ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/12 rup. 18-20
  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 4

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 4
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Vyari vyaravuzwe ko Kristu yobabajwe
  • Vyari vyaravuzwe ko Kristu yokwishwe
  • ‘Yajanjaguwe azira amakosa yacu’
  • Kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu—Ni kubera iki yapfuye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Umusavyi wa Yehova ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Barabonye Mesiya!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Be maso!—2012
g 8/12 rup. 18-20

Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 4

Bibiliya yari yaravuze ko Kristu yobabajwe kandi akicwa

Uru rukurikirane rw’ibiganiro umunani vyo muri “Be maso!” rurihweza umuce uhambaye wa Bibiliya, ni ukuvuga ubuhanuzi bwo muri yo canke ivyo yari yaravuze ko bizoba. Ibi biganiro bizokuronsa inyishu z’ibi bibazo: Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwoba ari ibintu gusa abantu b’incabwenge biremaremeye? Hoba hari icotuma twemera ko bwahumetswe n’Imana? Niwirabire ibimenyamenya.

IGIHE Yezu Kristu yari kw’isi ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.000, yari azi ko abansi biwe bomwishe rubi. Ivyo yabimenye gute? Yari azi neza ubuhanuzi bumwerekeye buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo ari ryo bita Isezerano rya kera. Ubutari buke muri ubwo buhanuzi bwanditswe n’umuhanuzi Yesaya hagisigaye imyaka irenga 700 ngo Yezu avuke. None ni igiki kitwemeza ko ayo majambo Yesaya yayanditse imbere y’igihe?

Mu 1947, hari umwungere w’Umwarabu yubuye muri Cisjordanie imizingo yari inyegeje mw’isenga i Qumrân, ku nkengera yo mu buraruko bushira uburengero bw’Ikiyaga c’Umunyu. Iyo mizingo hamwe n’iyindi yatowe mu masenga yo hafi yaho, yahavuye yitwa Imizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu. Irimwo ikopi y’igitabu ca Yesaya cose.a Bivugwa ko iyo kopi yoba ari nk’iyo mu kinjana ca kabiri imbere y’uko Yezu avuka. Ivyo Yesaya yanditse rero yabivuze bitaraba. None ni ibiki yavuze ku bijanye n’imibabaro yoshikiye Kristu ari we Mesiya?b Rimbura bubiri mu buhanuzi bwa Yesaya.

Vyari vyaravuzwe ko Kristu yobabajwe

Ubuhanuzi bwa 1: “Umugongo wanje nawuhaye abankubita.”—Yesaya 50:6.c

Iranguka: Mu 33 G.C., abansi ba Yezu b’Abayuda baramuzanye imbere ya buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato kugira acirwe urubanza. Buramatari amaze kubona ko ata kimwagira, yaragerageje kumurekura. Ariko kubera ko Abayuda baguma basaba bashimitse ngo Yezu yicwe, Pilato “[yarashinze] yuko ivyo basavye bishitswa,” maze atanga Yezu ngo amanikwe. (Luka 23:13-24) Ariko rero, “Pilato [yabanje gu]fata Yezu, aramushishagura,” ni ukuvuga aramukubitisha bimwe bikomeye. (Yohani 19:1) Nk’uko Yesaya yari yarabivuze, Yezu ntiyananye na gatoyi, ahubwo ‘yahaye umugongo wiwe abamukubita.’

Ivyo kahise kerekana:

● Kahise karerekana ko Abaroma bari bafise umugenzo wo gutonagura abantu imbere yo kubica. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, “mu gutonagura umuntu bakoresha ikimoko c’imigozi y’inshato iriko udupande tw’ivyuma dukarishe. Nyene gukubitwa . . . yakubitwa ata co yambaye mu mugongo . . . gushika inyama zitabaguritse. Rimwe na rimwe yaca apfa.” Yezu wewe ntiyishwe n’izo nkoni yabanje gukubitwa.

Vyari vyaravuzwe ko Kristu yokwishwe

Ubuhanuzi bwa 2: “Yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu.” (Yesaya 53:12)d Muri Zaburi 22:16 harongerako ayandi makuru, hati: “Umurwi w’inkozi z’ibibi wantaye hagati; bantoboye ibiganza n’ibirenge.”—“Bibiliya Yera.”

Iranguka: Muri Mariko 15:15 havuga hati: “[Pilato] amaze gukubitisha Yezu, aramutanga ngo amanikwe.” Ku bijanye na Yezu, ico gihano co kwicwa bunyamaswa carimwo gukomerwa imisumari mu biganza no mu birenge amanitse ku giti. (Yohani 20:25) Haciye amasaha makeyi, “Yezu [yaraboroze] n’ijwi rirenga, aca aracikana.”—Mariko 15:37.

Ivyo kahise kerekana:

● Naho inkuru zitari izo muri Bibiliya ata vyinshi zivuga ku bijanye n’ukuntu Yezu yapfuye, umutohozakahise w’Umuroma yemerwa cane yitwa Tasito yavutse nko mu 55 G.C., yanditse ati: “Kristu, uwo izina [abakirisu] rikomokako, yaciriwe urwo gupfa n’umwe muri ba buramatari bacu ari we Ponsiyo Pilato mu gihe c’ingoma ya Tiberiyo.”e Ayo majambo ya Tasito arahuye neza n’inkuru zo mu Njili, na zo nyene zikaba zivugwamwo Tiberiyo Sezari, Ponsiyo Pilato n’abandi bategetsi.—Luka 3:1; 23:1-33; Yohani 19:1-24.

Kahise karemeza kandi ko Abaroma bamanika abashumba n’abandi bantu babona ko ari inkozi z’ikibi zikengeretse. Rimwe na rimwe bababohera ku giti n’imigozi, ikindi gihe na ho bagakoresha imisumari. Igitabu kimwe kivuga giti: “Imisumari yakomerwa mu biganza no mu birenge, uwo muntu bagaca bamurekera ng’aho ari mu mubabaro,” ariko “araka kubera inyota, yigonyonzora kubera ububabare butagira urugero.”

Nk’uko twamaze kubivuga, Yezu yari azi neza ko azokwicwa rubi. Ni co gituma igihe uwo mugabo w’umurindutsi yari yegereje gupfa, yabwiye abayoboke biwe b’intahemuka ati: “Tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, bamucire urwo gupfa, bamugabure mu maboko y’abanyamahanga kugira ashinyagurizwe, ashishagurwe yongere amanikwe.” (Matayo 20:18, 19) Ariko hari abibaza bati: ‘Kubera iki Yezu yabwirijwe gupfa?’ Inyishu y’ico kibazo iratwerekeye twese, kandi irimwo inkuru nziza kuruta izindi zose!

‘Yajanjaguwe azira amakosa yacu’

Kubera ko turi abantu badatunganye, akenshi turakora amakosa, Bibiliya ikaba iyita ibicumuro. Igicumuro twokigereranya n’akabuye kinjiye mu moteri. Amaherezo ako kabuye karatuma imoteri yononekara igaca ikwama. Muri ubwo buryo nyene, igicumuro kiratuma dusaza, turwara tukongera tugapfa. Mu Baroma 6:23 havuga hati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu.” Ariko rero, urupfu rwa Kristu ruratuma dushobora gukurwako ivyo bintu biteye agahinda. Uti gute? Mu bundi buhanuzi bweza umutima, Yesaya yanditse yuko Kristu yopfuye “azira ukugabitanya kwacu,” canke ko ‘yojanjaguwe azira amakosa yacu’ be n’uko ‘twashoboye gukira kubera ibikomere vyiwe.’f—Yesaya 53:5.

Ubwo buhanuzi bwa Yesaya buratwibutsa amajambo ya Yezu dusanga muri Yohani 3:16 agira ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”

None umuntu yizera Yezu gute? Ni mu kwiga ibimwerekeye. Mw’isengesho rimwe, Yezu yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Ubwo bumenyi bw’agaciro tubusanga muri Bibiliya.—2 Timoteyo 3:16.

Birumvikana ko Yezu ashaka yuko abantu benshi bashoboka baronka ubuzima budahera. Ni co gituma imbere y’uko apfa yavuze ubu buhanuzi buhambaye, ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami [intwaro y’Imana, ari na yo izoturonsa ivyiza biva ku ncungu ya Kristu] izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Matayo 24:14) Nk’uko tuzobibona mu biganiro bibiri bizokurikira, ubwo buhanuzi na bwo nyene bwaragaragaye ko ari ubw’ukuri.

[Utujambo tw’epfo]

a Umuzingo wonyene wuzuye ni uwarimwo igitabu cose ca Yesaya. Iyindi mizingo yari ibicebice.

b Ushaka ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya bugufasha kumenya Mesiya uwo ari we, raba Be maso! yo muri Mukakaro 2012.

c Amakikuro y’ico canditswe yerekana ko ubwo buhanuzi buriko buvuga ibijanye na Kristu. Nk’akarorero, umurongo wa 8 ugira uti: “Uwunyita umugororotsi ari hafi.” Igihe Yezu yari kw’isi, ni we wenyene Imana yabona ko ari umugororotsi, ni ukuvuga umuntu atagira igicumuro.—Abaroma 3:23; 1 Petero 2:21, 22.

d Muri Yesaya 52:13–53:12 turahasanga ubuhanuzi bwinshi bw’ido n’ido bwerekeye Mesiya. Nk’akarorero, muri Yesaya 53:7 havuga hati: “Yazanwa nk’intama igiye gukererwa . . . Na we nyene ntiyakurako umunwa.” Umurongo wa 10 wongerako yuko yatanze ubuzima bwiwe “nk’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha.”

e Abandi banditsi b’inkuru za kahise na bo nyene baravuga ivya Kristu. Aho twovuga nk’umutohozakahise w’Umuroma yemerwa cane Suétone (mu kinjana ca mbere), Pline le Jeune uwari buramatari wa Bitiniya (mu ntango z’ikinjana ca kabiri) be n’umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Josèphe (mu kinjana ca mbere), uwavuze ibijanye na “Yakobo mwene wabo na Yezu uwo bita Kristu.”

f Yezu “nta gicumuro yakoze” kandi ntiyari akwiye gupfa. (1 Petero 2:22) Ahubwo riho, yaratwitangiye, apfa kubera ibicumuro vyacu maze araturokora mu vyara vy’urupfu. Ni co gituma urupfu rwiwe rwitwa “incungu.” (Matayo 20:28) Nimba ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ico ciyumviro, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? gishobora kuboneka ku muhora wa Internet kuri www.jw.org.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 20]

VYAGERERANYA INCUNGU YA KRISTU

Itegeko Imana yahaye ihanga rya Isirayeli ryarimwo amategeko yagereranya ivyo Mesiya yokoze. Nk’akarorero, igihe Umwisirayeli acumuye canke agambarariye Imana, yategerezwa gushikana igitungwa kitagira agahonzi. (Abalewi 17:11; 22:21) None amashikanwa y’ibitungwa yoba yari guhongera buhere igicumuro? Oya. (Abaheburayo 10:4) Ariko rero, yarashobora kugereranya ikimazi cokuyeho igicumuro, ni ukuvuga ikimazi c’ “Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi,” kandi ni co yagereranya koko. (Yohani 1:29; Abaheburayo 10:1, 5-10) Abo bose bizera uwo Mwagazi w’intama w’ikigereranyo, ari we Yezu Kristu, barafise icizigiro ciza igitangaza co kuronka ubuzima budahera.—Yohani 6:40.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika