ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/12 rup. 21
  • Abasomyi bacu bavuga iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abasomyi bacu bavuga iki?
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nimwirinde guhemukiranira
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Ingene abasubiye kwubaka izabo bororanirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Nimuzigame indagano yanyu y’ukwabirana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Be maso!—2012
g 7/12 rup. 21

Abasomyi bacu bavuga iki?

Urwaruka ruribaza . . . Nokora iki ngo gusoma Bibiliya bindyohere? (Ndamukiza 2009, mu gifaransa) Ndi inabibondo w’imyaka 24, kandi gusoma Bibiliya vyamye bimbera urugamba. Narafashe nkama ivyiyumviro vyo muri ico kiganiro, kandi ndiko ndakoresha neza ka gapapuro ko kwifashisha katanzwe. Ubu si je mbona harageze ko nsoma Bibiliya. Ndabona ukuntu ibitabu vyo muri Bibiliya vyunganirana bikanywana neza. Gusoma Bibiliya ntivyari bwigere bindyohera ukuraho! Mwarakoze cane!

K. T., Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Igitabu wokwizigira—Igice ca 6 (Mukakaro–Nyakanga 2011) Ikiganiro “Uburoma mu nkuru ya kahise ivugwa muri Bibiliya” cavuze giti: “Ni ibiki none vyashikiye Yeruzalemu? Ingabo z’Abaroma zaragarutse zirongowe na Vesupasiyano be n’umuhungu wiwe Titusi, ico gihe zikaba zari 60.000.” Ayo majambo yerekana ko Vesupasiyano na Titusi ari bo bari barongoye ingabo igihe Yeruzalemu yaterwa. Ariko rero, ibitabu vya kahise vyerekana ko Vesupasiyano yari i Roma muri ico kiringo.

J. O., Ostraliya

Inyishu ya “Be maso!”: Twisunze igitabu kimwe (“Josephus—The Essential Writings”) canditswe na Paul L. Maier, “Titusi yarashitse bukwi na bukwi avuye i Alegizanderiya, azanye ingabo z’Umugwi ugira cumi na gatanu, maze asanga se wiwe i Putolemayi, ari na ho Vesupasiyano yari arindiriye ari kumwe n’ingabo z’Umugwi ugira gatanu n’uwugira cumi.” Bisubiye, ku biraba Vesupasiyano, inkoranyabumenyi imwe (“Encyclopedia of the Roman Empire”) yanditswe na Matthew Bunson, ivuga iti: “Ari kumwe n’umuhungu wiwe Titusi, yarahashije Abayuda bari bagararije, kandi yariko yitegurira gufata urusengero rw’i Yeruzalemu mu 68 igihe yumva yuko Nero yari yapfuye maze agasubirirwa na Galba. . . . Yashitse i Roma mu mpera z’umwaka wa 70.” Biboneka rero ko mu ntango Vesupasiyano na Titusi bari kumwe igihe batera Yeruzalemu. Ariko rero, harageze igihe Vesupasiyano arasubira i Roma maze asiga ibintu mu minwe ya Titusi.

Woba ufise imigambi yumvikana? (Ruhuhuma 2011, mu gifaransa) Mu turorero tw’imigambi itumvikana, ico kiganiro kiravuga “ivy’ukuba rurangiranwa, ubutunzi, kurondera uwo mwubakana atagira agahonzi, canke amagara atagira agahaze.” Kuki harimwo ivyo “kurondera uwo mwubakana atagira agahonzi”? Kurondera uwo mwubakana woba ari umugambi “utumvikana”?

S. K., Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Inyishu ya “Be maso!”: Ico kiganiro nticavuze ko kwubaka ari umugambi utumvikana. Ahubwo cavuze ibijanye no kurondera “uwo mwubakana atagira agahonzi.” Ukurondera umuntu ameze gutyo ni ukwiruka inyuma y’umuyaga kubera imvo zibiri: Ubwa mbere, uwo muntu ntabaho. (Abaroma 3:23) Ubwa kabiri, uwurondera uwo bubakana ameze gutyo aba yibanda ku vyo azoronkera mu mubano aho kwibanda ku vyo azotanga. Hariho mbere n’abubatse usanga bafise umugambi utumvikana wo guhindura uwo bubakanye ngo abe uwutagira akanenge. Yamara rero, umubano mwiza ugizwe n’abantu babiri bemera ko bompi bafise utunenge ariko bakaba bashoboye “[kubandanya] kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.”—Abakolosayi 3:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika