Ibindi Bitabu Vyofasha Abawe
Woba ushima ibindi bitabu biri n’ico bimaze koko vyofasha abawe? Urashobora kuronka kimwe muri ibi bikurikira canke ukabironka vyose wandikiye Watch Tower, ukoresheje indanzi ubona ko ibereye, kuri urwo rupapuro rukwirikira.
Kumsikiliza Mwalimu Mkuu. Ico gitabu na co nyene candikiwe abana bakiri bato. Kirimwo uburyo bw’ukwigisha butuma abana n’abavyeyi bacudika rwose, bugatuma kandi ukwiga kubaryohera. Ico gitabu candikiwe cane cane kwigisha abana za ngingo z’ukwigenza runtu zihebuje ziri muri Bibiliya. Abakiri bato ubigishije ingingo nziza z’ivy’ukubaho, mu vy’ukuri uba ubafashije kurwanya ingorane zo muri iki gihe. Kirimwo ibishushanyo bitera akanyamuneza, indome ni nini nini, amajambo arumvikana neza, gifise igipfukisho kigumye, ni igitabu coja mu mufuko, gifise impapuro 192.
Maswali Ambayo Vijana Huuliza—Majibu Yafanyayo Kazi. Ico gitabu kirafasha imvyiruke kunanira ivyobakwegera mu busambanyi bwo mw isi y’iki gihe. Ubugunge, ukuborerwa n’ukunywa ibiyayura umutwe, ubusambanyi, ugukwegana hamwe n’ubushakanyi, birimwo mu bivugwa muri co. Gifise igipfukisho kigumye, n’impapuro 320.