ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 rup. 193
  • Akarorero wokwigana—Hezekiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akarorero wokwigana—Hezekiya
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ivyo bijanye
  • ‘Yagumye yumiye kuri Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • «Yarumiye kuri Yehova»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Imana Ifasha Hezekiya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 rup. 193

Akarorero wokwigana—Hezekiya

Hezekiya ategerezwa gufata ingingo ihambaye. Ku myaka 25 gusa, arimikwa akaba umwami wa Yuda. None azoba umwami ameze gute? Yoba azokwigana akarorero kabi ka se, Umwami Ahazi? Ahazi yarinze apfa ari umuhuni. Yarateje imbere ugusenga kwa gipagani mbere araturirira ku gicaniro c’imana y’abapagani n’imiburiburi umwe muri bene wabo na Hezekiya. (2 Ngoma 28:1-4) Ariko rero, Hezekiya ntareka ngo ubwiyorobetsi bwa se butume adahimbarwa n’ugusenga Yehova, eka kandi ntabona ko abwirizwa kwigana amakosa ya se. Ahubwo nyabuna aguma “yumiye kuri Yehova.”—2 Abami 18:6.

Umwe mu bavyeyi bawe yoba asuzugura ibijanye n’ugusenga Yehova? Yoba ari inkazi canke akaba yariziziwe n’ingeso kanaka? Nimba ari ukwo biri, ntubwirizwa kwigana amakosa yiwe! Hezekiya ntiyaretse ngo ibintu bibi yaciyemwo mu muryango bimwononere ubuzima. Nkako, yabaye umwami mwiza cane ku buryo “mu nyuma ziwe [a]ta n’umwe yabaye nka we mu bami ba Yuda bose.” (2 Abami 18:5) Cokimwe na Hezekiya, urashobora kuroranirwa mu buzima naho mu muryango wanyu ibintu vyoba vyifashe nabi. Uti gute? Mu kuguma “[w]umiye kuri Yehova.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika