Wofasha gute umwana yabuze?
Mu vy’ukuri ntivyoroshe kumenyesha umuntu akuze urupfu rw’uwacu. Hari akantu rero iyo ubwirizwa kubibwira umwana.
KUBURA umuntu wo mu muryango canke umugenzi, abana benshi birashobora kubavuruga ubwenge, mbere bikanabatera ubwoba. Gufasha umwana muri ico kiringo usanga ari urugamba, na canecane ku bavyeyi biwe baba bishwe n’intuntu, narirya na bo nyene baba bakeneye ikibahoza.
Abavyeyi bamwebamwe bagerageza kwirinda kubabaza cane umwana mu kumubwira ko uwo muntu yapfuye ngo yigiriye canke ngo yabasize. Ariko rero, imvugo nk’izo zirayovya umwana kandi zikamuhenda. None wosigurira gute umwana ibijanye n’urupfu?
Renato na Isabelle barahuye n’ico kibazo. Igihe agakobwa kabo Nicolle k’imyaka itatu n’igice kapfa, vyarabaye ngombwa ko bafasha umuhungu wabo Felipe kwihanganira ico kintu, ico gihe akaba yari afise imyaka itanu.
Be maso!: Mwasiguriye gute Felipe yuko Nicolle yapfuye?
Isabelle: Twaragerageje kumubwiza ukuri ata co duhisha. Twamuremesheje kubaza ibibazo, kandi twagumye tugerageza kubimwishura mu majambo umwana wo mu bigero vyiwe yotahura. Kubera ko Nicolle yishwe n’indwara iterwa n’imigera, twamusiguriye yuko hari agakoko kinjiye mu mubiri wa mushikiwe, ariko abaganga ntibashobora kukica.
Be maso!: Mwoba mwarabwiye Felipe ivyo mwemera mu vy’Imana ku bijanye n’urupfu?
Renato: Twebwe turi Ivyabona vya Yehova; twari tuzi ko kubwira Felipe ibintu bishingiye kuri Bibiliya twemera ku bijanye n’urupfu vyomuhojeje. Bibiliya iratomora neza yuko abapfuye ata na kimwe bazi. (Umusiguzi 9:5) Twiyumviriye yuko tuganiriye na Felipe ico kintu vyomukuyemwo ubwoba bwose yoba afise, nk’akarorero ubwoba bwo kwirarana.
Isabelle: Bibiliya irigisha kandi yuko abapfuye bazozuka bakaba kw’isi izoba yahindutse Iparadizo. Ni vyo twemera, kandi twabona ko ivyo twemera vyofashije na Felipe. Twaciye rero tuyaga na we ku vyo Bibiliya yigisha. Twaramubwiye inkuru yo muri Bibiliya ivuga ingene Yezu yazuye umukobwa wa Yayiro w’imyaka 12. Twaciye tumusigurira yuko Nicolle na we nyene azozuka. Ivyo ni vyo Bibiliya yigisha.—Mariko 5:22-24, 35-42; Yohani 5:28, 29.
Be maso!: Mwoba mwibaza ko Felipe yashoboye gutahura ivyo bintu mwamusiguriye?
Renato: Ego, twibaza ko yashoboye kubitahura. Abana baratahura neza ivy’urupfu kandi bakihangana igihe umuntu abibasiguriye avugisha ukuri, ata co ahisha, akabisigura mu buryo bworoshe kandi butomoye. Nta kamaro ko kubibahisha. Urupfu si umugani. Birababaje kubona rukibandanya kudushikira. Abavyeyi bakwiye rero kwigisha abana babo ingene bakwiye kurubona n’ingene bovyifatamwo, nk’uko natwe twahavuye tubigirira agahungu kacu Vinicius.a
Be maso!: Mwoba mwarajanye Felipe ku maziko?
Renato: Tumaze kubirimbura twitonze, twahisemwo kutamujana. Abana bo mu bigero vyiwe usanga vyoroshe cane ko ico babonye canke bumvise kibasigamwo imvune. Ariko ntiwumve, abavyeyi bamwebamwe boshima kujana umwana wabo ku maziko, kandi abana si bamwe; ico umwe adashoboye kwihanganira, uwundi wosanga yocihanganira. Abavyeyi bahisemwo kumujana, vyoba vyiza bamusiguriye neza ibiza kuba kuri nya maziko.
Be maso!: Urupfu rwa Nicolle rutegerezwa kuba rwarabababaje cane. Mwoba mwaragize ubwoba bw’uko umuhungu wanyu yohava ababona muriko murarira?
Isabelle: Ntitwigeze tugerageza guhisha Felipe ukuntu tumerewe. Nimba na Yezu ari Yezu vyarashitse “arakorora amosozi” igihe yabura uwiwe, wumva natwe twobuzwa n’iki gukorora amosozi? (Yohani 11:35, 36) Vyongeye, kubera iki Felipe atotubona turiko turarira? Kwerekana intuntu dufise vyatumye abona neza ko gukorora amosozi atari bibi. Ni uburyo gusa bwo kwerekana umubabaro umuntu afise. Twashaka ko Felipe abona ko na we nyene ashobora kwerekana umubabaro afise, aho kuwigumizamwo.
Renato: Igihe umuryango ushikiwe n’ivyago, abana usanga bakunze guca bumva badatekaniwe. Twebwe abavyeyi duciye twerekana ukuntu tumerewe vy’ukuri ata guhisha, abana na bo nyene bazoca bagira kuno. Tumaze kwumviriza neza ibibagoye, bica bitworohera kubaremesha no kubakuramwo ubwoba.
Be maso!: Hari abandi boba barabafashije?
Renato: Egome; abo mw’ishengero turimwo ntiworaba ukuntu badufashe mu mugongo. Uravye ukuntu batugendera cane, bakaduterefona cane bakongera bakatwandikira udukete, Felipe yariboneye ko badukunda cane kandi ko batubabaye koko.
Isabelle: Incuti zacu na zo nyene zaradufashije cane. Aho Nicolle apfiriye, dawe yafashe ingingo yo kuza araza imisi yose mu gitondo gusangira natwe akayi. Bwari uburyo bwo kutwereka ko adukunda kandi ko adufashe mu mugongo. Vyongeye, Felipe vyaramuremesha kuba ari kumwe na sekuru.
Renato: Indemesho zo mu vy’Imana twaronkeye ku makoraniro ya gikirisu zarabaye kirumara rwose. Twarihatiye kudasiba amakoraniro, naho vyashika bikanka ko twigumya amosozi akadutanga hasi. Urabona, kuba turi mu makoraniro vyaratwibutsa cane Nicolle. Mugabo twari tuzi ko tubwirizwa kuguma dukomeye, canecane ku neza ya Felipe.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu,” ku rupapuro rwa 18-20 mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2008 n’agatabu Iyo Uwo Wakunda Apfuye, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 14]
Ibitabu vyerekanywe aha hepfo birashobora guhoza ababuze uwabo, bikaba vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
KU BAKUZE:
Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ikigabane ca 6: Abapfuye bari hehe?
Ikigabane ca 7: Icizigiro nyakuri ku bawe bapfuye
KU BANA BATOYI:
Igitabu canje c’inkuru za Bibiliya
Inkuru ya 92: Yezu Azura Abapfuye
KU BEGEREJE UBUYABAGA:
Igira kuri wa mwigisha ahambaye
Ikigabane ca 34: Nitwapfa bizotugendera gute?
Ikigabane ca 35: Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!
Ikigabane ca 36: Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?
KU MIYABAGA:
Ibibazo urwaruka rwibaza—A Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ikigabane ca 16: Gutuntura gutya vyoba ari ibisanzwe?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 15]
INGENE WOMUFASHA
● Nuremeshe umwana wawe kubaza ibibazo. Nutume aronka akaryo ko kuyaga ivyerekeye urupfu n’ico rusobanura.
● Niwirinde imvugo zidasobanutse, zidatomoye kandi zivuga ibintu muri rusangi, nk’akarorero kuvuga ko uwapfuye “yadusize” canke “yigiriye.”
● Nusigure urupfu mu majambo yoroshe, adomako. Hari abavuga gusa ko umubiri wa nya muntu yapfuye “wahagaritse gukora” kandi bikaba “bitashobotse ko batuma usubira gukora.”
● Nubwire uwo mwana ibiza kuba ku maziko; umusigurire ko uwapfuye atazoba ashoboye kubona canke kwumva ibiriko biraba.
● Ntuhishe umubabaro ufise. Gutyo umwana wawe azoca abona ko gutuntura igihe umuntu yabuze uwiwe ari ibisanzwe.
● Niwibuke yuko ata buryo bwo kugaragaza intuntu bwovugwa ko ari bwo bubereye. Abana si bamwe, kandi ibihe ntivyama ari bimwe.
[Abo dukesha ayo makuru]
Aho vyakuwe: www.kidshealth.org
[Ifoto ku rup. 15]
Uvuye ibubamfu, ukurikiza uko urushinge rw’isaha ruzunguruka: Felipe, Renato, Isabelle na Vinicius