, bagakora ibihuye n’umugambi wiwe. Yezu yarashimitse ku vy’ugushitsa iryo banga avuga ko ivyo ari vyo ngirakamaro—si ugupfa kuvuga gusa ko Imana ari Se wabo, ahubwo ‘kwerekana koko’ ko ari abana bayo. (Matayo 5:43-48; Malaki 1:6) Ariko ihanga ry’Abayahudi ivyo vyararinaniye gushitsa. Ni co gituma Yezu mu mwaka wa nyuma w’igikorwa-ngenerwa ciwe ngaha kw isi aho Abayahudi bashakiye kumwica bakavuga ngo “dufise Data umwe ni Imana,” yerekanye neza ashimitse ko ibikorwa vyabo n’agatima bafise biranga ko bihenda kuri ico. (Yohani 8:41, 44, 47) Mu 33 G.C., rya Sezerano rishingiye ku Vyagezwe ryarafuswe n’Imana, icari catumye Abisirayeli bagiranira na yo ubucuti budasanzwe gica kirahava. Ariko Yehova ntiyaciye abura abo yokwemera ko bitwa abana biwe, mu bantu iyo bava bakagera.

Yehova Akoraniriza Hamwe Abantu Biwe

6. Ni “ubutegetsi” ubuhe intumwa Paulo asigura mu Banyefeso 1:9, 10, kandi ni igiki bushaka kuzorangūra?

6 Intumwa Paulo yarandikiye abakirisu bo muri Efeso, ababwira ivyo Yehova yateguye kuzogira vyerekeye ugukoraniriza hamwe abantu biwe—ivyo iyo Mana yatunganije vyotuma abizera bashobora gukundwa bakinjira mu muryango w’abana bayo, ati: “(Imana) [yaratumenyesheje] ibanga [ryeranda] ry’ivyo igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri [yo nyene, kubera ubutegetsi (nk’ugutegeka ivyo mu rugo) ku mpera koko y’ibihe vyashinzwe, ni ukuvuga gusubira] gukoraniriza vyose muri Kirisitu, [ivyo] mw ijuru n’[ivyo] mw isi.” (Abanyefeso 1:9, 10) Ubwo ‘butegetsi’ bushingiye kuri Yezu Kirisitu. Abantu bazoteba babe abemewe n’Imana biciye kuri we—hakaba hari abizigiye kuzoba mw ijuru, abandi na bo kw isi—kugira ngo bakore bahurikiye hamwe n’abana b’Imana b’abamarayika bagumye ari intahemuka imbere ya Yehova.

7. “Ivyo mw ijuru” ni ibiki, kandi itororokanywa ryavyo rituma bimera gute?

7 Ubwa mbere kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C., “ivyo mw ijuru” ni vyo vyari vyitwararitswe cane cane, ni ukuvuga abobaye basamuragwa hamwe na Kirisitu mu Bwami bwo mw ijuru. Kubera ko bizeye agaciro k’inkuka Yezu yatanze, Imana yabise intungane. (Abaroma 5:1, 2) Baciye ‘bavyarwa ubwa kabiri,’ ni ukuvuga kuvuka ari abana b’Imana bafise icizigiro co kuzoba mw ijuru. (Yohani 3:3; 1:12, 13) Abo ni bo Imana yagiraniye na bo Isezerano risha, ari ihanga mu vy’umutima. Mu nyuma Abayahudi n’Abanyamahanga bokwinjijwe, gushika bose hamwe babaye 144 000.—Ab’i Galatiya 3:26-29; Ivyahishuriwe Yohani 14:1.

8. Ubucuti basamuragwa b’Ubwami bafitaniye na Data wa twese bwogereranywa gute na bumwe bw’Abayahudi igihe bāganzwa n’Ivyagezwe vya Musa?

8 Amasigarira y’abo basamuragwa b’Ubwami bw’ijuru naho akiri n’agasembwa mu mubiri, arafitaniye ubucuti bw’igitangaza kandi bukomeye na Data wa twese. Kuri ivyo Paulo yanditse ngo: “Kuko muri abana bayo, Imana yatumye [impwemu y]’Umwana wayo mu mitima yacu, [itaka iti]: ‘Abba, Data!’ Ni co gituma utakiri [umushumba], ariko uri umwana wayo; kandi ko uri umwana wayo, uri umuragwa, ubihawe n’Imana.” (Ab’i Galatiya 4:6, 7) Iryo jambo ry’ikiyaramu “Abba” insobanuro yaryo ni “data,” rikaba ari uburyo bw’uguhamagara umuntu n’igishika cinshi—uburyo bw’umwana ahamagara se. Kubera ko inkuka ya Yezu n’ubuntu Imana itugirira tutabibereye bihambaye, abo bakirisu basīgwampwemu baragiranira ubucuti n’Imana bukomeye kurusha ubwari gushoboka bwose ko ba bantu b’agasembwa baganzwa n’Ivyagezwe bagiranira na yo. Ariko ibibarindiriye ni agatangaza gusumba.

9. Ukuranguka bimwe bishitse kw’ivy’ukwitwa abana b’Imana kwerekana iki?

9 Igihe bagumye ari intahemuka gushika bapfe, ivy’ukwitwa abana b’Imana kwabo bica biranguka bimwe bishitse, kubera ko bazurwa bagahabwa ukudapfa mw ijuru. Bashitseyo, baraterwa iteka ry’ugukora bahurikiye hamwe bari imbere y’Imana Yehova ubwaho. Igitigiri gisa nka gitoyi c’abo bana b’Imana, kiracari kw isi.—Abaroma 8:14, 23; 1 Yohani 3:1, 2.

Ugutororokanya “Ivyo mw Isi”

10. (a) “Ivyo kw isi” ni iki, kandi vyatororokanijwe ngo bihurikire hamwe mu vy’ugusenga Imana kuva ryari? (b) Ni ubucuti nyabaki bifitaniye na Yehova?

10 Ubwo ‘butegetsi’ nyene butuma bishoboka ko abantu batororokanirizwa mu muryango w’abana b’Imana bizigiye kuzoba mw ijuru, burerekeza n’ivyiyumviro ku ‘vyo mw isi.’ Cane cane kuva mu 1935 G.C. ni ho abizera inkuka ya Kirisitu bātororokanywa bizigiye kuzobaho ibihe bidashira kw isi. Barahayagiza izina rya Yehova bagashimagiza n’ivy’ukumusenga, bahuje inama n’amasigarira ya wa mugwi w’abasīzwe. (Zefaniya 3:9; Yesaya 2:2, 3) Na bo nyene barahamagara Yehova n’urupfasoni rwinshi bati “Data” bakaba bemeye ko ari we sōko ry’ubuzima, kandi baragerageza rwose kuba icirore cerekana kamere ziwe, bakagira nk’ivyo yiteze ko abana biwe bagira. Mu nyonga ziwe baremewe, kubera ko bizera ya maraso Yezu yasēsa. (Matayo 6:9; Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 14) Ariko barazi yuko umunezero w’ukwemerwa rwose n’Imana ngo babe abana bayo bazowugira muri kazoza.

11. (a) Ivyanditswe mu Baroma 8:19-21 bisezeranira iki abantu iyo bava bakagera? (b) “Uguhishurwa kw’abana b’Imana” barindiriye baguhahamiye ni iki?

11 Nk’uko mu Baroma 8:19-21 havyerekana, barindiriye “uguhishurwa kw’abana b’Imana” baguhahamiye cane, kuko ari ho igihe kizoba gishitse c’uko abo baharūrwa mu biremwa-bantu ‘bakurwa mu buja bw’ukwononekara.’ Ukwo ‘guhishurwa’ kuzoba igihe abantu bari ngaha kw isi bazobona ibigaragaza ko ba bana b’Imana b’abasīgwampwemu bamaze gushikīra impēra yabo mw ijuru, ko bamaze gutangura gukora bafadikanije n’Umukama Yezu Kirisitu yaninahajwe. Ivyo bizogaragazwa n’isangangurwa ry’ivy’iyi si mbi vyose, hace hakurikira imigisha izozanwa n’intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi, abo ‘bana b’Imana’ bakaba bazofadikanya na we kuba abami n’abaherezi muri iyo ntwaro.—Ivyahishuriwe Yohani 2:26, 27; 20:6.

12. Ya marushwa ahambaye arangiye, ni indirimbo iyihe y’ugushemeza Imana abana bayo b’abasīgwampwemu batsinze na bo nyene baririmba, kandi ishaka kwerekana iki?

12 Mu vy’ukuri hazoba akamwemwe ya marushwa ahambaye ni yarangira, abo bana b’Imana bahurikiye hamwe na Kirisitu na bo nyene bagaterera mw ijwi bashemeza Imana, bakavuga n’umunezero bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, [Yehova Imana ishobora] vyose; inzira zawe [ziratunganye kandi ni iz’]ukuri, [Mwami yamaho]. Ni nde atazogutinya ga [Yehova], canke atazohimbaza izina ryawe? Kuko ari wewe wenyene [uri intahemuka]. Amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kuko amateka yawe [atunganye] aseruwe.” (Ivyahishuriwe Yohani 15:3, 4) Vyemere, abantu bose iyo bava bakagera, baturuka mu yahora yitwa amahanga, bazohurikira hamwe mu gusenga Imana y’ukuri. N’abari mu mva z’icibutso bazozurwa bahabwe akaryo ko guterera mw ijwi na bo nyene, bashemeze Yehova.

13. Ni umwidegemvyo nyabaki w’igitangaza abazorokoka ya marushwa ahambaye bazoca baronka ubwo nyene?

13 Wa Mucokoranyi Shetani ntazoguma ari “imana y’[ivy’iyi si].” Abasenga Yehova ngaha kw isi ntibazosubira kuja baranigana n’akosho kayo kabi. (2 Ab’i Korinto 4:4; Ivyahishuriwe Yohani 20:1-3) Idini y’ikinyoma ntizobandanya kuvuga Imana yacu yuzuye urukundo ukutari ko, canke gutera amacakubiri mu bantu. Abakuru bategeka ntibazobandanya kurenganya abasavyi b’Imana y’ukuri canke kubarya imitsi. Ese ingene uwo ari umwidegemvyo w’igitangaza abazorokoka ya marushwa ahambaye bazoronka!

14. Bazokizwa icaha n’inkurikizi yaco mu buryo nyabaki?

14 Yezu Kirisitu we ‘Mwagazi w’intama w’Imana akuraho icaha c’abari mw isi,’ azokoresha igiciro c’inkuka yatanze kugira ngo azimanganye rwose ivyaha vyakozwe kera n’abantu iyo bava bakagera. (Yohani 1:29) Igihe Yezu yari kw isi, avuze ko ivyaha vy’umuntu bibabariwe, yaca akiza uyo ababariwe kugira ngo ivyo avyemeze. (Matayo 9:1-7) Azobigenza gutyo nyene, azokora igitangaro ari mw ijuru akize impumyi, abatumva, banyamuragi, ibimuga, abarwaye mu mutwe, hamwe n’abafise izindi ndwara izo ari zo zose. Buhoro buhoro, abafise agatima koroshe kandi bagamburuka, ‘kamere y’icaha’ izozimanganywa rwose muri bo bivuye ku gukurikiza inzira z’Imana zitunganye nk’uko bitegerejwe, ku buryo ivyo bagira vyose, ukuntu biyumvīra kwose hamwe n’ivyo bipfuza mu mitima yabo vyose, bibahimbara bo nyene ubwabo bigahimbara n’Imana. (Abaroma 7:21-23; gereranya no muri Yesaya 25:7, 8 no mu Vyahishuriwe Yohani 21:3, 4.) Imbere y’uko ya ntwaro y’imyaka igihumbi irangira, bazoba bāfashijwe gushika aho baba abantu batagira agasembwa na gatoyi. Bazoba vy’ukuri bākijijwe icaha n’inkurikizi yaco itera umubabaro. Bazoba ari icirore kigaragaza ‘ishusho y’Imana kandi bazoba basa na yo,’ mw iparadizo yo kw isi izoba ikwiye kuri uyu mubumbe wose.—Itanguriro 1:26.

15. Ya ntwaro y’imyaka igihumbi irangiye, ni igiki Kirisitu azogira, kandi azoba ashaka ko bimera gute?

15 Abantu iyo bava bakagera Kirisitu amaze kubakurako agasembwa kose, azoca asubiza Se ubukuru yari yashikirijwe kugira ngo arangūre ico gikorwa. Nguku uko vyavuzwe mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 15:28: “[Mwana] ni yamara gushikirizwa inganji ya vyose, ni ho n’Umwana ubwiwe azoganzwa n’Iyamuhaye [kuganza] vyose, ngo Imana ibe vyose [kuri bose].”

16. Abantu bose batagira agasembwa ico gihe bazogirirwa iki, kubera iki?

16 Ico gihe abantu batagira agasembwa iyo bava bakagera, bazohabwa akaryo k’ukwerekana ko bahisemwo gukorera Imana imwe nsa y’ukuri ibaho ubutacisubirako, ibihe bidashira. Kubera ico, imbere y’uko Yehova yemera ko abo bantu batagira agasembwa baba abana biwe biciye kuri Yezu Kirisitu, azobagerageza bimwe bishitse ari bwo bwa nyuma. Shetani n’abamarayika bayo bazobohorwa bave mu rusumanyenzi. Abakunda Yehova vy’ukuri, ivyo ntibizobamerera nabi igihe kirekire. Ariko uwo wese atazoba umugumyabanga akemera kwinjizwa mu vy’ukugambararira Yehova, azosanganguranwa n’uyo mugarariji wa mbere na mbere hamwe na ba bamarayika biwe ubutakigaruka.—Ivyahishuriwe Yohani 20:7-10.

17. Kubera ukuranguka kw’umugambi wa Yehova, ibiremwa vyiwe vyose bifise ubwenge bizosubira bimere gute?

17 Yehova azoca yerekana urukundo afise yinjize mu bana biwe abantu bose batagira agasembwa batsinze muri iryo geragezwa rya nyuma, ry’akamarampaka. Na bo nyene bazoca bagira koko wa ‘mwidegemvyo uhambaye w’abana b’Imana.’ (Abaroma 8:21) Ni ho rero bazoba bakiba umuce wa wa muryango w’abana b’Imana uhurikiye hamwe mw ijuru no kw isi, abawugize bose Yehova ace aba Imana yabo imwe nsa ibihe bidashira, ababere Segaba mw ijuru no kw isi, abe kandi Se wabo yuzuye urukundo. Ni ho ibiremwa vya Yehova vyose bifise ubwenge vyo mw ijuru no kw isi bizosubira kandi guhurikira hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Imbere y’uko haduka ubugarariji muri Edeni, abasenga Yehova bose babona ko ari nde kuri bo?

● Abitwa abana b’Imana bajejwe ibanga nyabaki?

● Ni bande ubu ari abana b’Imana? Ni bande bakirindiriye kuzoba abana b’Imana, kandi ivyo bifitaniye isano ki n’umugambi wa Yehova werekeye ivy’uguhurikira hamwe mu kumusenga?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika