Ishurwe rinini kw’isi yose
“INGO tujane, ingo urabe ishurwe rinini cane, ryiza, riteye igomwe.” Ivyo vyavuzwe n’umugabo yuzuye urweze yariko atembereza Joseph Arnold igihe yari mu rugendo rwo kwegeranya ibiterwa mw’izinga ryitwa Sumatra ryo muri Indoneziya. Igihe uwo muhinga mu vy’ibiterwa w’Umwongereza Arnold yakurikira uwo mugabo, yarabonye ikintu yise “igitangaza koko.” Ryari ishurwe ry’akumiza. Naho ubu haciye nk’imyaka 200 abonye iryo shurwe ry’igitangaza ryo mu bwoko bwa rafflesia mu rugendo yagize mu 1818, riracari ryo shurwe rinini kw’isi yose.
Hari amoko mirongo y’iryo shurwe, yose akaba amera gusa mu mashamba yo muri Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko. Naho ari ukwo, habandanya kuboneka ayandi moko. Ubwoko bwama ishurwe rinini kuruta ayandi ni iryitwa Rafflesia arnoldii, iryitiriwe Joseph Arnold n’uwo bari bafatanije urugendo ari we Thomas Stamford Raffles, uwashinze intara ya Singapour akaba yari buramatari wayo. Ntako iryo shurwe ari ryiza, ntiworota uryaha ngo urigire igisharizo.
Ubwa mbere hoho, ni kubera ubunini bwaryo. Rirashobora gukura rikagira ubwaguke bw’imetero imwe, ni ukuvuga rikangana n’ipine y’ibisi kandi rigapima ibilo 11.a Iryo shurwe rifise ibigovyigovyi bitanu bigomba gusa n’agahama vyuzuyeko ibidomagu bishaka kwera bimeze nk’amahere. Ivyo bigovyigovyi bifashe ku kintu kinini womengo ni inkono gishobora kujamwo amalitiro 6 y’amazi.
Ubwa kabiri na ho, ni ukuntu rinuka. Nk’uko umuntu umwe yaridondoye atarya umunwa, iryo shurwe rinuka “nk’umuvyimba w’imbogo uriko urasanguka,” ivyo bikaba vyatumye ritazirwa ngo ishurwe ry’umuvyimba canke ishurwe riduhuka.b Insazi zirya ibikoko biriko birasanguka ni zo canecane zituma iryo shurwe rikwiragira kuko zikunda cane umunuko waryo.
Ishurwe rya rafflesia ntirigira umutumba, amababi canke imizi, kandi ryamira hasi mu mashamba nk’ingurukizi ku biti vy’imisukoni. Igihe umunago waryo userutse mu gishishwa c’igiti c’umusukoni, haca nk’amezi cumi kugira wibumbabumbe, akenshi ukaba ukura ukangana n’ishu rinini. Ibigovyigovyi vyaryo bica bitangura kwiyugurura, ubwiza bwaryo bwose bugaca buja ahabona, ivyo bikamara amasaha nk’angahe. Mu munwa waryo usangayo utuntu dusongoye. Igikorwa catwo n’ubu nta wukizi neza naho abahinga bamwebamwe bibaza ko twoba dufasha gukwiragiza ubushuhe, bigatuma wa munuko waryo ugangura.
Ariko rero, ubwiza bw’akumiza bw’iryo shurwe bumara akanya isase. Mu misi mikeyi gusa rica rikabirana rigatangura kubora, rigacika ibintu vyirabura bijaga.
Iryo shurwe Rafflesia arnoldii ni imbonekarimwe kandi rirageramiwe. Uti kubera iki? Ishurwe ry’irigore n’irigabo bitegerezwa gushurikira hafi na hafi kugira bihane imbuto, ariko iminago myinshi ntiyigera ikura canke ngo ishurike. Ivyo bitumwa n’uko iminago myinshi bayaha kugira bayikoreshe mu miti y’ikirundi canke kugira bayifungure. Ivyo vyaragabanije cane igitigiri c’ayo mashurwe yimeza mw’ishamba. Ikindi kintu kiyageramiye cane ni uko baguma bahonya amashamba ya manyenye ayo mashurwe abamwo.
Iryo shurwe uribonye ugenda urikugura. Ubunini bwaryo burateye akoba. Umunuko waryo na wo ni intibagirwa. Ukuntu rimeze n’ingene risa vyo ni akataraboneka. Ariko ntiwumve, iryo shurwe rinini kw’isi yose ni kimwe gusa mu bikorwa injojo bitangaje vy’Umuremyi wacu. Muri Zaburi 104:24 hagira hati: “Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we! Vyose wabikoranye ubukerebutsi. Isi yuzuye ivyo wakoze.”
[Utujambo tw’epfo]
a Amashurwe y’ubwoko bumwebumwe bwa rafflesia usanga afise ubwaguke bwa santimetero 10 gusa.
b Ishurwe ryitwa arum-titan (Amorphophallus titanum) na ryo nyene ritazirwa ngo ishurwe ry’umuvyimba kandi hari igihe baryitiranya na rafflesia.—Raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ruheshi 2000, urupapuro rwa 31.
[Ikarata ku rup. 17]
MALEZIYA
SUMATRA
[Ifoto ku rup. 17]
Umunago w’ishurwe rafflesia uri mu gusambura