ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 6 rup. 8-9
  • Kwubaha uwo mwubakanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwubaha uwo mwubakanye
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • 3 Kwubahana
    Be maso!—2018
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 1
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 6 rup. 8-9
Umugore aciramwo umugabo wiwe bariko barafungura bari kumwe n’abandi

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Kwubaha uwo mwubakanye

INGORANE

Umugabo avuga ati: “Igihe twubakana, jewe n’umugore wanje ntitwatahura kumwe ico bisobanura kugaragaza icubahiro. Si ukuvuga ko ivyiyumviro vy’umwe vyari vyo, ivy’uwundi ntibibe vyo, vyari bitandukanye gusa. Numva umengo umugore wanje yari akwiye kurushiriza kunyubaha mu kuntu amvugisha.”

Umugore na we avuga ati: “Aho nakuriye wasanga umuntu avuga cane, agakoresha ibimenyetso bidasanzwe vyo mu maso canke agaciramwo abandi bariko baravuga. Ntitwabona ko ari ukutisonera. Mugabo ivyo biratandukanye cane n’aho umugabo wanje yakuriye.”

Kwubahana mu rugo si ikintu wokora canke ntukore. Ni ikintu gikenewe. None wokwerekana gute ko wubaha uwo mwubakanye?

ICO UKWIYE KUMENYA

Abagabo barakenera cane icubahiro. Bibiliya ibwira abagabo iti: “Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda.” Mugabo igaca yongerako iti: “Umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:33) Naho abagabo n’abagore bose bakenera gukundwa no kwubahwa, abagabo ni bo canecane bakenera kwubahwa. Umugabo umwe yitwa Carlosa avuga ati: “Abagabo barakenera kwumva ko bashoboye guhangana n’ikibazo kinaka, gutorera umuti ingorane no kwitwararika umuryango wabo.” Igihe umugore yubaha umugabo wiwe kubera ivyo bintu ashoboye gukora, birafasha umugabo wiwe, na we nyene ubwiwe bikamufasha. Umugore yitwa Corrine avuga ati: “Igihe nubashe umugabo wanje, na we aca ankunda cane.”

N’abagore barakenera kwubahwa. Ivyo birumvikana kubera ko umugabo atubaha umugore wiwe ntiyomukunda vy’ukuri. Daniel avuga ati: “Ntegerezwa kwubahiriza ivyiyumviro vy’umugore wanje. Ntegerezwa kandi kwubahiriza ukuntu yiyumva. Kuba ntatahura igituma yiyumva ukunaka, ntibisobanura ko nkwiye guca ndavyirengagiza.”

Icubahiro kimenywa na nyene kugihabwa. Igihambaye si ukwiyumvira ko wubaha uwo mwubakanye, ahubwo ni ukumenya nimba yumva ko yubashwe. Ico ni ikintu wa mugore twavuga mu gace kavuga ngo “Ingorane” yahavuye atahura. Avuga ati: “Niyumvira ko nubaha umugabo wanje. Ariko kubera ko ivyo nakora vyatuma yumva ko ntamwubaha, ni jewe rero nategerezwa kugira ivyo mpinduye.”

ICO WOKORA

  • Niwandike ibintu bitatu ushima ku wo mwubakanye. Ivyo bintu vyiza umubonako vyogufasha kumwubaha.

  • Nufate indwi imwe ugendereze inyifato yawe (atari iy’uwo mwubakanye) muri ibi bintu:

Amajambo uvuga. Icigwa kimwe cagizwe ku bubakanye batandukanye, cerekanye ko “abagabo n’abagore babanye neza, usanga iyo bariko baraganira ku ngorane kanaka amajambo meza asumba incuro zitanu amajambo mabi. Ariko abaruhira kwahukana, usanga amajambo mabi ari yo aruta meza.”b​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 12:18.

Niwibaze uti: ‘Noba mvugisha uwo twubakanye ndabigiranye icubahiro? Noba ndamunegura kenshi canke ndamukeza kenshi? Nkoresha ijwi rimeze gute igihe hari ico nshaka kuvuga canke hari icambabaje?’ Uwo mwubakanye yokwemeza inyishu utanze?​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Abakolosayi 3:13.

Gerageza iki kintu: Niwishingire umugambi wo gukeza uwo mwubakanye n’imiburiburi rimwe ku musi. Iciyumviro: Subira urabe vya bintu wanditse ushima ku wo mwubakanye. Niwimenyereze kuza urabwira uwo mwubakanye ico umushimako.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: 1 Abakorinto 8:1.

Ivyo ukora. Umugore yitwa Alicia avuga ati: “Mara umwanya munini ndi mu dukorwa two muhira. Iyo umugabo wanje azirikanye utwigoro ngira, ntiyandagaze ibintu vyiwe canke akamfasha kwoza ivyombo, biratuma numva ko ntaruhira ubusa kandi ko mfise agaciro mu rugo.”

Niwibaze uti: ‘Ukuntu mfata uwo twubakanye vyoba vyerekana neza ko ndamwubaha? Noba mpa uwo twubakanye umwanya ukwiye kandi nkamwitwararika?’ Uwo mwubakanye yokwemeza inyishu utanze?

Gerageza iki kintu: Andika uburyo butatu wipfuza ko uwo mwubakanye akugaragarizamwo icubahiro. Numusabe na we abigenze gutyo. Nimuce muhana utwo mwanditse kugira umwe wese amenye aho mugenziwe yipfuza ko yoryohora. Nurabe aho wewe ukeneye kuryohora. Niwafata iya mbere, mugenzawe azokurikira.

a Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

b Vyakuwe mu gitabu Ten Lessons to Transform Your Marriage.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota, mugabo ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.”​—Imigani 12:18.

  • “Mubandanye kwihanganirana . . . iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”​—Abakolosayi 3:13.

  • “Urukundo rurubaka.”​—1 Abakorinto 8:1.

Brian na Serina

Brian na Serina

“Umugore ntakwiye kwubahwa kubera gusa ibintu vy’umubiri, nk’udukorwa akora mu rugo. Akwiye no kwubahwa akongera agashimwa kubera imico myiza afise.”​—Brian

Austin na Carly

Austin na Carly

“Wumva woba ari umubano nyabaki mutubahana? Nta kindi mwoba musigaranye atari inzigo no kwumva mudatekanye.”​—Carly

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika