Udukuru tw’irya n’ino
“Hafi igice c’abantu batorwa indwara ya kanseri mu [Bwongereza] buri mwaka, bose hamwe bakaba barenga 130.000, bayiterwa n’ibintu bahitamwo gukora mu buzima kandi bari gushobora kuvyirinda, harimwo kunywa itabi, kunywa no kurya ibintu bitabereye.”—AMAKURU YA BBC, MU BWONGEREZA.
“Urudandaza amahero rw’ibihimba vy’ibikoko rutemewe n’amategeko kandi rurushiriza gukorwa ku rwenge n’utugwi tw’inkozi z’ikibi [ruriko] rurahonya ubwoko bw’ibikoko bikundwa kuruta ibindi kw’isi . . . ku rugero rutari bwigere ruboneka.”—ISHIRAHAMWE RIJEJWE GUKINGIRA IBIKOKO RYO MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA.
Abantu bamara nk’amasaha atandatu buri musi bariko bararaba televiziyo barashobora kwitega ko ikiringo cabo co kubaho kigabanukako imyaka 4 n’amezi nka 9 tubagereranije n’abatayiraba. Tubivuze mu bundi buryo, uko umuntu akuze amara isaha ariko araraba televiziyo biragabanya iminuta nka 22 ku kiringo ciwe co kubaho.—IKINYAMAKURU BRITISH JOURNAL OF SPORTS MEDICINE, CO MU BWONGEREZA.
Mu Budagi, abagore barenga ibice 90 kw’ijana, abo usanga utwana twabo tukiri mu nda badutoye indwara ifatira mu tugingo ngengakamere (trisomie 21), bahitamwo gukoroza imbanyi.—IKINYAMAKURU DER TAGESSPIEGEL, CO MU BUDAGI.
Imikazo iterwa no kuba mu bisagara
Ubushakashatsi bwerekana ko “abanyagisagara bavyifatamwo mu buryo buranga ishavu igihe bashikiwe n’imikazo kuruta uko abantu bo mu dusagara dutoduto bavyifatamwo,” ivyo bikaba bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Przekrój) co muri Polonye. Umuhinga mu vyo kuvura indwara zo mu mutwe yitwa Mieczysław Jaskulski akorera i Warsaw mu kigo kimwe (Psychoeducation Laboratory), asigura yuko “mu bisagara usanga ari ahantu umuntu ashikirwa n’ibintu vyinshi bituma agira ico akoze. Abanyagisagara barahakwa kurengerwa n’amaganya ku bice 21 kw’ijana kuruta ababa mu gihugu hagati, bakaba kandi bahakwa kugira ingorane zijanye no kwumva batamerewe neza mu mutima ku bice 39 kw’ijana kuruta ababa mu gihugu hagati.” None abanyagisagara bovyifatamwo gute? Ico kinyamakuru (Przekrój) gitanga ibi vyiyumviro giti: “Ntushavuzwe n’ibintu bikurengeye,” “ibijanye n’akazi nubisige ku kazi,” “nuje kuba uragorora amaguru,” kandi “ntutinye gufata ikonji.”
Facebook ishobora kubika amakuru angana gute?
Umunyeshure umwe wo muri Otrishe yiga ivy’amategeko yaripfuje kumenya ukuntu amakuru amwerekeye angana, ayari yarabitswe n’ikibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye kinini kuruta ibindi vyose kw’isi (Facebook), mu myaka itatu yari amaze ari umunywanyi waco. Yaciye rero asaba ikopi yayo. Ico kibanza caramurungikiye akadisiki CD kariko amakuru yoja ku mpapuro 1.222. Nk’uko vyavuzwe n’ikinyamakuru kimwe (Der Tagesspiegel) co mu Budagi, uwo munyeshure yavuze ati: “Vyose vyari vyarabitswe: ubutumwa bwose, ibiyago vyose, harimwo n’amakuru y’akabanga yerekeye abagenzi.” Harimwo kandi amakuru yari azi neza yuko yari yarahanaguye!
[Ifoto ku rup. 29]