ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/14 rup. 10-11
  • Tuje muri Belize

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Belize
  • Be maso!—2014
Be maso!—2014
g 10/14 rup. 10-11
Inkengera y’ibahari muri Belize

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Belize

Ikarata y’igihugu ca Belize

BELIZE ni agahugu gatoyi ariko karimwo ibintu vy’ubwoko bwinshi, nk’ibibira, amazi y’ubururu bugomba gusa n’urwatsi rutoto akikuje utuzinga twinshi turi hafi y’inkombe y’ibahari, n’ibindi. Ivyo ni bimwe mu bigize intara zaho, ariko si vyo vyiza vyonyene biharangwa.

Ico gihugu kibamwo ubwoko amajana bw’inyoni n’ibindi bikoko. Nk’akarorero, urahasanga inyoni y’umunwa munini w’amabara meza (Ramphastos sulfuratus) n’igikoko c’uruzuru rurekera co mu bwoko bw’igifaro (Tapirus bairdii). Ico gikoko kiranyaruka iyo kiri mu mazi canke i musozi. Urahasanga n’ingwe nyamwigendako yitwa jaguar (Panthera onca). Belize ni co gihugu gifise ahantu ha mbere hatungiwemwo mwene izo ngwe.

Ingwe

Belize ni co gihugu gifise ahantu ha mbere hatungiwemwo ingwe zitwa jaguar

Igihugu ca Belize cahoze kibamwo abantu bitwa Abamaya. Abanyesupanye baraje kucigarurira mu kinjana ca 16 ariko ntibashoboye kumara igabo Abamaya. Mu nyuma, Abongereza barahatse Abanyesupanye, maze mu 1862 batangura kuhiyitirira, bahita Honduras y’Abongereza. Mu 1981, igihugu ca Belize cararonse intahe y’ukwikukira.

Abanyabelize bari ubwoko butandukanye nk’uko nyene n’igihugu cabo gifise ubwiza butandukanye. Amoko nyamukuru yaho ni Abakrewole, Abahindi, Abagarifuna, Abamaya be n’abakomotse ku Banyespanye bavyaranye n’Abamaya. Abanyabelize ni abantu b’umutima mwiza kandi b’urupfasoni. Igihe abana bariko bavugana n’abakuze, usanga kenshi bavuga ngo “Mushinganta” canke “Mupfaso.” Bagize ico bababaza na ho, bishura ngo “Ego nyina wanje” canke ngo “Oya mushinganta.”

Abanyabelizekazi bari mu kaguriro

Akaguriro k’i Belize City

Muri Belize hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova akoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, igikrewole co muri Belize, icongereza, ururimi rwo mu bwoko bw’ikidagi, igishinwa c’ikimandarini, ikimaya (citwa mopán), n’igisupanyoli. Mu 2013, Umunyabelize 1 kuri 40 yaritavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu Ivyabona vya Yehova bahimbaje.

WARI UBIZI? Ibirundorundo vy’ibinyabuzima vyo mu mazi vyo muri Belize biri ahareha n’ibilometero 290. Biri mu birundo vya kabiri kw’isi yose. Ivya mbere biboneka muri Ostraliya.

Ibirundo vy’ibinyabuzima vyo muri Belize

Ibirundorundo vy’ibinyabuzima vyo mu mazi vyo muri Belize biri mu vya kabiri kw’isi

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: 333.000

  • Umurwa mukuru: Belmopan

  • Intwaro yaho: Demokarasi ishingiye ku Nama nshingamateka

  • Indimi: Igikrewole co muri Belize, icongereza, igisupanyoli

  • Ikirere: Harashuha

  • Igihugu: Hari imisozi, ibibira n’ahantu hajaga. Hafi y’inkombe y’ibahari, urahabona amazinga n’utuzinga amajana biriko ibiti bimera ku nkengera y’amazi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika