Abagize umuryango bavyihwereze hamwe
TWIGIRA IKI KURI . . . Aburahamu?
WOBA WIBAZA KO BIHAMBAYE KUGARAGARIZA ABANDI UBUNTU?
• Siga amabara ayo mashusho. • Soma iyo mirongo yo muri Bibiliya, maze uyivuge muri make igihe wuzuza aho hari utuburungu. • Rondera ibi bintu bihishijwe: (1) umuserebanyi (2) imbugita.
ABURAHAMU YARASANGANIYE ABASHITSI BATATU.—ITANGURIRO 18:2
YARABASAVYE NGO BOZWE IBIRENGE, BICARE, MAZE BAFUNGURE IKIMANYU C’․․․․․—ITANGURIRO 18:4, 5
ABURAHAMU YABWIYE SARA ATI: “UKORE UDUTSIMA ․․․․․”—ITANGURIRO 18:6
Ni ibintu biranga ubuntu ibihe Aburahamu yakoze kugira ngo atume abandi bumva bisanze?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Itanguriro 18:2, 4-5.
Wokora iki kugira ngo ugaragarize abandi ubuntu?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Abaroma 12:13.
Iyo nkuru yo mw’Itanguriro yakwigishije iki?
Uvyibazako iki?
Ni bande dukwiye canecane kugerageza kugaragariza ubuntu?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Abagalatiya 6:10.
Nuze uratwegeranya maze utwige
Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 24 SAMUSONI
IBIBAZO
A. Se wiwe yitwa ․․․․․.
B. Ni ikintu gikomeye ikihe casaba inguvu Samusoni yakoze ku bijanye n’igisagara ca Gaza?
C. Ni nde yahemukiye Samusoni?
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. Nko mu 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho imbere ya Igitabu ca nyuma
1120 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Kuva i Gaza gushika i Heburoni, hari ibilometero nka 60.—Abacamanza 16:2, 3
Gaza
Heburoni
Ikiyaga c’Umunyu
SAMUSONI
IVYIWE MURI MAKE
Yari umucamanza adasanzwe yamaze imyaka 20 arwanira Isirayeli. (Abacamanza 15:20) Yehova yarakoresheje Samusoni kugira ngo “[aje] imbere mu gukiza Isirayeli mu kuboko kw’Abafilisitiya.” (Abacamanza 13:5) Impwemu y’Imana yaramuhaye inkomezi nyinshi. N’igihambaye kuruta, Samusoni yarizera cane Yehova.—Abaheburayo 11:32-34.
INYISHU
A. Manowa.—Abacamanza 13:8, 24.
B. Yariremetse irembo ry’igisagara, ibikingi vyaryo vyo ku mpande be n’igihindizo abijana kw’isonga ry’umusozi urabana na Heburoni.—Abacamanza 16:2, 3.
C. Delila.—Abacamanza 16:4, 5.
Abantu n’ibihugu babamwo
3. Twitwa Lesly (imyaka 10), na Cathleen (imyaka 8) be na Alondra (imyaka 7). Tuba muri Megizike. Muri Megizike hari Ivyabona vya Yehova nka bangahe? Boba ari 295.400, 455.000 canke 724.700?
4. Ni akaburungu akahe kerekana aho tuba? Shira akaburungu aho uba, uce uraba ingene ikirere kigutandukanya na Megizike kingana.
A
B
C
D
Abana barondere ahari aya mafoto
Wokwerekana aho aya mafoto ari muri iki kinyamakuru? Nuvuge mu majambo yawe ivyo ubona kw’ifoto imwimwe.
Nimba wipfuza ayandi makopi y’ikiganiro “Abagize umuryango bavyihwereze hamwe,” nuyasohore ku muhora wa Internet www.jw.org
● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEREZE HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 15
INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 30 N’URWA 31
1. Umuserebanyi uri kw’ishusho ya 5.
2. Imbugita iri kw’ishusho ya 2.
3. 724.700.
4. A.
[Ifoto ku rup. 30]
[Ifoto ku rup. 31]
[Ifoto ku rup. 31]