ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 73
  • Umwami wa Nyuma Mwiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwami wa Nyuma Mwiza
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yosiya yarakunda amategeko y’Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yosiya yari afise abagenzi beza
    Niwigishe abana bawe
  • Yaragarukanye abantu kuri Yehova
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yosiya yahisemwo gukora ibigororotse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 73

INKURU YA 73

Umwami wa Nyuma Mwiza

YOSIYA yabaye umwami wa ya miryango ibiri amaze imyaka umunani. Iyo myaka ni mike cane ku mwami, ni co gituma abashingantahe babanje kumufasha kuganza.

Yosiya amaze imyaka indwi atwara, atangura kurondera Yehova, akurikira akarorero ka Dawidi, Yehoshafati na Hezekiya. Akiri muto, akora ikintu c’ubugabo.

Abisirayeli nka bose bari bamaze igihe basenga imana zitari zo, bapfukamira ibishusho. Yoseya ajana n’abantu biwe, batangura gukuraho ugusenga kubi mu gihugu. Ntikari akazi koroshe, kubera ko ibishusho vyari vyinshi cane. Ngabo bariko barabimenagura.

Ivyo biheze, atora abantu batatu abashinga gusanura urusengero rwa Yehova. Abantu barasorōranya amahera, bayaha abo bakoresha ngo barihe abakozi. Bariko bararusanura, Hilikiya umuherezi mukuru atora ikintu c’ingirakamaro cane. Igitabu c’amategeko ya Yehova cānditswe na Musa kera cane, cari caratakaye kuva kera.

Bagishīra Yosiya, asaba ko bakimusomera. Arumviriza, yumva ko abantu batakurikije amategeko ya Yehova. Arababara cane, yitaburirako impuzu nk’uko ubibona ngaha. Ati ‘Yehova aradushavuriye, kubera ko abatuvyaye batakurikije amategeko yanditswe muri iki gitabu.’

Yosiya ategeka Hilikiya ngo abaze ico Yehova azobagira. Hilikiya aja kubaza Hilida, umugore yari umumenyesha kazoza. Ababwira inkuru iva kwa Yehova ngo bayishikane kwa Yosiya ati: ‘Yeruzalemu n’abantu bose bagiye guhanwa kubera ko bāsenze ibishusho, igihugu cuzuramwo inkozi z’ibibi. Ariko kubera ko wewe Yosiya wakoze neza, ico gihano kizoza utakiriho.’

2 Ngoma 34:1-28.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika