ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/15 rup. 8-9
  • Niwigishe umwana wawe kwigumya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigishe umwana wawe kwigumya
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • Kwigumya
    Be maso!—2019
  • Kugira ngo utsindire agashimwe, nugaragaze ukwigumya!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ubumenyi bwanyu mubwongereko ukwigumya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nube umuntu yigumya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Be maso!—2015
g 8/15 rup. 8-9
Agakobwa kashavuye kariko karakankamira nyina gatunga urutoke gasaza kako

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Niwigishe umwana wawe kwigumya

INGORANE

Umwana wawe w’imyaka itandatu ntagira ukwigumya namba. Abonye ikintu yipfuza, aca ashaka ko ukimuha ubwo nyene! Iyo ashavuye aba mubi. Uribaza uti: ‘Ubwo iyi nyifato uyu mwana afise ni iyisanzwe? Vyoba bizohera niyakura canke nari nkwiye kumwigisha ukwigumya?’

ICO UKWIYE KUMENYA

Abantu b’ubu ntibaha agaciro ukwigumya. Umuhinga yitwa David Walsh yanditse ati: “Muri kino gihe aho usanga abantu ata co banezwe, abana n’abakuze bama babwirwa ko bakwiye gukora ivyo bigombeye. Abantu bipfuza gufasha abandi be n’abironderera inyungu zabo baguma bavuga ko dukwiye gukora ivyo dushaka vyose.”

Igiti kigororwa kikiri gito. Mw’itohoza rimwe ryamaze imyaka myinshi, abashakashatsi barahaye umugwi w’abana b’imyaka ine imbombo imwimwe bababwira ko bashatse boyirya ubwo nyene canke bakarindira gatoyi maze bakabaha iyindi kugira babashimire kubera bihanganye. Abo bana bamaze gushika mu mashure yisumbuye, abagaragaje ukwigumya igihe bari bagifise imyaka ine ni bo bari bafise inyifato nziza n’amanota meza kuruta abatagaragaje ukwigumya ico gihe.

Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo. Abashakashatsi bavuga ko ivyo umwana acamwo bishobora kugira ingaruka ku bwonko bwiwe. Dan Kindlon arerekana ico ivyo bisobanura, ati: “Igihe dufyinisha abana bacu kandi ntitubigishe kurindira, kwihangana no kwigumya, boshobora gukura ukwo nyene.”

ICO WOKORA

Nubahe akarorero keza. Weho woba wigumya? Abana bawe boba bahora babona utwarwa n’ishavu igihe hari uwugutebeje, canke bakabona uca ku bandi igihe mutonze kwa muganga canke ucira abandi mw’ijambo? Dan yanditse ati: “Uburyo butomoye bwo kwigisha abana bacu kwigumya ni ukukugaragaza twebwe ubwacu.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaroma 12:9.

Nubereke ingaruka vyovamwo. Bivanye n’imyaka umwana wawe afise, numwereke ivyiza yoronka yigumije be n’ingaruka zomushikira atabigize. Nk’akarorero, nimba umwana wawe ashavuye kubera hari uwamufashe nabi, mubwire yibaze ati: ‘Kwihora ni vyiza canke ni bibi? Hoba hariho ubundi buryo bwiza nohitamwo, nko guharura gushika kw’icumi kugira ishavu rigabanuke? Ubwo ntivyoba vyiza ndamubishije?’​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abagalatiya 6:7.

Nubaremeshe. Nushimire umwana wawe igihe agaragaje ukwigumya. Numubwire ko bitama vyoroshe kwigumya ariko ko kubigira vyerekana ko umuntu ari intwari. Bibiliya ivuga iti: “Nka kurya kw’igisagara kimenywe, kitagira uruhome, ni ko umuntu adatangira umutima wiwe amera.” (Imigani 25:28) Mugabo, “uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi.”​—Imigani 16:32.

Nimugire udukino. Nimutegure udukino nk’ako twokwita ngo “Wokora iki?” canke “Ibi ni vyiza, ibi ni bibi” kibure akandi. Nimuganire ku vyoshobora gushika maze murabe uko umuntu yovyifatamwo, mwerekane nimba ari vyiza canke bibi. Nimwiyumvire utuntu dushasha: Mushatse mwokoresha ibipupe, ibicapo canke ikindi kugira ako gakino karyohe kandi kabe akigisha. Intumbero yawe ni iyo gufasha umwana wawe gutahura ko kwigumya ari vyiza kuruta gutwarwa n’ishavu.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 29:11.

Niwihangane. Bibiliya ivuga ko “ubupfu buboheye ku mutima w’umwana.” (Imigani 22:15) Ntiwitege rero ko umwana wawe azoca ubwo nyene atsimbataza ukwigumya. Igitabu Niwigishe abana bawe neza (mu congereza) kivuga giti: “Ivyo bifata igihe kandi ntivyihuta. Naho umwana atera imbere rimwe na rimwe biramugora.” Ariko rero utwigoro ugira si utw’impfagusa. Ico gitabu congerako giti: “Umwana ashobora kwigumya bizomworohera kwanka kunywa ibiyayuramutwe ageze mu myaka 12 no gukora ubusambanyi ageze mu myaka 14.”

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Urukundo rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi.”​—Abaroma 12:9.

  • “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”​—Abagalatiya 6:7.

  • “Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo.”​—Imigani 29:11.

NUHE UMWANA IKINTU KUBERA YIGENJEJE NEZA

N’abana baciga gutambuka, barashobora kwiga kwigumya. Igitabu kimwe (Generation Me) kivuga giti: “Igihe umwana aguma arira ngo umugurire imbombo muri kw’ibutike ugaca uyimugurira, uba umweretse ko kwiriza ari bwo buryo bwiza bwo kuronka ivyo akeneye. Uwundi musi igihe azoba akeneye ikintu azoca arira aboroge kubera ko ubuheruka waciye umuha ico ashaka. Aho kubigenza gutyo, nuhe ikintu umwana kubera ko yigenjeje neza. Abavyeyi benshi bakunda guha umwana ico ashaka igihe ariko aririza kubera babona ko ari vyo vyoroshe canke kubera badashaka kumwima ivyo yipfuza. Ariko rero ubigenjeje gutyo uba umugiriye nabi cane. Guha umwana ikintu igihe yagisavye neza biramwigisha kwigenza neza no kwigumya.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika