ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/14 rup. 8-9
  • Wonanira gute inyosha mbi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wonanira gute inyosha mbi?
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • Dutsinde Ubugoyagoye bwa Muntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nonanira gute ibigeragezo?
    Urwaruka ruribaza
  • Nonanira gute inyosha mbi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Kugeragezwa
    Be maso!—2017
Ibindi
Be maso!—2014
g 10/14 rup. 8-9
Umuhungu yanse guha umukobwa inomero ziwe za telefone, agaca yigira

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Wonanira gute inyosha mbi?

INGORANE

“Hari igihe abakobwa bansaba inomero zanje za telefone kandi bakambwira ngo dusohokane. Ndanka ngaca nigira. Ariko nca nguma nibaza nti: ‘Kubera iki ntomuha inomero yanje?’ Mvugishije ukuri, bamwebamwe muri abo bakobwa ni beza cane. Ni co gituma nsanga nibajije nti: ‘Kubera iki ntokwemera?’ ”​—Vyavuzwe na Carlos,a w’imyaka 16.

Woba nawe uriko urarwana urugamba rwo kunanira inyosha mbi nk’ukwo kwa Carlos? Emwe nureme, urashobora gutsinda urwo rugamba.

ICO UKWIYE KUMENYA

Imbeba yumva ishaka kurya iforomaji iri ku kamashu

Kwemera ukoshwa nabi nta kindi bivamwo atari ukugukwegera ingorane

Abakiri bato si bo bonyene bashikirwa n’inyosha mbi. Nakare, inyosha mbi ziri kune ziri gutanu. Intumwa Paulo ntiyari akiri muto igihe yandika ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana . . . , mugabo mbona mu bihimba vyanje irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro.” (Abaroma 7:22, 23) Paulo yarananiye inyosha mbi naho yumva umutima umwosha. Nawe wobishobora! Kubera iki none wokwemera kuba umuja w’ivyipfuzo vyawe? (1 Abakorinto 9:27) Wize kunanira inyosha mbi ukiri muto vyokurinda ingorane nyinshi ubu, kandi birashobora kuzogufasha cane niwamara kugera mu bigero.

Ibimenyeshamakuru biratuma twoshwa nabi. Bibiliya iravuga ibijanye n’ “ivyipfuzo bijana n’ubuto,” ivyo vyipfuzo bikaba bikomeye cane. (2 Timoteyo 2:22) Ariko amasinema, imboneshakure, imiziki be n’ibitabu bigenewe abakiri bato usanga vyerekana ko kworohera inyosha mbi ata co bitwaye, bigatuma ivyo vyipfuzo vy’ubuto birushiriza gukomera. Nk’akarorero, mw’isinema yerekana umuhungu n’umukobwa bakundana, kenshi uritega ko bagera aho bahuza ibitsina. Ariko rero, Bibiliya ivuga yuko umusore n’umwigeme bishoboka ko ‘baguma birinze ivyipfuzo vy’umubiri.’ (1 Petero 2:11) Ivyo bisobanura yuko kunanira inyosha mbi bikuvako. None wobigenza gute?

ICO WOKORA

Numenye aho urwaye. Umunyororo usa n’uwukomeye urashobora gucika igihe uba ufise agace kadakomeye. Na wewe vyoshobora kukugora gukora ibibereye igihe ibikwosha nabi biba bifatiye aho usanzwe ugoyagoya. None wisuzumye, ubona urwaye he?​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Yakobo 1:14.

Niwitegure imbere y’igihe. Niwibaze uti: ‘Ni mu bihe ibihe bishoboka cane ko nshikirwa n’inyosha mbi?’ Nuce wiyumvira ingene wovyifatamwo neza biramutse bishitse ukoshwa nabi.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 22:3.

Nujijuke ku vyo uzi ko ari vyiza canke bibi. Bibiliya ivuga ko igihe Yozefu yoshwa ngo asambane, yavuze ati: “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?” (Itanguriro 39:9) Kuba Yozefu yavuze ngo “noshobora nte” vyerekana ko yari yarajijutse ku vyo yari azi ko ari vyiza canke bibi. Weho bite?

Nurondere abagenzi babona ibintu nk’uko ubibona. Wifatanije n’abantu bipfuza gukora ikibereye nkawe, birashobora gutuma ibikwosha nabi bigabanuka cane. Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—Imigani 13:20.

Niwirinde ibintu bishobora gutuma bikugora kunanira inyosha mbi. Nk’akarorero:

  • Ntugume uri kumwe n’uwo mudasangiye igitsina muri babiri gusa.

  • Ntukoreshe ubuhinga bwa internet mu mwanya canke mu kibanza bishobora gutuma woshwa kuraba amasanamu y’ibiterasoni.

  • Niwirinde kwifatanya n’abantu bafise imvugo n’ingeso bituma ubona umengo gukora ikibi biraryoshe.

Ni ingingo izihe wokwishingira kugira ngo wirinde kugwa mu nyosha mbi?​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 2 Timoteyo 2:22.

Saba Imana igufashe. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mugume musenga, kugira ntimuje mu kigeragezo.” (Matayo 26:41) Yehova Imana yipfuza ko unanira inyosha mbi, kandi arashobora kubigufashamwo. Bibiliya ivuga iti: “[Imana] ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo kugira mushobore kucihanganira.”​—1 Abakorinto 10:13.

a Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite.”​—Yakobo 1:14.

  • “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.”​—Imigani 22:3.

  • “Hunga . . . ivyipfuzo bijana n’ubuto.”​—2 Timoteyo 2:22.

Amanda

AMANDA

“Hagize ikinyosha nabi, nca ndaciyamiriza ubwo nyene. Nshima kutaguma niyumvira ngo ‘Kumbure iyo nemera . . . ’ canke ngo ‘Hari aho nosanga ata co bitwaye!’ Kuguma wiyumvira gutyo ni vyo bituma ugwa mu ngorane.”

Emily

EMILY

“Niwirinde ibintu bishobora gutuma woshwa nabi. Nurondere abagenzi bakuremesha gukora ibibereye. Kunanira inyosha mbi biragufasha kumenya ingene uzovyifatamwo neza niwahura n’ibintu bigoye cane muri kazoza.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika