ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 6 rup. 8-9
  • Igisha umwana wawe kwicisha bugufi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igisha umwana wawe kwicisha bugufi
  • Be maso!—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Kwicisha bugufi
    Be maso!—2019
  • Nutsimbataze ukwicisha bugufi nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Kwinanata
    Be maso!—2019
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Be maso!—2017
g17 no. 6 rup. 8-9
Agasore kiteze ko nyina agakorera vyose

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igisha umwana wawe kwicisha bugufi

INGORANE

  • Umwana wawe arishira hejuru, kandi afise imyaka cumi gusa.

  • Yiteze ko abantu bose bamufata nk’uwudasanzwe.

Uribaza uti: ‘Mbe basha yafashwe n’ibiki? Ndipfuza ko yiyumvamwo ko ari n’agaciro ariko sinshaka ko yiyumvira ko aruta abandi bose.’

Vyoba bishoboka ko ufasha umwana wawe kwicisha bugufi utarinze gutuma yumva ko ata co amaze?

Agakobwa kicaye nk’akamikazi abavyeyi bako bagapfukamiye

ICO UKWIYE KUMENYA

Mu myaka iheze, abavyeyi bararemeshejwe guha abana babo ivyo bipfuza vyose, kubahayagiza cane naho ata co boba bakoze cotuma bakezwa, no kwirinda kubakosora canke kubatoza indero. Bene kubigira biyumvira ko igihe abana bafashwe nk’abadasanzwe bituma bakura bumva ko bari n’agaciro. None ingaruka zabaye izihe? Igitabu kimwe (Generation Me) kivuga giti: “Ukwo gutuma abana bumva ko bari n’agaciro, abenshi vyabashizemwo agatima k’ubwikunzi butagira izina, aho gutuma baja ku murongo kandi bakagira agahimbare.”

Abana bakura bahayagizwa bidakwiriye, usanga batavyifatamwo neza iyo bakosowe, iyo bashikiwe n’ikintu kibavuna umutima, canke igihe ibintu bitagenze neza. Kubera ko baba bakuze bashira imbere ivyabo, bageze mu bigero biragora kugiranira n’abandi ubugenzi buramba. Ivyo bituma benshi muri bo bamana amaganya kandi bakagira akabonge.

Kwama tubwira abana ko ari ibitangaza si vyo bituma bagira agaciro nyakuri, ahubwo ibikorwa vyiza bakora ni vyo bituma bagira agaciro. Ako gaciro rero si ako mu vyiyumviro gusa. Barakwiye nyabuna kwiga ibintu, bakabishiramwo umwete kugira babe abahinga muri vyo. (Imigani 22:29) Barakwiye no kwitwararika ineza y’abandi. (1 Abakorinto 10:24) Ivyo vyose bisaba ukwicisha bugufi.

ICO WOKORA

Mukeze igihe gusa bikenewe. Umwana wawe aronse amanota meza kw’ishure numukeze. Aronse amanota mabi na ho, ntuce uvyegeka ku bigisha biwe. Ivyo ntivyomufasha namba kwicisha bugufi. Ahubwo nyabuna mufashe kubona ingene yoronka amanota meza ubutaha. Nuze uramukeza igihe gusa akoze ikintu kibereye gukezwa.

Mukosore igihe bikenewe. Ivyo ntibisobanura ko woza uramunegura igihe cose akoze agakosa. (Abakolosayi 3:21) Ariko ntiwumve, urakwiye kumukosora igihe akoze amakosa akomeye. Ni na ko ukwiye kubigenza igihe agaragaje inyifato mbi, ahandi ho yohava ishinga imizi muri we.

Nk’akarorero, dufate ko umwana wawe atanguye kuza ariyemera. Utamukosoye yokwishira hejuru maze bigatuma abandi batangura kumuca kure. Numusigurire rero ko kwiyemera bituma abandi bamubona nabi kandi ko vyohava bituma amaramara. (Imigani 27:2) Numusigurire kandi ko umuntu yifata ruto ataza arishima ku wo abonye wese amubwira ivyo ashoboye. Umukosoye gutyo ubigiranye urukundo, uzoba uriko uramwigisha kwicisha bugufi utiriwe uratuma yumva ko atagira agaciro.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Matayo 23:12.

Mufashe kubona ibintu nk’uko biri koko. Guha umwana ico asavye cose bituma abona ko vyose abikwiriye. Ku bw’ivyo, nk’igihe yoba ashaka ikintu udashoboye kugura, musigurire igituma bihambaye kutagura ivyo mudafitiye uburyo. Bishitse na ho urugendo mwari kugira rugasiba, numusigurire ko mu buzima ibintu bitama bigenda nk’uko tuvyipfuza, umubwire n’ukuntu uhora uvyifatamwo igihe bigushikiye. Numutegure ku bw’ingorane bazohura niyakura aho kuguma umukingira akagorane ako ari ko kose kamushikiye.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 29:21.

Mufashe abe umuntu akunda gutanga. Niwereke umwana wawe ko “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Wobigira gute? Mwotegurira hamwe urutonde rw’abantu bakeneye uwobafasha kuja gusuma, kwiyunguruza canke gusanurirwa utuntu maze mugaca muza murajana muri utwo dukorwa. Reka umwana wawe yibonere ingene gufasha abandi bituma ugira umunezero. Nta coza cigisha umwana wawe kwicisha bugufi kuruta akarorero umuha.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Luka 6:38.

Ushaka kumenya n’ibindi, ja ku rubuga rwacu rwa jw.org urondere Be maso! yo muri Nzero 2013 ivuga ngo: “Igisha abana kwitaho abandi mw’isi y’ubwikunzi.”

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.”​—Matayo 23:12.

  • “Umuntu niyafyinisha umusuku wiwe kuva mu buto, mu buzima bwiwe bwo mu nyuma azocika intashima.”​—Imigani 29:21.

  • “Mugire akamenyero ko gutanga.”​—Luka 6:38.

MWIYUMVIRE KO ABANDI BABARUTA

Bibiliya ivuga iti: “[Ntihagire] na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta; umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:3, 4.

Umwana arezwe hisunzwe iyo mpanuro biroroshe ko atahura ko hari ukuntu abandi bamuruta. Ukwicisha bugufi kuzoheza gutume umwana wawe atandukirwa n’agatima k’ubwikunzi keze hirya no hino kw’isi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika