ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/14 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Mu Butaliyano
  • Maleziya
  • Muri Afrika
  • Muri Ostraliya
  • Ubuhanuzi bwa 3. Indwara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2014
Be maso!—2014
g 2/14 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Ikinyamakuru kimwe (New York Times) kivuga yuko “umukozi anywa itabi atuma shebuja . . . asohora ku mwaka amadolari 5.816 yiyongereye (amarundi arenga 8.000.000), ugereranije n’ayo asohora ku wutanywa itabi.” Icegeranyo cagizwe n’abashakashatsi bo kuri kaminuza yo muri leta ya Ohio, cerekana ko ayo mahera asohorwa kubera ko mwene abo bakozi baza barahagarika akazi kugira banywe itabi, bagakenera amahera menshi yo kwivuza, kandi bagasiba ku kazi. Ikindi kibituma basanze ari ukudakora neza kumbure biturutse ku ngaruka z’uguheba itabi.

Mu Butaliyano

Papa Fransisiko

“Kuba imvugo y’abungere ba Ekleziya n’abakirisu babo itajana n’ingiro, ivyo bavuga ntibihure n’ingene babayeho, biriko biratuma Ekleziya itacizigirwa.”​—Vyavuzwe na Papa Fransisiko.

Maleziya

Abategetsi bo muri Maleziya bafashe amasenge y’inzovu ya forode

Abategetsi bo muri Maleziya barafashe amasenge apima amatoni 24 y’inzovu zirenga 1.000 yinjiye mu gihugu kuri forode. Ayo masenge yari anyegejwe mu bikonteneri bibiri vyarimwo imbaho. Abakingira ibidukikije bavuze ko batari bwigere bafata amasenge menshi ukuraho. Ayo masenge yari yakuwe muri Togo kugira ashorwe mu Bushinwa.

Muri Afrika

Umunyafrika

Raporo yo mu 2012 y’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu yavuze ko ibice 63 kw’ijana vy’abapfuye mu myaka mikeyi yari iheze ari abahitanywe n’indwara zandukira mu buryo butandukanye, na canecane SIDA, indwara zo gucibwamwo, malariya, igituntu n’indwara z’abana batoyi.

Muri Ostraliya

Udukino tw’akamari bakinira kuri telefone

Abana basigaye bakunda cane udukino tw’akamari bakinira kuri telefone no ku tundi twuma. Udukino tumwetumwe usanga twigana akamari gakinirwa mu mazu y’inkino z’akamari, mugabo muri utwo hoho bikaba vyoroshe gutsinda. Raporo imwe ya Leta igabisha yuko utwo dukino dushobora gutuma abana basigara babona ko akamari kemewe, be n’uko “muri kazoza dushobora gutuma bagira ingorane zituruka ku kamari.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika