Ikigabane ca 14
Gukomezanya mu Rugo Kugira Muzokwameho Muri Kazoza
1. Ni kuki ari vyiza kwiyumvīra ivyo muri kazoza igihe uriko urarondera ko abo mu rugo bohimbarwa?
IGIHE kiguma kirengana. Turashobora kwibuka ibintu vyinshi vyiza vyahise, mugabo ntidushobora kubigarukana. Ivyahise hamwe n’amakosa twagize biri n’ico vyotwigisha, mugabo usanga dushobora gusa kubaho mu gihe c’ubu. Ariko naho ababana mu rugo boba bumvikana neza mu mwanya umwe, bakwiye kumenya yuko uwo mwanya urengana ningoga; uyu musi ntihateba kuba ejo, kandi bidatevye ivy’ubu usanga bibaye ivyahise. Kugira rero twebwe ababana mu rugo tugire ubuhirwe, harakenewe rwose ko tuguma turāba muri kazoza, tukitegura, tugafata imigambi. Ukuntu ivyacu twebwe hamwe n’ivy’abacu bizoba vyifashe muri kazoza, biva cane cane ku ngingo dufata muri iki gihe.
2. (a) Ni kuki abantu benshi badashima kwiyumvīra ivyerekeye kazoza? (b) Niba dushaka kuzohimbarwa muri kazoza dukwiye kwumviriza nde?
2 Mwiteze iki muri kazoza? Abantu nka bose bakunda kwiyumvīra yuko bimirije kuzomara imyaka mikeyi gusa. Abatari bake ntibashima kurāba kure cane muri kazoza, kubera ko ico biteze ari uko gusa amaherezo bizomera nabi, urupfu ni rwaza gusenya urugo. Ku batari bake, ibihe vy’agahimbare mu buzima ntibiteba kubamwo amaganya. Mugabo bumvirije umwe ‘atuma imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi igira izina,’ kubaho vyoshobora kugira ico bivuze rwose.—Abanyefeso 3:14, 15.
3. (a) Ni ivyizigiro ibihe Imana yahaye ba bantu ba mbere? (b) Ni kuki vyagenze ukundi?
3 Igihe ba bantu babiri ba mbere baremwa, Imana ntiyagomba yuko bo nyene ubwabo canke abo bokwibarutse mu nyuma babaho imyaka mikeyi gusa bari mu ngorane, hanyuma bagapfa. Yarabahaye iparadizo yo kubamwo ibaha n’icizigiro c’ukubaho ibihe bitagira iherezo. (Itanguriro 2:7-9, 15-17) Ariko baritesheje ico cizigiro bagitesha n’abābakomotseko, mu kurenga itegeko ry’Imana n’ibigirankana kandi ubuzima bwabo babukesha yo. Ivyo Bibiliya irabisigura, iti ‘icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe [Adamu], urupfu ruzanwa n’icaha, ni co gituma urupfu rwashitse ku bantu bose, kuko bose bākoze icaha.’—Abaroma 5:12.
4. Ni igiki Imana Yehova yatunganije kugira umugambi wayo wa mbere na mbere werekeye abantu iyo bava bakagera uze uranguke?
4 Ariko rero Imana yaratunganije ivy’ugucungura igisata c’abantu ibitumwe n’urukundo. Umwana wayo bwite ari we Yezu Kirisitu, yaratanze ubuzima yari afise bw’umuntu butagira agasembwa kubera abakomotse kuri Adamu bose. (1 Timoteyo 2:5, 6) Ico rero Adamu yari yitesheje Yezu yarakiguze arakigarura ari kwo kugicungura, bica birashoboka yuko abokwizeye ivyo vyatunganijwe boronka akaryo k’ukuzohabwa ubuzima nka bumwe Imana yari yararaganiye ba bantu babiri ba mbere. Muri iki gihe, iyo umuntu adashikiwe n’indwara ikomeye canke n’isanganya akiri muto, arashobora kumara imyaka 70 canke 80, kandi hari n’abayirenza gatoyi. “Ariko ingabire y’Imana ni [ubuzima, NW] budashira bubonerwa muri [Kirisitu Yezu Umukama, NW] wacu.”—Abaroma 6:23.
5-7. (a) Igihe twokora ivyo Imana igomba ubu, twokwitega iki muri kazoza? (b) Ni ikibazo ikihe wokwibaza ku vyerekeye ugufasha abawe?
5 Ku bo mu rugo iwanyu ivyo bishaka kuvuga iki? Ku bumva amabwirizwa y’Imana bakayakurikiza, bituma bazokwamaho muri kazoza. (Yohani 3:36) Imana muri rya Jambo ryayo ritabura kurangūka, yaturaganiye yuko izokuraho ivy’iyi si y’ubu birimwo agahahazo, yo nyene ubwayo ishinge intwaro itagira agasembwa kandi itunganye, izorongōra ivyerekeye abantu iyo bava bakagera. (Daniyeli 2:44) Ijambo ryayo ivyo riravyerekana, rikatumenyesha ko yagabiye ‘gusubira gukoraniriza vyose muri Kirisitu, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.’ (Abanyefeso 1:10) Vyemere, ni ho ivyo kw isi no mw ijuru bizogira umwumvikano, kandi kw isi iyo iva ikagera abantu bose bazohurikira hamwe, bakire ivy’ukurwana bapfa amoko bakire n’intwaro nyinshi hamwe n’ubukozi bw’ikibi bw’ibipfamutima, bakire na za ndwano zikaze. Ingo zizobaho ata nkomanzi, “kandi nta wuzobakanga.” (Zaburi 37:29, 34; Mika 4:3, 4) Ivyo bizoba kubera yuko ico gihe abazoba bariho bose bazoba ari abantu ‘bigāna Imana nk’abana ikunda,’ kandi ‘bazoguma bagendera mu rukundo.’—Abanyefeso 5:1, 2.
6 Ni ho abantu bazokora bahurikiye hamwe ari igisata kiyobowe n’inganji y’Ubwami bw’Imana, bashitse umugambi uhimbara w’uguhindura isi iparadizo nk’uko Imana yari yabigabiye, ibe itongo ry’ukubamwo ririmwo imfungurwa umurengera ku bantu iyo bava bakagera. Inyoni z’amoko yose kw isi, isamaki hamwe n’ibikōko, abantu bazobiganza n’ubuntu bwinshi biheze bibazanire akanyamuneza, kuko Imana yavuze ko ivyo ari vyo igomba. (Itanguriro 2:9; 1:26-28) Indwara, ububabare, uguhomvagurwa n’ubusaza ntibizoba bikiriho, nta n’ubwoba bw’urupfu buzoba bukivuruga umunezero mu kubaho kw’abana b’abantu. Ndetse n’abari “mu mva [z’icibutso, NW]” bazogaruka na bo nyene baronke ivyiza vy’igitangaza abariho bashobora kuronka ico gihe.—Yohani 5:28, 29; Ivyahishuriwe Yohani 21:1-5.
7 Wokora iki kugira ufashe abawe baze baronke ivyo bintu twiteze ni vyaranguka?
TWOKORA IKI?
8. Kugira dushimwe n’Imana dusabwa kugira iki?
8 Nta n’umwe muri twebwe akwiye kwihenda ngo yiyumvīre yuko tuzoharūrwa mu bazoronkera ubuzima mw isi nshasha y’Imana, ngo ni uko gusa tubayeho mu buryo busa n’uko ari kwo “kubaho kwiza.” Si twebwe twishingira ibisabwa dukwiye gushitsa ivyo ari vyo; Imana ni yo ifise ubwo burenganzira. Umusi umwe Yezu yariko arigishiriza mu ntara y’i Yudaya, haza umuntu, amubaza ati: “Nkore iki ngo nze ndagwe [ubuzima, NW] budashira?” Raba inyishu yaronse: “ ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubugingo bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose,’ hamwe na ‘mugenzawe nk’uko ubwawe wikunda, NW.’ ” (Luka 10:25-28) Biragaragara ko atari ugupfa kuvuga gusa ko twizeye Imana, canke kudasība ku makoraniro aho bayāga ivyerekeye Bibiliya, canke kugirira neza abantu bamwe bamwe iyo turonse uburyo. Ahubwo ukwizera twerekana gukwiye kugira ububasha bw’uguhindura uburyo twiyumvīra, ivyo twipfuza n’ivyo dukora buri musi umurango wose.
9. Ni ingingo izihe zo mu Vyanditswe zodufasha kugira ivyiyumviro biri ku rugero ku vyerekeye ukuntu twobona ibintu bigirwa mu buzima bisanzwe?
9 Kugumiza ku muzirikanyi ivy’ubucuti dufitaniye n’Imana kandi ubwo bucuti tukabona ko buri n’agaciro, biradufasha tukagira ibiranga ubukerebutsi kandi bigatuma iyo Mana idushima, igatako ikadufasha. (Imigani 4:10) Ivyerekeye ubuzima vyose tubifashe nk’ibifitaniye isano na yo hamwe n’imigambi yayo, twoshobora kuguma dufise ivyiyumviro biri ku rugero mu vyerekeye ivyo twokora mu buzima. Kugira turonke ivy’umubiri dukeneye turinda gukora. Ariko Umwana w’Imana aratwibutsa yuko ukwitwararika cane itunga ry’ivy’umubiri n’ukurihahamira bidashobora kutwongerereza ukuramba na buhoro buhoro; ukurondera ubwa mbere ivy’Ubwami bw’Imana n’ugutungana kwayo ni vyo bikwongereza igihe kitagira iherezo. (Matayo 6:25-33; 1 Timoteyo 6:7-12; Abaheburayo 13:5) Imana yagabiye yuko mu mubano wo mu rugo tunezerwa vy’ukuri. Mugabo igihe twokwishinga gusa ivyo mu rugo iwacu gushika aho ivy’ugukunda koko abataba muri rwo bitunanira, kwoba ari ukwigirira nabi twebwe nyene, vyotuma abo muri urwo rugo badatahura neza ivyerekeye ubuzima, vyotuma kandi tutaronka imigisha y’Imana. Ugukina n’ukwinezereza vy’ababana mu rugo biratera akanyamuneza kenshi iyo bitarenze urugero, ntitwigere tureka ngo bije imbere y’urwo dukunda Imana. (1 Ab’i Korinto 7:29-31; 2 Timoteyo 3:4, 5) Igihe ivyo dukora vyose turi kumwe mu rugo canke umwe wese ukwiwe bihuje na za ngingo nziza zo mw Ijambo ry’Imana, turagira akanyamuneza nyakuri mu buzima tukiyumvamwo ko hari ico turangūye koko, kandi tuba dushinze ishimikiro ryiza ryerekeye ivy’ukuzokwamaho muri kazoza. Nuko rero “ivyo mukora vyose mubikore [n’ubugingo bwanyu bwose nk’abakorera Yehova, NW] . . . muzi yuko muzohabwa impēra na [Yehova, NW] ni yo wa mwandu.”—Ab’i Kolosayi 3:18-24.
GUKOMEZANYA MU RUGO
10. Ukuyāga ivyerekeye Bibiliya ubudahengeshanya mu rugo bifise akamaro gaki?
10 Kugira ababana mu rugo bagume bahuje imigambi, ukuyāga ivy’Ijambo ry’Imana mu rugo biri n’akamaro rwose, ni nkenerwa koko. Uko bukeye ni ko umuntu aja araronka akaryo k’ukugereranya imigambi y’Umuremyi n’ivyo abonye canke ivyo agize. (Gusubira mu vyagezwe 6:4-9) Ni vyiza gutegekanya umwanya w’uko bose boja barakoranira hamwe bagasoma kandi bakayāga ivyerekeye Bibiliya, kumbure bakoresheje ibitabu biyisigura. Ivyo bituma haba ubumwe mu rugo. Abagize urwo rugo rero barashobora gukoresha Ijambo ry’Imana bagafashanya gutsinda ingorane zishobora kwaduka. Igihe abavyeyi batanze akarorero keza bakirinda ngo ntihagire ivyohuta kuja birabatwara uwo mwanya w’ukuyāga ivyerekeye Bibiliya, bituma abana batahura neza yuko kwubaha Ijambo ry’Imana kandi rikabashimisha cane, ari nkenerwa rwose. Umwana w’Imana yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’[umukate, NW] gusa ariko atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.”—Matayo 4:4.
11. Ni igiki umuntu akwiye kwirinda mu rugo ku vyerekeye iterambere ryo mu vy’umutima?
11 Ku mubiri ‘ntihakwiye kuba amacakubiri,’ ahubwo ‘ingingo zose zikwiye kwitwararikana kumwe.’ (1 Ab’i Korinto 12:25) Ivyo ni uko bikwiye kugenda no ku babana mu rugo bose uko bangana. Mu bubakanye umwe ntakwiye kwitwararika rwose ivy’iterambere ryiwe ukwiwe ryo mu vy’umutima mu kwiga no mu gutahura ibintu, ku buryo ukwerekana ko yitayeho vy’ukuri iterambere ry’uwo bubakanye bimunanira. Akarorero nk’igihe umunega atitaho bihagije ivyo umukenyezi wiwe akeneye mu vy’umutima, amaherezo ashobora kutaguma ahimbarwa n’imigambi ihimbara nya munega. Igihe abavyeyi ubwabo batitaho bihagije ivy’ugukura kw’abana babo mu vy’umutima ngo babafashe kubona ukuntu bokurikiza ingingo ziri mw Ijambo ry’Imana, n’ukuntu zishobora kubazanira agahimbare kenshi mu buzima, birashoboka ko abo bana wosanga umutima n’ubwenge vyatwawe na ka gatima k’uguhahamira amatungo kari muri iyi si babamwo. Kugira abo muri urwo rugo rwawe bose baronke ivyiza vyamaho, ukwiga ibiri mw Ijambo ry’Imana nibigirwe ubudahengeshanya kandi mubone ko ari nkenerwa rwose mu mubano wanyu wo mu rugo.
12. Abo tutokwirengagiza ivy’ukwifatanya na bo ni bande?
12 Niba vy’ukuri ‘urukundo rutanguriye i muhira,’ ntirukwiye kugarukira aho. Ijambo ry’Imana risanzwe ryaravuze yuko no muri iyi si nyene turimwo, abasavyi bayo nyakuri bobaye umuryango w’abavukana wo kuri uyu mubumbe wose. Iyo Mana itubwira ngo “iyo turonse uburyo tugirire bose neza, cane cane [abo turi n’ico dupfana mu vy’ukwizera, NW]” ari bo “muryango wose wa benedata uri mw isi.” (Ab’i Galatiya 6:10; 1 Petero 5:9, NW) Kwama abo mu rugo baja gukoranira hamwe n’abo muri uyo “muryango” munini gusumba, bikwiye kubatera akamwemwe, kamwe ata wohūta arakitesha kubera ibindi bintu.—Abaheburayo 10:23-25; Luka 21:34-36.
13. Ni igiki dushinzwe kugirira abatari mw Ishengero ry’abakirisu?
13 Ariko rero ntitwokunda abari mu “ngoro y’Imana” ari yo Shengero ryayo bonyene. (1 Timoteyo 3:15) Nk’uko Umwana w’Imana yabivuze, dukunze gusa abadukunda n’abavukanyi, ‘ni igiki c’agatangaza twoba tugize?’ Kugira tumere nka Data wa twese wo mw ijuru, dukwiye gushikīra abantu bose bivuye ku mutima tukerekana ubuntu tukabafasha bose ata we turobanuye, tukarondera nantaryo kuyāga na bo ivy’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ivyo akaba ari twebwe tubitangura. Igihe twebwe ababana mu rugo twerekanye urukundo ben’urwo ruturuka ku Mana muri ubwo buryo, duca tubona vy’ukuri ko turi n’ico tubereyeho kandi ko hari ico dushaka gushikako. Twese hamwe, abavyeyi n’abana, duca dutahura ico ari co kwerekana urukundo bimwe bishitse nka kurya Imana irwerekana. (Matayo 5:43-48; 24:14) Kandi na twebwe nyene turagira agahimbare nyakuri kadashobora kuboneka mu bundi buryo atari mu gutanga gutyo n’umutima wose.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.
14. Ni impanuro iyihe yokurikizwa bigatuma umubano wo mu rugo ubamwo agahimbare?
14 Ese ingene abo mu ngo zerekana urukundo ben’urwo ivyo biteze ari igitangaza! Barazi yuko umubano wabo utobamwo agahimbare badakurikije impanuro basanga mw Ijambo ry’Imana. Naho ababana mu rugo ben’abo bashikirwa n’ingorane hamwe n’ibibakaza mu buzima bimwe bishikira abantu bose, n’ubu nyene iyo bazikurikije bararonka ivyiza vyinshi. Ariko rero ntibabona ivyo muri iki gihe gusa, kandi ntibiyumvīra ivy’imyaka mikeyi gusa bazobaho imbere y’uko urupfu rurangiza vyose. Umwe umwe wese mu bagize urwo rugo akomeza abandi ahimbawe kugira bazokwameho muri kazoza, yizigiye ivyo Imana yasezeranye bizoshika ata kabuza.
15. Ni ibibazo ibihe wokwibaza vyerekeye uburyo amategeko-nyobozi yo mu Vyanditswe ari muri iki gitabu yogira ico abunguye?
15 Iki gitabu kiratweretse ibiri muri Bibiliya, vy’uko igihe Imana yarema iyi si yagomba yuko abantu bayibako. Kugira ngo ivyo abishitse yatanguje ivy’ingo. Kandi iyo Mana Yehova yarashingiye baserugo, banarugo hamwe n’abana amategeko-nyobozi, na yo nyene twayihweje. Muri izo ngingo hari izo woba ushobora gukurikiza aho mu rugo iwanyu? Zoba zaragufashije bica bituma umubano wo mu rugo iwanyu urushiriza kubamwo agahimbare? Twibaza ko ari uko biri. Ariko none wewe ubwawe n’ab’aho mu rugo iwanyu mwiteze iki muri kazoza?
16-18. Imana Yehova yagabiye ko iyi si imera gute bimwe vy’igitangaza?
16 Ubwo woshima gufasha mu vy’ukubungabunga iyi si, mu vy’ukuyirima kugira yimbuke cane no mu bugaragwa hatotahare? Ubwo woshima kubona imikere n’ibitovu bisubiriwe n’imirima y’ibiti vyama ibiribwa hamwe n’amadonzi yazitanye? Ubwo wewe ubwawe n’abawe mwohimbarwa n’ukuganza ibikōko mudakoresheje inkoho, inkoni canke ibihindizo vy’ivyuma, ariko mukabiganza n’urukundo mwe na vyo mwizigiranira?
17 Umutima wawe ni waba wipfuza rwose kubona igihe inkota zizocurwamwo amasuka, amacumu agahinduka inkero, igihe abakora amabombe canke abatera intambara batazoba bakiriho, woca uhimbarwa n’isi nshasha ya Yehova. Abategetsi bahahaza abantu, abadandaza b’umunoho hamwe n’abanyamadini b’indyadya, bazoharūrwa mu vyahise. Urugo rwose ruzobaho amahoro munsi y’umuzabibu no munsi y’igiti carwo cama ivyitwa elayo. Uruyogoyogo rw’abana banezerewe bazoba bazutse hamwe n’ukuryogora kw’inyoni nyinshi gushwangamura, bizosamirana mw isi. Akayaga kazonezera rwose abantu kubera akamoto k’amashurwe kazosubirira wa mwotsi woniga umuntu ufumbuka uva mu mahinguriro.—Mika 4:1-4.
18 Niba wizigiye koko kubona ikimuga gisimba nk’impongo, kwumva ururimi rw’ikiragi ruririmba, kubona amaso y’impumyi ahumuka, kwumva ko amatwi y’abatumva yazibutse, kwibonera ko umuniho n’ugutaka bisubiriwe n’akamwemwe, amosozi n’intuntu bisubiriwe n’agatwengo, na bwo ububabare n’urupfu bigasubirirwa n’amagara meza hamwe n’ubuzima budashira, nukore uko ushoboye wifashe ubwawe ufashe n’abawe kugira mushitse ivyotuma mushobora kubaho ibihe bidashira mw isi nshasha ya Yehova, isi izoba irimwo ivyo vyose tuvuze mu bihe bidashira.—Ivyahishuriwe Yohani 21:1-4.
19. Wewe ubwawe hamwe n’abawe mushobora mute kuzoharūrwa mu bazoronka imigisha mw isi nshasha y’Imana?
19 Ubwo mu masinzi y’abantu bahimbawe bazoba bari kw isi ico gihe, abawe bazoba barimwo? Ivyo biva kuri wewe. Kurikiza ubu ivyo Yehova yategetse vyerekeye umubano wo mu rugo. Mwese uko mubana mu rugo nimugire ubu ivyogaragaza ko mwoshobora kuzobaho nk’uko bikwiriye muri iyo si nshasha. Nimwige Ijambo ry’Imana, nimurikurikize mu buzima, nimumenyeshe abandi ivyo mwizigiye kuzoronka. Mubigenjeje gutyo, mwebwe uko mubana mu rugo mwoba muriko murarondera “izina” ku Mana. “Izina ni ryo ry’uguhitamwo kurusha ubutunzi umurengera; ukwikundirwa ni kwiza cane kurusha ifeza n’inzahabu.” Iryo zina Yehova ntazoryibagira: “Kwibuka [intungane, NW] kurimwo umugisha.” (Imigani 22:1, NW; 10:7) Kubera ubuntu Yehova atugirira tutabibereye, wewe ubwawe hamwe n’abawe murashobora kuronka umugisha w’ukuzokwamaho muri kazoza muhiriwe bihebuje.
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose on page 189]