ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/10 rup. 18-22
  • Kugira ngo utsindire agashimwe, nugaragaze ukwigumya!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugira ngo utsindire agashimwe, nugaragaze ukwigumya!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwigumya ni nkenerwa kugira ngo dukore iciza
  • “Muri vyose”?
  • Nube umuntu akuze mu bijanye n’ukwigumya
  • Gutsimbataza ukwigumya
  • Ubumenyi bwanyu mubwongereko ukwigumya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nube umuntu yigumya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ukwigumya​—Ni ntahara kugira twemerwe na Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Kwigumya
    Be maso!—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/10 rup. 18-22

Kugira ngo utsindire agashimwe, nugaragaze ukwigumya!

“Umuntu wese azorushanywa [agaragaza ukwigumya] muri vyose”.​—1 AB’I KORINTO 9:25.

1. Mu buryo buhuje n’Abanyefeso 4:22-24, ni gute abantu amamiliyoni bavuze ngo ego kuri Yehova?

NIMBA warabatijwe ukaba Icabona ca Yehova, warerekanye ku mugaragaro yuko witeguriye kuja mw’ihiganwa rizotuma uronka agashimwe k’ubuzima budahera. Waravuze ngo ego ku bijanye no gukora ivyo Yehova agomba. Benshi muri twebwe imbere y’uko twiyegurira Yehova, twategerejwe kugira amahinduka ahambaye kugira ngo ukwiyegura kwacu kube ukuri n’ico kuvuze kandi kwemerwe n’Imana. Twarakurikije impanuro intumwa Paulo yahaye abakirisu igira iti: “Mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo; . . . m[w]ambar[e] wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu [“kudahemuka”, NW] kw’ukuri” (Abanyefeso 4:22-24). Mu yandi majambo, imbere y’uko tuvuga ngo ego mu bijanye n’ukwiyegurira Imana, twabwirijwe kuvuga ngo oya ku bijanye n’ingendo y’ubuzima itabereye twahorana.

2, 3. Mu 1 Ab’i Korinto 6:9-12 herekana gute yuko umuntu ategerezwa kugira amahinduka yo mu buryo bubiri kugira yemerwe n’Imana?

2 Ibintu bimwebimwe biranga wa muntu wa kera abari hafi gucika Ivyabona vya Yehova bategerezwa kwiyambura, biriyamirizwa n’Ijambo ry’Imana ata gucisha ku ruhande. Paulo yaradondaguye bimwebimwe muri ivyo mw’ikete yandikiye Abanyakorinto, avuga ati: “Abashakanyi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana, cank’ibisuma, cank’abifuza, cank’imborerwa, cank’abatukana, cank’abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana”. Yaciye yerekana yuko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagize amahinduka yo mu vya kamere akenewe, mu kwongerako ati: “Bamwe muri mwebge ni ko mwari muri”. Urabona yuko yavuze ngo mwari, atavuze ngo muri.​—1 Ab’i Korinto 6:9-11.

3 Paulo yaravuze yuko hashobora kuba hakenewe n’ayandi mahinduka, kubera yuko yabandanije ati: “Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi” (1 Ab’i Korinto 6:12). Ku bw’ivyo, abenshi muri kino gihe bipfuza kuba Ivyabona vya Yehova barabona yuko bikenewe kuvuga ngo oya mbere no ku bintu, naho vyoba vyemewe n’amategeko, ata co vyungura canke ata gaciro karamba bifise. Ivyo vyoshobora kuba ari ibitwara umwanya, bikaba vyoshobora no kubabuza gukurikirana ibintu bihambaye kuruta.

4. Abakirisu biyeguye bemeranya na Paulo ku biki?

4 Kwiyegurira Imana bigirwa ku gushaka, ntibigirwa ku gahato, nk’aho vyoba bisaba akigoro kanini. Abakirisu biyeguye baremeranya na Paulo, we yavuze amaze gucika umuyoboke wa Kirisitu ati: “Ku bg’uwo [Yezu] nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ishano, kugira ngo ndonke Kristo” (Ab’i Filipi 3:8). Paulo yaravuze abigiranye akanyamuneza ngo oya ku bintu bifise agaciro gatoyi kugira ngo ashobore kubandanya kuvuga ngo ego ku Mana.

5. Ni isiganwa irihe Paulo yagiyemwo akaritsinda, kandi dushobora gute kugira nk’ukwo nyene?

5 Paulo yaragaragaje ukwigumya mw’isiganwa ryiwe ryo mu vy’impwemu, maze arashika aho ashobora kuvuga ati: “Narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera. Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga” (2 Timoteyo 4:7, 8). Twoba umusi uri izina tuzoshobora kuvuga nk’ukwo nyene? Nimba turi mu kwizera, tuzogaragaza ukwigumya mu gihe dukomeza isiganwa ryacu rya gikirisu tudatezura gushika turisozereye.

Ukwigumya ni nkenerwa kugira ngo dukore iciza

6. Ukwigumya ni iki, kandi ni imice ibiri iyihe dutegerezwa kukugaragazamwo?

6 Ijambo ry’igiheburayo be n’iry’ikigiriki yahinduwe ngo “ukwigumya” muri Bibiliya, urudome ku rundi yerekana ko umuntu yifiseko ububasha canke ko yicungera. Akenshi, atanga iciyumviro co kwirinda gukora ikibi. Mugabo, biribonekeza yuko hakenewe kandi urugero runaka rw’ukwigumya, nimba dushaka gukoresha imibiri yacu mu gukora ibikorwa vyiza. Abantu b’abanyagasembwa bavukana impengamiro yo gukora ikibi, ari na co gituma turwana intambara irimwo zibiri (Umusiguzi 7:29; 8:11). Mu gihe twirinda gukora ikibi, dutegerezwa kandi kwihatira gukora iciza. Kukaba nkako, gucungera umubiri wacu kugira ngo dukore iciza ni bumwe mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kwirinda gukora ikibi.

7. (a) Dukwiye gusenga dusaba iki nk’uko Dawidi yabigize? (b) Ni ukuzirikana ku biki kuzodufasha kurushiriza kugaragaza ukwigumya?

7 Biratomoye yuko ukwigumya ari ntahara nimba dushaka gushitsa ukwiyegurira Imana kwacu. Turakeneye gusenga nka kumwe Dawidi yasenga ati: “Mana, undememw’umutima utunganye: unsubizemw’umutima uhamye” (Zaburi 51:10). Turashobora kuzirikana ku vyiza biva ku kwirinda ibintu bibi mu bijanye n’inyifato runtu canke bitera ubugoyagoye mu buryo bw’umubiri. Niwiyumvire amabi ava ku kutirinda mwene ivyo bintu: ingorane zikomeye z’amagara, uguhungabana kw’ubucuti, eka mbere no gupfa hataragera. Ku rundi ruhande, niwiyumvire ivyiza biva ku kwumira ku ngendo y’ubuzima Yehova ashinga. Ariko rero, tuvugishije ukuri, dutegerezwa kutibagira yuko umutima wacu wibesha (Yeremiya 17:9). Dutegerezwa kuba abiyemeje kunanira ivyo umutima wacu utwosha vyo kubona yuko kwumira ku ngingo mfatirwako za Yehova bidahambaye.

8. Ibidushikira bitwigisha iki? Tanga akarorero.

8 Benshi muri twebwe barazi, bivuye ku vyabashikiye yuko umubiri utagira ugushaka, akenshi ugerageza kuzimya agatima k’ugushaka. Fata nk’akarorero igikorwa co kwamamaza Ubwami. Yehova arahimbarwa n’umutima w’ugushaka abantu berekana w’ukugira uruhara muri ico gikorwa gitanga ubuzima (Zaburi 110:3; Matayo 24:14). Kuri benshi muri twebwe, kwamamaza ku mugaragaro ntivyashotse bitworohera. Vyasavye, kumbure bikaba bigisaba, yuko ducungera umubiri wacu, ‘tukawurwanya’ kandi ‘tukawuhindura umuja’, aho kuwureka ngo ube ari wo utwereka ingendo yoroshe y’ico twokora.​—1 Ab’i Korinto 9:16, 27; 1 Ab’i Tesalonike 2:2.

“Muri vyose”?

9, 10. Kugaragaza ‘ukwigumya muri vyose’ harimwo n’iki?

9 Impanuro Bibiliya itanga yo kugaragaza ‘ukwigumya muri vyose’ yerekana yuko harimwo n’ibindi, uretse ugucungera gusa uburyo umuntu avyifatamwo imbere y’ibintu kanaka no kwirinda inyigenzo mbi. Hari aho twokwumva yuko twamaze kuba abantu bigumya muri iyo mice, kandi nimba ari ukwo, turashobora koko gukenguruka. Yamara, bite ho ku yindi mice y’ubuzima aho ukwigumya bitoba vyibonekeza rwose ko gukenewe? Tubitangire akarorero. Dufate ko tuba mu gihugu gisa n’igitunze aho uburyo bwo kubaho buri hejuru. Ntivyoba biranga ubukerebutsi none kwiga kuvuga ngo oya ku bijanye no kugura ibintu bidakenewe? Abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo kutagura ikintu ico ari co cose babonye ngo n’uko gusa kihari, gikwegera canke bashobora kukigura. Birumvikana yuko kugira ngo inyigisho nk’iyo ibe ngirakimazi, abavyeyi bategerezwa gutanga akarorero kabereye.​—Luka 10:38-42.

10 Kwiga kubaho tudafise ivyo twipfuza birashobora gukomeza umwiyemezo wacu. Birashobora kandi gutuma turushiriza gukenguruka ibintu vy’umubiri dufise kandi birashobora gutuma turushiriza gutahura abategerezwa kubaho hariho ibintu bimwebimwe badafise, bitavuye ku gushaka kwabo, ariko kubera babibuze. Ni vyo, kubaho mu buryo buciye bugufi birahushanye n’inyifato abantu benshi bafise nk’izi ngo “iryohere” canke ngo “ba wiha”. Iyi si irimwo ivyo guhaya ibintu, iremesha icipfuzo co kwiryohera vy’akanya gato, mugabo ikabigira kugira yiyungukire mu vy’ubudandaji. Ivyo bintu birashobora gutangira utwigoro twacu two kugaragaza ukwigumya. Hari ikinyamakuru co mu gihugu kimwe giteye imbere c’i Buraya giherutse kuvuga ibi: “Nimba abantu bari mu bukene bumwe buhebuje bibasaba kurwana urugamba imbere muri bo kugira ngo bagume bananira impengamiro mbi, ku baba mu gihugu gitemba amata n’ubuki mu kibano gitunze co mu gihe ca none, bobo n’ibindi bindi!”.

11. Ni kubera iki kwiga kubaho udafise ivyo wipfuza ari ngirakamaro, ariko ni igiki gituma ivyo bigora?

11 Nimba dufise ingorane yo gutandukanya ivyo dushaka be n’ivyo koko dukeneye, vyoshobora kuba ngirakamaro ko tugira ico dukoze ngo twiyemeze neza yuko tutariko dukora nka ba sindabinezwe. Nk’akarorero, nimba twipfuza kwirinda impengamiro yo gusesagura, twoshobora kwiyemeza kudafata amadeni canke mu gihe co kugura ibintu, twotwara gusa amahera y’ivyo tugiye kugura. Ibuka ko Paulo yavuze yuko “kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ufise” ari “[ibi]vamw’inyungu nyinshi koko”. Yazirikanye gutya: ‘Nta co twazanye mw’isi kandi nta co dushobora kuyivanamwo. Ariko iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambara biba bitubumvye’ (1 Timoteyo 6:6-8). Vyoba bitubumba? Kwiga kugira ubuzima busanzwe, butarimwo imitwaro idakenewe iva ku kwironderera ibiduhimbara, uko vyoba bimeze kwose, bisaba umwiyemezo ukomeye be n’ukwigumya. Ni icigwa rero bikwiriye ko twiga.

12, 13. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe amakoraniro ya gikirisu asaba ukwigumya? (b) Ni mu yindi mice imwimwe iyihe dukeneye gutsimbataza ukwigumya?

12 Kwitaba amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro ya gikirisu na vyo nyene biradusaba kugaragaza ukwigumya mu buryo vyisangije. Nk’akarorero, iyo kamere ni nkenerwa kugira ngo ntitwangaze umuzirikanyi wacu mu gihe c’ikoraniro (Imigani 1:5). Vyoshobora gusaba ukwigumya kugira ngo ntidusamaze abandi mu kuvugana ubwongoshwe n’abo twicaranye, aho gutega yompi umushikirizansiguro. Guhindura urutonde rwacu kugira ngo dushike ku gihe vyoshobora gusaba ukwigumya. Vyongeye, ukwigumya kwoshobora gusaba ko dushira ku ruhande umwanya wo kwitegurira amakoraniro maze tukayagiramwo uruhara.

13 Kugaragaza ukwigumya mu bintu bitobito birakomeza ubushobozi dufise bwo kukugaragaza mu bintu birushirije kuba ibikomeye (Luka 16:10). Ese rero ukuntu ari vyiza ko tugira akigoro ko gusoma ubudahorereza Ijambo ry’Imana n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, tuvyiga twongera tuzirikana ku vyo twiga! Ese ukuntu biranga ubukerebutsi kwirinda akazi katabereye, ubugenzi butabereye, inyifato zitabereye be n’utumenyero dufise tutabereye, canke kwimenyereza kuvuga ngo oya ku bikorwa vyodutwara umwanya wacu w’agaciro dukoresha mu murimo turangurira Imana! Kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo wa Yehova ni uburinzi bwiza koko buturinda ibintu vyoshobora kudukura mw’iparadizo yo mu vy’impwemu y’ishengero rya Yehova ryo kw’isi yose.

Nube umuntu akuze mu bijanye n’ukwigumya

14. (a) Abana bokwiga gute kugaragaza ukwigumya? (b) Ni ivyiza ibihe bishobora kuhaba igihe abana bize kukugaragaza bakiri bato cane?

14 Birazwi ko uruyoya rukivuka rutigumya. Hari agatabu kanditswe n’abahinga mu bijanye n’inyifato y’abana gasigura gati: “Ukwigumya ntikwizana canke ngo kuze bukwi na bukwi. Impinja canke abana baciga gutambuka barakeneye kuyoborwa no gushigikirwa n’abavyeyi kugira ngo batangure kwiga kwigumya. . . . Bivuye kuri ukwo kuyoborwa n’abavyeyi, ukwigumya kurongerekana mu myaka yose umwana amara ari kw’ishure”. Itohoza rimwe ryagizwe ku bana b’imyaka ine, ryerekanye yuko abari barize kugaragaza ukwigumya kwo ku rugero kanaka, “mu bisanzwe bakuze bakaba imiyabaga yoroshe kubogorwa, ikundwa cane, irinduka, yizigirwa kandi yishimirwa”. Abatari baratanguye kwiga ukwo kwigumya “birashoboka rwose ko babaye abantu bigungira ukwabo, bashavura ningoga kandi b’intagondwa. Babaye abantu batwarwa n’imyitwarariko kandi batinya ingorane”. Biribonekeza yuko kugira umwana azobe uwukuze yoroshe kubogora, ategerezwa kwiga kugaragaza ukwigumya.

15. Kutagaragaza ukwigumya vyerekana iki, bikaba bihushanye n’irihe hangiro rivugwa muri Bibiliya?

15 Mu buryo nk’ubwo nyene, nimba dushaka gucika abakirisu bahumuye, dutegerezwa kwiga kugaragaza ukwigumya. Kutakugaragaza vyerekana ko turi inzoya mu vy’impwemu. Bibiliya ituremesha “[gucika] abakuze mu bubasha bwo gutahura” (1 Ab’i Korinto 14:20, NW). Ihangiro dufise ni iryo ‘gushikira ukugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, no gushikira kuba abantu bakuze, no gushikira urugezo rw’ubwinshi bw’ukunengesera kwa Kirisitu’. Kubera iki? “Kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza” (Abanyefeso 4:13, 14). Biratomoye yuko kwiga kugaragaza ukwigumya ari ntahara kuri kamere yacu y’ivy’impwemu.

Gutsimbataza ukwigumya

16. Yehova atanga imfashanyo gute?

16 Kugira ngo dutsimbataze ukwigumya, turakeneye imfashanyo iva ku Mana, kandi irahari. Ijambo ry’Imana, bwa cirore kitagira agatosi, riratwereka aho dukeneye kugira ivyo duhinduye, kandi riratanga impanuro z’ukuntu twobigira (Yakobo 1:22-25). Ikivukano kiranga urukundo na co nyene kiriteguriye kudufasha. Abakurambere bakirisu barerekana ugutahura igihe basahiriza umuntu. Yehova ubwiwe aratanga atitangiriye itama impwemu yiwe yera mu gihe tuyimusavye mw’isengesho (Luka 11:13; Abaroma 8:26). Ku bw’ivyo rero, nimuze dukoreshe izo ntunganyo tubigiranye umunezero. Inama zitangwa ku rupapuro rwa 21 zoshobora gufasha.

17. Ni indemesho iyihe mu Migani 24:16 haduha?

17 Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova aha agaciro utwigoro tugira igihe tugerageza kumuhimbara! Ivyo bikwiye kutuvyurira umutima wo kubandanya kurwana urugamba kugira turushirize kuba abantu bigumya. Naho twotsitara incuro zingana gute, ntidukwiye kwigera dutana n’akabando mu twigoro tugira. “Umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka” (Imigani 24:16). Igihe cose dutsinze urugamba, tuba dufise imvo yo kwirata. Turashobora kandi kumenya tudakeka yuko Yehova atunezerererwa. Hari Icabona avuga ko imbere y’uko yegurira ubuzima bwiwe Yehova, igihe cose yaba yamaze indwi atanyoye itabi, yaca yiha agashimwe mu kugura ikintu c’ingirakamaro mu mahera ukwigumya kwaba kwamufashije kuziganya.

18. (a) Mu ntambara turwana y’ukwigumya harimwo n’iki? (b) Yehova adukura amazinda gute?

18 Ikiruta vyose, dukwiye kwibuka yuko ukwigumya gushiramwo umuzirikanyi be n’inyiyumvo. Ivyo turabibonera mu majambo Yezu yavuze agira ati: “Umuntu wese [aguma] arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe” (Matayo 5:28; Yakobo 1:14, 15). Uwize kurinda umuzirikanyi wiwe n’inyiyumvo ziwe, bizorushiriza kumworohera kurinda umubiri wiwe wose. Nimuze rero dukomeze umwiyemezo wacu wo kutirinda gusa gukora ikibi, ariko kandi n’uwo kwirinda kuciyumvira. Ivyiyumviro bibi biramutse bivyutse, nuce uvyamirira kure buno nyene. Turashobora guhunga inyosha mbi mu kuguma duhanze amaso Yezu tubijanisha n’ugusenga (1 Timoteyo 6:11; 2 Timoteyo 2:22; Abaheburayo 4:15, 16). Dukoze uko dushoboye kwose, tuzoba turiko turakurikiza impanuro iri muri Zaburi 55:22 igira iti: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa”.

Woba uvyibuka?

• Ni mu buryo bubiri ubuhe dutegerezwa kugaragaza ukwigumya?

• Bisobanura iki kugaragaza ‘ukwigumya muri vyose’?

• Ni inama ngirakamaro izihe zogufasha gutsimbataza ukwigumya wafashe nka nkama igihe twariko turiga iki cigwa?

• Ukwigumya gutangurira hehe?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 21]

Ukuntu twokomeza ukwigumya

• Nugutsimbataze no mu tuntu dutoduto

• Nuzirikane ku vyiza kuzana muri kino gihe be no muri kazoza

• Ivyo Imana ibuza nubisubirize ivyo iremesha gukora

• Niwamirire kure buno nyene ivyiyumviro bitabereye

• Niwuzuze umuzirikanyi wawe ivyiyumviro vyo mu vy’impwemu vyubaka

• Niwemere imfashanyo abakirisu bagenzawe bahumuye bashobora gutanga

• Niwirinde kuja mu bintu vyoguta mu kaga

• Saba Imana igufashe mu bihe ushikiwe n’inyosha mbi

[Amafoto ku rup. 18, 19]

Ukwigumya gutuma dukora ivyiza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika