ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/15 rup. 12-13
  • Kwihanganira abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwihanganira abandi
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni igiki codufasha kwihanganira abandi?
  • Kubera iki kwihanganira abandi gukwiye kugira aho kugarukira?
  • Imana yoba izoreka ikibi kikabandanya?
  • Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Niwizigire Yehova maze ubeho!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nitunezererwe ya Mana Iduha Ubukiriro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Mwoba mwubahiriza ayandi madini?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Be maso!—2015
g 8/15 rup. 12-13

TWISUNZE BIBILIYA

Kwihanganira abandi

Kutinubana, kubabarirana no kwihanganira abandi birakomeza ubucuti. Mugabo none, ukwihanganira abandi kwoba kuri n’aho kugarukira?

Ni igiki codufasha kwihanganira abandi?

UKO IBINTU VYIFASHE

Hirya no hino kw’isi, abantu barinubana bimwe bikomeye ivyo bikaba vyunyurwa n’amacakubiri ashingiye ku moko no kw’ibara ry’urukoba, ku kwiratira igihugu canke intara, no kugira ishaka rirenze mu vy’idini.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Igihe Yezu Kristu yari kw’isi, ukwinuba abandi vyari bigwiriye. Abayuda n’Abasamariya ntibacana uwaka. (Yohani 4:9) Abagore bafatwa ko bari hasi cane y’abagabo. Indongozi z’idini ry’Abayuda na zo zarasuzugura abantu basanzwe. (Yohani 7:49) Yezu Kristu wewe yari atandukanye cane n’abo bantu. Abamurwanya bavuze bati: “Uyu muntu aha ikaze abacumuzi kandi agasangira na bo.” (Luka 15:2) Yezu yaragaragariza abantu umutima mwiza, akabihanganira kandi ntabinube kubera ko atari yaje kubacira urubanza ahubwo yaje kubafasha kumenya Imana. Ivyo yakora vyose yabitumwa n’urukundo.​—Yohani 3:17; 13:34.

Abagabo, abagore n’abana bariko barumviriza Yezu

Yezu yarihanganira abandi. Ntiyaje kubacira urubanza ahubwo yaje kubafasha kumenya Imana

Urukundo, ari na co kintu nyamukuru gituma twihanganira abandi, ruratuma tubiyumvamwo naho bakora amakosa canke ugasanga bafise inyifato imeze ukuntu. Mu Bakolosayi 3:13 havuga hati: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”

“Hejuru ya vyose, mugiriranire urukundo rwinshi, kuko urukundo rupfuka ibicumuro indiri.”​—1 Petero 4:8.

Kubera iki kwihanganira abandi gukwiye kugira aho kugarukira?

UKO IBINTU VYIFASHE

Ibihugu nka vyose biragerageza kwubahiriza amategeko n’urutonde. Ivyo biratuma umuntu adakora ivyo yigombeye vyose.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“[Urukundo] ntirwigenza ukutabereye.” (1 Abakorinto 13:5) Naho Yezu yihanganira abandi cane ntiyarenza uruho rw’amazi ku bushirasoni, uburyarya n’ibindi bintu bibi. Ahubwo yaravyiyamirije yivuye inyuma. (Matayo 23:13) Yavuze ati: “Uwuza arakora ibintu vy’agahomerabunwa yanka umuco.”​—Yohani 3:20.

Intumwa Paulo yanditse ati: “Muzinukwe ikibi, mwumire ku ciza.” (Abaroma 12:9) Kandi ivyo yarabigendera. Nk’akarorero, igihe abakirisu bamwebamwe b’Abayuda bitandukanya n’abatari Abayuda, Paulo naho yari Umuyuda yarabakosoye abigiranye umutima mwiza. (Abagalatiya 2:11-14) Yari azi ko ya Mana “itagira nkunzi” itokwihanganiye abazana amacakubiri mu basavyi bayo.​—Ivyakozwe 10:34.

Ivyabona vya Yehova bakurikiza ivyo Bibiliya yigisha mu bijanye n’inyifato runtu. (Yesaya 33:22) Ku bw’ivyo ntibarenza uruho rw’amazi ku bukozi bw’ikibi. Ishengero rya gikirisu rityoroye ntirikwiye guhumanywa n’abantu birengagiza amategeko y’Imana. Ni yo mpamvu Ivyabona bakurikiza ubu buyobozi butomoye Bibiliya itanga bugira buti: “Nimukure uwo mubisha muri mwebwe.”​—1 Abakorinto 5:11-13.

“Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi.”​—Zaburi 97:10.

Imana yoba izoreka ikibi kikabandanya?

IVYO BENSHI BEMERA

Abantu bazokwama bakora ikibi.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Umumenyeshakazoza Habakuki yabajije Yehova Imana mw’isengesho ati: “Kubera iki . . . [uguma] witegereza ivyago? Kubera iki ukunyaga n’ubukazi biri imbere yanje? Kubera iki hari ugutongana, kandi kubera iki hari ugushihana?” (Habakuki 1:3) Imana yarahumurije uwo mumenyeshakazoza yari ahagaritse umutima imubwira ko izocira urubanza inkozi z’ikibi. Yavuze ko ivyo bintu “bitazobura kuranguka. Ntibizocererwa.”​—Habakuki 2:3.

Mu kurindira ko ico gihe gishika, abakora ibibi barashobora guhindura inyifato. Imana igira iti: “‘Mbega ugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘atari uko yohindukira akava mu nzira ziwe, akabandanya kubaho?’” (Ezekiyeli 18:23) Abarondera Yehova mu guhindura ingeso zabo mbi ntibatinya kazoza. Mu Migani 1:33 hagira hati: “Uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano kandi ntahagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa.”

“Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho . . . Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:10, 11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika