ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 6 rup. 7
  • Utugozi tw’agakoko kitwa moule marine

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Utugozi tw’agakoko kitwa moule marine
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2016
  • Urushato rwisukura rw’urufi bita baleine-pilote
    Vyoba vyariyadukije?
  • Amabara n’ibitambara mu bihe vya Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Utunyabuzima tuzimanganya ibitoro
    Be maso!—2015
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 6 rup. 7
Udukoko twitwa moules marines

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utugozi tw’agakoko kitwa moule marine

UDUKOKO two mu mazi bita moules marines turamata ku bitandara, ku mbaho no ku mato. Utundi dukoko two mu mazi usanga tumata cane ahantu, ariko utwo twotwo usanga iyo dufashe ahantu tureremba kubera dukoresha utuntu tumeze nk’utugozi. Utwo tugozi dutuma utwo dukoko bitworohera cane kwigaburira no kwimukanga. Ariko uravye ukuntu utwo tugozi tworoshe cane womengo imipfunda y’ikiyaga yoturandura. None bigenda gute ngo utwo tugozi dutume utwo dukoko tudatwarwa n’imipfunda?

Rimbura iki kintu: Uruhande rumwe rw’utwo tugozi ruragumye cane, urundi na rwo ruroroshe kandi rugakweguka. Abahinga basanze imvo nyamukuru ituma utwo tugozi dufata ahantu tukagumya ari kubera ko dukozwe ku giharuro. Tugizwe n’ibice 80 kw’ijana vy’ibintu bigumye, na 20 kw’ijana vy’ibintu vyoroshe. Ivyo bituma utwo tugozi tudacika naho amazi yoba ariko aradukwega cane ajana irya n’ino.

Umuhinga yitwa Guy Genin avuga ko ivyo bintu bubuye “ari akumiza.” Yongerako ati: “Ubuhinga bw’utwo dukoko buhagaze ku kuntu uruhande rworoshe rwa twa tugozi na rumwe rugumye bikorana neza mu buryo burimwo ubuhanga.” Abahinga bavuga yuko nka hamwe hoboneka utuntu dukoze nk’utwo tugozi vyofasha mu bintu vyinshi, nko mu kumadika ibintu ku mazu canke ku mato agendera munsi y’amazi, mu gufatanya imitsi n’amagufa no mu gushona ahantu habazwe. Umuhinga yitwa J. Herbert Waite wo kuri kaminuza imwe y’i Kaliforniya muri Amerika avuga ati: “Ibidukikije vyuzuyemwo ibitangaza vyinshi twokwigirako ubuhinga bwo gufatanya ibintu.”

Uvyibazako iki? Utugozi tw’utwo dukoko twoba twariyadukije canke hari uwadukoze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika