Ikigabane ca 23
Nugume Uzirikana Rwose wa Musi wa Yehova
1. (a) Igihe wamenya ari bwo bwa mbere ko ugukizwa umubabaro uterwa n’iyi si ya kera kwegereje, wabibonye gute? (b) Ni ibibazo ibihe vyerekeye ico dukwiye kwibaza dushimitse?
NTA gukeka, kimwe mu bintu vya mbere wamenye kubera ukwiga Bibiliya, cari ic’uko ugukizwa umubabaro duterwa n’ubu buzima bwo muri iki gihe kwegereje. (Luka 21:28) Wahavuye utahura ko umugambi Imana ifise ari uko isi yose iba iparadizo. Ubukozi bw’ikibi, indwano, indwara n’urupfu bizozimangana, ndetse n’abakunzi bacu bapfuye bazosubira kubaho. Ese ingene ico cizigiro gishwangamura umutima! Icemeza koko ko ivyo vyose vyegereje, ni uko bigaragara ko ukubaho kwa Kirisitu ari Umwami aganza ataboneka kwatanguye mu 1914 G.C., kandi ko kuva ico gihe turi mu misi y’iherezo y’iyi si mbi. Aho umenyeye ivyo hari icoba carahindutse mu buzima bwawe? Ukuntu ubayeho vyoba koko vyerekana ko wemera yuko wa ‘musi wa Yehova’ wegereje?
2. (a) Uwo ‘musi wa Yehova’ uzoza ryari? (b) Kubera ko Yehova atahishuye uwo “musi canke iyo saha,” vyagize akamaro gaki?
2 Ivyanditswe birerekana neza ko ab’‘urunganwe’ rwabonye intango y’ukubaho kwa Kirisitu bazobona n’“umusi uhambaye [wa Yehova],” igihe azoca urubanza agahana abo bose bijukiye gukora ibidatunganye. (Matayo 24:34; Zefaniya 1:14–2:3) Ab’urwo ‘runganwe’ ubu barakuze. Ariko Bibiliya ntidoma urutoke ku musi kanaka Yezu Kirisitu azozirako bwa ntumwa irungitswe na Yehova ije gusangangura ivy’iyi si ya Shetani. “Uwo musi canke iyo saha, nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, canke [Mwana], atari Data gusa,” uko ni ko Yezu yavuze. (Mariko 13:32) Ivyo twasanze bifise akamaro rwose. Mu buryo ki? Vyarafashije guserura akari mu mitima y’abantu. Nk’igihe umuntu adakunda Yehova koko, aguma yishiramwo iciyumviro c’uko uyo ‘musi’ utaraza, agaca yikurikiranira ivyo umutima wiwe uhurumbira vyo muri iyi si. Abo Yehova yemera gusa ko baba abasavyi biwe, ni abamukunda vy’ukuri, kandi bavyerekana mu kumukorera n’umutima wose, batababaye cane ivy’igihe umuhero w’ivy’iyi si uzozira. Imana n’Umwana wayo ntibashima abantu b’inzuyazi canke abafise udutima tubiri.—Ivyahishuriwe Yohani 3:16; Zaburi 37:4; 1 Yohani 5:3.
3. Yezu yavuze iki ariko aradukebura muri ivyo?
3 Yezu yaravuze ijambo ry’ugukebura abakunda Yehova ati: “Mwiyubare, [mugume muri maso], kuko mutazi igihe bizoshikira.” (Mariko 13:33-37) Yadusavye ashimitse kutareka ngo ukurya no kunywa hamwe n’“[imyitwarariko yo mu buzima]” bidutware ubwenge, ntidushobore kubona yuko iki gihe atari ic’ukwanjanjwa.—Luka 21:34-36; Matayo 24:37-42.
4. Nk’uko Petero abisigura, uwo ‘musi wa Yehova’ uzozana iki?
4 Mu nyuma intumwa Petero yarahanuye abafise ukwizera nyakuri bose ngo ‘barindīre kandi bagume bazirikana rwose ko umusi wa Yehova uriho, umusi uzotuma amajuru ashonga kubera umuriro, ibintu kama na vyo bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze.’ Ivy’uko “umusi wa Yehova” wegereje, ni ibintu ata n’umwe muri twebwe akwiye na buhoro buhoro kubifata minenegwe. Ijuru riboneka ryo riri ku butegetsi hamwe n’igisata c’abantu bakora ikibi, biri hafi gusubirirwa n’“ijuru risha n’isi nsha” Imana izoshinga, kandi “[ibintu kama]” vyose bifitaniye isano n’ivy’iyi si mbi—agatima kayo k’ukwishira ukizana, uburyo bw’ukubaho burimwo ivy’ubushakanyi n’uguhahamira amaronko—bizoba birangiye, bitongowe n’umuriro wo ku ‘musi wa Yehova.’ (2 Petero 3:10-13) Dukwiye kwama tugavye, tuzi ko ivyo bintu bizosenyura ivy’iyi si vyoshobora gutangura mu mwanya uwo ari wo wose.—Matayo 24:44.
Nugume Ureretse Ibiba mw Isi Biranga ca Kimenyetso
5. (a) Inyishu Yezu yatanze ku kibazo kiri muri Matayo 24:3, yerekeye iherezo ry’ivy’Abayahudi ku rugero rungana iki? (b) Ni imice iyihe y’iyo nyishu yatanze yerekeza ivyiyumviro ku biba mw isi kuva mu 1914 G.C. kugeza ubu?
5 Cane cane turavye igihe turimwo, turakwiye kumenya neza ido n’ido ku vyerekeye ca kimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi kiranga “imisi y’iherezo,” ni ukuvuga “[isozērwa ry’ivy’iyi si].” Kugira ngo ico kimenyetso tugitahure ata kwihenda, dutegerezwa kuguma tuzirikana ko igihe Yezu yishura ca kibazo abayoboke biwe bamubaza kiri muri Matayo 24:3, mu vyo yavuze, bimwe bimwe vyerekeye umuhero w’ivy’Abayahudi wo mu kinjana ca mbere, mugabo ukuranguka kwavyo guhambaye kuba haheze imyaka myinshi ico gihe kirangiye. Ivyo yasiguye ku murongo wa 4 gushika ku wa 22, vyararangutse ariko si cane, kuva mu 33 gushika mu 70 G.C. Ayo majambo menyeshakazoza yagiye kuranguka vya rwose muri iki gihe turimwo, bica vyerekana ko ikiringo gitangura mu 1914 G.C. ari co kiringo c’‘ukuza kwa Kirisitu n’ic’umuhero w’isi.’ (Raba no muri Mariko 13:5-20, Luka 21:8-24) Muri Matayo 24:23-28, harigana ivyobaye kuva mu 70 G.C. gushika mu gihe c’ukuza kwa Kirisitu. (Raba no muri Mariko 13:21-23) Ariko ibishika mw isi vyiganwa muri Matayo kuva 24:29 gushika ku mpera y’ikigabane ca 25, vyerekeye ikiringo gitangura mu 1914 G.C.—Raba no muri Mariko 13:24-37, Luka 21:25-36.
6. (a) Ni kuki twebwe ubwacu dukwiye kwama tureretse ibiba mw isi biranga ca ‘kimenyetso’? (b) Ishura ivyo bibazo biri ku mpera y’iki gifungo, werekane ukuntu ivyerekeye ca ‘kimenyetso’ vyarangutse kuva mu 1914.
6 Dutegerezwa ubwacu kwihweza ibiba mw isi biranga nya ‘kimenyetso.’ Turondeye isano ivyo biba mw isi bifitaniye n’amajambo menyeshakazoza yo muri Bibiliya, vyodufasha ‘kuguma tuzirikana rwose’ wa musi wa Yehova. Kandi vyotuma dushobora gushwirura abandi bantu igihe tubabūrira tubabwira ivyerekeye ukwegereza kw’“umusi wo kwihora w’Imana yacu.” (Yesaya 61:1, 2) Subira wihweze iyi mice ikurikira ya nya ‘kimenyetso,’ urondera gushika kuri ivyo tuvuze.
Ni mu buryo ubuhe budasanzwe ivyavuzwe vyerekeye ‘ihanga ritera irindi n’ubwami butera ubundi’ vyarangutse kuva mu 1914 G.C.? Ni ibiki vyashitse no muri aya mezi aheze bica birongereza ivyerekana iryo rangūka?
Inzara yateye kw isi ku rugero rungana iki naho muri iki kinjana ca 20 hariho ubumenyi bwinshi mu vy’ubuhinga?
Vya nyamugigima biva hamwe bikaja ahandi, turavye ukuntu bikunda gushika vyoba bimeze ukundi kuva mu 1914 G.C.?
Ni ikiza c’indwara ki cahitanye abantu benshi mu 1918 kurusha n’indwano y’isi yose? Ni indwara izihe n’ubu zitwa nk’ikiza naho hari ubumenyi bwinshi mu vy’ubuvuzi?
Ni igiki ubona kigaragaza ko abantu bagwishwa igihumura koko n’ubwoba, nk’uko vyavuzwe muri Luka 21:26?
Ni igiki kikwemeza yuko ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-5 atari uburyo bw’ukubaho busanzwe, ariko ko ibintu biguma bidabuka bimwe biteye ubwoba uko twegereza ku mpera y’iyi misi y’iherezo?
Ugusobanura Abantu
7. (a) Ni ibiki kandi biba mw isi bivugwa muri Matayo 13:36-43 Yezu yashize hamwe n’isozerwa ry’ivy’iyi si? (b) Ico kigereranirizo gishaka kuvuga iki?
7 Hariho ibindi bintu vyobaye mw isi Yezu yerekanye neza ko bifitaniye isano n’igihe c’isozērwa ry’ivy’iyi si. Kimwe muri ivyo ni ukurobanura ba “bana b’ubwami” bakava mu ‘bana ba wa mubi.’ Ivyo Yezu yabivugiye muri wa mugani w’umurima w’ingano umwansi ateramwo urwamfu. Muri ico kigereranirizo yatanze, ‘ingano’ ni abakirisu nyakuri basīzwe. “Urwamfu” ni abakirisu b’urwigāno. Mw isozera ry’ivy’iyi si mbi, urwo ‘rwamfu’—abavuga ko ari abakirisu ariko bakaba ari “abana ba wa mubi” kubera ko badaheba iyi si itwarwa na nya Mucokoranyi—barasobanurwa mu “bana b’ubwami (bw’Imana),” bagashirwako ikimenyetso c’ukuzotikizwa. (Matayo 13:36-43) Ivyo vyoba bimaze kuba koko?
8. (a) Indwano ya mbere y’isi yose irangiye, isobanurwa rihambaye ry’abavuga ko ari abakirisu ryabaye ni irihe? (b) Abakirisu nyakuri basīzwe bagaragaje gute ko mu vy’ukuri ari bo ba “bana b’ubwami”?
8 Aho indwano ya mbere y’isi yose irangiriye, ni ivy’ukuri harabaye isobanurwa ry’abavuga ko ari abakirisu, bashirwa muri iyi migwi ibiri: (1) Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu n’abigishwa babo, bamwe bāshigikira koko wa Muhari w’Amahanga (ubu ni Ishirahamwe Mpuzamakungu), bataretse ivy’ugushimagiza ibihugu vyabo vy’amavukiro. (2) Abakirisu b’ukuri basīzwe ari bo masigarira asa n’uko ari makeyi bo muri ico gihe c’inyuma y’indwano, bamwe bashigikiye Ubwami bwa Mesiya bimwe bishitse. Uwo mugwi wa mbere waragaragaje ko utagizwe n’abakirisu nyakuri, kubera ko ushigikira intwaro z’iyi si vyibonekeje, bakiyumvīra ko amahoro n’umutekano bizoboneka biciye kuri zo. (Yohani 17:16) Ariko Abasavyi ba Yehova bo, uwo Muhari w’Amahanga neza na neza bawise ko ari ca “kizira c’ubuyobe bw’ubugesera” co muri iki gihe, kimwe kivugwa muri Matayo 24:15. Kugira ngo berekane ko ari bo vy’ukuri ba “bana b’ubwami (bw’Imana),” baratanguye ivy’ukwamamaza “[iyi nkuru nziza y]’ubwami . . . mw isi yose.” (Matayo 24:14) Mu nyuma vyagenze gute?
9. Igikorwa c’ukwamamaza ivy’Ubwami barangūye cavyaye iki ubwa mbere?
9 Bābanje gutororokanya amasigarira y’“abatoranijwe,” abakirisu b’abasīgwampwemu. Naho basabagiye mu bihugu nk’uko hoba ari “mu birēre bine,” bahurikira hamwe mu buryo bw’Ishirahamwe bayobowe n’abamarayika.—Matayo 24:31.
10. (a) Ikindi gikorwa c’ugusobanura abantu carangūwe gute, kandi cari gihuje n’amajambo menyeshakazoza ayahe? (b) Iranguka ry’ayo majambo menyeshakazoza yose uko ari ryerekana iki?
10 Nk’uko Yezu yari yarabivuze, yaciye atangura gusobanura abantu bo mu mahanga yose, “nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene.” Ico gikorwa Kirisitu arongōye avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami mw ijuru kirabandanya no muri iki gihe, kandi na wewe ubwawe kirakwerekeye. Hariho abantu, mbere ni bo benshi, badashaka kwumva ivy’Ubwami bw’Imana na ba “bana” babwo b’abasīgwampwemu, bazorungikwa rero ‘mw itikizwa ry’ibihe bidashira,’ bapfe. Ariko abandi bo Umukama arabahamagara ngo batorane akarēre ko kw isi k’ubwo Bwami bwiwe, biteze ubuzima budashira. Abo bantu bameze nk’intama barifatanije na ba “bana b’ubwami” basīzwe, naho bahamwa bimwe bikaze. (Matayo 25:31-46) Barumira kw ibanga mu vy’ugufasha abasīzwe kumenyekanisha mu bantu bwa butumwa ngirakamaro koko bw’ivy’Ubwami. Ishengero rinini rigizwe n’amamiliyoni y’abantu, rirafashanya ico gikorwa. Ubutumwa bw’ivy’Ubwami burumvikana gushika no ku mpera z’isi. Ibintu nk’ivyo ko biriko biraba bishaka kuvuga iki? Ko twegereje rwose ku mpera y’“imisi y’iherezo,” ko wa ‘musi wa Yehova’ uri hafi koko.
Ni Igiki Kiturindiriye?
11. Hoba hariho igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza kigikeneye gukorwa imbere y’uko wa ‘musi wa Yehova’ ushika?
11 Hoba hakiriho amajambo menyeshakazoza ategerezwa kurangurwa imbere y’uko wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova utangura? Egome. Ugusobanura abantu kwerekeye ca kibazo c’ivy’Ubwami ntikurarangira. Mu mihingo imwe imwe imaze imyaka irimwo uruhamo rukaze, ubu hari iyimbura ridasanzwe ry’abayoboke bashasha. Eka mbere n’ahaba abantu bashiburira kure inkuru nziza, ubutungane bwa Yehova n’imbabazi ziwe turabigaragariza aho hantu mu gushingira intahe Ubwami. Nuko rero kenyera ukore! Yezu aremeza ko ico gikorwa ni camara kurangūrwa, “umuhero uzoca uza.”—Matayo 24:14.
12. (a) Nk’uko vyerekanywe mw ikete rya 1 ku b’i Tesalonike 5:2, 3, ni igiki dukwiye kuzirikana cimirije kuzoba mw isi? (b) Ivyo bishaka kuvuga iki kuri twebwe muri ico gihe?
12 Ayandi majambo menyeshakazoza yo muri Bibiliya afise ico avuze koko, abūra ibi: “Aho bazoba bavuga bati: ‘Hari amahoro, nta nkomanzi,’ ni ho [ugutikira] kuzobazako giturumbuka, nk’uko ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.” (1 Ab’i Tesalonike 5:2, 3) Ukuntu bizoba bimeze ivy’ukwo gutangaza ngo “hari amahoro nta nkomanzi,” tuzoba turabibona. Ariko ico bikoze co ntibizoba vyerekana ko abakuru bo muri iyi si bazoba batoreye umuti ingorane z’abantu. ‘Abaguma bazirikana rwose’ wa musi wa Yehova ntibazohendwa n’iryo tangazo. Barazi ko mu nyuma ubwo nyene ‘ugutikizwa giturumbuka’ kuzoca gushika.
13. Ni ibiki bizoca ubwo nyene bikurikira rya tangazo ngo “hari amahoro nta nkomanzi,” kandi bizokwirikirana gute?
13 Ubwa mbere, nk’uko Ivyanditswe bivyerekana, abategeka mu vy’intwaro bose hamwe, bazohindukirira Babiloni Hahambaye ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, bayizimanganye. (Ivyahishuriwe Yohani 17:15, 16) Mu vy’ukuri, birabereye kumenya ko agatima k’ukwanka amadini cane cane ay’abiyita ngo ni abakirisu, n’ubu nyene kibonekeza. Intwaro zifise politike ikaze mu vy’ukurwanya amadini, ziramaze kugira ububasha koko mw Ishirahamwe Mpuzamakungu, kandi n’abantu bo mu bihugu vyijukiye idini kuva na kera na rindi, abenshi ni abaheba ayo madini ya basekuruza babo. Ivyo vyose bishaka kuvuga iki? Ko ugusangangurwa kw’amadini yose y’ikinyoma kuri hafi. Ivyo birangiye, igihe amahanga azokwubahuka gutera yivuye inyuma abashigikiye inganji ya Yehova, ubushangashirwe bw’Imana buzosukwa ku ntwaro no ku bazishigikiye, zose uko zingana zice zihona. Amaherezo, Shetani ubwayo hamwe n’abamarayika bayo bazoshiburirwa mu rusumanyenzi, bazibirwe bimwe bishitse ntibasubire kwosha abantu. Ni ivy’ukuri uyo uzoba ari “umusi wa Yehova,” umusi izina ryiwe rizoshirwa hejuru.—Ezekiyeli 38:18, 22, 23; Ivyahishuriwe Yohani 19:11–20:3.
14. Ni kuki bitoba biranga ubukerebutsi kwiyumvira ko wa musi wa Yehova ukiri kure?
14 Uzoshika igihe kigeze, nk’uko Imana yabishinze. Ntuzorenza igihe. (Habakuki 2:3) Uramenya ko isangangurwa rya Yeruzalemu mu 70 G.C. ryaje vuba na vuba Abayahudi batavyiteze, igihe babona ko icari kibahanamiye kihavuye. Ca gisagara Babiloni ca kera co bite? Cari gikomeye, abo muri co nta co binona, cari gikikujwe n’ibihome binini binini. Ariko casenyutse mw ijoro rimwe. Uko ni ko n’‘ugutikira giturumbuka’ kuzoshikira ivy’iyi si mbi. Igihe kuzoshika, kuze gusange duhurikiye hamwe mu vy’ugusenga Imana kw’ukuri, twagumye ‘dushize rwose ku muzirikanyi’ wa musi wa Yehova.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki ‘kuguma tuzirikana rwose’ wa musi wa Yehova biri n’akamaro koko? Ivyo twobishitsa dute?
● Ivy’ukusobanura abantu bigirwa ubu twebwe ubwacu bitwerekeye gute?
● Ni igiki cimirije kuba imbere y’uko wa musi wa Yehova utangura? Ni igiki none twebwe ubwacu dukwiye kugira ubu?