ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 2 rup. 4-5
  • Kwigumya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwigumya
  • Be maso!—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UKWIGUMYA NI IKI?
  • KUBERA IKI KWIGUMYA BIHAMBAYE?
  • INGENE WOKWIGISHA UMWANA WAWE KWIGUMYA
  • Niwigishe umwana wawe kwigumya
    Be maso!—2015
  • Nube umuntu yigumya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Kugira ngo utsindire agashimwe, nugaragaze ukwigumya!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ubumenyi bwanyu mubwongereko ukwigumya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 2 rup. 4-5
Umuvyeyi yankiye agahungu kiwe gutora imbombo mw’iduka

ICIGWA CA 1

Kwigumya

UKWIGUMYA NI IKI?

Umuntu yigumya

  • arihangana iyo ataronse ico ashaka ubwo nyene

  • ntakora ikimujemwo cose

  • arakora n’ibikorwa adakunda

  • ashira imbere ivy’abandi

KUBERA IKI KWIGUMYA BIHAMBAYE?

Abana bigumya barashobora kwirinda gukora ikibi, naho boba babona ko bari kugikuramwo akarusho. Ariko abana batigumya, usanga vyoroshe cane ko . . .

  • bakara cane

  • barwara akabonge

  • banywa itabi, inzoga zirenze canke ibiyayuramutwe

  • bafungura nabi

Icigwa kimwe cagizwe, cerekanye ko umuntu yakuze yigumya usanga adakunda kurwaragurika, adata umutwe iyo agize ibibazo vy’amahera, kandi yubahiriza amategeko. Ico cigwa catumye umwigisha yitwa Angela Duckworth wo kuri kaminuza y’i Pennsylvania avuga ati: “Kwigumya nta we vyigera bigirira nabi.”

INGENE WOKWIGISHA UMWANA WAWE KWIGUMYA

Oya yawe nibe oya.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.”​—Matayo 5:37.

Abana bakiri bato barashobora kwiriza, washaka mbere bakabigira mu bantu, kugira barabe ko abavyeyi babo bohindura ingingo bafashe. Bishitse umuvyeyi akisubirako, umwana aca abona ko azokwama abigenza ukwo nyene kugira aronke ico ashaka.

Ariko iyo umuvyeyi atisubiyeko, umwana aca ahakura iki cigwa gihambaye: Ntivyama bishoboka ko turonka ivyo twipfuza vyose. Umuganga yitwa David Walsh yavuze ati: “Igitangaje, abatahuye ico cigwa ni bo usanga bahimbawe cane. Nta co tuba dufashije abana bacu tubaretse bagakura biyumvira ko bazokwama baronka ico bipfuza cose.”a

Niwamenyereza umwana wawe kubona ko adashobora kwama aronka ico yipfuza cose, bizomworohera kwigumya muri kazoza, nk’akarorero nibamwosha kunywa ibiyayuramutwe, gusambana canke kwisuka mu zindi ngeso mbi.

Mufashe gutahura ingaruka nziza be n’ingaruka mbi.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”​—Abagalatiya 6:7.

Umwana wawe arakwiye gutahura ko ivyo akora bigira ingaruka be n’uko kutigumya bizomukwegera akarambaraye. Nk’akarorero, nimba akunda gushavuzwa n’ubusa, abandi boshobora kumuca kure. Ariko nka hamwe yoza arigumya igihe bamusomborokeje, canke ntaze aracira abandi mw’ijambo, bazomukunda. Fasha umwana wawe gutahura ko kwigumya bizomugirira akamaro.

Mwigishe gushira imbere ibihambaye kuruta.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

Kwigumya si ukwirinda gukora ikibi gusa, ahubwo birimwo no kwihata tugakora ibikenewe, mbere naho twoba tutavyiyumvamwo. Birahambaye ko umwana wawe amenya ibikwiye kuja imbere y’ibindi, kandi akaba ari vyo abanza gukora. Nk’akarorero, akwiye kubanza gukora udukorwa two kw’ishure imbere yo kuja gukina.

Tanga akarorero keza.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ndabahaye icitegererezo, kugira ngo nk’uko ndabagiriye, abe ari ko namwe mugiriranira.”​—Yohani 13:15.

Umwana wawe arabona ingene uvyifatamwo igihe uri mu bintu bishusha umutwe. Mwereke biciye ku karorero utanga yuko kwigumya bituma ibintu bigenda neza. Nk’akarorero, bishitse umwana wawe agakora ikintu kikubabaza, uhora uca ushavura canke uguma utekanye?

a Vyakuwe mu gitabu No: Why Kids​—of All Ages​—Need to Hear It and Ways Parents Can Say It.

Umuvyeyi yankiye agahungu kiwe gutora imbombo mw’iduka

MUMENYEREZE HAKIRI KARE

Niwamenyereza umwana kubona ko atazokwama aronka ico yipfuza cose, bizomufasha kwigumya muri kazoza, bishitse bakamwosha kunywa ibiyayuramutwe canke kuja mu zindi ngeso mbi

Bigishe biciye ku karorero

  • Igihe ndi mu bintu bitesha umutwe, umwana wanje yoba abona ko ntaca ntwarwa n’ishavu?

  • Noba maze kumusigurira igituma ngerageza gutunganya ingorane ntekanye?

  • Umwana wanje yondondora gute? Ko ndi umuntu akora ikimujemwo cose kandi ashavura ningoga, canke ko nigumya?

Ivyo twakoze . . .

“Naho umukobwa wacu yaba afise imvo yumvikana yo gushavura, ntitwamwemerera ko ishavu ryiwe ribuza amahoro abandi. Adashoboye kwigumya, yabwirizwa kuva mu bandi, akagaruka amaze gutekana.”​—Theresa.

“Jewe n’umugore wanje twishingiye umugambi wo kwama dukeza abana bacu igihe cose bigenjeje neza. Twarabakeza igihe baba bashoboye kwigumya mu bihe bigoye, bakaguma batekanye.”​—Wayne.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika