ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/14 rup. 4-6
  • Ingene wororanirwa vy’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wororanirwa vy’ukuri
  • Be maso!—2014
  • Ivyo bijanye
  • Nurondere ukuroranirwa nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni igiki gituma umuntu aroranirwa vy’ukuri?
    Be maso!—2014
  • Ingene ushobora kuroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyogufasha gukunda ibikorwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Be maso!—2014
g 10/14 rup. 4-6
Charlotte na Timothy

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI IGIKI GITUMA UMUNTU ARORANIRWA VY’UKURI?

Ingene wororanirwa vy’ukuri

Bibiliya iratwereka ingene twobona ukuroranirwa mu buryo bubereye. Ntiyigisha yuko ukuroranirwa ari amahirwe y’abantu bake gusa. Ariko kandi ntishigikira ivyo abantu bakunda kuvuga ngo urashobora kuroranirwa ukurikiye gusa ico umutima wawe ukubwiye. Abavyeyi bamwebamwe barashira mu bana babo ivyo vyiyumviro kuva bakiri bato, ariko ugasanga abo bana baruhiye kuvunika umutima.

Mu bisanzwe, umuntu wese arashobora kuroranirwa vy’ukuri, ariko bisaba akigoro. Raba ingingo ngenderwako zikurikira.

  • Ibiceri

    ICO BIBILIYA IVUGA:

    “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu.”​—Umusiguzi 5:10.

    ICO BISOBANURA. Gukurikira amaronko ntibituma umuntu agira agahimbare ahubwo kenshi bitera amaganya. Mu gitabu (Generation Me) umuhinga yitwa Jean M. Twenge yanditse, yavuze ati: “Abantu bashira imbere amaronko birashoboka rwose ko bagira amaganya n’ukwihebura kuruta abantu babona ko bihambaye kugiranira imigenderanire myiza n’abandi.” Yongerako ati: “Abashakashatsi benshi basanze amahera adashobora kugura agahimbare. Igihe umuntu aba asanzwe afise ivya nkenerwa mu buzima, kuronka amahera menshi si vyo bica bituma yumva ko ahimbawe.”

    ICO WOKORA. Niwishingire umugambi ujanye n’ibintu bihambaye kuruta amaronko. Yezu yavuze ati: “Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.”​—Luka 12:15.

  • Umugabo yibona

    ICO BIBILIYA IVUGA:

    “Ubwishime buza imbere yo gusenyuka, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara.”​—Imigani 16:18.

    ICO BISOBANURA. Kurondera kuba uwuhambaye no kugira ubwibone ntibizotuma uroranirwa vy’ukuri. Nkako, igitabu kimwe (Good to Great) kivuga yuko amashirahamwe amaze igihe kirekire aroraniwe usanga ahagarikiwe n’abantu “bifata ruto, bicisha bugufi, kandi batiyerekana. Igihushanye n’ivyo, bibiri vya bitatu vy’ayandi mashirahamwe barabiyeko, basanze ahagarikiwe n’abantu biyemera cane, ivyo bikaba vyaratumye ayo mashirahamwe ahomba canke ntatere imbere.” Ivyo bitwigisha iki? Kwiyumvira cane ivyawe gusa, akenshi bituma utaroranirwa.

    ICO WOKORA. Aho kurondera icubahiro, niwifate ruto. Bibiliya igira iti: “Nimba hari uwiyumvira ko hari ico ari kandi ari ubusa, aba ariko arahenda umuzirikanyi wiwe.” Kwiyumvira gutyo ntibishobora na gato gutuma uroranirwa!​—Abagalatiya 6:3.

  • Ukuboko gufashe inyundo

    ICO BIBILIYA IVUGA:

    “Ku muntu, nta ciza kihari kuruta . .  . [gu]tuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.”​—Umusiguzi 2:24.

    ICO BISOBANURA. Wize gukunda ibikorwa, uzorushiriza kunezererwa igikorwa ukora. Mu gitabu Madeline Levine yanditse (Teach Your Children Well) yavuze ati: “Kimwe mu bintu bituma umuntu yumva ko aroraniwe ni ugukora ibintu neza, ivyo na vyo bikaba ahanini biva ku gushiruka ubute.” Bisaba kandi kudacika intege bishitse ibintu ntibigende neza.

    ICO WOKORA. Nukorane umwete kugira ngo ube umuhanga mu vyo ukora, kandi ntucike intege igihe uhuye n’intambamyi. Nimba ufise abana, nubahe akaryo ku gutorera umuti ingorane zabo wisunze imyaka n’ubushobozi bafise. Ntiwihutire kubatunganiriza ingorane zabo zose. Igihe abakiri bato bize guhangana n’ingorane, birabahimbara cane kandi birabagirira akamaro bageze mu bigero.

  • Imbwa

    ICO BIBILIYA IVUGA:

    “Imbwa ibona iruta intambwe ipfuye.”​—Umusiguzi 9:4.

    ICO BISOBANURA. Nimba ukora akazi, ako kazi gakwiye kuba kimwe mu bigize ubuzima bwawe, ntigakwiye kuba bwo buzima bwawe. Mu gihe woba uteye imbere mu kazi kawe ariko amagara yawe akamererwa nabi, n’abo mu rugo rwawe ntibakwizigire, wumva mu vy’ukuri wovuga ko uroraniwe? Abantu baroraniwe vy’ukuri usanga bakora uko bashoboye kwose kugira ngo akazi, amagara be n’ubuzima bwo mu rugo rwabo bigume biri ku rugero rubereye, ntihagire ikirengera ibindi.

    ICO WOKORA. Niwitwararike amagara yawe. Nuruhuke bikwiye. Kwemera gutwarwa n’akazi ugaheba ibindi vyose, nk’amagara, urugo rwawe, n’ubugenzi ufitaniye n’abandi nta kintu kinini vyokumarira. Kwoba ari ukuroranirwa kw’uruhendo.

  • Bibiliya izinguruwe

    ICO BIBILIYA IVUGA:

    Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—Matayo 5:3.

    ICO BISOBANURA. Kwiga Bibiliya no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri muri yo ni ntahara kugira uroranirwe vy’ukuri. Nkako, Ivyabona vya Yehova amamiliyoni basanze gushira imbere ivy’Imana mu buzima bwabo vyaragabanije amaganya bagira ku bijanye n’ibintu vy’amatungo.​—Matayo 6:31-33.

    ICO WOKORA. Raba ingene Bibiliya ishobora kugufasha nawe ukaroranirwa vy’ukuri. Wipfuza kumenya vyinshi, rondera Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu canke uje ku muhora wabo www.jw.org.

“Nasa n’uwuroraniwe”

Charlotte na Timothy

Timothy na Charlotte bari bafise inzu nini y’ivyumba vyinshi. Bari bafise imiduga myizamyiza, kandi uko umwaka utashe barafata ingendo zo kuja kuruhuka zitwara amahera menshi. Yamara naho bari batunze cane, barabihevye. Ikinyamakuru Be maso! carabajije Timothy icatumye bahindura ivyiyumviro.

Wakora iki?

Nakora mu vyo gusohora imiziki, nkaba n’umunyabigega. Charlotte na we yari umufasha w’umuganga, akongera agakora mw’ibanki. Mu nyuma, twaruguruje inzu zine batunganirizamwo imishatsi. Vyaboneka ko ndoraniwe muri ivyo vyose nakora. Mu vy’ukuri, nta vyinshi nakora kubera ko nari mfise abakozi. Ariko rero mu nyuma, twe na Charlotte twarafashe ingingo yo kugabanya ivyo twari dutunze, turagurisha ibitari bike.

Kubera iki mwagabanije ivyo mutunze?

Twariyumvamwo ko tutaroraniwe vy’ukuri. Igihe cose tuguze ikintu twakinezererwa akanya gato, tugasigara twumva hari ico tubuze, ata munezero dufise kandi ko ata co twashitseko.

Ni igiki catumye uroranirwa vy’ukuri?

Kubera ko ndi Icabona ca Yehova, narakora igikorwa co kuvuga inkuru nziza. Naho twe na Charlotte twari tumaze igihe dukora amasaha 70 buri kwezi dufasha abandi kwiga Bibiliya, ico gikorwa si co twashira imbere mu buzima bwacu. Twaciye rero tugurisha urudandaza rwacu, maze turitanga ngo tuje gukorera ahakeneye abigisha ba Bibiliya. Ubu dukorera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kubera ko ivyo dukora bifitaniye isano n’ivyo kwigisha Bibiliya, ntiduhembwa canke ngo twitege kuronka icubahiro kidasanzwe. Turaronka ivyo dukeneye kugira tubeho, ariko ivyo si vyo dushira imbere.

Ubu woba wumva uroraniwe kuruta mbere?

Cane nyene. Kera nasa n’uwuroraniwe ariko ntivyari vyo. Ubuzima mfise ubu butuma nguma numva mpimbawe kubera ko nzi yuko igikorwa nkora gifasha abantu bo kw’isi yose kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya, kikanatuma ubuzima bwabo burushiriza kuba bwiza.a

a Igikorwa Ivyabona vya Yehova bakora co kwigisha Bibiliya ntibagihemberwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika