ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 74
  • Umugabo Adatinya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugabo Adatinya
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yeremiya ntiyaretse kuvuga ivyerekeye Yehova
    Niwigishe abana bawe
  • Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Yehova atuma Yeremiya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 74

INKURU YA 74

Umugabo Adatinya

RABA abo bariko baratwenga uyo musore. Urazi uwo ari we? Ni Yeremiya, umumenyesha kazoza mukuru cane.

Aho umwami Yosiya atanguriye kumenagura ibishusho, ni ho Yehova yamubwira kuba umumenyesha kazoza wiwe. We yabona ko akiri umwana adashobora kuba umumenyesha kazoza. Yehova amubwira ko azomufasha.

Yabwira Abisirayeli ngo bareke gukora ibibi ati: ‘imana zisengwa n’abanyamahanga si zo. Abisirayeli benshi bākunda gusenga ibishusho gusa. Igihe yababwira ko Imana igiye kubahana kubera ibibi bakora, bāramutwenga.

Haheze imyaka Yosiya arapfa, inyuma y’amezi atatu umuhungu wiwe Yehoyakimu aba umwami. Yeremiya aguma ababwira ati: ‘Yeruzalemu hazobomorwa ni mutareka ibibi mukora.’ Abaherezi baca baramufata biha akamo bati: ‘Ukwiye kwicwa kubera ivyo uvuze.’ Baza kubwira abakuru b’Abisirayeli ngo ‘Yeremiya akwiye gupfa, kubera ko avuga nabi igisagara cacu.’

Aza kubigira ate none? Ntiyatinya! Arababwira bose ati: ‘Yehova yantumye ngo ndabibamenyeshe. Ni mutihana, azobomora Yeruzalemu. Ni mwanyica na ho, muzoba mwishe umuntu ata kibi yakoze.’

Ba bakuru ntibamwishe, kandi n’abantu ntibihanye. Nebukadinezari umwami w’i Babiloni aca aratera Yeruzalemu. Afata Abisirayeli abagira abasuku biwe, abandi benshi abajana i Babiloni. Iyumvire nawe nk’igihe abanyamahanga bokujana mu ntara utabayemwo!

Yeremiya 1:1-8; 10:1-5; 26:1-16; 2 Abami 24:1-17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika