ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 2 rup. 8-9
  • Kwinanata

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwinanata
  • Be maso!—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KWINANATA BISOBANURA IKI?
  • IGITUMA KWINANATA BIHAMBAYE
  • INGENE WOKWIGISHA UMWANA WAWE KWINANATA
  • Ingene wofasha umwana igihe yananiwe
    Icofasha umuryango
  • Igisha umwana wawe kwicisha bugufi
    Be maso!—2017
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 2 rup. 8-9
Inabibondo ariko arafasha agakobwa kiwe kababajwe n’uko igato kakoze itatotse

ICIGWA CA 3

Kwinanata

KWINANATA BISOBANURA IKI?

Umuntu yinanata arihata agasubirana igihe aba yashikiwe n’ibintu bigoye. Ariko rero, ico si ikintu mvukanwa. Kurya nyene umwana ariko ariga gutambuka kaza karacamwo akagwa, n’umuntu yinanata amenya ingene yovyifatamwo neza mu buzima biciye ku ngorane aza aracamwo.

IGITUMA KWINANATA BIHAMBAYE

Hariho abana baca bacika intege iyo hagize ikintu kibananira, canke iyo bashikiwe n’ingorane, canke iyo hagize uwubanebagura. Hari n’abaca batana n’akabando. Ariko rero, barakwiye kumenya ibi bintu:

  • Nta wama akora vyose neza.​—Yakobo 3:2.

  • Nta n’umwe adashikirwa n’ingorane mu buzima.​—Umusiguzi 9:11.

  • Nta n’umwe adakenera gukosorwa.​—Imigani 9:9.

Umwana wawe niyiga kwinanata, bizomufasha kudahungabana niyashikirwa n’ingorane.

INGENE WOKWIGISHA UMWANA WAWE KWINANATA

Igihe hari ikimunaniye.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.”​—Imigani 24:16.

Fasha umwana wawe kubona ingene yoshira ibintu ku burimbane. Nk’akarorero, yokora iki nka hamwe yoyoberwa ikibazo kw’ishure? Yoshobora gucika intege, akibwira ko ata co azovamwo.

Kugira ngo umwigishe kwinanata, mufashe kubona ivyo yokora kugira aze aryohore ibintu ubutaha. Ivyo bizotuma ahangana n’iyo ngorane aho kuguma atuntuzwa na yo.

Ariko rero, niwirinde gutorera umuti iyo ngorane ihanze umwana wawe. Ahubwo mufashe kwiyumvira ingene yoyitunganya ubwiwe. Womubaza uti: “Ubona wokora iki kugira ngo urushirize gutahura icigwa muba muriko muriga?”

Igihe ashikiwe n’ingorane.

ICO BIBILIYA IVUGA: “[Ntimuzi] uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.”​—Yakobo 4:14.

Buraca bugacana ayandi. Uwutunze uyu musi, ejo arashobora gukena, uwufise amagara meza na we akarwara. Bibiliya ivuga ko ‘abanyarutsi atari bo bene gutsinda isiganwa, n’abanyenkomezi ko atari bo bene gutsinda urugamba, kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.’​—Umusiguzi 9:11.

Kubera ko uri umuvyeyi, birumvikana ko ukora ivyo ushoboye vyose kugira ukingire umwana wawe. Ariko rero tuvugishije ukuri, ntibishoboka ko umukingira akantu kose.

Kumbure umwana wawe ashobora kuba atarakura ku buryo atahura ingorane zijanye no kubura akazi canke iz’ivy’ubutunzi. Naho ari ukwo, woshobora kumwereka uko yovyifatamwo mu zindi ngorane, nk’igihe yahebanye n’umugenzi canke igihe yabuze incuti.a

Igihe akosowe.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umviriza impanuro . . . kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe.”​—Imigani 19:20.

Gukosora umwana si ukumutoteza, ahubwo ni ukumufasha kuryohora ivyo adakora neza.

Igihe wigisha umwana wawe kwemera gukosorwa, mwese murahungukira. Umuvyeyi umwe yitwa John avuga ati: “Igihe abana bakoze amakosa ntibakosorwe, nta co bazovamwo. Buzoca kabiri bakore ayandi, kandi uzokwama uriko uriruka inyuma yabo ugerageza gutorera umuti ingorane bakwega. Ivyo bituma abavyeyi n’abana, bose bahabonera.”

Wofasha gute umwana wawe kwakira neza impanuro? Igihe umwana wawe akosowe, haba kw’ishure canke ahandi, niwirinde kuvuga ko bitari bibereye ko akosorwa. Ahubwo woshobora kumubaza uti:

  • “Wibaza ko ari kubera iki bagukosoye?”

  • “Ubutaha ubona woryohora ibiki?”

  • “Uzokora iki niwasubira gukosorwa?”

Urama wibuka ko gukosora umwana wawe bizomufasha ubu no muri kazoza.

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2008.

Inabibondo ariko arafasha agakobwa kiwe kababajwe n’uko igato kakoze itatotse

MUMENYEREZE HAKIRI KARE

Umwana yinanata igihe aba yashikiwe n’ibintu bigoye canke yakoze amakosa, biroroha ko yumirako igihe aba ariko ariga ibintu bishasha, kandi ararushiriza kuba umuhanga muri vyo

Bigishe biciye ku karorero

  • Noba nemera amakosa yanje, canke ndayegeka ku bandi?

  • Noba mvuga ibintu vyananiye gukora be n’ico vyanyigishije?

  • Noba ntwenga abandi iyo bakoze amakosa?

Ivyo twakoze . . .

“Igihe cose abana bacu baciye mu ngorane canke bakoze amakosa, ntitwaca tubakingira ingaruka zavyo. Na jewe ni ko narezwe, kandi vyaratumye mba umuntu ameze neza. Kuba tutafyinishije abo bana bacu, ndabona ko vyatumye bakura bari ku murongo.”​—Jeff.

“Igihe cose je n’umugore wanje twaba dukoreye ikosa abana bacu, twaca tubasaba imbabazi. Igihe abavyeyi bakoze amakosa, mbona ko bakwiye kubibwira abana babo kugira ngo babereke ko mu buzima ata n’umwe adakora amakosa.”​—James.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika