ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 72
  • Imana Ifasha Hezekiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana Ifasha Hezekiya
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • «Yarumiye kuri Yehova»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Akarorero wokwigana—Hezekiya
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Yagumye yumiye kuri Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 72

INKURU YA 72

Imana Ifasha Hezekiya

URAZI igituma uyo muntu ariko arasaba Yehova? Ni kuki ashanje ayo makete imbere y’uruhimbi rwa Yehova? Ni Hezekiya, umwami wa ya miryango ibiri y’Abisirayeli. Ari mu kaga kanini. Kuki?

Kubera ko Abasiriya bari bamaze kwica ya miryango 10 yo mu burarūko, bayihora ububi bwayo. Abo Basiriya bari baje gutera iyo miryango ibiri na yo.

Umwami w’Abasiriya atuma amakete kwa Hezekiya. Ngaho ayashize imbere y’Imana. Ni ayo gutuka Yehova, no kubwira Hezekiya ngo yemere ko atsinzwe. Ni co gituma ariko arasaba ati: ‘Ewe Yehova, dukize uwo mwami w’Abasiriya, ni ho ibihugu vyose bizomenya ko ari wewe Mana wenyene.’ Yehova araza kumwumvira?

Hezekiya yari umwami mwiza, ntiyari ameze nka ba bami babi ba ya miryango 10, canke nka se Ahazi. We yarubaha rwose amategeko ya Yehova yose. Ahejeje gusenga, umumenyesha kazoza Yesaya amurungikira agakuru kavuye kwa Yehova ati: ‘Umwami w’Abasiriya n’abasoda biwe ntibazokwinjira i Yeruzalemu, mbere ntibazoruha banahegera. Nta mwampi n’umwe bazorasayo.’

Rāba ngaha kuri iki gishushanyo. Abo basoda bapfuye urazi abo ari bo? Ni abasiriya. Yehova yatumye umumarayika, yica abasoda 185 000 mw ijoro rimwe, umwami wabo aca ariruka.

Iyo miryango ibiri irarokoka, imara imisi iri mu mahoro. Hezekiya arapfa, umuhungu wiwe Manase aba umwami. Manase n’umuhungu wiwe Amoni baba babi, inkozi z’ibibi zisubira kugwira mu gihugu. Amoni yicwa n’umusuku wiwe, Yosiya umuhungu wiwe aca aba umwami w’iyo miryango ibiri.

2 Abami 18:1-36; 19:1-37; 21:1-25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika