Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 6
“Imisi ya nyuma”
Uru rukurikirane rw’ibiganiro umunani vyo muri “Be maso!” rurihweza umuce uhambaye wa Bibiliya, ni ukuvuga ubuhanuzi bwo muri yo canke ivyo yari yaravuze ko bizoba. Ibi biganiro bizokuronsa inyishu z’ibi bibazo: Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwoba ari ibintu gusa abantu b’incabwenge biremaremeye? Hoba hari icotuma twemera ko bwahumetswe n’Imana? Niwirabire ibimenyamenya.
TUBAYEHO mu bihe bigoye. Mu mihingo yose yo kw’isi, turumva amakuru y’urutavanako avuga ibijanye n’ivyago be n’uruhagarara rw’ivyo mu kibano. Ukuntu ibintu vyifashe mw’isi muri iki gihe vyoba bifise insobanuro?
Haraciye imyaka nka 2.000 Bibiliya ivuze yuko ingorane zo mw’isi zoshitse ku rugero rwazo rw’agaheta ku “nsozero y’ivy’isi.” (Matayo 24:3) Ivyo ntibisobanura icitwa ngo ni umuhero w’isi abantu batinya. Ahubwo, Bibiliya iradondora ibintu vyobaye be n’ukuntu abantu bobaye bameze mu kiringo citwa “imisi ya nyuma,” ivyo bikaba bigize ikimenyetso. (2 Timoteyo 3:1) Yezu yabwiye abayoboke biwe ko nibabona “ivyo bintu biriko biraba,” ugutabarwa kuzoba kuri hafi. (Luka 21:31) Rimbura ubuhanuzi bumwebumwe butuma iki gihe cacu kiba ikidasanzwe.
Ubuhanuzi bwa 1: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga.”—Matayo 24:7.
Iranguka: Mu ntango z’ikinjana ca 20, abantu benshi bari biteze ko amahoro yosasagaye. Igihe Intambara ya mbere y’isi yose yatangura isi yarahungabanye, haba hatanguye ikiringo c’intambara zitari bwigere zibaho. Nk’uko igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe cari carabivuze, amahoro yarakuwe “kw’isi kugira ngo [abantu] bicane.”—Ivyahishuwe 6:4.
Ico ibimenyamenya vyerekana:
● “Biracibonekeza yuko Intambara ya mbere y’isi yose yadutse mu 1914 yerekanye yuko ikiringo kinaka kirangiye be n’uko hatanguye ikindi gishasha.”—Igitabu The Origins of the First World War, casohowe mu 1992.
● Naho igitigiri c’agahomerabunwa c’abantu bahitanywe n’Intambara ya mbere y’isi yose kitazwi neza, inkoranyabumenyi imwe igereranya yuko abasoda bahasize agatwe bonyene bangana na 8.500.000.
● Intambara ya kabiri y’isi yose yaratikije inganda kuruta, bikaba bivugwa ko hapfuye abasoda n’abanyagihugu bari hagati y’imiliyoni 35 na 60.
● Kuva Intambara ya kabiri y’isi yose irangiye gushika mu 2010, habaye indwano 246 mu turere 151 two hirya no hino kw’isi.
Ubuhanuzi bwa 2: “Hazoba amapfa.”—Matayo 24:7.
Iranguka: Amapfa yahitanye abantu barenga imiliyoni 70 mu kinjana ca 20 kandi aracari ingorane kw’isi yose.
Ico ibimenyamenya vyerekana:
● Nk’uko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivyerekana, inzara ni co kintu kibangamira amagara y’abantu kuruta ibindi vyose kw’isi, kandi umuntu 1 ku bantu 7 kw’isi yose ntagira ivyo afungura bihagije.
● “Ugukena kw’ibifungurwa muri iki gihe ntiguterwa n’umwimbu muke uturutse ku kirere bishika ntigikunde, ahubwo guterwa n’ingorane zikomeye zine zimaze igihe kirekire, na zo zikaba ari igwirirana ry’abantu, inkukura, ubukene bw’amazi bukwiragiye hose be n’iyongerekana ry’ubushuhe.”—Ikinyamakuru Scientific American.
Ubuhanuzi bwa 3: “Hazoba vya nyamugigima bikomakomeye.”—Luka 21:11.
Iranguka: Kubera ko abantu benshi baba mu turere dukarirwa na vya nyamugigima, igitigiri c’abahasiga ubuzima canke abahungabana bivuye kuri vya nyamugigima carongerekanye cane.
Ico ibimenyamenya vyerekana:
● Raporo imwe (World Disasters Report 2010) ivuga iti: “Mu vyago bikomakomeye vyose vyabaye, ivyago biturutse kuri vya nyamugigima ni vyo vyahitanye abantu benshi kuruta muri iyi myaka iheze.”
● Kuva mu 1970 gushika mu 2001, vyavuzwe yuko buri mwaka habaye ivyago nka 19 biturutse kuri vya nyamugigima,a bikaba vyahitanye abantu nka 19.547. Mu myaka icumi y’imbere ya 2012, ico gitigiri carongerekanye gishika ku vyago 28, bihitana abantu nka 67.954.
Ubuhanuzi bwa 4: “Ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi.”—Luka 21:11.
Iranguka: Naho habaye iterambere mu vy’ubuvuzi, abantu amamiliyoni baracapfa buri mwaka biturutse ku ndwara zandukira. Kugira ingendo mu makungu be n’iyongerekana ry’ababa mu bisagara vyaratumye birushiriza gushoboka ko izo ndwara zikwiragira ningoga na ningoga.
Ico ibimenyamenya vyerekana:
● Indwara y’ibihara yishe abantu bari hagati y’imiliyoni 300 n’imiliyoni 500 mu kinjana ca 20.
● Ikigo kimwe (Worldwatch Institute) kivuga yuko mu myaka 30 iheze hiyadukije “indwara zirenga 30 zitari bwamenyekane nka Ebola, SIDA, umugera uterwa n’udukoko witwa Syndrome pulmonaire à hantavirus be n’indwara ijanye no guhema yitwa Syndrome respiratoire aigu sévère, zikaba zigeramira abantu.”
● Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ryagabishije ku bijanye n’iyongerekana ry’imigera irinda imiti, riti: “Isi iriko yerekeza mu kiringo aho imigera izoba irinda imiti, indwara nyinshi zisanzwe zikazoba zitakironka umuti wo kuzivura maze zisubire kwiha inkumbi zidatezura.”
Ubuhanuzi bwa 5: Abantu “ba[zogurana] bongere bankane. . . . Urukundo rwa benshi ruzokanya.”—Matayo 24:10, 12.
Iranguka: Ihonyabwoko riturutse ku rwanko ryarahitanye abantu amamiliyoni. Mu bihugu vyinshi, intambara n’ubugizi bwa nabi vyatumye ubukozi bw’ikibi bwongerekana, abantu na bo bararushiriza kugira ubwoba.
Ico ibimenyamenya vyerekana:
● Intwaro y’Abanazi yishe Abayuda imiliyoni zitandatu hamwe n’abandi bantu amamiliyoni. Ku bijanye n’ukuntu abanyagihugu basanzwe bavyakiriye, umwanditsi Zygmunt Bauman avuga ati: “Ako gatikizo ruhonyanganda ntikakurikiwe n’intureka, ahubwo kakurikiwe n’agacerere kerekana ko abantu batabinezwe.”
● Twisunze amakuru yashikirijwe kuri BBC, bivugwa yuko abantu nka 800.000 bagizwe n’Abatutsi be n’Abahutu batari bashigikiye amacakubiri bishwe mu mezi makeyi gusa. Umushakashatsi umwe avuga yuko abantu nka 200.000 bagize uruhara muri ubwo bwicanyi bw’ikivunga.
● Buri mwaka, abantu barenga 740.000 barapfa biturutse ku bugizi bwa nabi n’intambara.
Ubuhanuzi bwa 6: “Abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . batiyumvamwo ababo.”—2 Timoteyo 3:2, 3.
Iranguka: Ikiringo turimwo kirangwa n’umwina be n’ukubura ukwigumya mu bijanye n’inyifato runtu. Ivyo vyaratumye haba ingorane zitari nke mu kibano.
Ico ibimenyamenya vyerekana:
● Raporo y’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana UNICEF ryo mu Bwongereza ijanye n’ukumererwa neza kw’abana, ivuga yuko abavyeyi n’abana bo mu Bwongereza “basa n’abatwawe n’ivyo kugura ibintu.” Imiryango iragura ibintu “irondera gusubizaho ubucuti buba bwatosekaye no kwumva ko itekaniwe mu kibano.”
● Abana nk’imiliyoni 275 bo hirya no hino kw’isi barageramiwe n’ubukozi bw’ikibi bubera mu ngo.
● “Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene, bivugwa yuko buri mwaka abantu bageze mu zabukuru barenga 500.000 bafatwa nabi canke birengagizwa.”—Ibigo biraba ivyo gukinga indwara no kuzibuza gukwiragira.
Ubuhanuzi bwa 7: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.”—Matayo 24:14.
Iranguka: Bibiliya yigisha yuko Ubwami bw’Imana ari intwaro ibaho koko, itegeka iri mw’ijuru, Umwami wayo akaba ari Yezu. Ubwo Bwami bwo mw’ijuru “buzojanjagura ubwo bwami bwose [ni ukuvuga intwaro z’abantu] bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”—Daniyeli 2:44.
Ubwami bw’Imana, ico ari co be n’ico buzokora, ni bwo butumwa nyamukuru bwigishwa n’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose.
Ico ibimenyamenya vyerekana:
● Kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova, bano bakaba barenga imiliyoni indwi mu bihugu birenga 230, barigisha abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana.
● Ivyabona vya Yehova barashikirije amakuru ashingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 500, babicishije mu bitabu no kuri Internet.
Ubwo buhanuzi be na kazoza kawe
Abantu amamiliyoni bamaze gusuzuma ivyo bimenyamenya, barashitse ku ciyumviro c’uko ikimenyetso kivugwa muri Bibiliya cerekeye imisi ya nyuma kiriko kiraranguka ubu. Nk’uko ibiganiro bitandatu vya mbere vyo muri uru rukurikirane vyavyerekanye, kahise karemeza yuko Bibiliya vy’ukuri ari igitabu c’ubuhanuzi butagiramwo amakosa.
Na wewe nyene urashobora kwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza. Ubwo buhanuzi buzogira ico bukoze kuri wewe, kuko Imana isezerana gukuraho iyi misi ya nyuma itesha umutwe. Ibiganiro bibiri bisigaye muri uru rukurikirane bizosigura ukuntu “imisi ya nyuma” izorangira vyongere bivuge ibijanye na kazoza keza igitangaza karindiriye isi n’abantu.
[Akajambo k’epfo]
a Urwego rumwe rujejwe kugira ubushakashatsi ku bijanye n’ivyago ruvuga yuko “icago” gitewe na nyamugigima ari ikintu giturutse kuri nyamugigima gituma haba n’imiburiburi kimwe muri ibi bintu bikurikira: abantu 10 canke barenga barapfa, abantu 100 canke barenga kiragira ico kibakozeko, haratangazwa ko igihugu kiri mu kaga, canke hagaterwa akamo k’uko amakungu yotabara.
[Ifoto ku rup. 26]
[Ifoto ku rup. 28]
Mu gushitsa ibivugwa muri Matayo 24:14, Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana