Udukuru tw’irya n’ino
“Telefone ngendanwa abantu barashobora kuyigira icitwazo kugira birinde kuyaga n’abandi: Ibice 13 kw’ijana vy’abantu batunze telefone ngendanwa barigira nk’abariko barakoresha telefone yabo kugira ntibayage n’abo bari kumwe.”—PEW RESEARCH CENTER, LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA.
Mu myaka itanu iheze, urugero rw’ibibarafu biri kw’isonga rya ruguru ry’isi rwaragabanutse cane mu ci kuruta uko vyahora.—BBC NEWS, UBWONGEREZA.
“Muri Afrika, ibice hafi 47 kw’ijana vy’isi ndimwa nta wubirima.”—THE WITNESS, AFRIKA Y’EPFO.
“Mu myaka 10 iheze, ibihugu 10 (Ubuholande, Ububiligi, Kanada, Espanye, Afrika y’Epfo, Norveje, Suwede, Portigale, Islande na Arjantine) vyaremeje ko abasangiye igitsina bashobora kwubakana mu buryo bwemewe n’amategeko.”—FAMILY RELATIONS, LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA.
“Indyane” zasize inkovu
Itohoza ryagizwe muri Irlande ya Ruguru ryerekana ko indyane zishingiye ku madini na politike zasize inkovu. Izo ndyane zamaze nk’imyaka 30 kandi zatumye abantu babiri kuri batatu muri ico gihugu bashikirwa n’ibintu vy’agacavutu. Ikigo kiraba ivy’indwara zo mu mutwe ca kaminuza imwe yo muri ico gihugu (University of Ulster’s Bamford Centre for Mental Health and Wellbeing) casanze hafi umuntu 1 kuri 10 vyarashitse arahahamuka. Ikinyamakuru kimwe (The Irish Times) kivuga ko “ico gitigiri kiri mu vya mbere” ugereranije n’ahandi. Congerako giti: “Ubiravye, izo ndyane ziri mu matati ya mbere kw’isi yabiciye bigacika, kuko zahitanye umuntu umwe ku bantu 500.”
Ihindagurika ry’ikirere risigaye ribonwa ibisanzwe
Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ikirere gisigaye gihindagurika cane. Ivyahora bibonwa ko bikabije, nk’imyuzurire, uruzuba n’ibihuhusi vyuzuyemwo urubura bisigaye bibonwa nk’ibisanzwe. Mu nama yatunganijwe n’Urunani rw’abanyasiyansi bitaho ibintu (Union of Concerned Scientists) uwitwa Katharine Hayhoe, umuhinga w’ivy’ikirere kuri kaminuza imwe y’i Texas, yabwiye bagenziwe ati: “Turamenyereye kubona ibihe bihinduka ariko ibiriko biraba muri ino misi si vyo twari tumenyereye.” Hayhoe n’abandi bahinga babona ko ibikorwa vy’abantu ari vyo bituma ikirere kiza kirahindagurika cane kw’isi yose.